TWIGE IVYAHISHUWE 12: 13-17

Kandi ico gisato kibonye yuko gikororewe kw’isi, gihiga wa mugore yavyaye umuhungu. Umugore ahabwa amababa abiri y’inkukuma nini, kugirango agurukire mu bugaragwa ahantu hiwe, aho agaburirwa igihe n’ibihe, n’igice c’igihe, arindwa ico kiyoka. Ico kiyoka gisendanisha amazi nk’uruzi avuye mu kanwa kaco inyuma y’uwo mugore kugirango kimutwaze uruzi. Isi itabara uwo mugore, yasamika akanwa kayo imira urwo ruzi ca gisato casendanishije ico gisato kigirira wa mugore inzigo, kugirango kirwanye abo mu ruvyaro rwiwe, basigaye bitondera ivyagezwe n’Imana, kandi bafise ibishingira intahe Yesu (Ivyahishuwe 12: 13-17).

Afficher l'image d'origine

Mu cigisho giheruka nari nabemereye ko tuzorabira hamwe ukuntu ico gisato, canke ico kiyoka kigwanya ishengero ry’Imana, abo bose bitondera amategeko y’Imana kandi bakagira ibishingira intahe Yesu( bagahagarara nk’abashingantahe ba Yesu). Reka tubirabe rero:  Twasomye ngo: Kandi ico gisato kibonye ko gikororewe mw’isi, gihiga wa mugore yavyaye umuhungu (Ivyahishuwe 12: 13). Twarabonye na none ko ijambo  »umugore »risobanura ishengero (itorero). Ikibazo gikunze kuvyuka iyo tuvuze ishengero, n’uko benshi baca babona ca kinyoma gishaje batwigishije tukiri abana ngo ishengero rya Kristu ryatangiye ku musi wa Pentekoti. Ariko nkuko nabiberetse, ishengero rya Kristu rigizwe n’ababayeho mu kwizera amasezerano y’Imana kuva kuri Adamu kugera ku bantu banyuma bazoba bakiri kw’isi Yesu ni yagaruka. Reka ngerageze kubisobanura nifashishije Bibiliya: Ukwizera n’ukumenya rwose ivyizigirwa, udakekeranya ngo ntibizoba, kandi ibitabonwa, niko kubitumenyesha kw’ari ivy’ukuri. Icatumye abakera bashingirwa intahe, n’uko bari bagufise. Abo bose bamaze gushingirwa intahe kubg’ukwizera kwabo, ntibahabwa ivyasezeranywe, kukw’Imana yatuboneye kera ikirushiriza kuba ciza, kugirango abo ntibatunganywe rwose tutari kumwe (Abaheburayo 11: 2-3, 39-40). Birumvikana ko tutari abakiranutsi (abagororotsi) gusumba Mose, Aburahamu, Yakobo, Dawidi, Yesaya, Yeremiya, Daniyeli n’abandi…

  Ukwizera niko kwatumye Nowa yubaha, amaze kuburirwa n’Imana ibitaribwaboneke, akabaza ubwato bwo kurokora abo mu nzu yiwe kandi ni kwo kwamuhaye gutsindisha abari mw’isi, no kuragwa ukugororoka kuzanwa no kwizera (Abaheburayo 11:7)

Yesu-Kristu rero ni we Gisanganya, yasanganije abamwizeye bagategereza amasezerano y’ivuka ryiwe nk’umucunguzi, na twebwe dutegereje ihindukira ryiwe mu buninahazwa. Umusaraba waducunguye n’umwe.

Ishengero (Ekklesia mu kigriki), n’ukuvuga ihwaniro canke iteraniro ry’ abahamagawe bavuye hanze ngo bagire ubundi bwoko, uwundi murwi, bidasanzwe. Ni vyo intumwa Petero avuga ati: Ariko mweho muri ubwoko bwatoranijwe, mukoranije kuba abami n’abahereji (abatambyi, abasaserdoti), muri ihanga ryera (igihugu ceranda canke gitagatifu), abantu bashiriweho kuba inyegu yiharije, kugirango mukwize ishimwe ry’Imana yabahamagaye, ikabakura mu mwiza ikabashira mu muco wayo utangaje, kera nta bantu mwari mwo, ariko noneho muri abantu b’Imana (1Petero 2: 9-10).

 TWIGE IVYAHISHUWE 12: 13-17Mur’ubwoko bwatoranijwe...

Uwo mwana w’umuhungu rero yavutse muri ubwo bwoko bwatoranijwe, niwe Mwana w’Intama  yatanzwe kw’ikimazi uhereye ku kuremwa kw’isi (Ivyahishuwe 13: 8). Kuko ca gihe abavyeyi bacu bacumura muri Edeni, Adamu yavuze ngo:  Numvise ijwi ryawe mw’itongo, ndatinya, kuko ndi gusa, ndinyegeza. Uhoraho Imana aronkera Adamu n’umugore wiwe imyambaro y’insato arabambika (Itanguriro 3: 10, 21). Aha niho amaraso yambere yasesetse kw’isi, kuko mu kugirango haboneke izo nsato, habanje gupfa umwana w’intama, yabaye nk’ikigereranyo kigereranya urupfu umwana w’Imana azopfa kugirango adukize isoni z’icaha, atwambike imyambaro yo gukiranika (kugororoka) kubw’amaraso yiwe. Yohani amutwereka neza ati: Ng’uyu umwagazi w’Intama w’Imana, ukura icaha c’abari mw’isi (Yohani 1: 29). Uwu mwana w’Imana, ariwe Mwagazi w’Imana, Yesu-Kristo, nawe aravuga ati: ndakugire inama…, ungureko impuzu zera, ubone kwambara, isoni z’ubwambure bwawe ntizigaragare (Ivyahishuwe 3: 18).

 Ng’uyu umwana w’intama w’Imana,ukuraho icaha c’abari mw’isi (Yohani 1: 29)

 Igisato rero kirahigana n’uwo mugore. Mu yandi majambo, Satani arahigana n’ubwoko bw’Imana, kuva mu gihe akororewe hasi. Urugamba rwo mw’ijuru rwaramunaniye kurwana, none ngo arashaka guhitana abo mu ruvyaro rwa wa mugore. Uwo mugore ngo yahawe amababa abiri nk’ay’inkukuma nini kugirango agurukire mu bugaragwa, ahantu hiwe, aho agaburirwa igihe, n’ibihe n’igice c’igihe,arindwa ca kiyoka. Aya majambo arasobanura neza igihe ishengero ry’Imana ryahunga intwaro y’agatuzo y’abapapa b’i Roma, bifashisha abami n’abaganwa babo, bakica aberanda, babaturira, bababamba, babaterer’ibikoko ngo bibarye, n’urundi rupfu rubi rutavugwa. Intumwa Paulo ati:  »abandi bicishijwe amahiri, ntibemera gucungurwa, kugirango baze bahabwe ukuzuka kurushiriza kuba kwiza. Abandi bageragereshwa gushinyagurirwa no gukubitwa ibimoko, mbere bashirwa mu ngoyi no mu mabohero, bicishijwe amabuye, bakerewemwo kubiri, barageragejwe, bicishijwe inkota, bayerera bambaye insato z’intama n’iz’impene, bari baburaniwe, bababazwa bagirirwa nabi, isi ntiyari ibabereye ko bayibamwo, bayerera mu bugaragwa no mu bisozi, no mu masenga no mu vyobo (Abaheburayo 11: 35-38).

Urupfu rw’abakristu ba mbere

Vyageze mu mwaka wa 538 nyuma ya Yesu, biranka, abantu b’Imana basanga nta kundi bemera guhunga Ubulayi, bagera aho Imana yabateguriye kuba mu bihugu vy’abapagani, muri Amerika. Aho niho Uhoraho yabandanije kubiyereka, niho ijambo ry’Imana ryakomeje kwigwa no kwigishwa ata nkomanzi. Mu mwaka w’1798, niho intwazangabo y’Abafransa Berthiaume yacirakw’iteka Papa Piyo wa X, ubupapa arabuhagarika. Ivyabaye kuva muri uw mwaka w’1798, tuzovyiga neza mu cigisho gikurikira.

Iri jambo ngo igihe, n’ibihe n’igice c’igihe, risobanura imyaka iri hagati ya 538 na 1798, n’ukuvuga imyaka 1260. Mwibuke ko twize mu vyigisho biheruka ko uwo mugore yagaburiwe imisi 1260 mu bugaragwa (Ivyahishuwe 12: 6). Twarigeze no kwiga ko umusi ungana n’umwaka mu mvugo yo mu buhanuzi (Guharura 14: 34 na Ezekiyeli 4: 6). Imyaka 1260 rero ihuye n’imisi 1260 canke imyaka itatu n’igice. N’ukuvuga ko umwaka wose ugira imisi 360, imyaka ibiri ikagira imisi 360×2= imisi 720, n’igice c’umwaka: imisi 360: 2= imisi 180. Gurtyo rero, dukoresheje iyi mvugo y’ubuhanuzi, dusanga ko igihe  kingana n’umwaka canke imisi 360; ibihe bingana n’imyaka ibiri canke imisi 360×2+imisi 720, igice c’igihe naco kikaba ari igice c’umwaka canke imisi 360: 2+ n’imisi 180. Duteranye: 360+720+180= 1260. Ivyo biroroshe kwumva, igisigaye  n’uko twomenyera ivyerekeye amateka y’ibihugu vyo mu Bulayi (histoire de l’Europe)

Amazi ico kiyoka casendanishije avuye mu kanwa kaco ngo uyo mugore atwarwe n’uruzi, n’ukuvuga abantu benshi (Raba Ivyahishuwe 17: 15)

Image result for ostensoir

Ibigirwamana vyabo n’ifeza n’izahabu, n’ibikorwa n’amaboko y,abantu (Zaburi 115: 4)

bamanutse muri Amerika babakurikiranye, bazana ya madini ya Satani na vya binyoma bikomoka mu bapagani b’i Roma n’ahandi. Twasomye ngo isi yatabaye uwo  mugore, irasama imira ya mazi. Abo bantu bagiye bapfa, ariko ishengero ry’Imana riracahagaze.

Résultat de recherche d'images pour "bouddhiste"

Amadini ya gipagani akoresha amayeri menshi ngo yifatire abari mw’isi. Urwaruka ni rwo Satani ashaka cane. 

Ico Imana ishaka muri ivyo vyose n’uko hano mw’isi haba ishengero rihangana na Satani rifise ubushobozi bushimikiye muri Yesu. Ico gisato kigirira wa mugore inzigo kirigira ngo kirwanye abo mu ruvyaro rwiwe basigaye (Ivyahishuwe 12: 17). Abo basigaye, biraboneka ko basigaye kuko abandi baguye. umurongo wose uvuga ngo, n’abasigaye bitondera ivyagezwe n’Imana, kandi bafise ibishingira intahe Yesu.

Ishengero ry’abasigaye bitondera ivyagezwe n’Imana, kandi bafise ibishingira intahe Yesu

Abatitondera ivyagezwe n’Imana s’abasigaye, ah’ubwo n’abari mu ruhande rwa ca gisato, ca kiyoka. Niyo mazi ava mu kanwa kaco kugirango ahitanishe ishengero ry’Imana ritwarwe.

Amategeko y’Imana yatumye Kristu apfa ku musaraba n’ariya cumi, kuko Kristu yapfiriye twebwe kubera ivyaha vyacu. Icaha naco n’ukurenga itegeko (1Yohani 3: 4). Aha niho hatwereka ko amashengero afata minenerwe amategeko y’Imana, akayagereranya n’aya Mose, akavuga ngo nta mategeko akibategeka ngo bo bari musi y’ubuntu, ayo mashengero niyo Satani yifuza kubona muri iyi si. Yifuza kuyabona, kuko nayiwe, yarayifatiye. Kuko ico kiyoka kirwanya abasigaye bitondera amategeko y’Imana, harimwo n’isabato y’umusi w’indwi. Erega ngo » Uwugira ngo ndamuzi, adakora amategeko yiwe, aba ar,umubeshi, nta kuri kuri muri we (1Yohani 2: 4).  Mushobora kuba mutabizi, buriya naho benshi bashibura isabato ngo n’iy’abayuda,  turibesha kuko no muri paradiso ngo isabato yariho, kandi Abayuda ntibari bwabeho (Itanguriro 2: 1-3). Isabato rero iraduhagama kandi izotuma bamwe batsitara, ndetse benshi, kuko umuntu wese azokwitondera ivyagezwe vyose, agatsitara kuri kimwe aba acumuye kuru vyose (Yakobo 2: 10). Yesu, n’abahanuzi, n’intumwa zose n’abigishwa baritondeye amategeko ya Data bemera n’isabato. None twoba tubarusha ubwenge? Canke twoba tubarusha Mpwemu Yera? Soma Yesaya 58: 13-14, Luka 4: 16, Kuvayo 31: 12-17, Ivyakozwe n’intumwa 16: 13-15)

Gucumura ni kamere ku bantu bose, ariko se iy’umuntu azimiye ntashobora kugaruka? (Yeremiya 8: 4). Kristu nawe ngo ntaserukira abanse kumwmvira, ariko ngo abera abamwumvira bose inyanduruko y’agakiza kadashira (Abaheburayo 5:9).

Numva twari dukwiye kuguma mu nzira Kristu yaciye mwo, tugahagara ku mategeko y’Imana nkuko iki cigisho kibitweretse, nikwo gushing’intahe kw’abasigaye. None inyigisho zahinduwe n’amangetengete y’abihaye kwigisha ngo n’uko bize muri za kaminuza, canke ngo n’uko barambitswe ko ibiganza na musenyeri wa hariya canke pasitori kanaka, zoshobora gukingura ijuru, mu gihe twirengagije Ivyanditswe vyera? Umwigisha wa Bibliya w’ukuri, ni Bibiliya nyene, ntabwo ari vya  »théologie ».

Amashengero yandi yaraguye. Abo ijambo ry’Imana ryita abasigaye  n’abo  nyene mwabonye Bibiliya itweretse. None se mwumva nokwigisha ibidahuye n’ivyanditswe, kugirango ngwize igitigiri c’abigishwa. Ntibikabeho. Mbega none ivyagezwe tubihinduze ubusa ukwizera ? Eka namba. Ahubwo turagukomeza mu vyagezwe (Abaroma 3: 31)

Ntawe nciriye urubanza, nasubiyemwo ivyo Ijambo ry’Imana ryavuze, ariko ni wasoma muri Matayo 7: 21-23, usanga guharira(kuj’impaka)ataco bivuze, washaka wogarukira hafi, igihe kitararengerana.

Umuntu wese amvumereza ngo Mwami, Mwami; siwe azinjira mu bwami bwo mw’ijuru, atar’uwukora ivyo Data wo mw’ijuru agomba. Benshi bazombwira kuri wa musi, ngo Mwami, Mwami, ntitwavugishwa n’Imana mw’izina ryawe, ntitwasenda abadayimoni mw’izina ryawe, ntitwakora ibitangaza vyinshi mw’izina ryawe. Niho nzobajinjibura nti: Ntaho nigeze mbamenya; mviraho, mwa bakora ibizira mwe. (Matayo 7: 21-23)

MWITONDERE ABANTU BIGIRA ABAVUGISHWA N’IMANA, ABASENDA ABADAYIMONI, N’ABAKORA IBITANGAZA MU MASHENGERO MENSHI. MBESE BARYA BANTU BARAKOMEZA AMATEGEKO Y’IMANA BAGASHINGA INTAHE NKA YESU? NTUKANGWE N’UMWAMBARO MWIZA BABA BAMBAYE. UMUHANUZI W’UKURI YARAVUZE NGO: DUSUBIRE KU MATEGEKO NO KURI VYA BISHINGANTAHE! NI BATAVUGA IBIHWANYE NAVYO BAZOBA MU BGIRANTIBUCE(Yesaya 8: 21, soma n’Ivyahishuwe 14: 12)

Hariho amatorero akomeza amategeko y’Imana ngaho hafi y’i wanyu, agashinga intahe nka Yesu, niyo Imana yifuza ka wojamwo, kuko ni bo basigaye bahangaye na ca gisato.

Mu cigisho gikikurikira, tuziga ikimenyetso c’Inyamaswa.

NDACARINDIRIYE KO WANDIKA IVYO WIBAZA KURI IBI VYIGISHO HARIYA HEPHO HABIGENEWE.

Publié dans : ||le 11 mai, 2010 |Pas de Commentaires »

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire