TWIGE IVYAHISHUWE 13:11-18

IKIMENYETSO C’INYAMASWA

Nakoresheje bibliya y’ikinyarwanda. Muri iki cigisho hashobora kuba harimwo ikinyarwanda cinshi, ariko natoranije amagambo yumvikana mu ndimi zombi.

N’uko mbona indi nyamaswa izamuka iva mu butaka. Iyo yo yari ifite amahembe abiri nk’ay’umwana w’intama, ivuga nk’ikiyoka. Itegekesha ububasha bwose bwa ya nyamaswa ya mbere mu maso yayo, ihata isi n’abirimo ngo baramye (basenge) ya nyamaswa yambere yakize uruguma rwoyishe, kandi ikora ibimenyetso bikomeye, imanura umuriro uvuye mw’ijuru ugwa mw’isi mu maso y’abantu. Iyobesha (Izimirisha) abari mw’isi ivyo bimenyetso yahawe gukorera imbere ya yanyamaswa, ibabwira kurema ikimenyetso ca ya nyamaswa yari ikomerekejwe n’inkota ikabaho. Ihabwa guha ico gishushanyo c’inyamaswwa guhumeka ngo kivuge kandi cicishe  abatakiramya (abatazogisenga) bose. Itera bose aboroheje n’abakomeye, nabatunzi n’abakene, n’ab’umudendezo n’ab’imbata (abidegemya  n’abaja), gushirwaho ikimenyetso  ku kiganza cy’i buryo cyangwa ku ruhanga, kugirango hatagira umuntu wemererwa kugura cyangwa gutunda (gushora ibidandazwa), keretse afite icyo kimenyetso cyangwa izina rya ya nyamaswa, cyangwa umubare w’izina ryayo. Aha niho ubwenge buri: Ufite ubwenge abare (aharure) umubare w’iyo nyamaswa, kuko ari umubare w’umuntu (igitigiri c’umuntu), kandi umubare we ni (igitigiri ciwe ni) magana atandatu na mirong’itandatu n’itandatu (majana atandatu na mirongw’itandatu na gatandatu.

Mu cigisho giheruka twarize ivy’inyamaswa yiburuka iva mu nyanja, ifite amahembe cumi n’imitwe indwi. Cya kiyoka kiyiha imbaraga zacyo n’intebe yaco y’ubwami n’ubutware bukomeye.

Iyo numvise ivyo bamwe muri mwebwe bakunze kumbwira, bisa n’uko bashaka kwemera ibitekerezo vyazanywe n’abanyamadini bitari no muri Bibiliya, bitaboneka no mu mateka y’isi. Soma neza Bibiliya yawe,TWIGE IVYAHISHUWE 13:11-18 irakwereka ko ico gikoko gisobanura ububasha bukomoka mu bantu, butavuye ku Mana. Iyo tuvuze ko inyamaswa isobanura ububasha bw’abakuru b’ishengero rishimikiye i Roma, tuba dufite ibihamya /ibishingantahe bivyemeza mu Vyanditswe Vyera no muteka y’isi.

Nico gituma ku bwanje nshaka kubabwira ubutumwa bwiza namwe abari i Roma (Abaroma 1: 15). Umuntu ufite icyubahiro ntagire ubgenge, ahwanye n’inyamaswa zipfa (Zaburi 49: 21). Kutagir’ubwenge bisobanur’iki? Kwubah’Uwiteka (Uhoraho) n’ishingiro ry’ubwenge, abakor’ibyo bafite ubwenge nyakuri (Zaburi 110: 10). Nta bwenge bubonekera mu gucisha kubiri n’amategeko y’Imana. Yego, imbere y’abantu, ushobora kumenya imibare, indimi nyinshi, chimie, indondabihugu n’ibindi…, ariko iyo habuzemwo kubaha Imana, iyo Mana yacu ikubona nk’igipfu. Mbega ntimuzi ko ubwenge bw’iyi si ari ubupfu ku Mana? Kuko vyanditswe ngo: Itegesha abanyabwenge uburiganya(uburyarya) bwabo. Kandi ngo Uwiteka (Uhoraho) azi ivyo abanyabwenge batekereza ko bitagira umumaro. N’uko ntihakagire uwirata abantu (uwishimira abantu) 1Abakorinto 3: 19-21)

Mu cigisho c’uyu musi, havugwamwo inyamaswa iva mu butaka. Ariko yo ngo yifiitiye amahembe abiri gusa. Ngo n’amahembe asa n’ay’umwana w’intama. Ingorane z’iyo nyamaswa, n’uko ngo ivuga n’ikiyoka!!! Tutiriwe tuca hirya no hino, hariho ububasha bukomoka ahantu wa mugore yari yarahungiye, kuko niho Bibiliya yakunze kwita  »isi »  kuko hadatuwe n’abantu benshi cane.   Reka ndabibutse imirongo myiza ibisobanura neza: Naho wewe wa si we nawe wa nyanja we mugushije ishano, kuko Satani yabamanukiye afite umujinya mwinshi. Icyo kiyoka gicira amazi ameze nk’uruzi inyuma y’uwo mugore kugirango amutembane. Ariko isi iramutabara, yasamya akanwa kayo imira uruzi cya kiyoka caciriye Ivyahishuwe 12: 12, 15-16). Ubu bubasha rero n’ubw’Abanyamerika, kuko n’ubwoko bw’ubutegetsi busa n’ubw’abakristu mugabo bukaba bukomeza no muri politique. Uwu murongo urabivuga neza: N’uko mbona indi nyamaswa izamuka iva mu butakaDusomye neza aya majambo, biragaragara ko ubu bubasha bwakuze bukebuke buva mu bantu. Nico Bibiliya yita inyamaswa izamuka iva mu butaka). Har’umwandtsi uzwi (azwicane) yanditse aya majambo ngo: Biratangaje ukuntu iryo hanga ryabayeho rikomotse nko  mu busa, ariko ryarakuze buke buke ryicecekeye nk’igiterwa, rihava rihinduka ingoma iganza izindi_G. A. Townsend, The New World Compared with the Old, ku rupapuro rwa 462). Kuba ubwo butegetsi bufise amahembe abiri nk’ay’umwana w’intama ariko bukavuga nk’ikiyoka, n’ingorane nini, kuko busa naho bwihemukira. Abarundi ba kera baraca umugani ngo:  »Woja i Gisha woshikayo » Iyo Abanyamerika bakomeza kuvuga nk’umwana w’intama gusa, bari kugira imbaraga zikwiye zo gutegurira isi yose ukugaruka kwa Yesu. None siko bikimeze, bahisemwo kuvuga nk’igisato, idini risigaye ar’igikoresho ca politique. Mbese ubirevye (ubiravye, womenga ivy’Imana birimo kubacika, vyigira muri Afrika no muri Aziya, mu bihugu vy’abakene. Bwa buhanuzi buvuga ngo : Ndirabura ariko ndi mwiza (Indirimbo 5: 6), busa n’uburiko burarangukira kuri Afrika.

Iyi nyamaswa ngo itegekesha ububasha bwose bwa ya nyamaswa ya mbere. N’ukuvuga ko gukurikira amadini y’igiporo akomoka muri Amerika, ataho bitandukaniye no gukurikiza amadini y’abakristu akomoka mu Bulayi. Kuko ububasha bw’izo nyamaswa zose ngo bukomoka muri ca kiyoka (Soma neza Ivyahishuwe 13: 2, 11). Mvuze amadini y’abakristu akomoka mu Bulayi, n’aho yoba atari ay’abagatorika. Turabiraba hano hepfo.

Iyo nyamaswa rero izamuka iva mu butaka, ngo ihatira isi n’abayirimwo ngo baramye ya nyamaswa  ya mbere yakize uruguma rwoyishe (Ivyhishuwe 13: 12). Aha hakubiyemwo ubuhanuzi bukomeye. Iyi nyamaswa iva mu butaka, ko yashoboye guhatira isi n’abayirimwo ngo baramye ya nyamaswa yambere yakize uruguma rwoyishe, birumvikana ko ububasha bwayo bwagaragaye neza, inyuma yaho iyo nyamaswa ya mbere ikomerekeye_cyangwa se bgagomba kuzagaragara ya nyamaswa imaze gukomereka_ noneho iyo nyamaswa iva mu butaka yiyemeza gusindagiza (gufatira akabando) ya nyamaswa ya mbere. Fungura amaso urabe ibintu biba hirya no hino yawe: Amashengero y’abaporo niyo asigaye yigisha ko abantu bakwiye kuruhuka dimanche _iki turakigarukako_, ayo mashengero niyo yigisha ivy’uko abapfuye baja mw’ijuru, banse ukubonekerwa na Mariya canke abatagatifu, ariko bigisha ko berekwa cane, mbere bamwe ngo barabona na Yesu. Vyagezwe naho bamwe mur’ayo mashengero baha ubupasitori abagore butaboneka na hamwe muri Bibiliya, abakobwa babo bakambara impeta ku matwi kandi arivyo Uwiteka yamagana. Bamwe bashobora kurya bakanywa inzoga, mbere hadutse mwo n’abatizera ko Yesu ar’Imana. Ariko ikibafatanya bose n’ukwica itegeko rya kane ry’Imana, ryo kuruhuka ku musi w’indwi.

Umurongo wavuze ngo: kandi ikora ibimenyetso bikomeye, imanura umuriro uva mw’ijuru ugwa mw’isi mu maso y’abantu. Iyobesha abari mw’isi ivyo bimenyetso yahawe gukorera imbere ya yanyamaswa yari ikomerekejwe n’inkota ikabaho (Ivyahishuwe 13: 13-14). Wibuke ko umuriro w’Imana waranze ukuza kwa Mwuka Wera ku ntumwa (Ivyakozwe n’intumwa 2: 1-4). Aha havuzwe  undi muriro umanurwa na ya nyamaswa yazamutse iva mu butaka. Ni wa muriro amadini menshi yita Mwuka Wera ariko atari we vy’ukuri. Ukuntu abantu babonye uwo Mwuka wera wo mu mashengero y’abaporo bakora, usanga bashushe kuruta n’intumwa. Ikibabaje n’uko ngo uwo Mwuka wabo abarekurira kwica amategeko Yesu, bagashobora guhakana ivyo intumwa n’abahanuzi bakurikije, ngo kubera ko baba basigaye bagendera mu buntu bg’Imana gusa. Yesu yavuze ati: Uwo Mwuka (Mpwemu) w’ukuri naza azobayobora mu kuri kwose, kuko atazavuga ku bwe (ku bwiwe), ahubwo ivyo azumva nivyo azavuga, kandi azababwira ivyenda  kubaho (ibigiye kuza). Uwo azanyubahiriza, kuko azenda (azofata)ku vyanje akabibabwira (Yohani 16: 13-14). N’uko rero bene Data, ukwizera kutajanye no kwubahiriza Yesu ntikuva muri Mwuka Wera woherejwe (yatumwe) na Yesu, ah’ubwo kuva mu mwuka Mubi (mu mpwemu mbi) duhabwa na ya nyamaswa izamuka iva mu butaka. Pawulo arafise ikibazo aha abantu bihaye kumusevya ngo niwe yabarekuriye kwica amategeko y’Imana, ngo abaha kugendera mu buntu bwa Yesu gusa. Dusome: Mbese none duhinduze ubusa amategeko kwizera? Ntibikabeho, ah’ubgo turayakomeza (Abaroma 3: 31). Intumwa Petero we ntabaha na zero kw’icumi, kuko aravuga ati: nk’uko mwene data ukundwa Pawulo yabibandikiye abwirijwe n’ubwenge yahawe; ndetse no mu nzandiko ze (ziwe) zose yavuze ibyerekeye ibyo. Icyakora zirimo bimwe biruhije gusobanukirwa, ivyo abaswa bahindagurika bagoreka, nkuko bagira Ivyanditswe bindi, bakizanira kurimbuka (guhona) (2Petero 3: 15-16).

Ibitangaza, kuvugishwa, gusenda abadayimoni, gikiza ingwara, kuvuga indimi n’ibindi vyose, si co kimenyetso c’Imana kiranga abizera… Yesu arereka igikwiriye kuturanga: Nk’uko nabakunze mube ariko namwe mukundana. Ibyo nivyo bose bazamenyeraho ko muri abigishwa banjye, ni mukundana (Yohani 13: 34-35) Ikibazo n’ukumenya uko Yesu yadukunze. Mu kubisobnura, Yesu yerekanye urwo rukundo muri ryasengesho ryiwe i Getsemane, ati:  Abo wampaye mw’isi, mbamenyesheje izina ryawe, bari abawe urabampa, none dore bitondeye ijambo ryawe (Yohani 17: 6). Urukundo yakunze abe (abiwe) bari mw’isi, ni rwo yakomeje kubakunda kugeza imperuka (Yohani 13: 1). Dore umurage yabasigiye (iragi): Ni mwitondera amategeko yanjye muzaguma mu rukundo rwanjye, nkuko nanjye nitondeye amategeko ya Data nkaguma mu rukundo rwe. Muri icuti zanjye niba mukora vyo mbategeka (Yohani 15: 10, 14) Mu mategeko ya Data, uko ari icumi, irya kane niryo Bibiliya yita ikimenyetso c’Imana: Wibuke kweza umusi w’isabato. Mu misi itandatu ujye ukora, abe ariyo ukoreramo imirimo yawe yose, ariko uwa karindwi ni wo sabato y’Uwiteka Imana yawe. Ntukagire umurimo wose uwukoraho, wowe ubwawe, cyangwa umuhungu wawe cyangwa umukobwa wawe, cyangwa umugaragu wawe cyangwa umuja wawe, cyangwa itungo ryawe (igitungwa cawe), cyangwa umunyamahanga wawe uri i wanyu, kuko mu misi itandatu ari yo Uwiteka yaremeyemwo ijuru n’isi n’inyanja n’ibirimo vyose, akaruhuka ku wa karindwi. Nicyo cyatumye Uwiteka aha umugisha umunsi w’isabato, akaweza (Kuva 20: 8-11).  Kandi mujye mweza amasabato yanjye kugirango abe ikimenyetso hagati yanje namwe, kugirango mumenye ko nd’Uwiteka, Imana yanyu (Ezekiyeli 20: 20). Dukurikije ibivuzwe muri uwu murongo, duca tubona rero ko ikimenyetso c’inyamaswa ari dimanche. Kuko mu basomyi ba Bibiliya, hariho ibice bibiri bihangaye, n’abemera dimanche n’abemera isabato. Imana reri iraruciye, Hari umurongo wundi uvuga ko Mwuka ariwe kimenyetso, ariko Mwuka nawe ntiyobawe atumvikanye na Data na Mwana. Nuko rero Data na Mwana na Mwuka Wera baravuga bati: Sinzica isezerano ryanjye, sinzahindura ijambo ryavuye mu kanwa kanjye (Zaburi 89: 35). Dushobora no kuvuga tudakekeranya ko ukuzuka kwa kwa Yesu kudahindura iri jambo. Kuko uwo Yesu yadupfiriye akongera akazuka, niwe atwihanangiriza (atwihaniza) ngo ntidukurikire abanyabinyoma, ati: Mwitekereza ko najye gukuraho amategeko cyangwa ivyahanuwe. Sinajye kubikuraho ah’ubwo najye kubisohoza (kubishitsa). Kandi ndababwiza ukuri ko kugera aho ijuru n’isi bizashirira, amategeko atazavaho  inyuguti n’imwe, cyangwa agace kayo gato, kugeza aho vyose bizarangirira. N’uko uzica rmwe muri ayo mategeko, naho ryaba ryoroshe hanyuma y’ayandi, akigisha abandi kugira bartyo, mu bwami bwo mw’ijuru azitwa mutoya rwose. Ariko uwuzayakora akayigisha mu bwami bwo mw’ijuru azaba mukuru (Matayo 5: 17-19).  Uwu Mwami wacu Yesu-Kristu avuze ko amategeko azahoraho, kugera aho isi n’ijuru bizashirira. None se isi n’ijuru ntibikihari? N’amategeko rero aracahari. Satani ni we ashaka kuyahindura, kuko yipfuza guhitana imbaga nyamwinshi (Isinzi ry’abantu).

Twamaze kubona rero ko Bibiliya yigisha ko isabato ari ikimenyetso c’Imana, turabe noneho ikimenyetso c’inyamaswa aho cakomotse: Soma neza aya majambo: Ikiruhuko abaprotestanti bafata ku cyumweru, nico cyubahiro baha ubutegetsi bw’Ekleziya Gatorika naho bigira ngo ntibari muriyo (Musenyeri Louis Ségur,  Causérie sur le protestantisme d’aujourd’hui, urup. 207). Ekleziya Gatorika, yahinduye umusi w’ikiruhuko wo ku musi w’indwi, iwushira ku musi wa mbere (dimanche), kubera ububashayahawe n’Imana; nta mu protestanti yari bwabeho (The catholic Mirror, sept. 1893. Erega Ekleziya Gatorika ntihisha ko ariyo yahinduye iryo tegeko. Ivyo vyerekana ko ifise ubugabo mu vyerekeye  ivy’idini (H. F. Thomas, Chacellier du Cardinal Gibbons).

Ariko rero, ngirango mbisubiremwo: Nicyo gituma kubwanjye nshaka kubabwira ubutumwa bwiza namwe abari i Roma (Abaroma 1: 15). Ushobora kuba utaba mu gisagara ca Roma uyu musi, ukaba utari no mw’ishengero canke paruwasi ikukira Abagatorika b’i Roma, ariko mu vyo wizera hakaba harimwo ibisigisigi vya Roma. Raba neza iyi shusho, uhita umenya umugambi  w’ubutegetsi bw’idini ry’Abagatorika b’ i Roma

Ikibarirwan’icumva, icerekwan’ikibona. Iriya mirongo yose abantu bishimikiza ngo niyo yerekana ko amategeko yahindutse, n’ikinyoma cambaye ubusa, nivyo bita ibitekerezo vy’abaturage (opinions populaires). Ikimenyetso c’inyamaswa, si twa tuntu bababesha ngo bazotubatera mu ibicanco ku maboko, canke amakashi yo mu ruhanga n’ibindi. N’abakozi ba Satani bavuga ivyo, kuko wa mwuka mubi ariwo ubakoresha ngo bibagize abantu Ivyanditswe Vyera. Ikimenyetso kija ku kiganza c’i buryo, n’ukuvuga ko mu mirimo yawe no mu butunzi bwawe hazoba mwo uwo muvumo w’ubuyobe, kuko ukuryo kugereranywa n,amahirwe mu mirimo dukora. None se wakomeza gukora ku musi Nyagasani yejeje ukavuga ngo urafite ikimenyetso c’Imana cyangwa ngo uri mu nzira yayo? Uri mu nzira yatobowe n’undi mugabo ariko atari Yesu. Mu ruhanga, n’ukuvuga ko mu bwenge bwawe uzokumvako wishigikiye ko uri mu kuri, ariko warayovye (warazimiye). Umuhanuzi Malaki arabisobanura ati: Ubwo ni bwo muzagaruka mukamenya gutandukanya abakiranutsi n’abanyabyaha, abakorer’Imana n’abatayikorera (Malaki 3: 18). Iyo Bibliya ivuze » ABANYAVYAHA », iba ivuga abica amategeko y’Imana. Umuntu wese ukora icyaha aba agomye( aba yishe itegeko), kandi icyaha ni bwo bugome (ni ko kwica amategeko) (1Yohani 3: 4). Washobora kuzingurura Bibiliya yose kuva mw’Itangiriro kugeza mu Vyahishuwe, nta murongo wabona werekane vy’ukuri ukuntu Yesu yahinduye isabato ngo ayishire ku musi wa mbere w’icumweru ariwo dimanche. Ikiruhuko ca dimanche cyavuye mu bantu buntu. Ubwo n’ukuvuga ngo: Niba umupapa, umwepiskopi, umupadiri, umupasitori cyangwa umwigisha uwariwe wese, ahuruza abantu ngo bareke kwubahiriza gahunda y’Imana, ariko ngo bubahirize gahunda bahawe n’abantu, ingorane ziracahari. Si jye utanga ibibanza ijuru .Si jewe ntanga imyanya mw’ijuru, ariko Umwami Yesu Kristu abishinzwe, aravuga ati: Mbabarira abankunda bakitondera amategeko yanjye, nkageza ku buzukuruza babo b’ibihe igihumbi (Kuva 20: 6). Namwe ni iki gituma mucumurira itegeko ry’Imana imigenzo y’abantu? (Matayo 15: 3) Uyu murongo reka ndawuvuge mu kirundi kuko abarundi ntibowutahura: None ni kuki murenga ivyagezwe vy’Imana ngo mwumire ku migenzo y’abantu? (Matayo 15: 3) Umuntu yigisha abantu ngo bice isabato, akabigira nkana, we hamwe n’abamwemera bose, bibaye vyo bakajya mw’ijuru batigeze bihana ubwo bugome, murumva ko noneho n’umunyabyaha uwariwe wese yajyayo. Kandi arinze ashikayo atarihana, vyazateza akaduruvayo mw’ijuru, nkuko vyabaye mu gihe c’ubugome bga Luciferi. Umunyavyaha n’ubwo wamugirira neza, ntabgo aziga gukiranuka (gutungana), mu gihugu cyo gukiranuka (c’ubutungane), azahakorera ivyo gukiranirwa (amafuti) (Yesaya 26: 10). None se ko numva kubabesha bingora, mwashobora kumbwira ko muri Bibiliya zanyu iryo tegeko rya kane ridahagatiwe n’ariya yandi asigaye, Uwavuze iryo tegeko, ni nawe wavuze ngo: Ntiwice, ntusambane, ntiwibe, ntubeshe… (Soma Yakobo 2: 10-11)

Amadini y’abaprotestanti azoshigikirwa cane n’Amerika n’ab’isi benshi, ahave yumve ko akomeye, yibeshe ngo Uhoraho ari kumwe nayo, yinjire mu rugamba rwo guhatira abantu bose kugaruka mu nsengero no mu mihango ya Kiliziya. Kandi ubiravye bisa n’ivyatanguye bukebuke. Aya madini ngo afise ukwizera muri iki gihe, kuyereka ko azoja no mw’ijuru adaciye mu mibabaro Yesu yahaye ishengero ryiwe ko umugabane, aho yavuga ati: Mu isi muri n’umubababaro, ariko ni muhumure, nanesheje isi (Yohani 16: 33). Soma na Yeremiya 30: 5-7, n’Ivyahishuwe 2: 10). Vyose biterwa n’uko benshi dutinya kubabara, mugabo tukanezerwa n’ukubona uwundi ariwe ababazwa. Amerika rero ishigikiye vyimazeyo ivy’amadini yigisha Bibiliya, mugabo ivuga nk’igisato. Nico gituma uwoshaka yoja mw’itorero ryigisha amategeko cumi y’Imana rigashiramwo n’Isabato. Aho hafi y’i wawe iryo shengero ririho, kuko kw’isi yose, ayo mashengero arabaho. Abakunda Imana, naho iryo shengero ryoba ku birometero 30, bararishaka gushikabarib0nye.

Benshi bavuga ngo isabato n’iy’Abayuda. Mwoba muzi umurongo wemezako Imana yacunguye Abakristu atari yo yacunguye Abayuda? Mbese muri Paradiso ya Edeni ko isabato ivugwa mwo (Itanguriro 2: 1-3), twovuga ko Adamu na Heva bari abayuda? Kuri Sinayi, Abisirayeli ugirango bari bwitwe Abayuda? Kuko niba twanze iryo tegeko, n’ayandi twayareka, tugasambana tukiba, tukabesha, tukicana, n’ibindi… Mwibuke ko ubutumwa bwiza twahawe buravuga ngo: Umuntu wese witondera amategeko agatsitara kuri rimwe aba ayacumuye ko yose, kuko uwavuze ngo  »Ntugasambane » niwe yavuze ngo  »Ntukice » (Yakobo 2; 10-11)

Genda rero mukundane nkuko Yesu yadukunze mu kutwigisha ijambo rya Se, namwe mugire murtyo. Hitamwo ikimenyetso c’Imana canke ikimenyetso c’inyamaswa. Umunyabwenge ngo ashobora kugiharura neza (kukibara), ngo ni 666. Ni vyo rwose. Mu mitwe y’abanyabinyoma, isabato bayita umusi wa 6, kuko uwo mubare (ico gitigiri0 ntigishitse), nabo ntibashikanye ibiro mu munzane w’Imana. Ku bakwije ibisabwa na Yesu, bagakorera muri Yesu, urya musi witwa umusi w’indwi. Ngo n’umubare w’umuntu, kuki none utahitamwo umubare w’Imana? Ntukangwe n’amasengesho atwikiriwe n’ibirori, kuko mw’ijuru ibihari bisa neza kuruta .

 Hanyuma haza umwuka ahagarara imbere y’Uwiteka, aravuga ati: Ni jye uzamushushuka (Ni jewe nzomwosha nabi). Uwiteka aramubaza ati: Uzamushukashuka ute? Aramusubiza ati:  Nzagenda mpinduke umwuka w’ibinyoma mu kanwa k’abahanuzi biwe bose. Uwiteka aravuga ati:  N’uko uzamushukashuka, kandi uzabishobora, genda ugire urtyo. N’uko rero dore, Umwuka ashize umwuka w’ibinyoma mu kanwa k’abahanuzi bawe bose, kandi Uwiteka akuvuzeho ibinyoma (2Ngoma 18: 20-22). Kuza kw’uwo mugome kuri mu buryo bwo gukora kwa Satani, gufite imbaraga zose n’ibimenyetso n’ibitangaza by’ibinyoma, n’ubuhenzi bwose bwo gukiranirwa (n’ububeshi buvanze no kuba inkozi z’ibibi) ku barimbuka (ku bahona), kuko batemeye gukunda ukuri ngo bakizwe. Nico gituma Imana izoboherezamo ubushukanyi bukomeye (Imana izobarungikira ubuzimire bukomeye) cyane ngo bizere ibinyoma, kugirango abatizeye iby’ukuri bose bakishimira gukiranirwa (gukora ibyaha), bacirwe ho iteka (2Abatesalonika 2: 9-12).

Imana igufashe gutahura mwene Data!

 

Publié dans : ||le 28 mai, 2010 |Pas de Commentaires »

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire