TWIGE IVYAHISHUWE 13:1-10

TWIGE IVYAHISHUWE 13: 1-10

Gihagarara ku musenyi wo ku kiyaga. Mbon’igikoko ciburuka kiva mu kiyaga, gifise amahembe cumi n’imitwe ndwi: ku mahembe yaco hariho imigara cumi, no ku mitwe yaco hariho amazina y’amarogotano. Ico gikoko nabonye casa n’ingwe, amajanja yaco yar’ameze nk’ay’idubu, akanwa kaco kari kameze nk’ak’intambwe. Ca gisato kigiha ububasha bwaco, no kuja ku ngoma yaco, n’ubutware buhambaye. Muri ya mitwe yaco mbona mwo umwe usa n’uwukomeretse akagirire:uruguma rwocishe rurakira. Isi yose ikurikiraico gikoko bagitangarira. Batazira ico gisato bagisenga, kuko cahaye ico gikoko ububasha bwaco; batazira na kino gikoko bagisenga, bati: Ni nde ahwanye n’iki gikoko, kandi ninde ashobora kukirwanya? Gihabwa akanwa kavug’ibihambaye n’ivyo kurogota ku Mana, kirogota no kw’izina ryayo, no kubaba mw’ijuru. Gihabwa kugwanya abera no kubanesha, kandi gihabwa gutwaraimiryango yose n’amoko yose n’indimi zose n’amahanga yose. Kand’ababa kw’isi bazogisenga, umuntu wese atanditswe izina mu gitabo c’ubugingo c’Umwagazi w’intama yatanzwe kw’ikimazi uhereye kukuremwa kw’isi. Namba har’umuntu ari n’ugutwi ni yumve. Namb’umuntu yagerewe gufatwa mpiri azofatwa mpiri; namb’umuntu yacish’inkota akwiye kuzokwicishwa inkota. Aho niho ukwihangana kw’abera guserukira.

Iki gice ca 13 gitanguje aya majambo ngo: Gihagara ku musenyi wo ku kiyaga. Ni ca gisato kivugwa. Iki gisato kirafise ingorane. Guhagarara ku musenyi wo ku kiyaga bisobanura vyinshi mu buhanuzi. Umusenyi wo ku kiyaga, n’iyindi mvugo ya Bibiliya mu kwerekana abantu benshi badaharurwa (batabarika): Nzogwiza uruvyaro rwawe rungane n’inyenyeri zo kw’ijuru, canke n’umusenyi wo kw’isesero ry’ikiyaga (Itanguriro 22: 17). Nzohindura uruvyaro rwawe rungane n’umusenyi wo ku kiyaga, isinzi ridaharurika (Itanguriro 32: 12; raba na 1Samuel 13:5; 2Samueli 17: 11;1Abami 4: 20; Yesaya 10: 22, n’ahandi henshi). N’ukuvuga ko gihagaze, canke ko gitegeka amahanga menshi. Har’aho umumarayika yavyeruriye Yohani ati: Ya mazi wabonye, maraya yicarako, ni ya moko n’amakungu y’abantu n’amahanga n’indimi (Ivyahishuwe 17: 15).TWIGE IVYAHISHUWE 13:1-10 Gihagarara ku musenyi wo ku kiyaga. Ijambo ngo  »umusenyi » ryakoreshejwe mu buryo bw’uko ico gikoko cishimiye ubwinshi bw’abantu, ariko abantu nta rukiza rwabo (Zaburi 146:3). Ishengero ry’Imana rihagaze ku rutare, ni rwo Kristu (1Petero 2:4). Ivyahishuwe 12: 1, bitwereka ko wa mugore ariwe shengero ahagaze ku kwezi, akaba yitwikiriye izuba. Twarize ko Izuba risobanura ubugororotsi bwa Kristu buboneka mw’Isezerano rishasha, ukwezi kukaba gusobanura isezerano rya kera rikeneye umuco uva mw’isezerano rishasha, kugirango rigire agaciro.

 Iki gikoko rero Yohani yeretswe ngo yakibonye ciburuka kiva mu kiyaga, gifise amahembe cumi n’imitwe indwi, ngo ku mahembe yaco hariho imigara cumi, no ku mitwe yaco hariho amazina y’amarogotano. Nta banga ririmwo, muri make biragaragara ko iki gikoko gifitaniye ubucuti bukomeye na ca gisato. Impamvu ndabivuze gurtyo n’izi: Ico gikoko ko ciburutse kiva mu kiyaga, kigasanga ca gisato naco gihagaze ku musenyi w’ikiyaga, iyo biba bisanzwe bitazinanye, kimwe cari gusumira ikindi bikaryana. Wibuke ko wa mugore wo mu Vyahishuwe we, igisato cabonye ko agiye kwibaruka gitangura kwitegura kurotsa umwana wiwe, kibuze wa mwana gitangura kwiruka inyuma ya wamugore gushika no mu buhungiro.  (Subiramwo usome Ivyahishuwe 12: 1-6,13-17, canke usome neza ivyigisho bibiri vy’Ivyahishuwe duherutse kwiga). Biraboneka ko ata bucuti uwu mugore, ariwe torero ry’Imana afitaniye n’ico gisato, canke ca Gikoko. Yohani yanditse iki gitabo, mu gihe ubutegetsi bw’i Roma bwari bubangamiye abakristu cane, ku ngoma y’umwami w’abami Nero. Ni naco gituma marayika yamwigishije gukoresha iri jambo ngo Igikoko. Kuko Nero iyo aza kumenya ko ubutegetsi bwiwe aribwo buriko buravugwa, ingorane zari kwiyongera mu ntore z’Imana. Muje mwirinda gusomborotsa abategetsi mwitwaje ngo n’uko mwakijijwe. Mu gihe bataraduhatira kurenga amategeko y’Imana, tugomba kwama twiyorosha. Niba hariho umurimo wa ngombwa ukeneye gukorwa ku mutumba (ku murenge) i wanyu, canke kw’ishure, canke ahandi hose, bigahurirana n’igihe c’amateraniro yo gusenga, iciza n’uko mwokwigiza imbere isaha yo gusenga, mukabanza gufasha abandi mu vyihutirwa, cane cane iyo ubuzima bw’ikiremwa muntu buri mu kaga. Kw’isabato ni ngombwa ngo tubanze gukiza ubuzima bw’abaguye mu kaga, imbere yo kuja ku rusengero. Ariko kuja kwubaka, gukoresha amasuka n’ibindi ntivyemewe. Dusubiremwo, icemewe n’ugukiza ubugingo bw’umuntu canke igikoko bigeramiwe. (Akarorero: Guterura uwurwaye, kuzimya inzu y’umubanyi, guhembura uwukwituye yaburaye, n’ibindi).

Iki gikoko ciburuka kiva mu kiyaga ngo  gifise amahembe cumi n’imitwe indwi. Ni bwa butegetsi bwa Roma, bushingiye mu gisagara cubatswe ku misozi indwi, bukaba bwashaka kwigarurira Ubulayi bwose. Bwa Bulayi nabwo bukaba bukomoka kuri ya  moko cumi, twigeze kwiga. Reka tubisubiremwo gato: Iyo ishengero ry’i Roma rigereraywa  na wa mugore wo mu Vyahishuwe 17, umumarayika avuga ati: Imitwe indwi ni yo isozi indwi uwo mugore yicayeko(Ivyahishuwe 17: 9). Imisozi indwi y’i Roma ni: Capitole, Aventin, Esquillin, Viminal, Palatin, Quirinal, na Caelius. Amoko cumi yakomotswe ko n’Ubulayi ni: Les Francs, les Anglo-saxons, les Burgonds, les Hirules, les Vandals, Les Barbares, les Suèves, les Ostrogoths, Les Lombards na Les Allemans. Ndashaka no kubibutsa ko ibihugu vyinshi mw’iterambere ryavyo usanga kenshi vyisunga umuco wakomotse kur’aya moko yo mu Bulayi. Tutiyibagije ko n’abanyamerika bose kuva ruguru muri Canada kugera muri Argentine, bose n’uruvyarirane rukomoka kuri ariya moko cumi. Tuvuge ko n’Afrika ifise ibisigisigi vy’ayo moko mu mico yayo cane cane Afrika ya ruguru. Muri Aziya no mu mazinga yo mu mabahari, naho nyene usanga imico yo mu Bulayi ihafise uruhare runini. Ni navyo bisobanura ukuntu ku mahembe yaco hariho imigara cumi. Kuko umugara werekana ko igikoko kimaze gukura. Uko ibihugu bigenda biter’imbere niko bikomeza gushimangira imico kama y’Ubulayi nka za Démocraties, imisi y’ibiruhuko, amashure, inkino n’ibindi. Ariko ngo ku mitwe yaco hariho amazina y’amarogotano. Mu kirundi c’ukuri, kurogotwa n’ukuvuga ibidahereranye mu gurtyoza umutegetsi. Abanyarwanda bavyita ngo n’ugusevya ubutegetsi.

Ubutegetsi bw’i Roma bwamye bwirata ko aribwo mana yo mw’isi. Umwami w’abami w’i Roma baramusenze ubwambere mu gisagara ca Perugamo mu mwaka wa 29 imbere ya Yesu. Aberanda benshi barapfuye bazira ngo banse gusenga umwami w’i Roma n’imana yiwe ariyo zuba.  Mu gihe umwami w’abami Constantino yahebera umwepiskopi w’i Roma igisagara cose, we akigira kwubaka ic’i Constantinople, niho ibintu vyacika amazi mw’Ishengero. Umwepiskopi w’i Roma  yahisemwo nawe kwiyita icariho c’Imana, akomeza amategeko ya gipagani, ahindura umubatizo, imisi mikuru y’abapagani arayikomeza, ndetse abaha n’umwamikazi asubirira mu kibaza (asimbura) c’imanakazi zasengwa mu bapagani. Ibi twaravyize kenshi, twerekana n’aho inyigisho zo gusenga no gusaba Mariya zakomotse. Soma Yeremiya 44: 15-20, utirengagije ivyigisho bibiri vy’Ivyahishuwe duherutse kwiga. Umumarayika arongera ati:  iyo misozi indwi, niyo ba bami indwi. Batanu barakombowe: Abamedi, Abaperesi, Abagreki, Abaroma, Ubupapa kuva muri 1798, umw’ariho= nabwo n’ubupapa nyene butegeka ariko butafise ububasha bwo gukora ivyo bwishakiye (hagati ya 1798 na 1929). Ca gikoko cariho kandi kitakiriho, ico ubwaco n’uwugura umunani, ariko kandi n’umwe muri ba bandi indwi, kand’azoja kuranduka(raba Ivyahishuwe 17: 10. Ibi vyerekana ko naho intwazangabo Berthiaume yahagarika ubupapa muri 1798, bwaragaruwe n’itegeki rya ba Musolini muri 1929, ariko igihe cabwo ni gito,vuba, ibintu bishobora guhinduka. Uko guhagarikwa kw’Ubupapa muri 1798, nivyo Bibiliya yise umutwe wa ca gikoko wasa n’uwakomeretse uruguma rwocishe (Ivyahishuwe 13: 3). Ariko uwo murongo nyene uvuga ko rwa ruguma rwakize. Isi yose ikurikira ico gikoko bagitangarira. Batazira ico gisato bagisenga, ko cahaye ico gikoko ububasha bwaco; batazira kino gikoko bagisenga, bati ninde ahwanye n’iki gikoko, kandi ninde ashobora kukirwanya? (Ivyahishuwe 13: 4).

Ibi bigereranywa n’ingendo zakozwe n’Abapapa mu myaka ishize, amayeri yose yakozwe kugirango Papa akomeze aninahazwa (asingizwa nk’Imana) hose kw’isi, vyagaragaye cane mi migambi ya Yohani Paulo wa II, hamwe n’ivyagiye bihinduka canke ingingo zafashwe kuva kuri Piyo wa XII, inama zihuza amadini n’amahanga (Concile oeucuménique za Yohani wa XXIII, ingendo zo mu bihugu vya kure zatanguwe na Paulo wa VI, Yohani Paulo wa II we aza arushiriza,  Yosefu Ratsinger ari we Benedigito wa XVI, arabikomeza, na Fransisiko rero w’uwu musi. Iyo uravye abantu Papa akoranya mu misa ziwe, vyokugora kugira ngo wemere ubu buhanuzi turiko turiga. Wovuga uti, n’intumwa y’Imana koko. Yamara ubutumwa bwiza twahawe buravuga ngo: Kur’umugara wiyambure igitsibo, ntibizosubira kumera nk’uko vyari bisanzwe. Icari hasi kizoshirwa hejuru, kandi icari hejuru kizosubizwa hasi (Ezekiyeli 21: 26).

Muri ikigice turiko turiga: Ivyahishuwe 13: 1-10, mu mirongo ya 5-8 havugwa amajambo yoroshe kwumva, cane cane kubera ubusobanuro tumaze kumva. Haranditswe ukuntu ca gikoko kizovuga ivyo kurogotwa ku Mana, kw’izina ryayo no kubaba mw’ihema ryayo, no kubababa mwijuru. Haravugwa ukuntu gihabwa kurwanya abera kikabanesha, kigatwara amahanga. Iyi mirongo irangiza itubwira ko abaturage b’isi yose bashobora kuramya ico gikoko,  ariko ngo bivana n’umuntu uw’ariwe. Kizasengwa n’abadafite amazina mu gitabo c’umwana w’Intama w’Imana yatanzwe kw’ikimazi uhereye ku kuremwa kw’isi. Ahandi haravuga ngo: Abo bazorwanya umwagazi w’intama, uwo Mwagazi azobanesha, kuko ari we aganza abaganza, n’umwami w,abami, kand’abari kumwe nawe, bahamagawe, batoranijwe, bayobotse, nabo bazonesha (Ivyahishuwe 17: 14) Namba hari uwuri n’ugutwi ni yumve. Namb’umuntu yagerewe gufatwa mpiri azofatwa mpiri; namb’umuntu yicisa inkota, akwiye kuzokwicishwinkota. Aho niho ukwihangana kw’abera guserukira bo n’ukwizera kwabo (Ivyahishuwe 13: 9-10). Mu yandi majambo. Iyo ab’isi baba bafise amatwi bari bakwiye kwumva. Kuko kugirira nabi abandi ubahoye idini, umuco, ubwoko canke ikintu icarico cose n’amafuti. Kuko nta wusig’ifuni, ubigire ubizi ko nawe ejo uzopfa. Ariko amasezerano meza asumba ayandi n’aya ngo: UHEREYE NONE HAHIRWA ABAPFA BAPFIRA MU MWAMI (Ivyahishuwe 14: 13). Ni bakugirira nabi wiyihorerere, ariko ikirutaho, wishimire gupfira mu Mwami. Ni wicwa n’ingwara, canke impanuka iyari yo yose, wihangane uzopfire mu Mwami. Nta kibabaje nko gupfira mu ngoyi za ya nyamaswa, ca gikoko! Ico ngusengera nanje arico nisengera, n’ugupfira mu Mwami Yesu

Ubu butegetsi bw’i Roma bwaratabaguye imyagazi y’intama z’Imana burayitsontsomera nk’ingwe, bugira amakari menshi nk’idubu (ours), bugera aho butinyika nk’intambwe. Yohani ati: Ico gikoko nabonye casa n’ingwe, amajanja yaco yar,ameze nk’ay’idubu, akanwa kaco kari kameze nk’ak’intambwe. Wibuke ko ingwe iyo ije kwiba igitungwa yiking’umwiza. N’amabi menshi yakozwe mu gihe c’umwiza. Ico gihe nico uriya murongo wa 5 wise amezi mirongw’ine n’abiri (raba Ivyahishuwe 13: 5). N’ukuvuga imisi 1260. Ni ya misi twigira hamwe mu misi ishize, ihuye n’imyaka yo kurenganywa kw’abakristu kuva muri 538 kugera muri 1798, ni 1260. Iyo myaka n’intibagirwa kuko abantu b’Imana barenganijwe n’abiyita abakristu nkabo. hariho n’abaprotestanti bafashe ubutegetsi mu bihugu bimwe, bakoresha igitugu, vyose nyene n’umugambi wa Satani. Muri ico gihe c’umwijima, ni ca gihe Papa n’abepiskopi b’i Roma bari barabujije abantu kwisomera Ivyanditswe canke kuvyigisha. Iki gihe tugezemwo gishaka gusa n’ico gihe c’umwijima. Kuko Satani yabonyeko abavugabutumwa bayobowe na Mpwemu ari benshi, nawe aca atangura kuzana amadoctorats muri théologie, ku buryo mu mashengero menshi umupasitori arinda kwisakarako za diplômes zitavugwa, ngo akunde agire igitinyiro. Kenshi bakunze kwiyerekana nkaho aribo bafise ibisobanuro vyose ku mabanga y’Imana, kuko bavanga n’ubwenge bize mu mashule.  Ariko abanyabwenge buke nabo barahagorerwa kuko ntibatahura imvugo y’intiti (incabwenge). Kandi abapasitori benshi binjiye mu murimo w’Imana muri ubwo buryo, nibo bariko barasubiza inyuma ishengero, bavanga ukuri n’amangetengete y’isi, bakorer’inda zabo gusa. si bose, ariko rero henshi biraboneka mu nyigisho zabo no  mu bitabo bandika. Muze mwitonda, murabe kandi mwumvirize ko vyose bihura n’iri jambo ngo: Uku niko Uwiteka (Uhoraho avuze: Théologie irafasha iyo yisunga Ivyanditswe Vyera.

Na none ivyakozwe n’abami b’abapagani, ntaho bitandukaniye n’ivyakozwe n’abigize ngo n’abapapa, bagahonya abo bose banse kubapfukamira no kwemera inyigisho zabo zidahuje n’Ivyanditswe Vyera. Abiga amateka y’ibihugu, bakunze kuvuga ngo hariho amateka ya Roma ya gipagani na Roma y’ abakristu. Muje mwitonda, Roma ni ya yindi ntihinduka. Murabona n’iyo Papa asaba ikigongwe ku vyaha ubupapa bwakoreye abantu mu gihe c’umwijima, canke ivyo abapadiri benshi baregwa muri iyi misi vyo guhemuka ku bana bato, ntaho Papa yigera yemera guhindura itegeko ryiwe. Ivyatumye Papa yica abakristu benshi bahagaze ku Vyanditswe, ni biriya vyo gusaba abapfuye, za purgatori, induljensiya, kuramya amasanamu n’ibindi… N’ubu ntarahindura n’aho ubutumwa buvugwa hirya no hino. Kandi ntimwibeshe, ibi tuvuga abepiskopi n’abapadiri barabizi, ariko imitima yabo, ca gisato carayicuritse.

Ca gisato kigiha ububasha bwaco, no kuja ku ngoma yaco, nubutware buhambaye (Ivyahishuwe 13: 2). Ngaho re!… Ico gisato ngo nico cahaye ububasha ico gikoko. Buriya ubwo butegetsi bwa Roma tuvuga, butegekera ca gisato, nico ya  nzoka ya mbere, niyo Murwanizi, irindi ni Satani (Ivyahishuwe 20: 2).

Ndakwibutsa ko ibizovugwa vyose ukwiye kuvyima amatwi, kugirango ntuze upfire mu maboko y’inyamaswa (ca gikoko). Nkuko twabivuganye ngaho hejuru, UHEREYE NONE HAHIRWA ABAPFA BAPFIRA MU MWAMI YESU. AMEN.

Publié dans : ||le 23 mai, 2010 |3 Commentaires »

3 Commentaires Commenter.

  1. le 25 mai, 2010 à 11:41 NINYIBUKA Léonidas écrit:

    It is really amazing but abit scaring! these times of globalisations are tough and you knw that even some of our projects may find resources in those countries areas mentionned above. In 80s, we used to have such informations from some pentecostal teachers but now , churches are not providing such informations. I think Iwill learn more from your commments but truly speaking, I will not swallow all of them because when we read someone , we must also have some notions of theology and literary criticism. But I can tell you that you are inspiring me so much as a youth leader in Scripture union.

    can you please brief me how was Scripture union the time you worked with it? Were you in which country, I would like to meet you one day beause I heard you are wise and have experience in God’s ministry

  2. le 22 novembre, 2011 à 9:57 nduwayo evariste écrit:

    mwaramutse neza.ndashima kunyigisho mwaduhaye.ariko nshaka kubaza kubimazi misi bivugwa bijanye nico bita puce éléctronic na biometric.harisano bifitaniye nibimwadusiguruye ngaha? murakoze kunyishu muzompa

  3. le 28 novembre, 2011 à 9:02 nduwayo écrit:

    nagomba ndababaze ko ivyo nabarungikiye mwabibonye.murakoze

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire