TWIGE IVYAHISHUWE 1: 1-3

Reka mbanze ndamutse bene Data bari muri Leta zunz’ubumwe z’Amerika, kuko ngo benshi bari banyotewe ko dutangurira ku gice ca mbere. Abantu bari mu kigwati c’i Yeruzaremu-Buziragahama, ko mutakivuga, aho n’amahoro? Abo mu mabati mweho iyo bimeze bite? Muri Uganda, ko mutaduha amakuru?  Mu Bufransa no muri Canada,  twumva ngo vyoba vyifashe neza. Mwese rero, mukanguke duterame, ijoro riragiye(Abaroma 13:11) bene Data! Yes’agiye kuza!

Reka dusenge: Ndagushima mwami kubera aka kanya unteguriye ko gusoma no kwiga iri jambo ryawe. Ndakwingize Mwami ubu twihereranye turi babiri jewe nawe, ngo ko wemeye kuza kubana  nanje ubu, ntunsige jenyene, ah’ubwo umpe uwo mugisha wo kubana nanje no kuganira na wewe buri gihe nk’uko waganirije intumwa Yohani mw’izinga rya Patimo, nkuko wagendanye na Henoki, na Eliya na Mose n’abandi basokuruza bacu mu kwizera, mw’izina ryera rya Yesu-Kristu. Umucunguzi akaba n’umwami wacu. Amen

TWIGE IVYAHISHUWE 1: 1-3

Ivyahishuwe na Yesu-Kristo, ivyo Imana yamuhaye ngo yereke abasavyi biwe ibigiye kubaho vuba, kandi yabimenyesheje mu gutuma umumarayika ku musavyi wiwe Yohani, ni we yemeje ijambo ry’Imana, n’ugushingir’intahe Yesu, mu vyo yabonye vyose.

Hahirwa uwusoma n’abumva amajambo y’ubu buhanuzi, kandi bakitondera ibintu vyanditswemwo. Kuko igihe kiri hagufi.

Tugiye kwiga iki gitabo guhera ku gice ca mbere. Bizofata akanya atari gato, mugabo ni twihangana tuzokirangiza. Ni naco gituma bibaye ngombwa ngo ntangiza isengesho. Abo twantangiranye, ndashaka kubibutsa ko tumaze kurangiza ibice bitandatu (17-22)..

Hari ijambo dukwiye kwitondera mu murongo wa mbere w’iki gice, rivuga ngo: ibigiye kubaho vuba. Mbese woba wavyumvise nkuko ndavyumvise ngo bigiye kubaho vuba?. Ushobora kwibaza ngo biracatinze, noneh’ejo bikazaguhitana.

 Aya mahirwe nawe urayahamagariwe: Hahirwa uwusoma n’abumva amajambo y’ubu buhanuzi, kandi bakitondera ibintu vyanditswemwo. Soma, umva, itondere aya majambo yo muri ubu buhanuzi.

Uzosanga amahirwe indwi (7) muri iki gitabo c’Ivyahishuwe, bisobanura ngo guhirwa n’Imana niyo mahirwe ashitse. Ndashaka kuvuga ko iki gitabo gifise imirongo indwi itangura n’iri jambo ngo  »Hahirwa »  Aya mahirwe aboneka muri ibi bice: Ivyahishuwe 1:3, 14: 3, 16: 15; 19:9; 20:6, 22:7 na 22: 14. Wahasomye se? Erega ngo hahirwa uwusoma… Ico intumwa Yohani yerekwa n’Imana ca mberenambere, n’uko abantu bosoma ico gitabo kugirango bagire amahirwe. Satani nawe abuza abantu kugisoma, akabigisha ngo n’igitabo c’ivyago. Mu cigisho gizokurikira tuzorabira hamwe ukuntu ico gitabo ari  »igitabo c’urukundo »

Imana ibahire mwese rero, ariko musome!!!

Miburo Balthasar

Publié dans : ||le 4 avril, 2010 |3 Commentaires »

3 Commentaires Commenter.

  1. le 4 juillet, 2011 à 7:44 mutagorama écrit:

    Ndashimye Imana birenze ubwenge ukuntu nshobuye gutora iyi site yigisha ivyahishuwe Imana ihezagire abashobye kwitanga kugira bategure izi nyigisho ziteye imbere kandi abantu benshi banyotewe kumenya ariko bakabura uko baziga.
    Mana uhezagire abitanze bose kubwacu ku bw’umwami waci Yesu kriso

  2. le 4 juillet, 2011 à 8:14 mutagorama écrit:

    twunvise ingensatan agwanya abasoma igitabo c’ivyahishuwe avuga ko ari igitabo c’ivyago

  3. le 25 juillet, 2011 à 11:11 NIYONGERE J.CLAUDE écrit:

    Nubwo aha mu Burundi bitugora cane kuronka internet:twizere ko Imana izobidushoboza.Mwene data Baltazar ndashima Imana yatumye duhura hari mu ntumbero yo kuronka iyi site Imana ibongere umugisha

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire