TWIGE IVYAHISHUWE 15: 5-8

 KUKO GUCA IMANZA KUZOSUBIRA KU KUGOROROKA, KANDI ABAFISE IMITIMA ITUNGANYE NIKWO BAZOKURIKIRA (Zaburi 94: 15)

TWIGE IVYAHISHUWE 15: 5-8 27990510commandements

Hanyuma y’ivyo mbona hugurukaurusengero rw’ihema ry’Ibishinga intahe) ryo mw’ijuru, ruvamwo ba bamarayika indwi, bafise vya vyago indwi, bambaye  impuzu zera zitanduye zikayangana, kandi bambaye imikanda y’izahabu mu gikiriza. Kimwe muri vya binyabugingo bine giha abo bamarayika indwi inzabya indwi z’izahabu, zuzuye ukuraka kw’Iman’ihoraho ibihe vyose. Rwa rusengero rwuzura umwotsi uva mu bwiza bw’Imana no mu bushobozi bwayo, ntihagira umuntu n’umwe  (ashobora) kurwinjira mur’urwo rusengero kugeza vya vyago indwi birangiriye (Ibyahishuwe 15: 5-8)

Yohani atanguje aya majambo ngo:  »hanyuma y’ivyo ». N’ukuvuga hanyuma y’aho aboneye ba bera bari bahagaze ku kiyaga c’ibirahure bivanze n’umuriro, nkuko twavyize mu cigisho giheruka.

Yohani aravuze ngo: mbona urusengero rw’ Ihema ry’ibishinga intahe ryo mw’Ijuru rwuguruye. Uyu murongo na none uje kudurumbanya ba bandi bigisha ngo barabohowe ku mategeko y’Imana. Ihi bambewe! Mwabohowe ku mategeko y’imigenzo ya basogokuruza banyu, nkuko abayahudi bayabohoweko, ariko nta muntu ashobora kubohorwa ku mategeko y’Imana. Uriya Paulo, twirirwa tubeshera ngo dore uko yavyanditse mu bagalatiya, mu baroma, mu bakorinto nahehe nahehe, ni we yabisobanuye neza ati:  »Gukebwa ntaco kumaze kandi kudakebwa ntaco kumaze, ah’ubwo ikigira ico kimara, n’ukwitondera amategeko y’Imana (1Abakorinto 7: 19). Mbese duhinduze ubusa amategeko kwizera? Ntibikabeho ah’ubwo turayakomeza (Abaroma 3: 31). Aya mategeko y’Imana niyo yitwa Ibishingantahe nkuko vyanditswe ngo:  Amaze kuvugana na Mose ku musozi Sinayi, Uhoraho amuha ibisate by’amabuye bibiri biriho Ibishingantahe vyandikishijwe urutoke rw’Imana (Kuva 31: 18). Nkuko nakomeje kubivuga kuva mu ntangiriro y’ibi vyigisho, intambara y’amategeko ihora ivyuka igihe cose iyo hagize uwemeza ku mugaragaro ko isabato y’Imana iri mu mategeko cumi. Umva:messe-chrismale-bapaume-93667_2

UKUVUGA UKURI NTIKUBUZA KUVUMBA, nta tegeko ryo kuruhuka dimanche ryanditswe mw’ijuru. Ikibabaje, n’uko tubivuga uyu musi abantu bagaseka, ntibibuke ko handi hato iri jambo rizobwirwa abakozi bavuga ibinyoma mu gihugu c’Imana ngo:  Kuko wanse ijambo ry’ Uwiteka nawe yanse ko uba ku ngoma.  Uhoraho nawe uyu musi agutabuye kw’ingoma y’Abisraeli, ayihaye mugezawe akuruta) (1Samueli 15: 23, 28). Aba bamarayika indwi bavugwa, ngo imyambaro yabo irera kandi ntiyanduye. Ngo bakenyeye imikanda y’izahabu. Bigereranya ubwiza n’ubweranda bw’abagomba gukorer’Imana, bakayiserukira nk’abasavyi b’ukuri muri iyi si, bubahiriza n’amategeko yayo. Buriya natwe dukwiye kuba abera muri vyose nahose, niba twahisemwo koko gukurikira Yesu. Uriya yesu batubwira ngo yatubohoye ku mategeko, n’uwundi yesu w’icaduka abanyamadini bizaniye.(Ndamwanditse na ka y gato,kuko uwo yesu w’icaduka nta cubahiro akwiye.)Résultats de recherche d'images pour « prière du matin »

Kuko ukwera kwacu, kugomba gusa n’ukwabo bamarayika, imyambaro yacu ikama irabagirana nta gacafu. Dutegerezwa kwama dukenyeye imikanda yacu ya zahabu. Mwame mukenyeye, kandi amatara yanyu yame yaka, namwe muse nk’abantu barorereye shebuja (Luka 12: 35-36). Ibi bisobanurwa ko turi ab’igikundiro n’agaciro gahanitse mu maso ya Data, kuko twahisemwo kwubaha amategeko yiwe nkuko Yesu w’ukuri yabigenjeje, atari yesu w’abanyamadini. Niko guterama  kw’ukuri, dutegereje ko Yesu agaruka. Ijoro ry’icaha rizoba rikeye. Ni mwitondera amategeko yanje muzoguma mu rukundo rwanje, nkuko nanje nitondeye amategeko ya Data nkaguma mu rukundo rwiwe (Yohani 15: 10).

Twasomye ngo Kimwe muri vya bizima bine giha abo bamarayika indwi inzavya ndwi z’izahabu, zuzuye umujinya w’Imana ihoraho iteka ryose. Mbese abo bamarayika, ivyo vyago bagiye kubikoza iki? Dore igisubizo:  Uwambere aragenda asuka urwavya rwiwe mw’isi, abantu bafise ikimenyetso cya ya nyamaswa bagasenga ikimenyetso cayo, bafatwa n’ibisebe bikomeye bibi (Ivyahishuwe 16: 2). Mu cigisho kizokurikira tuzorabira hamwe ukuntu, uko aba bamarayika indwi bazagenda basuka ibi vyago vyabo, bikagenda vyibasira abafise ikimenyetso c’inyamaswa gusa.

Izo nzavya ndwi zuzuye ivyo vyago ngo n’iza zahabu. Bisobanura ukuntu ivyago biri muri zo bizokubita ababa kw’isi hakurikijwe ubutungane. Izahabu n’ikintu c’agaciro. N’urubanza ruzocibwa muri ico gihe ruzerekana agaciro karekare abera bafite mu maso y’Imana. Nta muntu afise ikimenyetso c’Imana ivyo vyago bizokorako.

KUKO GUCA IMANZA KUZASUBIRA KU KUTABERA, KANDI ABAFITE IMITIMA ITUNGANYE BOSE BAZABISHIMA (Zaburi 94: 15). Egome, Imana izoca urubanza, izerekana abayikoreye bagendera mu kuri, ibatandukanye n’abigira abantu b’Imana kandi ataribo. Aho niho muzosubira kumenya yuko hari itandukaniro ry’umugororotsi n’umunyakibi, ry’uwukorer’Imana n’uwutayikorera (Malaki 3: 18). Hari igihe nkumbure wobona ko urambiwe no gutukwa canke gusekwa n’indyadya, kuko wahisemwo ukuri. Kandi bikunze kuba kenshi, kuko abemera ubutumwa nk’ubu ni bake muri iyi si. Bamwe mbere barapfa, bagacibwa aribwo bazira. Ariko wihangane. Kuko icumu ry’ubugabe ry’abanyakibi ritazokwama rishinze mu mugabane w,abagororotsi, abagororotsi boye kuramvurira amaboko ibigabitanyo  (Zaburi 125: 3).

Ubu naho tugeze kuri ya nyigisho y’ikinyoma yakwiye mu mashengero yigira ngo ashigikiye ubutumwa bwiza. Bigisha ngo abantu bemeye ubutumwa bwiza bwo mu mashengero i wabo, ngo ni bo bazojanwa mw’ijuru mw’ibanga ubwa mbere (ico bita mu congereza : « the rapture », canke « enlèvement » mu gifransa. Muri iyo nyigisho berekana ukuntu ngo amashengero yabo ariyo azovamwo abazojanwa mw’ijuru imbere y’uko ivyago bisukwa muri iyi si. S’ukuri nagato, kuko iri jambo rya nyagasani riravuga riti:  Rwa rusengero rwuzura umwotsi uva mu bwiza bw’Imana no mu mbaraga zayo, ntihagira umuntu n’umwe ashobora kwinjiramwo kugeza aho vya vyago birindwi vy’abo bamarayika bizoba byarangiye (Ivyahishuwe 15: 8).

Jewe, sinshaka kubacira urubanza, ariko Bibiliya ntiyibesha, abantu bose bafise ikimenyetso c’inyamaswa bazokubitwa n’ivyo vyago. Kandi kugira ikimenyetso c’inyamaswa, n’ukuvuga kuba udafise ikimenyetso c’Imana. Kuko nta wuzagira ibimenyetso bibiri ku ruhanga rumwe. Ikimenyetso c’Imana rero, Bibiliya yaracerekanye neza iti: Kandi mujye mweza amasabato yanjye kugirango abe ikimenyetso hagati yanjye namwe, kugira ngo mumenye yuko ndi Uhoraho Imana yanyu (Ezekiyeli 20: 20).

jesus-sur-la-croix

Gereranya ukuntu abana b’Imana bitondeye iki kimenyetso ku rupfu rwa Yesu, n’ukuntu abana b’umwansi bagaragaye mu kwica isabato, kuri uwo musi w’urupfu rwa Yesu nyene (Luka 23: 54-56 na Matayo 27: 62-66. Iyo usomye ivyo bice bibiri ukabigereranya, uca ubona itandukaniro ry’isabato ya Bibiliya n’isabato y’Abayuda. Umusi wa dimanche nawo, burya ntaho utandukaniye n’isabato y’Abayuda, kuko nawo n’ikimenyetso cazanywe n’abantu bayobowe na Satani, ngo bigire ivyigomeke kw’itegeko ry’Imana. Soma icigisho giheruka, urabe ukuntu iro tegeko ryashinzwe n’abantu.

Hamwe vyoshika rero, abantu batemera guhimbaza isabato yo mu mategeko cumi bakagera mw’ijuru, hoba akaduruvayo mu bwami bw’Imana.  Umunyavyaha naho yogirirwa neza ntaho yokwiga kugororoka; no mu gihugu c’ubugororotsi, azohakorera ibigabitanyo, kandi ntazoruha yitegereza ubwiza bw’Imana (Yesaya 26: 10).  None se kandi, ko Yesaya adusaba gusubira ku mategeko n’ibiyahamya, akavuga ko isabato izabaho neza neza no mu bwami bw’Imana; none Imana yoshobora kwihenda gute ikaza kujana abantu bazajya kuyiteza ingorane? Dusubire ku yagezwe no kuri vya Bishingantahe! ni batavuga ibihwanye navyo, bazoba mu bwira ntibuce(Yesaya 8: 20). Igihe kizoza uhereye ku mboneko z’ukwezi ukageza ku zindi, no guhera kw’isabato ukagera ku yindi, abantu bose bazoza baza gusenga imbere zanjye, niko Uhoraho avuze (Yesaya 66: 23).

Tumaze kuvuga aho hejuru ko umunyavyaha aramutse ashitse muri ico gihugu c’ubwiza ko atohigira ivyo kugororoka, ah’ubwo ngo yohakorer’ivyaha. None nko mu gihe twoba turiko turasenga Imana tuyihimbaza kw’isabato, urumva ko nawe yoca ashaka aho ashinga urusengero rwiwe rwa dimanche. Nico gituma bivugwa ngo:  Ntihazinjira ikintu gihumanya canke uwukora ibizira akabesha, keretse abanditswe mu gitabo cy’ubugingo c’umwana w’Imana (Ivyahishuwe 21: 27).

Icigisho c’uyu musi kigarukiye ngaha. Mu cigisho kizokurikira, tuzorabira hamwe ukuntu vya vyago bizibasira abadafise ca kimenyetso c’Imana rero.

Icompa aya majambo ntagutere umutima mubi, ah’ubwo agatuma urushirizaho gusa na Yesu. Amen.

Publié dans : ||le 24 juillet, 2010 |1 Commentaire »

1 Commentaire Commenter.

  1. le 24 juillet, 2010 à 17:31 NTEZIYAREMYE ATHANASE RAIMOND écrit:

    Yesu ashimwe ndishimye cyane kubw’iki kigishop Yesu aguhe umugisha cyane kandi hari umunyeshuri wiga muri chine wanyandikiye ambwira ko ari wowe wamuhaye coordonnée zanjye rwose nta kibazo umurimo tugomba kuwukora.
    Isabato nziza

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire