TWIGE IVYAHISHUWE 12:1-6 (1)

UMUGORE AHANGAYE N’IGISATO

Ikimenyetso gihambaye kiboneka mw’ijuru: umugore yambaye izuba, ukwezi kwari musi y’ibirenge vyiwe, mu mutwe yambaye urugori rw’ / ikamba ry’inyenyeri cumi na zibiri; kandi yar’akuriwe, atura akaborago, kukw’aramutswe, ababazwa n’ibise. Woman of Revelation 12, crowned by the sun and with the moon beneath her feet

Mw’ijuru haboneka ikindi kimenyetso, igisato c’amahero (ca kabutindi) gisa n’ikibengebenge, gifise imitwe indwi n’amahembe cumi, no mu mitwe yaco cambaye imigara ndwi. Umurizo waco ukwega ikigira gatatu c’inyenyeri zo kw’ijuru uzishiburira kw’isi. Ico gisato gihagarara imbere y’uwo mugore agira avyare, kugirango ni yavyara kirotse umwana wiwe. Avyara umwana w’umuhungu, ni we azoragiza amahanga inkoni y’icuma. Umwana wiwe arasahurwa,ajanwa ku Mana no ku ntebe yayo. Umugore ahungira mu bugaragwa, ah’afise ahantu yateguriwe n’Imana, kugirango bamagabuririyeyo imisi igihumbi n’amajana abiri na mirongwitandatu (Ivyahishuwe 12: 1-6).

 

Iki gice tugiye kwiga kigizwe n’ibimenyetso nkuko iyi mirongo tumaze gusoma ibitubwiye ngo:  »Ikimenyetso gihambaye cabonetse mw’ijuru, ahandi ngo: Mw’ijuru haboneka ikindi kimenyetso ». Kenshi Bibliya ivuga ikoresheje ibimenyetso bisanzwe bizwi mu buzima bw’abantu kugirango iduhe gutahura ibitaboneka, ivyo abana b’abantu tutamenyereye.

 Yesu ati: Ko nababwiye ivy’isi ntimwemere, none muzokwemera gute ni nababwira ivy’ijuru? (Yohani 3: 12)

Reka rero twige ibi bimenyetso twifashishije Bibliya gusa, kuko burya umwarimu mukuru wa Bibiliya ni Bibiliya nyene.

Ku murongo wa mbere (Ivyahishuwe 12: 1) dusoma ngo: Ikimenyetso gihambaye kiboneka mw’ijuru: Iri jambo riratwereka ko ata kintu na kimwe gikomoka hasi, ko vyose vyateguriwe mw’ijuru, dore ko handi hato duhava tubona ko na Satani ubgiwe yari umuturage wo mw’ijuru.  Umurongo urakomeza uti: Umugore yari yambaye izuba, ukwezi kwari musi y’ibirenge vyiwe, mu mutwe yambaye urugori (canke igitsibo, ikamba) rw’inyenyeri cumi na zibiri. Mbese uyu mugore yoba ari Mariya nkuko benshi bavyigisha? Ntivyoshoboka kuko imirongo ya 5 na 6 yavuze ko umwana w’uwo mugore yasahuwe akajanwa ku Mana, ariko umugore nawe agahungira mu bugaragwa. Mu makuru yose dufise kuri Mariya, berekana ko yahunze rimwe ajanye n’umwana wiwe Yesu, ari kumwe na Yosefu umugabo wiwe, kandi bose barahungukanye babana i Nazareti (Matayo 2: 19-23).

None uyu mugore ni nde? Iyo Bibiliya itanze ikimenyetso ku mugore, iba ishatse kuvuga umwe muri iyi mirwi ibiri y’abasengamana: 1 Umurwi wa mbere, n’ubwoko bwayo, abizera Imana vy’ukuri. Ni musome ukuntu Uhoraho abwira igihugu c’Israeli mu kugirira imbabazi:  Kuko jewe Uhoraho nguhamagaye nk’umugore w’intabga, afise intuntu mu mutima, ngucuye nk’umugore wo mu bucance yari yarirukanywe, ni jewe Imana yawe mbivuze (Yesaya 54: 6). 2/ Umurwi wa kabiri, n’ abantu bazi ukuri basubiye inyuma bakifatanya n’imigenzo y’abanyavyaha : Ni musome mwumve uko Uhorako akankamira (acyaha) ishengero ryiwe: TWIGE IVYAHISHUWE 12:1-6 (1)Ewe wa mugore usambana kand’ufise uwawe! Ukemerera impirahisi mu gishingo c’umugabo wawe! (Ezekiyeli 16: 32).

Mu misi igiye kuza tuziga ivy’uwo mugore w’indaya (Ivyahishuwe 17)

Uwo mugore wo mu Vyahishuwe 12: 1 ngo yambaye izuba: Mu buhanuzi bwa Bibiliya, izuba risobanurwa ngo  »ubugororotsi (ugukiranuka) buva mu kwizera Yesu-Kristu. Dusome: Ariko mweho abubaha izina ryanje, izuba ry’ubugororotsi rizobarasira, rifise gukiza mu mababa yaryo (Malaki 4: 2) Kubg’umutima w’imbabazi z’Imana yacu, ni wo uzotuma umutwenzi utugendera/umuseke udutambikira (Luka 1: 78). Kuko Uhoraho ar’izuba, ar’inkinzo (Zaburi 84: 11).

Murazi ko isezerano rishasha ryereka ishengero ry’Imana ko ritegerezwa kurondera ubugororotsi buva kuri Kristo atari ku mirimo itegetswe n’amategeko, kuko ata muntu atsindanishirizwa n’ n’ibikorwa bishinzwe n’ivyagezwe (Abagalatiya 2: 16). Birtyo rero umuco uva ku zuba ry’ubugororotsi uraboneka neza mw’isezerano rishasha, ariko mu rya kera uboneka nko mu cijiji. Na none isezerano rya kera rikesha umuco waryo isezerano rishasha. Ni ryo rigereranywa n’ukwezi, kuko ukwezi ntikugira umuco kamere wakwo, ah’ubwo umuco wako uva ku zuba ukamurikira isi. Bibonekera mu ngabirano y’agahebuza Imana yahaye abari mw’isi ari yo Yesu-Kristo. Kukw’Imana yakunze cane abari mw’isi, vyatumy’itang’umwana wayo w’ikinege, kugirango uwumwizera wese ntaze apfe rubi, hagupfa ngo ahabge ubugingo buhoraho (Yohani 3: 16)

 N’ishengero ritegerezwa kwama ryambaye ubugororotsi bwa Kristu kugirango rihe umuco isi. Ivyabaye mw’isezerano rya kera ntibitembagazwa burundu, ah’ubwo birangukira mu kimazi ca Kristo ku musaraba.

Wa mugore ngo yambaye igitsibo c’inyenyeri cumi na zibiri. Bisobanurwa ngo nkuko Isiraeli ya kera yari yakomotse ku bana cumi na babiri ba Isiraeli, niko na Isiraeli nshasha y’Imana (Abagalatiya 6: 16) ikomoka ku ntumwa cumi na zibiri. Mu bisanzwe ishengero ry’Imana ni rimwe, kuva kuri Adamu kugera kuri bamwe 144.000 bazoba bakiri bazima ku musi wo kugaruka kwa Yesu. Biriya batubwira ngo Ekleziya canke ishengero ngo ryatanguye ku musi wa Pentekoti si vyo, mugabo tuzi ko Mpwemu Yera ariwe yasutswe ku ntumwa zari zikoraniye mu cumba co hejuru. Imbere yo kuza kwa Mpwemu Yera ku ntumwa, ubwoko bw’Imana bwariho, kandi Mpwemu yarabugendera, ni nawe yoheje abahanuzi ivyo bavuze. Nuko rero, inzamba ni yavuga, tuzoguruka ku mababa yera tugiye gusanganira Biganza Bigab’inyambo ariwe Yesu, turi kumwe na ba Adamu, Heva, Nowa, Seti, Aburahamu, Yakobo, Dawidi, Yesaya, Daniyeli, Petero,  Paulo,  Luteri n’abandi bakorey’Imana bayizera. Nta gushinga akarimbi kuzohaba ngo mwebwe ntimwakijijwe kuko mwakoreye Imana imbere y’uko Yesu apfira ku musaraba, ngo namwe mwakoreye Imana neza kuko mwayikoreye Yesu amaze gupfa. Kukw’icatumye Krist’apfa, ar’ukugira ngo ab’umwami w’abapfuye n’uw’abariho (Abaroma 14: 9). Raba neza ukuntu uyu murongo utangura kuvuga abapfuye, abariho ukabazana nyuma.

Reka tubanze turangize ivyerekeye uyo mugore imbere yo kuvuga ivya ca gisato. Ngo uyo mugore yar’akuriwe, atura akaborogo, kuko aramutswe ababazwa n’ibise. Mu vyigisho biherutse, nababwiye ko Yeremiya nawe yeretswe ivy’uwo mugore aramutswe, abivuga mu majambo yiwe ati: Twumvise ijwi ry’abari mu gatengo no mu bgoba, atari iry’abari mu mahoro. Banza mubaze, murabe ko hogira umugabo aja ku nda ngw’avyare: none niki gitumye mbona umugabo wese yifashe ku mafyinga nk’umugore aramutswe, mu maso ha bose hagahindurira? Ewe magorwa ari hano! Kuko uwo musi uhambaye, nta wuhwanye nawo: n’igihe c’umubabaro w’aba Yakobo ariko bazogikizwa (Yeremiya 30: 5-7). Ibi biravuga neza ibihe vya nyuma ishengero ry’Imana rizocamwo, imbere y’uko igihe c’imbabazi kirangira ku banyavyaha. Ariko imbere y’uko ico gihe kigera, ishengero ry’Imana rizogira ibihe vyinshi vyo kugeragezwa, gushika n’aho rigera mu gihe rigeragezwa no kugira amahoro impande zose rikibagira gukora ivyo ryatumwe. Nico gihe tugezemwo: Kuk’uvuga ngo nd’umutunzi kandi ntaco nkenye; ntumenye yukw’ari wewe mutindi, wafutanye, ur’umworo, ur’impumyi, ugend’amenya (Ivyahishuwe 3: 17). Ukwo kudamarara kuzokurikirwa n’akaga kazotuma ishengero rica ku rutaro rikagosorwa, egome  rigosorwe nk’ingano, kugirango ingano z’ukuri zije mu kigega Abo nkunda ndabahana kandi nkabakankamira, ah’ubwo gir’umwete wihane (Ivyahishuwe 3: 19). Iki cigisho gishobora kurakaza (gushavuza) abantu bamenyereye inyigisho z’abapadiri n’abapasitori b’iki gihe, ariko uwu ni Kristu ubwiwe ariko aragukankamira ngo wihane. Kuko ntitwacunguwe na padiri canke pasitori. Kristo aragukunda, akira amajambo yiwe, ni yo arimwo ubugingo budashira.

 

Urutaro rwiwe ruri mu kuboko kwiwe, kandi azokubura imbuga yiwe neza, yimburire ingano ziwe mu kigega, maze umuguruka (umurama) awuturire mu muriro utazima (Matayo 3: 12). 

Igisato arico Satani camye gishaka kumira uruvyaro rwa wa mugore, ariko kuva mw’itanguriro kugeza kw’iherezo uruvyaro rw’uwo mugore ariwe shengero ruzotsinda, kuko Umwami w’inganji avuka muri twebwe. Dusome: Nzoshira inyankane hagati ya wewe n’uwo mugore, no hagati y’uruvyaro rwawe n’urwiwe, ruzogukomeretsa  umutwe nawe uzorukomeretsa akatsintsiri (Itanguriro 3: 15) Ico gisato kigirira wa mugore inzigo, kirigira ngo kirwanye abo muruvyaro rwiwe basigaye, bitondera ivyagezwe vyiwe (amategeko yiwe) kand bafise n’ibishingira intahe Yesu (Ivyahishuwe 12: 17). Kuko ishengero ryose ritagira amategeko cumi y’Imana ntirigira no gushinga intahe nka Yesu (canke guhamya nka Yesu, rigatinya kwigisha aya mategeko   yose neza nkuko yatanzwe ku musozi Sinayi (hamwe n’isabato), burya riba riri mu maboko ya ca gisato. None ishengero ritagira amategeko cumi ariyoi BWIRIZWA SHINGIRO ry’UBWAMI BWA DATA, ryoshinga intahe gute? Ishengero ry’Imana rigendera ku mategeko yayo (simvuze aya Mose), kandi rikagira no gushingira intahe Yesu. Ariko rero ishengero ry’ukuri nk’iryo rizototezwa ricuranguzwe n’uruvyaro rwa ca gisato (ca kiyoka). Birakwiye kugirango ubuhanuzi buranguke ngo: Mbere abagomba kugenda bose bubaha Imana bari muri Kristu, bazohamwa (2Timoteyo 3: 12).

 Naho rero abubaha amategeko y’Imana bagakomeza n’isabato yayo bazohamwa, bazotsinda. Iyi sabato ndayivuze kuko iboneka mu mategeko cumi y’Imana (Kuvayo 20: 8-11). Birazwi ko amasabato yo mu gitabo ca Mose (Abalewi 23: 26-32, Abakolosayi 2: 16) atakiri ngombwa ku bakristu, ariko isabato yo mu mategeko cumi ntihinduka. Kuko amategeko cumi y’Imana, n’icumi nyene, kandi gushingir’intahe Yesu, n’ukuba intahemuka muri vyose. Iyo vyanse urasaba imbabazi, kandi urazihabwa kuko Yesu aba yabonye intumbero yawe. Bana bato, mbandikiye ivyo kugirango ntimukore icaha.Kandi ni hagira umuntu akor’icaha, difise umwitsa kuri Data wa twese, ni Yesu-Kristo umugororotsi, kand’uwo niwe mpongano y’ivyaha vyacu, mugabo s’ivyacu twenyene, ariko n’ivy’abari mw’isi bose (1Yohani 2:1-2)

Kandi mweze amasabato yanje kugirango abe ikimenyetso hagati yanje namwe (Ezekiyeli 20: 20). Iki nico kimenyetso c’Imana umumarayika ariko aritegura kudoma mu ruhanga rw’abasavyi bayo (Ivyahishuwe 7: 2-3). Bisobanurwa ngo ubu butumwa bwo kwubahiriza amategeko y’Imana no gushingir’intahe Yesu, buzemerwa n’abasavyi b’Imana b’ukuri, bushireho itandukaniro ry’abakorer’Imana n’abatayikorera (Malaki 3: 18). Intsinzi rero turayifise mu ntoke ku bwa Kristu, ni twihangana gushika ku mperera. Uwo Mwagazi (uwo mwana w’Intama) azobanesha, kuko ariwe aganza abaganza n’umwami w’Abami, kandi abari kumwe nawe, bahamagawe, batoranijwe, bayobotse, nabo bazobanesha (Ivyahishuwe 17: 14). Sinshidikanya ko wahamagawe, ariko se wumva waratoranijwe? Ni waba rero  waratoranijwe, wumva warayobotse? Kuyoboka n’ikirundi ca kera gisobanuka ngo gukurikiza amabwirizwa yose wahawe na Shobuja. Databuja nawe yagize ati: Ni mwaba munkunda muzogumya amabwirizwa yanje (Yohani 14: 15). Aho rero twotsinda. Kuko amaraso yiwe yamenetse ngo ntidusubire kuganzwa n’icaha. Icaha n’ukurenga itegeko (1Yohani 3: 4).

Itorerero ryarahunze Ubulayi rifata inzira yo muri Amerika, bamwe mbere baja ku nkengero za Afrika kuva mu mwaka wa 538 nyuma ya Kristu, bakorer’Imana bitegura no gukwiza inkuru nziza mu mahoro, kugeza mu mwaka w’1798, aho umujenerali yitwa Berthiaume yatembagaza ubupapa. Ico gihe cakurikiwe n’ibihe vy’umuvyuko mu vy’Imana nkuko vyabaye mu kinjana ca 19. Mwibuke ko twasomye ngo uwo mugore yahungiye mu bugaragwa agaburirwa imisi 1260. Umusi uhura n’umwaka (Guharura 14: 34). N’ukuvuka ko 1798-538= 1260, n’imyaka 1260. Umwana w’umuhungu rero yasahuwe akajanwa ku Mana ni Yesu yavutse mu bwoko bw’Imana, Uwo mugore ntaba akibaye Mariya gusa, ariko mu buryo bwa gihanuzi, n’ukuvuga itorero ry’Imana ryose, cyangwa se ubwoko bw’Imana kuva mw’isezerano rya kera gushika muri rishasha. Itorero ni ryo mugore mu mvugo ya gihanuzi, niryo mama wacu; turamusangiye twese, abizera, twebwe ishengero ry’Imana. Kuko burya Mariya n’umwe mu bantu bagororokeye (bakiranukiye) Imana, nawe ari mu bwoko bw’Imana bwatoranijwe.

Tuvuge ivya ca gisato. Twasomye ngo: Mw’ijuru habonek’ikimenyetso igisato c’amahero gisa n’ikibengebenge… Uwu ni Satani avugwa, nk’uko twavyize mu cigisho giheruka (Ivyahishuwe 9: 1-13). Ewe kuntu ukorotse uvuye mw’ijuru wa nyenyeri yo mu rubungubungu wa mwana w’umutwenzi! (Yesaya 14: 12) War’umukerubi usizwe amavuta, ushanje amababa, kandi nagushizeho, uba ku musozi wera w’Imana, wacuragiza hagati y’amabuye yaka umuriro (Ezekiyeli 28: 14). Kuba ico gisato gifise imitwe indwi n’amahembe cumi no mu mitwe yaco cambaye imigara ndwi, bisobanurwa ukuntu intebe y’idini rivanga ivy’Imana n’ivya gipagani ari yo ntebe ya Satani. Igisagara ca Roma arico kirimwo umurwa mukuru w’Ekleziya Gatorika y’i Roma, nico cari intebe y’idini rya gipagani ryo guseng’izuba. Mugihe Yohani yandika Ivyahishuwe, cari cicaye ku misozi indwi, kandi n’uyu musi iracahari, ari yo: l’Aventin, le Coelius, le Capitole, l’Esquilin, le Palatin, le Quirinal, na le Viminal. Raba kuri iyi karita

Plan de Rome avec les collines et les vallées
Capitole Colline de l’Arx Capitolium
Aventin Palatin Cælius
Esquilin Oppius Cispius
Viminal Quirinal Pincio
Velia Murcia Decennium
Champ de Mars Janicule Plaine vaticane

Mfise vyinshi novuga kuri iyi ngingo y’icicaro c’Ishengero gatorika ry’i Roma, kuko ryatoranye ibisigisigi vyo mw’idini ry’abapagani rivyinjiza mw’ishengero ry’Imana ngo rikunde rigire amahirwe menshi mu b’isi. Reka mbahe akarorero kamwe gusa. Twakunze kuvuga ko dimanche itagira ishingiro muri Bibiliya, ariko  ko isabato ariyo izwi mw’isezerano rishasha no mu rya kera. Reka ariko ndabereke ayandi mayeri Satani akoresha kugirango Roma ikomeze kuganza mu bwenge bw’abanse gukunda ukuri: Satani asigaye akoresha abantu bafise impano zisumba iz’abandi, bagacika ibigirwamana, ibirangirire, ivyamamare (vedettes, stars, lauréats des prix Nobels, n’ibindi…). Igihe kiragera rero, ba bantu twahora duha ubuninahazwa (ibisingizo) nk’Imana bagapfa. Ubwo rero haca hakurikiraho imihango yo gutegura za Misa zo kubasabira,  noneho hafi 97% vy’abumvise iyo misa, canke bakurikiranye imihango y,amasengesho, baza gutaha bizeye ko nyawayo yageze mu buhirwe bw’ijuru. Kenshi barabivuga mu majabo ngo: aho ari aratubona, turi kumwe, aradusabira, tuzomusanga mw’ijuru n’ibindi).

Mushobora kuba na mwebwe mumaze kuja mu misa nk’izo ariko mwibuke ko ar’ugushigikira ya nyigisho ya mbere (ca kibwiriza ca mbere) Satani yatanga muri Edeni ngo: Haba n’intete, ntimuzopfa (Itanguriro 3:4).  Abantu benshi barakomeza kwizera abapfuye, bakabasaba, abandi bakizigira badashidikanya ko imitima yabo ari mizima mw’ijuru. Iyo nyigisho ikomoka kuri Satani nta handi. Mu madini ya gipagani, ivyo gushika imizimu, no kugerageza kuvugana n’abapfuye birakomeye cane, kandi niko vyamye. Ntaho bitaniye no gusaba abatagatifu, canke guterekera. Mbeg’ivy’abariho vyobazwa abapfuye? (Yesaya 8: 19) Erega abariho baba bazi ko bazopfa, ariko abapfuye ntaco bazi (Umusiguzi 9:5) Ikibabaje n’uko kenshi usanga abo bantu ar’abazungu, noneho bakagwanira kwigisha amahanga yose ngo asabe kandi asenge imizimu y’ababo bapfuye kera. Ni haba hari abantu abazungu bita abatagatifu b’abirabure bo muri Afrika, ni gake uzosanga amazina yabo mu bitabo vyabo vya misa, berekana amazina y’abazungu gusa, kandi kenshi n’abo ku mugabane w’Ubulayi. Ndabibutsa ko nkuko abami b’abaroma bamye bashaka guhindura amahanga yose ngo agire imico ya Roma, abavyanse bakicwa, ni nako mu gihe c’umwijima, umwepiskopi w’i Roma yagwana intambara yo guhindura amahanga yose ingaruzwamuheto z’imico n’imigenzo ya gipagani ya Roma, akayitwikiriza injili (Ivanjili), ico twita ubutumwa bwiza. Tuvuge ko ivyo vya misa z’abapfuye, indulgensiya, imihezagiro, umusi w’iminyota, gusoma amashapule, kubonekerwa, gukoresha ivyotezo mu misa no muyandi masengesho, kwunamira ibishusho n’amasanamu, kwambara iriya myambaro ya misa n’ariya makanzo yera, vyose n’imihango ya gipagani bakomeza. Kera rero, iyo wanka kwemera ivyo bintu vyabo ngo wishimikije Bibiliya, baraguca umutwe, canke bakaguterer’ibikoko bikakurya, bakaguturira, n’ibindi n’ibindi… Tuzobona benshi baciye mur’ayo makuba ku musi w’izuka rya mbere. Ivyo navyo birasobanura ya mitwe indwi n’imigara indwi, kuko n’uyu musi ntaco badakora ngo bigarurire amahanga, naho nyene isi igeze ku ntambwe ikomeye mu majambere. N’uyu musi ubutegetsi bwa Roma burasonerwa nk’ubw’Imana mu bataye inzira y’ukuri. Muze murabe canke mwumve ukuntu Papa yakirwa iyo agiye mu ngendo, canke murabe ukuntu mwese mufata ikiruhuko ku misi mikuru Papa yishingiye. Amadini hafi ya yose arayubahiriza!!! N,ibindi, n’ibindi…

Amahembe cumi asobanura amoko cumi yakomotsweko n’ibihugu y’Ubulayi, ari nawo mugabane w’isi intebe y’ishengero rivanga ubupagani n’ubukristu iri: N’aba Hirules, Vandals, Slaves, Turcs, Francs, Allemans, Ostrogoths, Anglo-saxons, Barbares, n’aba Lombards.

Imigara indwi ya cagisato n’ukuvuga ko kizokwama giter’intambara mu bihe indwi vyagenewe ishengero. Nshaka kuvuga  vya bihe bigereranywa na ya mashengero indwi yo mu Vyahishuwe: Efeso 33-100, Simuruna 100-313, Perugame 313-538, Tyatire 538-1755, Sarudi 1755-1798, Philadelufiya  na Laodikeya birakurikirana ni 1798 gushika kw’iherezo.

Reka tuvuge ivy’umurizo waco. Nashatse ko uyu murizo ariwo turangirizako iki kiganiro, kugirango mutahure ko uwu murimo uyobowe na Mpwemu Yera. Twasomye ngo: Umurizo waco wakwega ikigira gatatu c’inyenyeri zo kw’ijuru uzishiburira hasi. Mu mvugo y’ubuhanuzi, umurizo n’ikintu kitagira agaciro: Uhoraho azobagira umutwe, ntazobagir’umurizo, muzokwamu mur’abo hejuru, ntimuzoba abo hasi, ni mwumvira ivyagezwe vy’Uhoraho (Gusubira mu Vyagezwe 28: 13). N’ukuvuga ko niba ica gatatu c’inyenyeri zo kw’ijuru cakwezwe n’umurizo wa ca gisato, biragaragara ko ico ca gatatu cari camaze kwitesha agaciro mu gukurikira ubutegetsi bwa Satani butagira shinge na rugero. Izo nyeneri zisobanura ba bamarayika bose babeshwa na Satani. N’abamarayika batagumye mu bukuru bwabo ariko bataye ahantu habo (Yuda 6).  Ng’izi impamvu zitumye ndangiziza iki kiganiro ku vyerekeye umurizo, kuko natanguriye ku bifise agaciro cane, ariwo mutwe. Mwirinde gukurikira amosha mabi avuye muri Satani, ngo mukwegwe na wa murizo wa Satani, ariko muhagarare ku nyigisho ziva ku mutwe ari wo Kristo. Ni we mutwe w’umubiri, ni wo shengero; kandi niwe tanguriro, ni we mfura mu kuva mu bapfuye, kugira ngo abe agaheta muri vyose (Abakolosayi 1: 18). Hitamwo kwifatanya n’umutwe canke kwifatanya n’umurizo. Uhise mw’iki?

ANDIKA IVYO WIBAZA VYOSE KURI IKI CIGISHO NGAHA HEPFO HABIGENEWE.

Publié dans : ||le 26 avril, 2010 |4 Commentaires »

4 Commentaires Commenter.

  1. le 28 avril, 2010 à 8:57 Nshimirimana Gervais écrit:

    Umva,Imana ibandanye kubaja imbere kandi mumenye ko Umwanya mufata mubwira abandi uko kuri batazi Imana izowubahembera!Ivyo ni bihera Muriyumvira kutubaraiara ivyikimenyetso c’Imana

  2. le 30 avril, 2010 à 14:58 Muheto écrit:

    Merci beaucoup.
    Je n’arrive pas a terminer cette lecon aujourd’hui mais j’espere termlner prochainement.
    Veillez me transmettre les codes que vous m’avez dits pour que je puisse accomplir ma tache.Que Dieu vous garde et bon Sabbat.

  3. le 9 février, 2011 à 17:37 NSENGUMUREMYI Augustin écrit:

    murakoze cyane bakozi bIMANA kudusobanurira ibijyanye n’uyu mugore n’ikiyoka aliko se bene data ko ntasobanukiwe neza na kuriya gusahurwa kuriya mwana ? iyo dusomye mugitabo cya yesaya turabwirwa ngo duhawe umwana w’umuhungu uzaragiza amahanga inkoni y’icyuma .ibyo byumvikanisha ko ari kristo wagombaga kuvuka mugihe cye.no mubyahishuwe dusoma ngo abyara umuhungu uzaragiza amahanga inkoni y’icyuma
    ibyo se ubwo ntibifitanye isano?munsobanuriye neza byazarushaho kumfasha kuko nkunda iki kigisho mutugezaho.murakoze cyane.

  4. le 9 février, 2011 à 18:03 labonnenouvelledusalut écrit:

    Mwene Data Nsengumuremyi Augustin,
    Ndakuramukije amahoro y’Imana. Igisubizo c’ikibazo cawe kiri muri ico cigisho nyine. Raba paragraphe itangurwa n’aya magambo ngo: Itorero ryarahunze Ubulayi… Komeza umanuke hepfo ho gato.

    Iman’ibane nawe.

    Miburo Balthasar

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire