TWIGE IVYAHISHUWE 11: 1-14

TWIBUKANYE IVYO GUHARURA /KUBARA IBIHE N’IGIHE, N’ICICE C’IGIHE

Bampa irenga rimeze nk’inkoni, bati Va hasi ugere urusengero rw’Imana n’igicaniro n’abarusengeramwo. Intangaro n’igicaniro uyireke, ntuyigere, kuko yahawe abanyamahanga: kandi n’igisagara cera /umujyi wera bazogisiribanga amezi mirongw’ine n’abiri. Kandi abashingir’intahe/ abahamya banjye, bazovugishwa imisi igihumbi n’amajana abiri na mirongw’itandatu bambaye amagunira (Ivyahishuwe 11: 1-3)

Iki cigisho kiratugarura mu vyerekeranye no guharura /kubara ibihe n’igihe, n’igice c’igihe. Kandi birakwiye ko tubimenya, kuko ubuhanuzi buravuga ngo: Utwigishe guharura imisi yo kubaho kwacu, uburyo butuma dutunga imitima y’ubwenge (Zaburi 90:12). Ibi biharuro /Iyi mibare ni vyaba vyaranditswe muri Bibiliya, vyanditswe kuko Uhoraho yabonye ko tubikeneye, kandi ko abaryoherwa n’amajambo y’Imana, bahamagawe, batoranijwe, bazovyiga babitahure.

Twasomye ngo: Bampa irenga rimeze nk’inkoni, bati Va hasi ugere urusengero rw’Imana n’igicaniro n’abarusengeramwo (Ivyahishuwe 11: 1). Ibi biratwereka ko ibibanza vyo mu nzu kwa Data biharuye neza, ko atawuziyongera ku gitigiri gitegekanijwe, kandi ico gitigiri ntikizogananuka. Vyose birapimwe. Twibike ko mugihe c’abahanuzi no mugihe c’Intumwa Yohani, ntibapimisha imetero uburebure bw’ibintu. Bakoresha imigozi, canke inkoni, uburebure bw’intambwe z’abami, canke uburebure bw’ukuboko uhereye mu nkokora (Soma Ezekiyeli 40: 3, Zekariya 2: 1-2; Yesaya 38: 8).

N’uko rero n’imisi tuba muri iyi si iraharuye (irabaze). Igihe cashinzwe ni cashika, vyose bizoranguka. Ikintu cose cashingiwe igihe caco, kand’igikorwa cose gifise akanya kaco (Umusiguzi 3: 1). Ari urusengero rw’Imana, ar’imisi y’amasengesho yacu, vyose biraharuye (birabaze).  Nico uriya murongo wa mbere ushaka kuvuga ngo: Va hasi ugere urusengero rw’Imana n’igicaniro n’abarusengeramwo.

Ariko yavuze ngo: Bampa irenga… Ni bande bamuhaye iryo renga? Iyi n’imvugo y’urupfasoni (y’ikinyabupfura). Mwibuke ko mu gusozera igice ca cumi, Yohani agira ati: Barambarira, bati: Ukwiye kuzosubira kuvugishwa ivy’amoko menshi n’amahanga menshi, n’indimi nyinshi, n’abami benshi (Ivyahishuwe 10: 11). Ariko n’ubwo abivuga nk’aho yabibwiwe n’abamarayika benshi, mu ntango avuga ko yar’umumarayika wundi w’inkomezi amanuka ava mw’ijuru (Ivyahishuwe 10: 1). Ukuntu amusobanura, usanga koko akwiye kumuvugana icubahiro. None se siko biri no mico y’i wacu? Iyo umugore yubaha umugabo, mugihe amuhereza ibiryo, canke igikoresho icarico cose,amubwira ngo:  »Ni mwakire »; ntakuvuga ngo  »akira ». Umushitsi yubashwe bamubwira ngo:  »Ni mushike, kaze murisanze », n’aho yoba umwe. Mu rurimi rw’igifransa no mu ndimi nyinshi, iyo wubaha umuntu, umubwiza urupfasoni, igihe cose umubwirira muri bwinshi. Yohani rero niyo mvugo atwereka hano.

Twasomye ngo: Intangaro y’urusengero uyireke, ntuyigere, kuko yahawe abanyamahanga: kandi n’igisagara cera bazogisiribanga amezi mirongwine n’abiri. Kandi abanshingira intahe (abahamya banjye) bazovugishwa imisi igihumbi n’amajana abiri na mirongw’itandatu bambaye amagunira (Ivyahishuwe 11: 2-3).  Handitswe ngo: intangaro y’urusengero uyireke,kuko yahawe abanyamahanga: Ya ntangaro y’urusengero rero, nica gike kirekire c’umubabaro utagira urugero, ishengero ryaciyemwo hagati ya 538 na 1798=imyaka 1260. Abanyamahanga bavugwa, n’abiyita abakristu ataribo, kuko biziba amatwi imbere y’amajambo y’Imana, ariko bagakomeza kwirarira ngo n’abakristu. Ivyanditswe bivuga biti: Ni yanka kwumva ishengero, azoba nk’umunyamahanga (Matayo 18: 17). Kandi iyo umuntu yanse kumva impanuro akanka no gusohoka ngo avuge ati ndabihevye, aruhira guteza ingorane abasigaye  nka kumwe kwa Kayini:Imana yari yahaye impanuro ya kivyeyi Kayini iti: Ariko n’utakora neza, icaha kibunze ku rugi, kandi niwewe cipfuza, ariko ukwiye kukinesha. N’uko Kayini abarira Abeli murumunawe ati: Ngo dusohoke tuje mu gahinga. Kayini agurukira kuri Abeli murumunawe aramwica (Itanguriro 4: 7-8).

Buriya n’ubu niko bigenda, kandi niko bizogenda: Mber’abagomba bose kugenda bubaha Imana bari muri Kristu Yesu bazohamwa (2Timoteyo 3: 12). Navuze ko abanyamahanga ari abiziba amatwi ngo ntibumve ukuri, ariko bakirarira ngo n’abakristu, ariko sinashatse kuvuga abagatorika nkuko bikunda kuvugwa. Abakristu bari mu mashengero yose, banse kuja inyuma canke ngo baje imbere, bazotubera nabi handi hato. Abanyamahanga batazi Yesu sibo mvuga rero. Mpuriye hehe no gucira urubanza abo hanze? Ariko abo hanze Imana niyo izobacira urubanza (1Abakorinto 5: 12-13).

Iyo uharuye neza (ubaze neza), usanga ka karenganyo rero kamaze imyaka 1260. N’ukuvuga 1798-538=1260. Niyo mezi mirongwine nabiri, kuko 42 x 30=1260. Urumva ko ari muri iyo myaka nyene abakozi b’Imana bihagazeko bakigisha Ivyanditswe Vyera: Isezerano rishasha n’Isezerano rya kera. Ayo masezerano abiri agize Bibiliya, niyo yitwa Abashinga intahe babiri bakomeje kuvugishwa bambaye amagunira. Kwambara amagunira mu mico y’Abaheburayo n’amahanga abakikije,  cari ikimenyetso c’uko bari mu mubabaro no mu masengesho yo kwicisha bugufi. Dusoma muri Bibiliya aya majambo ngo: Abisiraeli barakorana, barisonzesha, bambaye amagunira (Nehemiya 9:1). Abantu ni bambare amagunira, n’ibitunzwe babiyapfuke, baheze bambaze Imana bakobeje, kandi bahindukire, umuntu wese areke inzira yiwe mbi (Yona 3: 8).

Abo bashingantahe babiri b’Uhoraho, Bibiliya irabakeza iti: Abo nibo biti vy’imyelayo bibiri, n’ibiterekwako amatara bibiri, bihagaze imbere ya Nyen’isi. Kandi iy’umuntu ashaka kubagirira nabi, umuriro ubava mu kanwa ugaturira abansi babo, kand’umuntu niyagomba kubagirira nabi uko niko akwiye kwicwa. Abo bafise ubushobozi bwo gukinga ijuru ngw’imvura ntikoroke mu misi yo kuvugishwa kwabo, kandi bafise ubushobozi ku mazi kuyahindura amaraso no kubabarisha isi icago cose uko bagomvye (Ivyahishuwe 11: 4-6).

Ntitwogenda tutavuze ko aya majambo yerekana ububasha buri mw’ijambo ry’Imana. Abahamagawe bagaterwa iri teka ryo kuvuga ubutumwa bwiza, naho bahura n’ingorane muri iyi si, bakwiye kwihangana, kuko ububasha bwose bukubakubiye muri iri jambo twahawe ngo turigeze mu mpande zine z’isi. Vya vyago twavuga bizova mu nzavya za ba bamarayika indwi, bizoterwa n’ukutagondwa kw’abantu banse kwumva ukwo gushinga intahe kw’abavugishwa n’Imana. Mwabonye cane cane ko ca cago c’amazi azohinduka amaraso kizoterwa n’ukwiziba amatwi kw,abantu. Ni murabe ukuntu vyagenze, murabe n’ukuntu bizomera kubera ukwigira intagondwa kw’abantu: Kandi ni baheza gushinga intahe, igikoko kizoduga kivuye ikuzimu, kizobarwanya kibaneshe, kibice. Imivyimba yabo izogangarara mw’ibarabara ryo mu gisagara kinini, nico mu buryo bw’impwemu citwa Sodomu na Egiputa, kandi niho umwami wabo yabambwe. Kand’abo mu moko no mu miryango n’indimi n’amahanga, bazoraba imivyimba yabo imisi itatu n’igice, ntibazokundako iyo mivyimba ihambwa. Abari mw’isi yose bazonezerwa, bazobotamba ku muvyimba, barungikiranire amashimwe, kuko abo bavugishwa n’Imana batoneka abari mw’isi (Ivyahishuwe 11: 7-10). N’uko rero, imbere y’imyaka mike ngo hashike mu mwaka w’1798, harabaye imyivumbagatanyo mu Bufransa, ku buryo Abafransa baranguye neza ubu buhanuzi. Barahakanye rwose Imana, bagirira nabi abakozi bayo, kandi vyakurikiwe n’ibibazo bikomeye mu gihugu, ku buryo ngo ivyabereye mu gisagara c’i Paris, vyerekana ko imivyimba y’Isezerano rya kera n’Isezerano Risha vyagangaraye muri ico gisagara. Vyahimbaye igihugu cose; ariko ico nshaka kubumvisha n’uko vuba cane isi yose izofatwa n’uwo mutima w’intabarirwa, abantu bagashima kwumva ibivuye mu kanwa k’abantu biyigishirije, ariko abatoranijwe kandi bavugishwa n’Imana bazogira akaga.

Iyo misi itatu n’igice ishize, impwemu z’ubugingo zivuye ku Mana zibinjiramwo, baravyuka barahagarara, ubwoba bwinshi butera ababaraba. Bumva ijwi rivuye mw’ijuru ribabarira riti: Ni muduge muze hano. Baduga mu gicu baja mw’ijuru, abansi babo barorera. Uwo mwanya isi iratigita, ikigiracumi ca ca gisagara kirasenyuka, uko gutigita kwica abantu ibihumbi indwi, abarokotse baterwa n’ubwoba bahimbaza Imana nyen’ijuru(Ivyahishuwe 11: 11-13). Nivyo koko ivyabaye mu myaka 1260 vyarabaye. Ariko umuhanuzi Daniyeli nawe aratubwira ko har’igihe c’iyo misi itatu n’igice, kizoshika imbere y’uko iyi si irangira; kikazoba igihe kigoye cane ku bantu b’Imana, ariko mu kanya kizocika igihe c’umunezero. Bizomara igihe n’ibihe n’igice c’igihe; kandi nibamara guca ubwoko bw’abera ubunywenywe, ivyo vyose bizoba bishize (Daniyeli 12: 6). Twibukanye ko: igihe n’ibihe, n’igice c’igihe bingana n’imyaka itatu n’igice, canke imisi 1260: igihe=umwaka: imisi 360; ibihe=imyaka ibiri= imisi 360x 2+imisi 720, igice c’igihe=igice c’umwaka= imisi 360: 2=imisi  180. Duteranye: imisi 360+720+180= n’imisi 1260. Mu buhanuzi barashobora kuvuga ngon’imisi itatu n’igice nk’uko bivugwa ngaho hejuru, kuko umusi ungana n’umwaka (Guharura 14: 34).

Ibara rya kabiri riraheze, ehe irya gatatu rigira ngo rize (Ivyahishuwe 11: 14).

Ndaziko iki cigisho kitoroshe gutegera ariko ni wakomeza gusoma ivyo tumaze imisi twiga uzosanga coroshe.

Mu cigisho kizokurikira, tuziga ivy’inzamba y’indwi.

Publié dans : ||le 19 août, 2010 |Pas de Commentaires »

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire