TWIGE IVYAHISHUWE 15: 1-4

MBESE UZOBASHA GUHAGARARA KU KIYAGA C’IBIRAHURE KIVANZE N’UMURIRO? 

Mbona ikindi kimenyetso mw’ijuru gihambaye, gitangaza, abamarayika ndwi bafise ivyago ndwi, nivyo vy’iherezo. kuko muri vyo ari ho hari uburake bw’Imana buheraherezwa.

Mbona igisa n’ikiyaga c’ibirahure kivanze n’umuriro; mbona abatabarutse banesheje ca gikoko n’ igishushanyo caco n’ igitigiri c’izina ryaco bahagaze kuri ico kiyaga c’ibirahure, bafise inanga z’Imana. Baririmba indirmbo ya Mose umusavyi w’Imana, n’indirimbo ya wa Mwagazi, bati ibikorwa vyawe birahambaye kandi biratangaza, Mwami Mana ushobora vyose; inzira zawe n’izo kugororoka n’ukuri, Mukama w’amahanga. Ninde atazogutinya ga Mwami, canke atazohimbaza izina ryawe? Kukw’ari wewe wenyene wera, amahanga azoza akwikubite imbere, agusenge, kuko amateka yawe agororotse aseruwe.

Hanyuma y’ivyo mbona huguruka urusengero rw’ihema ry’Ibishinga intahe rwo mw’ijuru, hasohoka ba bamarayika ndwi bava muri urwo rusengero bafise vya vyago ndwi, bambaye impuzu zera zitanduye, zikayangana, kandi bambaye imikanda y’izahabu mu gikiriza. Kimwe muri vya binyabugingo bine giha bano bamarayika ndwi inzavya ndwi z’izahabu, zuzuye uburake bw’Imana ibaho ibihe bitazoshira . Rwa rusengero rwuzura umwotsi uva mu bwiza bw’Imana no mu bushobozi bgayo, kandi ntawashoboye kwinjira muri urwo rusengero, gushTWIGE IVYAHISHUWE 15: 1-4 lesson17-01itsa aho vya vyago ndwi vy’abo bamarayika ndwi vyaheraherejwe (Ivyahishuwe 15: 1-8)

Iki cigisho gitangiye kivuga kiti: Mbona ikindi kimenytso mw’ijuru gihambaye, gitangaza, abamarayika ndwi bafise ivyago ndwi, nivyo vy’iherezo, kuko muri vyo ari ho hari uburake bw’Imana buheraherezwa (Ivyahishuwe 15: 1). Mukuvugango ikindi kimenyetso, n’uko Yohani yar’amaze kubona ikimenyetso cambere. Ni ca kindi twize mu misi ishize, ngo: Ikimenyetso gihambaye kiboneka mw’ijuru: umugore yambaye izuba, ukwezi kwari musi y’ibirenge vyiwe, mu mutwe yambaye urugori rw’inyenyeri cumi nazibiri (Ivyahishuwe 12: 1). Aba bamarayika ndwi, basobanura igihe kikwiriye c’uko isi yose izoba yabonye neza ko Imana iri kumwe n’ubwoko bwayo. Gushinga intahe  kw’abera kuzoba kwamenyekanye kw’isi yose. Abanyamadini y’ibinyoma bazoba baramaze kwikomantaza imitima, bamaze kuzinukwa rwose ivyerekeye amategeko y’Imana. Uko kuzinukwa amategeko y’Imana, ni kwa guhitamwo ikimenyetso c’igikoko. Reka nsubire kubibutsa aka kajambo kavuzwe  n’igikomangoma (chancellier) ca Cardinal Gibbons: Ego n’ukuri’ Ekleziya Gatorika iremera ko ariyo yahinduye iryo tegeko… Igikorwa nk’ico n’ikimenyetso c’ubushobozi bw’Ekleziya mu vyerekeranye n’amasabamana (H. F. Thomas, chanchellier du Cardinal Gibbons/  Ariko ku rundi ruhande, Imana iratubwira iti: Mweze amasabato yanje, kugirango abe ikimenyetso hagati yanje na mwebwe (Ezekiyeli 20: 20). Ibi vyago ndwi vyanyuma, birafitaniye isano riboneka no kwihanganira amategeko y’Imana. Kuko mu gice ca 14, twarigeze kwiga ngo: Aho niho ukwihangana kw’abera guserukira, bitondera amategeko y’Imana n’ukwizera nka Yesu (Ivyahishuwe 14: 12). Birumvikana ko abazihanganira ya mategeko y’Imana batazogira ico kimenyetso c’igikoko. Kwihangana kw’abera bitondera amategeko y’Imana, kuvanze no kwubahiriza umusi wo kuruhuka w’Imana, ari wo musi w’indwi, isabato, iyo twita samedi (Kuvayo 20: 8-11).

Ivyago vya nyuma bizoza bitumbera abadafise ico kimenyetso c’Imana. Ni hagira umuntu asenga ca gikoko n’igishushanyo caco, akemera gushirwako ikimenyetso caco mu ruhanga canke ku  kiganza, uwo nawe azonywa kuri vino, niyo burake bw’Imana yiteguwe idafunguwe mu gakarabo k’uburake bw’Imana (Ivyhishuwe 14: 9-10). Ibi vyago nivyo bizoba ari ivya nyuma. Bizoba igitangaza gikomeye  ku bantu bizivye amatwi, imbere y’ijwi ry’Imana ribereka inzira.

Hari ibintu Satani akoresha muri iyi misi ya nyuma, vy’amayeri, kandi benshi muri twebwe twaramaze kubikurikira. Ngira ngo mbivuge, mbamenere akabanga, ariko ndaziko benshi bahita bambona nk’umwansi. Ihi bambewe, numva nipfuza ko mwomera magabo mugaca izo ngoyi zose umwansi yatubohesheje, mw’izina rya Yesu. Ayo mayeri ya Satani rero, yihisha mu masengesho, mu guhimbaz’Imana, no mu gutanga ubuhamya, ariko gushinga intahe. Muje mwitondera abantu babashora mu masengesho mutabanje kuraba ko abo bantu bubaha ivyo Data wo mw’ijuru ashaka. Arya masengesho ntakindi aba agamije, atar’ukuguhindukiza ngo ube umuyoboke w’idini gusa. Bibiliya iravuga yeruye iti: Uwica ugutwi (uwiziba amatwi) ngo  ntiyumve amategeko, n’ugusenga kwiwe nako kuba igisesema (Imigani 28:9). Dusubire ku mategeko no kuri vya Bishingantahe ! ni batavuga ibihwanye na vyo bazoba mu bgirantibuce (Yesaya 8: 20) Vyoba bibabaje, hamwe umuhanuzi Yesaya yoba yaraduhanuriye ibinyoma, akadutegeka gusubira ku mategeko, ariko abanyamadini ba kino gihe bemeza ko Paulo yababohoye ku mategeko bakagira naho bashira Yesu muri ako kaguma, ngo niwe yababohoye ku mategeko mu kubapfira ku musaraba. 

Ndongeye kubatera akamo, bantu mugicungiye ku nyungu zanyu bwite z’i Babuloni, mugatinya guheba icubahiro mufise mu madini, ngo ntimwoheba abagenzi banyu,  incuti, abavandimwe, abana banyu canke abavyeyi banyu…  Bantu banje, ni muve iwe, kugirango mwoye gufatanya n’ivyaha vyiwe, mwoye guhabwa ku vyago vyiwe. Kuko ivyaha vyiwe vyarundanijwe bigashika kw’ijuru (Ivyahishuwe 18: 4-5). Mwirinde kuvuga mu mitima ngo ntimuri mw’ishengero Gatorika ry’i Roma!!! kuko abagatorika b’i Roma barafise amahirwe yose yo kwihana bagakizwa, kuko nta mwanya bigeze babona wo kwiga neza Bibiliya ngo bayisomere. Mwebwe mugira ngo muri mu mashengero y’abakijijwe, nimwebwe mugowe cane! Iyo muba mwari impumyi, ntacaha muba mufise, ariko noneho muvuga muti: Turabona: namwe icaha canyu kiri kumwe namwe (Yohani 9: 41). Uwuvuga ngo: Ndamuzi ntiyitondere ivyagezwe vyiwe/amategeko yiwe, n’umubeshi, ukuri ntikuri muri we (1Yohana 2: 4).

Sindiko ndagira propagande y’idini iry’ari ryo ryose,  ndiko ndigisha ivyanditswe Vyera. Ni wabona ishengero rikoresha Bibliya aho hafi yawe, rikaba riruhuka n’umusi w’isabato, noguhanura ko woryinjiramwo, uko ryoba ryitwa kwose. Uranyumviriza neza. SIMVUZE KO RYOBA RISENGA KW’ISABATO, NAVUZE KO RYOBA RIRUHUKA KW’ISABATO. Kuko Satani arakoresha amayeri menshi, hakaba imisa zisomwa ku musi bo bita ngo n’umusi wa gatandatu. Izo misa zikunda kuba mu gitondo canke ku muhingamo. Abandi nabo bakunze gukoresha amateraniro kuri uwo musi nyene, kugirango bazibire amayira y’abayoboke babo bashaka kuruhukana isabato mu mashengero y’abera. Imana ntidusaba kuja gusenga kw’isabato gusa, itegeko ryayo n’ukuruhuka kw’isabato.  Abo baruhuka isabato bakunda kubita Abadivantiste b’umusi w’indwi. Ariko har’igihe Imana ishobora guhagurutsa imirwi mitomito y’abantu nka babiri canke batatu, kure y’amashengero; bakaruhukira imbere y’Imana kw’isabato. Abo bose Yesu arabemera kuko arabona ico batumbereye, ico barondera arakizi.

Abazoba rero batabarutse urugamba kubwo kwisunga Kristu mu gukurikiza ijambo ryiwe, nibo bazohagarara kuri ca kiyaga c »ibirahure,  kivanze n’umuriro. Ibirahure birabonerana, ibi bivuga ko aba bantu bazoba ari abera, ntamakemwa bafise imbere n’inyuma, kuko ivyaha vyabo bizoba vyatongowe n’umuriro w’Imana. Uwu muriro uvugwa uzoba uri ku nyanja y’ibirahure, s’umuriro uturira Oya, n’uburyo bwo kuvuga ukuntu icaha cabo kizoba kitakihari, kuko, Imana yacu n’umuriro utongora (Abaheburayo 12: 29). Uwo muriro uzirana n’ ivyaha, urabiturira ukabitongora ariko ugater’intege abantu b’Imana. Reka dusome twumve ukuntu uyu muriro uzirana n’ivyaha: Umuriro uva mw’ijuru, uyigiza ba bagabo amajan’abiri na mirongw’itanu (Guharura 16: 35). Uhoraho atiburira kuri Sodomu na Gomora umuriro n’amazuku bivuye kuri we mw’ijuru, akomvomvora ivyo bisagara n’ico kiyaya cose, n’ababa muri ivyo bisagara vyose, n’ivyari vyarahameze vyose (Itanguriro 19: 24-25). Twumve ubu naho ukuntu uwo  muriro uter’imbaraga abantu bayo:  Maz’umwe mu Baserafi araguruka, aza aho ndi, afise ikara ryaka mu ntoke, yokoje ikimano ku gicaniro, arinkoza ku munwa, arambarira ati Ehe iri rikoze ku minwa yawe, ukugabitanya (ugukiranirwa) kwawe ugukuweho (Yesaya 6: 6-7). Ahandi haravugwa ngo: Haboneka ibirimi vyigabanije, nk’ivy’umuriro, bibajako umw’umwe. Bose buzuzwa Mpwemu Yera, batangura kuvuga izindi ndimi, uko Mpwemu Yera abahaye kuzivuga (Ivyakozwe n’intumwa 2: 3-4).

Umurongo turiko turiga wavuzeko abazogera kuri ico kiyaga ari abatabarutse banesheje ca gikoko n’igishushanyo caco n’igitigiri c’izina ryaco. Twarize neza uko igikoko gisobanurwa ngo: « ubutegetsi bw’idini bwivanga na politike, bushaka guhakanisha abantu baba mw’isi amategeko y’Imana, bugashaka no guter’ubwoba abantu, kugirango bose bemere amategeko yabwo ». Twarabonye ko itegeko ryo kuruhuka ku cumweru, ryazanywe n’abakorera ico gikoko, kugirango rigwanye itegeko rya kane ryo mu mategeko cumi y’Imana. Turaza kubisubiramwo neza mu mirongo ikurikira.

Igishushanyo c’igikoko rero, n’amadini ashaka kwumvisha abantu ko kuruhuka ku cumweru ar’umuco ukwiye kwubahirizwa, bagashaka gutesha agaciro itegeko ry’Imana. Ayo madini, ni yo twita ngo n’ay’abaporo, agoramika inyigisho za Bibiliya, kugirango ashigikire ca cumweru cavuye mu mico y’idini ry’abapagani b’i Roma, abasengazuba. Iyo amashengero afise Bibiliya yifatanije n’ishengero gatorika ry’i Roma muri dimanche yaryo, niho bwa buhanuzi buca buranguka neza ngo: MU RUHANGA AFISE IZINA RY’AKABANGA, RYANDITSWE NGO: BABULONI HAHAMBAYE, NYINA W’ABAMALAYA, KANDI NYINA W’IBIHUMANYA VYO MW’ISI (Ivyahishuwe 17: 5). Umuhanuzi Ezekiyeli yarabitumbereye neza arabivuga adacisha ku ruhande ati: Eh’uwuca umugani wese azoguca k’uyu mugani ngo: Nyina n’umukobwa bose ni bamwe. Ur’umwana wa nyoko… (Ezekiyeki 16: 44-45). 

Reka ndabibutse ko uwo muco wo gusenga izuba wakomotse i Babuloni, aho twita i Babeli, nyuma y’urupfu rw’umwami nyen’ingoma n’inganji Nimurodi. Ni we wa mbere yabaye cihabugabo mw’isi. Ubwami bwiwe bwa mbere bwagarukira i Babeli no muri Ereki no muri Akadi n’i Kalune mu gihugu c’i Shinari (Itanguriro 10: 8, 10). Bibiliya yerekana ko abana b’Israeli bandujwe n’imigenzo ikomoka i burasirazuba, kandi muri iyo migenzo harimwo gusenga izuba. Kukw’abantu bawe aribo nzu ya Yakobo, wabahebeshejwe n’uko buzuyemwo imigenzo ivuye i burasirazuba, bakaragura nk’Abafilistiya,kandi bakifatanya n’abana b’abanyamahanga (Yesaya 2: 6). Ikibabaje, n’uko uyu muco wo gusenga izuba, ngo bawinjije no mu rusengero rw’Uhoraho. Nuko anshikana mu nyubakwa iri imbere yo ku ngoro y’Uhoraho; maze mbona ku rugi rw’urusengero rw’Uhoraho, hagati y’umuryango n’igicaniro, abantu bashika kuri mirong’ibiri na batanu, bateye ibitugu urusengero rw’Uhoraho, berekeje i burasirazuba, kandi bariko baraseng’izuba; kandi berekeje iyo rirasira (Ezekiyeli 8: 16).

Igikoko  cifashishije uyo musi w’abapagani ngo kizimize abari mw’isi. Reka dusubiremwo ukuntu itegeko ryo kuruhuka dimanche ryatanguye i Roma: Ng’ibi ivyanditswe muri iryo tegeko ryatanzwe kw’igenekerezo ry’7 Ntwarante (Werurwe),mu mwaka wa 321: ,,Abacamanza bose, ababa mu bisagara, abanyabukorikori, bategerezwa ku ruhuka ku musi w’icubahiro wagenewe izuba. Ariko ababa mu misozi bashobora kuja kurima  imirima yabo ata nkomanzi, kuko birazwi ko kenshi nta wundi musi nk’uwo wo gutera imbuto no gutera imizabibu. Nta kuntu rero twokwirengangiza ico gihe c’amahirwe, duhawe n’umuvyeyi wo mw’ijuru.  » (Code Justinien, L.III, titre 12, loi 3. Ryavuzwe mu kilatini muri Le jour du Seigneur, bivugwa na Louis Thomas, umuhinga muri théologie, umuzingo wa II, insiguro y’umugereka  »appendice » III, urupapuro rwa 21, Genève na Paris, 1893. Aya majambo jewe nayakuye muri  »La Tragédie des Siècles » ya Ellen G. WHITE, mu nsiguro z’umugereka zerekeye ibivugwa ku rupapuro rwa 53, aya majambo rero aboneka ku rupapuro rwa 741.

Abazoba bararokotse ivyago bikomotse ku bugarariji bw’amadini yiyitirira Kristu azoba yifatanije n’aya gipagani, hamwe n’abahakana Imana bose, bafatanye mu nda n’ubutegetsi bwa Leta, nibo rero bazoririmba indirimbo yo gutabaruka nkuko Mose n’abana b’Israeli baririmbiye Imana bakize ingoyi za Farawo, umwami wa Egiputa (Kuvayo 15: 1). Yohani yaberetswe baririmba indirimbo ya Mose umusavyi w’Imana, n’indirimbo ya wa Mwagazi, bat’Ibikorwa vyawe birahambaye kandi biratangaza, Mwami Mana ushobora vyose; inzira zawe n’iz’ukugororoka n’ukuri, Mukama w’amahanga. Ninde atogutinya ga Mwami, canke atohimbaza izina ryawe? Kuko ari wewe wenyene wera, amahanga yose azoza akwikubite imbere, agusenge, kuko amateka yawe agororotse aseruwe (Ivyahishuwe 15: 3-4)

Ngufitiye akabazo rero, iyo wiherereye, har’ico wibaza kuri ibi bintu? Mbese wumva uzoba uri muri iryo teraniro? Mbese ko tuvuga ivyo guhindura, tukareka inyigisho twarazwe na basogokuru, ubwo ntunshavurira kuko ndiko ndavuga ibidahwanye n’ivyo padiri na pasitori bavuze? Hitamwo neza: Birakwiye ko twumvira Imana, tukayirutisha abantu (Ivyakozwe n’intumwa 5: 29). Muzi yuko ivyo mwacungujwe ngo muve mu ngeso zanyu z’imburakimazi mwatojwe na basogokuruza banyu atari ibishira nk’ifeza canke izahabu, ariko mwacungujwe amaraso y’igiciro kinini, nk’ay’umwagazi w’Intama utagira agasembwa cank’ibara, ni yo ya Kristu (1Petero 1: 18-19).

Bana b’Imana, nimuze tugendere mu muco w’Uhoraho (Yesaya 2:5), mw’izina ryera rya Yesu. Amen.

ANDIKA IVYO WIBAZA VYOSE KURI IKI CIGISHO HANO HEPHO HABIGENEWE

Publié dans : ||le 21 juillet, 2010 |Pas de Commentaires »

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire