TWIGE IVYAHISHUWE 14: 1-5

 ABANTU IBIHUMBI 144000 NI BANDE?

Kandi mbona Umwagazi w’Intama w’Imana ahagaze ku musozi Siyoni, ahagararanye n’abantu ibihumbi ijana na mirongwine na bine, bafise izina ryiwe n’izina rya Se yanditswe mu ruhanga rwabo. Numva ijwi rivuye mw’ijuru nk’iry’amazi menshi asuma, kandi nk’iry’inkuba ituragara cane: kandi iryo jwi numvise ryari rimeze nk’iry’abacuraranzi bacuraranga inanga zabo. Baririmba indirimbo nsha, imbere ya ya ntebe y’ubwami, n’imbere ya  vya binyabugingo bine na ba bakuru. Nta muntu yashoboye kwiga iyo ndirimbo atari bamwe ibihumbi ijana na mirongwine na bine., bacunguwe ngo bakurwe mw’isi. Abo nibo batandujwe n’icitwa umugore, kuko babaye nk’inkumi. Abo nibo bakurikira wa Mwagazi ah’aja hose. Abo bacunguwe mu bantu kugirango babe umushuzo ku Mana no kuri wa Mwagazi. Kandi mu kanwa kabo ntihabonetsemw’ikinyoma: ntagasembga bagira (Ivyahishuwe 14: 5)

Ku bakunda inkuru nziza zerekeye i muhira kwa Data, iki cigisho kiraza gutuma bifuza ijuru cane. Twasomye ngo  »kandi mbona Umwagazi  w’Intama w’Imana ahagaze ku musozi Siyoni ». Uwu mwagazi w’Intama avugwa hano ni Yesu, mwibuke ukuntu Yohani yamumenyesheje abigishwa biwe avuga ati: Ng’uyu Umwagazi w’Intama w’Imana akura icaha c’abari mw’isi (Yohani 1: 29). TWIGE IVYAHISHUWE 14: 1-5 agneauKu musozi Siyoni naho, n’ukuvuga ku murwa w’Imana, aho dukunze kwita mw’ijuru. Mu bisanzwe Siyoni ni yo Yerusaremu, kuko Yerusaremu cari igisagara kinini, ariko ingoro y’Imana, n’ingoro ya Dawidi vyari i Siyoni. Zaburi ya 48 irabivuga neza iti: Uhoraho arahambaye, abereye gushimirwa cane ku murwa w’Imana yacu, ku musozi wayo wera. Umusozi Siyoni uri mu ruhande rw’uburaruko, igihagararo cawo ni ciza, ni wo binezaneza vy’isi yose, ni wo murwa w’Umwami ahambaye (Zaburi 48: 1-2).

Kuri uwo musozi Siyoni rero hasobanura mw’ijuru aho tuzobana na Yesu. Yohani yeretswe Yesu ahagararanye n’abantu 144000 kuri uwo musozi wa Siyoni. None abo bantu 144000 ni bande? Abo ni bo batandujwe n’icitwa umugore, kuko babaye inkumi. Abo nibo bakurikirawa Mwagazi ah’aja hose. Abo bacunguwe mu bantu kugirango babe umushuzo ku Mana no kuri wa Mwagazi (Ivyahishuwe 14: 4). Intumwa Paulo aratwereka neza ko aba bantu bazoba bakiri bazima nagaha kw’isi, kugeza ku musi Yesu azoboneka ku bicu: Abapfiriye muri Kristu ni bo bazobanzakuzuka, mazenatwe abazoba bakiriho, dusigaye, tuzoca duteruranwa nabo mu bicu, dusanganire umwami mu kirere. Ni ho tuzokwama tubana n’Umwami (1Abatesalonike 4: 16-17). Igitandukanya aba bantu 144.000 n’abandi beranda, n’uko bo ntibazopfa, ah’ubwo bazohindurwa ari bazima, babone ubushobozi bwo kuguruka bagenda gusanganira Umwami. Ehe ndababarira akabanga: ntituzosinzira twese (ntituzopfa twese), ariko twese tuzohindurwa, mu kanya gato, mu kanya nkako gukubita ingohe, aho inzamba y’iherezo izovugira. Kukw’inzamba izovuga, abapfuye bakazurwa batagishobora kubora, natwe tuzohindurwa (1Abakorinto 15: 51-52). spq9vlqaAba bantu 144.000 ngo bazoba bafise izina rya Yesu n’izina rya Se yanditswe mu ruhanga rwabo (Ivyahishuwe 14: 1).

Har’ikintu ukwiye kwitondera, mu gusoma aya majambo: iri zina rya  Yesu n’irya se vyanditswe mu ruhanga rwabo, ntibizandikwa bageze I Siyoni ho mw’ijuru, ariko bizandikwa ku ruhanga rwabo bakiri mw’isi. Kuzoba ar’ukugirango ubuhanuzi buranguke neza bwose ngo: Aho niho muzosubira kumenya yuko hari itandukaniro ry’umugororotsi n’umunyakibi, ry’uwukorer’Imana n’uwutayikorera (Malaki 3: 18). Ubuhanuzi bwa Bibiliya, burerekana ko ikimenyetso c’Imana tuzokibona tukiri muri iyi si imbere y’uko tuguruka tuja gusanganira Yesu. Handitswe ngo: N’uko Uhoraho aramubwira ati: Genda unyuragire hagati mu gisagara, muri Yerusaremu, ushire ikimenyetso mu ruhanga rw’abantu banihishwa n’ibizira vyose bikorerwa hagati muri co (mu gisagara), bikabariza (Ezekiyeli 9: 4). Iyi Yerusaremu ivuzwe hano yakorerwamwo ivyaha, isobanura ishengero ry’abiyita abakristu bose muri rusangi, baba kuri iyi si. Kuko ijambo ry’Imana riravuga riti: N’uko Hagari n’umusozi Sinayi wo muri Arabiya,sinai usobanurwa ngo Yerusaremu wa none, kuko ushumbanye n’abana bawo. Ariko Yerusaremu wo hejuru ni wo mugore bwite ni wo mama wa twese( Abagalatiya 4: 25-26).  N’ukuvuga ngo abazoba baradomwe ko ico kimenyetso, bose bazibera i Yerusaremu ho mw’ijuru.

Yesu arakubwira ubu nyene ati: Ngira nze vuba: Wumire kuco ufise ntihagire ugutwara igitsibo cawe (urugori rwawe, ikamba ryawe). Uwunesha nzomugira inkingi yo mu rusengero rw’Imana yanje, kandi ntazosohoka ukundi, nanje nzomwandika ko izina ry’Imana yanje, n’iry’umurwa w’Imana yanje, kandi nzomwandika kw’izina ryanje risha (Ivyahishuwe 3: 11-12).  Muri iki cigisho cacu, havuzwe ngo: Numva ijwi rivuye mw’ijuru nk’iry,amazi menshi asuma, kandi nk’inkuba ituragara cane. Umurongo wakomeje uvuga ko vyari bimeze nk’abacuraranzi bacuraranga inanga zabo. Ivyo bisobanura ubwinshi bw’abakijijwe, kuko, uretse abo ibihumbi ijana na mirongw’ine na bine, hazoba hateraniye aberanda bose kuva kuri Adamu kugeza kuri ba bandi 144.000. Nico gituma indirimbo izohavugigwa ata wundi yoshobora kuyiga uretse abo ibihumbi ijanana mirongw’ine na bine. Ibi bisobanura, ubumwe, n’umunezero n’amahoro bizohaba.  Uze ugire igihe kimwe winjire mw’isoko (mu kaguriro),9.1270982582.market-day-in-bujumbura harya isoko imaze kurema neza, noneho ugerageze kwumviriza amajwi y’abanyesoko bose ahurikiye hamwe. Uzosanga asuma nk’amazi, kubera ubwinshi. Nico Yesu ashatse kutubwira, ko hazoba hakoraniwe n’isinzi. Icompa tukazohahurira mwene Data we!!!

Ariko kandi havuzwe  ngo abo bantu 144.000, ngo ntibigeze banduzwa n’icitwa umugore kuko babaye nk’inkumi. Kandi mu kanwa kabo ntihabonetsemw’ikinyoma: nta gasembga bagira (Ivyahishuwe 14: 4-5). Iyo usomye wihuta aya majambo, womenga nta mugabo yigeze kwubaka urugo azogerayo, canke wogirango nta mugore canke umukobwa  azogerayo. Siko biri. Kwanduzwa n’icitwa umugore, n’ukuvuga kwanduzwa n’inyigisho z’amadini, amashengero. Ntimwibuka ko twigeze kwiga y’uko igitabo c’Ivyahishuwe kitugereraniriza amashengero y’abiyita abakristu cifashishije urugero (akarorero) ku bagore babiri? Umwe ni wa mugore Bibiliya yita ikimenyetso cavuye mw’ijuru: lesson17-01Umugore yambaye izuba, ukwezi kwari musi y’ibirenge vyiwe, mu mutwe yambaye ikamba ry’inyenyeri cumi na zibiri… (Ivyahishuwe 12: 1) Uwundi mugore we yitwa Babuloni, indaya, akaba na nyina w’indaya. Mu ruhanga rwiwe afise izina ry’akabanga ryanditswe ngo: BABULONI HAHAMBAYE, NYINA WA BA MARAYA, KANDI NYINA W’IBIHUMANYA VYOSE VYO MW’ISI (Ivyahishuwe 17: 5). Uwo mugore canke se abakobwa biwe, n’ukuvuga rya shengero Petero yita iry’i Babuloni (1Petero 5: 13). Wibuke ko Petero atigeze aba i Babuloni, ariko yabaye i Roma. Arandika ati: Ishengero ry’i Babuloni ry’abatoranijwe nkamwe rirabatasha (1Petero 5: 13).N’iri shengero ry’i Roma ryahavuye rifata iyindi nzira yo kwivanga n’imigenzo y’amadini ya gipagani, rivyara ayandi mashengero agenda aryisunga, ashobora kwanduza intore z’Imana. 

Ibi vyose birashika muri iki gihe, amashengero agakomez’imico n’imihango ya gipagani, akibaza ngo biri muri Bibiliya, ariko inkomoko zavyo ari muri Babuloni. Ari mu vyo kunywa,  kurya, kwambara, kuja ku kigandaro, kuja mu bukwe, gutegeka, gukora ikintu icarico cose, usanga Roma ariyo Babuloni yibonekeza mu ngendo z’amashengero. Tutagiye kure, muraraba ukuntu muziririza imisi mikuru yatanzwe n’ishengero ry’i Roma, icumweru n’imisi mikuru itegerezwa,  mugereranye n’ukuntu imisi mikuru y’Imana yubahirizwa. Muzosanga amashengero hafi ya yose ari musi y’ubutegetsi bwa Roma.  Ivy’amadini na nyina wayona10_2568253_1_px_470_ bitegerezwa kugenda gurtyo, kugirango ubuhanuzi buranguke ngo:Nyina n’umukobwa n’iz’imina! Mu kirundi ciza twovuga ngo: N’umukobwa yatoye nyina!Ur’umwana wa nyoko yabihiwe n’umugabo wiwe (Ezekiyeli 16: 44-45). Hategerezwa kuboneka rero ishengero ritagira aho ribogamiye, atari kuri Yesu gusa.  SDC14395Naryo ryahanuwe neza ngo:  Aha niho ukwihangana kw’abera guserukira, bitondera amategeko y’Imana n’ukwizera nka Yesu (Ivyahishuwe 14: 12) Ibi tuzovyiga mu cigisho gikurikira, aho tuzovuga ubutumwa bw’abamarayika batatu, buboneka mu Vyahishuwe 14: 6-13.

Imana iguhe gusoma no gusoserwa n’ijambo ryayo!

Publié dans : ||le 1 juin, 2010 |2 Commentaires »

2 Commentaires Commenter.

  1. le 29 juillet, 2010 à 5:56 Sijim écrit:

    Je ne comprend pas cette langue. C’est que je peux pas lire la texte de cette blog. Etes-vous un homme ou une femme ? Je suis journalist de Pays Bas.
    Merci pour votre attention.
    Sijim

  2. le 29 juillet, 2010 à 10:39 labonnenouvelledusalut écrit:

    Bonjour Sijim,

    Je viens de recevoir votre message et je suis désolé. Cette langue est le kirundi, la langue du Burundi dans la région des Grands Lacs d’Afrique. Par contre, j’ai vérifié dans ma liste de contacts, je n’ai pas trouvé votre nom. Êtes-vous un simple visiteur du blog?

    Votre question de savoir si je suis un homme ou une femme m’intrigue, mais je ne crains pas de vous dire que je suis un homme.

    Si vous voulez voir mon blog en français, cliquez sur http://mpcv.unblog.fr, là, vous trouverez des études intéressantes sur le livre du prophète Daniel et d’autre sujets variés.

    Que Dieu vous bénisse, cher Sijim.

    Miburo Balthasar

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire