TWIGE IVYAHISHUWE 11: 15-19

Umumarayika w’indwi avuza inzamba: mw’ijuru hakurikira amajwi arenga ati: Ubwami bw’isi buhindutse ubw’Umwami wacu n’ubwa Kristu wiwe, kand’azohora ahangamye ibihe bitazoshira. Ba bakuru mirongw’ibiri na bane bicara ku ntebe zabo imbere y’Imana, bikubita hasi bubamye, basenga Imana, bati: turagushimye Mwami Mana ushobora vyose, uriho kandi wamyeho, kuko wabiriye ububasha bwawe buhambaye. Kand’amahanga araraka, uburake bwawe buraza, igihe co guciramwo amateka abapfuye kirashika, n’ico kugereramwo abasavyi bawe, ni bo bavugishwa na we, no kugerera abera n’abubaha izina ryawe, aboroshe n’abahambaye, n’ico guhonerezamwo abahonya isi. Urusengero rwo mw’ijuru rurugururwa, mu rusengero rwayo habonekamwo isandugu ry’isezerano ryayo, kakurikira imiravyo n’amajwi n’imituragaro, no gutigita kw’isi n’urubura ruhambaye (Ivyahishuwe 11: 15-19)

Imbere y’uko twiga iki cigisho cerekeye inzamba y’indwi, nashaka kubibutsa ko igitabo c’Ivyahishuwe gihagaze ku nkingi indwi. S’igitabo c’inkuru iva ku ntango ngo ishike kw’iherezo. Abo twatanguranye muribuka ko muri iki gitabo harimwo imigisha indwi, amashengero indwi, ibiterekakw’amatara indwi, inyenyeri indwi mu kiganza ca Yesu, ibimenyetso indwi, abamarayika indwi bafise inzamba indwi, imituragaro indwi, igikoko c’amahembe cumi n’imitwe indwi n’ abamarayika indwi bafise inzavya indwi. Iyo rero Yohani atanguye inkuru yerekeranye n’amashengero indwi, canke ibimenyetso indwi, umuntu amenyereye imvugo ya gihanuzi akwiye kubonamwo ibihe indwi bisozwa n’igihe c’imperuka kirangizwa n’ukugaruka kwa Yesu.  Akarorero: ishengero ry’i Laodokea, rirasobanura ibihe vy’imperuka ishengero rigezemwo. Ahandi mushobora gusoma Ivyahishuwe 8: 1-5 na 16: 17-21, tutibagiye n’ibi tugiye kwiga rero vyerekeye inzamba y’indwi.TWIGE IVYAHISHUWE 11: 15-19

Uwu mumarayika w’indwi rero ngo yavugije inzamba yiwe, mw’ijuru hakurikira amajwi arenga ati: Ubwami bw’isi buhindutse ubw’Umwami wacu n’ubwa Kristu wiwe, kandi azohora ahangamye ibihe bitazoshira. Murumvako ari inzamba y’iherezo. Irafitaniye isano na ya yindi Paulo avuga ngo: Kuko Umwami wacu ubwiwe azoza, amanutse avuye mw’ijuru, aranguruye ijwi rirenga, hamwe n’akamo k’umumarayika mukuru, n’inzamba y’Imana (1Abamarayika 4: 16). Aba bakuru mirongw’ibiri na bane, basubiriye kugaruka muri iyi nkuru, kuko tuvuga ibihe vy’iherezo. Tuzohimbaza Imana hamwe nabo, bazishima natwe tuzishima. Iyo uravye neza usanga aba bakuru mirongw’ibiri na bane mu guha ishimwe Imana, bakunda kwibuka ibibera mw’isi cane, bakavuga n’ivyashikiye Yesu mw’isi. Soma iyi ndirimbo yabo: Birakubereye kwabira igitabo, no kumena ibikimatanije, kuko wishwe, ugacungurira Imana abo mu miryango yose no mu ndimi zose no mu moko yose, ubacunguje amaraso yawe, ukabahindura ubwami bw’Imana yacu no kuba abaherezi bayo, kandi bazoba abami mw’isi (Ivyahishuwe 5: 9-10). Na hano hejuru babisubiyemwo ngo: Turagushima Mwami Mana ushobora vyose,  uriho kandi wamyeho, wabiriye ububasha bwawe buhambaye, ukima. Kand’amahanga araraka, uburake bwawe buraza, igihe co guciramwo amateka abapfuye kirashika, n’ico kugereramwo abera n’ abubaha izina ryawe, aboroshe n’abahambaye, n’ico guhonerezamwo abahonya isi (Ivyahishuwe 11: 17-18). Kuki none aba bakuru mirongw’ibiri na bane bavuga berekeza ku bibera kw’isi igihe cose. N’uko nabo nyene bavuye kw’isi: Erega Kristu yaraduze, aja iyo hejuru ajanye iminyago (Abaefeso 4: 8)  Siko se vyari vyaranditswe? ngo: Uraduze, uja iyo hejuru, ujanye iminyago (Zaburi 68: 18). Iyi minyago yaduganye na Yesu gute? Ca gihe Yesu yapfa, imva ziruguruka, imivyimba myinshi y’abera bari basinziriye irazurwa, bava mu mva amaze kuzuka bashika mu gisagara cera babonekera benshi (Matayo 27: 52-53). Aba bantu babonekeye abera baba i Yerusaremu Yesu amaze kuzuka, nibo Bibliya yita iminyago yaduganye na Yesu.

Ngaha rero ngo urusengero rw’Imana rurugururwa, mu rusengero rwayo habonekamwo isadugu ry’isezerano ryayo (Ivyahishuwe 11: 19). Aya majambo arerekana neza ko ya mategeko y’Imana twama twigizayo ngo Paulo yavuze ngo ntitugitwagwa nayo, agiye kuzoboneka vuba aducire urubanza. Erega nkuko nakomeje kubivuga:  Kuko guca imanza kuzosubira ku kugororoka (Zaburi 94: 15). Kandi: uvugango Ndamuzi ntiyitondere amategeko yiwe n’umubeshi, ntakuri kuri muri we (1Yohani 2: 4). Ayo mategeko cumi ari mw’isandugu ry’isezerano ni yamara kwerekanwa, agacira urubanza abari mw’isi, nta wuzokira n’umwe kiretse abari muri Kristu-Yesu gusa. Nuko rero abari muri Kristu Yesu, ntarubanza ruzobatsinda (Abaroma 8: 1). Ariko kuba muri Yesu ntibivuze, ngo twitware uko dushaka ngo kubera ko twizera Kristu. Iryo ni ryo kosa ry’abasuzugura itegeko rya kane ryo ku ruhuka isabato, bakavuga ngo Yesu ni we buruhukiro bw’isabato. Abandi ngo: kuzuka kwiwe ku musi wa mbere w’imisi indwi, kwahinduye isabato bituma umusi wa dimanche ucika isabato y’abakristu. Mugiye mwitonda, mukareka gutwaririra iyo rigoramiye, vyobatwar’iki? Mureke kugereka kuri Yesu ivyo ata vuze. Isabato yiwe n’iriya yanditswe mw’isandugu ry’isezerano riri mu rusengero rwo mw’ijuru, dimanche ntiyanditswemwo. N’ukuri, iryo hema ryo mw’ijuru, n’isandugu iri muri ryo, ntivyigeze bihinduka. Kuko igihe Imana yavyereka Mose yavuze iti: Nkuko ivyo ngira nkwereke vyose bimeze mu vy’ ikigereranyo c’iryo hema nzobamwo, no mu vy’ikigereranyo c’ibintu vyaryo vyose, abe ariko muzobikora (Kuvayo 25:9). Umwami wacu Yesu-Kristu, Dawidi, abahanuzi n’intumwa  baremeza ko umuntu nka jewe na wewe dushobora kuba muri iryo hema, mugihe twitondeye amategeko ari muri mw’isandugu ry’isezerano rihari. Iryo sezerano, rigizwe na ya majambo cumi. Reka twumve uko Yesu abivuga: Ni mwitondera amategeko yanje muzoguma mu rukundo rwanje, nkuko nanje nitondeye amategeko ya Data nkaguma nu rukundo rwiwe (Yohani 15: 10) Luka nawe ati:  Yesu aja i Nazareti, iyo yakuriye, ku musi w’isabato yinjira mw’isinagogi, nkuko yamenyereye ava hasi, ngw’asome (Luka 4: 16). Dawidi ati: Amategeko y’Uhoraho aratunganye rwose, ahembura ubugingo, ivyo Uhoraho yashingiye intahe n’ivyo kwizerwa, biha ubwenge umuntu w’ikijuju (Zaburi 19: 7). Paulo ati: Gukebwa ntaco kumaze, no kudakebwa ntaco kumaze, ariko igifise akamaro n’ukwitondera amategeko y’Imana (1Abakorinto 7: 19). Yakobo ati: Kuko umuntu wese azokwitondera amategeko yose agatsitara kuri rimwe azoba acumuye kuri yose (Yakobo 2: 10). Yosefu mwene Israeli ati: None noshobora gute gukora icaha kingana girtyo ngacumura ku Mana? (Itanguriro 39: 9).

Dufise abantu benshi batewe imbaraga n’amajambo y’abantu, baca biyumvako bafise agaciro kuruta ba sogokuruza bacu mu kwizera. Bamwe basigaye biyita abavugishwa n’Imana, abandi bakiyita intumwa, abandi bihaye kwiyita abungere mu ntama z’Imana, abandi bigira abakora ibitangaza mu buryo atari bumwe, abandi bigira abigisha, n’ibindi… Ndabinginze ngo mwirinde abavugishwa n’Imana, intumwa, abungere, abakora ibitangaro n’aberekwa aribo babonekerwa, abigisha n’abandi bose batemera amategeko cumi y’Imana, arimwo n’isabato. Kuko muri aya mategeko havuyemwo n’inyugutu n’imwe, Imana yacu ntiyoba ikibaye Imana, yoba ibaye Bayali nk’izindi Bayali. Irarahira ikarengwa iti: SINZOVA MW’ISEZERANO RYANJE, SINZOHINDURA IJAMBO RYAVUYE MU KANWA KANJE (Zaburi 89: 35). Nayo abo bantu biyambaza amacravates meza, amakanzo meza yera, ibitenge bimwe vya muriro, bakaza bivugisha ngo Imana yaraberetse ibi na biriya, dukwiye kubashira ku munzane w’Imana tukabapima. Uwo munzane ng’uyu: Dusubire ku mategeko no kuri vya Bishinga intahe! Ni batavuga ibihwanye navyo bazoba mu bwirantibuce (Yesaya 8: 20). Ndaziko ari benshi, kandi ko naho iki cigisho kikweretse ibintu bigutsinda, nziko witegurira gusubira mu materaniro yabo ku musi w’icumeru ugiye kuza, uwo bamwe bita umusi w’Imana, dimanche, sunday. Hariho n’abihaye kuwita isabato. Jewe nkurikije Ivyanditswe Vyera numva ukwiye guhindura ugashaka ishengero rindi ryumvira amategeko y’Imana rigakurikiza n’isabato nka Yesu. Kuko naho ubandanya kujayo, ubutumwa bwiza bw’Umwami n’Umukiza wacu Yesu-Kristu, buravuga buti: Jewe ntaco navuganye nabo yamara baravugishwa. Narumvise ivyo ba kamenyi bavuga, barotora ibinyoma mw’izina ryanje, bati Narose, narose. Ivyo bizogeza ryari kuba mu mitima ya ba kamenyi barotora ibinyoma, nibo bavugishwa n’ubugunge bwo mu mitima yabo? Bibwira ko bokwibagiza abantu izina ryanje, bababibagirisha inzozi zabo barotora, izo umuntu wese arotorera mugenziwe, nkuko basokuruza babo bibagijwe izina ryanje na  Bayali (Yeremiya 23: 21, 25-26) Abameze bartyo n’intumwa z’ibinyoma, n’abakozi bagunga, bigira intumwa za Kristu. Kandi ivyo ntibitangaza, kuko na Satani yigira umumarayika w’umuco. N’uko s’ikigoye ko ababozi biwe nabo bigira abakozi b’ukugororoka, iherezo ryabo rizohwana n’ibikorwa vyabo (2Abakorinto 11:  13-15).

Abo bantu ntibabatere ubwoba kuko intsinzi iri muri Yesu-Kristu, we abera inyanduruko y’agakiza abamwumvira bose (Abaheburayo 5: 9).  Subira mwo neza usome uwu murongo. Handitswe ngo abamwumvira bose, ariko s’abatamwumvira. Mu kirundi gisanzwe, n’ukuvuga  »abamugamburukira bose » .

Iki cigisho rero kivuga ibara ribi rya nyuma muri ya mashano atatu, kuko kivuga kiti: Kand’amahanga araraka, uburake bwawe buraza, igihe co guciramw’amateka abafuye kirashika, n’ico kugereramwo abasavyi bawe, ni bo bavugishwa nawe, no kugerera abera n’abubaha izina ryawe, aboroshe n’abahambaye, n’ico guhonerezamwo abahonya isi (Ivyahishuwe 11: 18)

Abahang’amaso Yesu bose bakazibira amatwi kuvyo abantu bavuga, bazotsinda, kandi ibihembo vyabo birateguwe!

Publié dans : ||le 19 août, 2010 |Pas de Commentaires »

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire