TWIGE IVYAGHISHUWE 1: 9-16

Mbese ibi vyigisho ubona bigufasha mu kwitegurira ukugaruka kwa Yesu? None ubona woterera iki kugirango bisomwe n’abarundi benshi?

TWIGE IVYAHISHUWE 1: 9-16

 

Jewe Yohani mwene So, musangiye amarushwa n’ubwami no kwihangana biri muri Yesu, nari ku kizinga Patimo co mu kiyaga, bampora ijambo ry’Imana no gushingira intahe Yesu. Ku musi w’Imana nari muri Mpwemu, numva inyuma yanje ijwi rirenga nk’iry’inzamba, rivuga rit’ico ubona ucandike mu gitabo, ukirungikire amashengero ndwi, ukirungike muri Efeso n’i Simuruna n’i Perugamo n’i Tuwatira n’i Sarudi n’i Filadelufiya n’i Lawodikiya. Mpindukira kuraba ijwi rivuganye nanje, mpindukiye mbona ibiterekwakw’amatara indwi vy’izahabu, kandi hagati y’ivyo biterekwakw’amatara mbona uwusa n’Umwana w’Umuntu, yambaye imyambaro ishika ku birenge, yambaye mu gikiriza umukanda w’izahabu. Kand’umutwe wiwe n’umushatsi vyari vyera nk’ubwoya bw’intama y’umwero, canke nka shelegi, n’inyonga ziwe zasa n’imbeya z’umuriro; ibirenge vyiwe vyasa n’umuringa w’umwakaka utukujwe n’umuriro; n’ijwi ryiwe ryari rimeze nk’iry’amazi menshi asuma, kandi mu kuboko kwiwe kw’i buryo yar’afise inyenyeri ndwi, mu kanwa kiwe havamw’inkota ikarishe, mu nyonga ziwe hari hameze nk’izuba iyo ryatse umutari (Ivyahishuwe 1: 9-16.

 

Muri iki cigisho, muri kumwe n’umunyavyaha yagiriw’ubuntu, mwene So musangiye intambara y’umusaraba, Balthasar Miburo

TWIGE IVYAGHISHUWE 1: 9-16 seven_churches

Iki kizinga ca Patimo canke ikigwa ca Patimo, n’ahantu bari bataye Yohani, kuko vyari vyabananiye kumwica bamutetse mu mavuta abize. Yayavuyemwo ari muzima. Mur’iryo zinga rya Patimo, Yesu ku musi w’Imana.  Muri Bibliya yose, herekana ko « umusi w’Imana ar’isabato yo ku musi w’indwi » (Kuvayo 20: 10),   »Ni wakur’ikirenge cawe ngo ntukandagire isabato, ukareka gukora ivyo wigombeye ku musi wanje wera, ariko ukita isabato umusi w’umunezero mbere umusi wanje wera ukawita uw’icubahiro, ukawubaha, ntukore ivy’ugomba ubwawe, ntiwironderere gukora ivyawe, ntiwirirwe mu bijandijandi vy’ubusa, nuko uzonezererwa jewe Uhoraho, nanje nzoguha kugenda ujandagira… (Yesaya 58: 13-14). ,Ivyiyumviro vy’abantu yatumye bishriraho uwundi musi bawita ngo n’umusi w’Imana, ariko mu bitabo vyo mw’ijuru, uwo musi abantu bita ngo n’ue’Imana, witwa umusi wa mbere w’imisi indwi (Luka 24: 1). Nivyo koko ku wa mbere w’imisi indwi, ku cyumeru, Yesu yarazutse, ariko s’umusi wera, s’umusi wo kuruhuka, si wo musi w’Imana. Ni waba usoma Bibliya y’ikirundi, irasobanura ko ku musi w’izuka rya Yesu o war’umusi wo kurima (Yohani 20: 15).

Kur’uwo musi wera  rero, niho ijwi rya Yesu ryageze kuri Yohani muri iryo zinga rya Patimo. Ayo mashengero indwi avugwa n’amashengero yari kw’ibarabara ryari muri Aziya Ntoyi, ariyo Efeso, Simuruna, Pergamo, Tuwatira, Sarudi, Filadelufiya na Laodokiya. Tuzoyiga neza mu vyigwa bizokurikira. Ibi biterekwa kw’amatara, turaza kuvyiga hepfo gato turiko turavuga ivy’inyenyeri indwi. Uwu mwana w’umuntu avuzwe ni Yesu. Gereranya uku kuntu Yohani amudusiguriye, n’ukuntu Daniyeli yamuvuze ngo:  » Nunamuye amaso mbona umuntu yambaye impuzu zera, akenyeje izahabu nziza zavuye muri Ufazi. Kand’umubiri wiwe wasa n’akabuyenge kitwa tarushishi, mu maso hiwe hasa n’umuravyo, amaso yiwe yasa n’ibirimi vy’umuriro, amaboko yiwe n’ibirenge vyiwe vyasa n’umuringa w’umwakaka, kand’ijwi ry’amajambo yiwe ryari rimeze nk’ishengero ry’abantu (Daniyeli 10: 5-6).

Ezekiyeli nawe yaramubonye, ariko abisigura mu majambo yiwe ngo: « Uhereye ahobaye mu rukenyerero ugasubiza ahahera haruguru, mbona ibiboneka nk’umuringa w’umujumpu, n’igisa n’umuriro umuziguje,= impande zose; kand’uhereye ahobaye mu rukenyenyero rwiwe ugasubiza ahahera hepfo, mbona umenga hari ibisa n’umuriro, kand’ibibatsi vyamukikiza hirya no hino.  (Ezekiyeli 1: 27).

Iri jwi rimeze nk’iry’amazi asuma, risobanura kimwe na rirya jwi Daniyeli yavuze ngo:  » kandi ijwi ry’amajambo yiwe ryari rimeze nk’ishengero ry’abantu ». Niko bimeze, uze winjire mw’isoko, canke ahantu habaye iteraniro rinini, uheze wumvirize, usanga amajwi y’abantu benshi avuga nk’uruzi ruriko rurasuma. Erega hari n’aho igitabo c’Ivyahishuwe kivuga ngo « Ya mazi wabonye… ni ya moko n’amakungu n’amakungu y’abantu, n’amahanga n’indimi (Ivyahishuwe 17: 15)

Yohani yabonye ko kuraba Yesu mu bwiza bwiwe atar’ibintu bisanzwe, ati: « Ndamubonye nikubita imbere y’inyundo ziwe nk’uwapfuye, maze anshirako ukuboko kw’iburyo, ati;  » Ntutinye, jewe nd’uwambere kandi nd’uw’iherezo, kandi ndi muzima nari narapfuye, kandi raba mpora ndi muzima ibihe bitazoshira, mfise impfunguzo z’urupfu niz’ikuzimu. Nuko wandike ivy’ubonye, ibiriho n’ibizoba hanyuma y’ivyo, ibanga ry’inyenyeri izo umbonanye mu  kuboko kwanje kw’i buryo, n’ivy’ibiterekwakw’amatara indwi vy’izahabu. Inyenyeri indwi nizo bamarayika bayo mashengero ndwi, ibiterekwakw’amatara indwi navyo nivyo mashengero ndwi (Ivyahishuwe 1: 17-19). Izi nyundo Yohani avuze ko yikubise imbere, s’inyundo nka zirya z’abafundi. Oya, ah’ubwo mu kirundi ca kera, inyundo zirasobanura amaguru y’umwami. Bisa naho Yohani yari kuvuga ati » Nikubita ku birenge vyiwe.

 

Mu kwiga ivyigisho bigiye kuzokurikira vuba, tuzobona ko mw’ishengero ryose, Yesu arasigura igituma yiyeretse Yohani asa gurtyo. Aya mashengero ndwi yabayeho mur’ico gihugu ca Aziya Ntoya, uwu musi hitwa Turkiya, ariko kandi arasobanura ibihe indwi ishengero ry’Imana ryaciyemwo gushika uwu musi. Kumpera y’iryo barabara ryari ryubatseko ayo mashengero indwi, urenganye iry’i Laodokiya, ibarabara ryahita ryisaturamwo kabiri, ishami rimwe rikazamuka/rikaduga, irindi rikamanuka. Bisobanura ko igi gihe tuvuga ko ishengero ryacu ari Laodokiya, ko bamwe bazorangiza iki gihe baduga mw’ijuru abandi basigare hasi bicwe na ya nkota iva mu kanwa ka Yesu, niyo jambo ryiwe.  » Maze kur’uwo musi azohana ingabo zo hejuru mw’ijuru, n’abami bo hasi mw’isi. Bazokoranirizwa hamwe nkukw’imbohe zikoranirizwa mu kazu k’i bwina, bugaranirwe mw’ibohero, kand’imisi myinshi ni yashira bazohanwa (Yesaya 24: 21-22). Izi ngabo zo hejuru mw’ijuru zizohanwa kur’uwo musi, ni Lusiferi n’abamarayika biwe. Abo bami bo hasi mw’isi, n’abakuru b’ibihugu n’abo bayoboye, kuko umwe wese n’umwami ku rugero ruhuye n’ivyo Imana yamubikije.

Niba ivyo ufise utabikoresha ngo uheshe izina ry’Imana icubahiro, na wewe nyene, urary’ugaba! Aho i bwina bazokoranirizwa ni kur’iyi niho bazogwa. Kuko kuva aho intore z’Imana zizoba ziri muri Yerusaremu wo hejuru kugera kw’isi, hazoba ar’i bwina koko. Ngo imisi myinshi ni yashira bazohanwa. Nivyo kuko, aberanda ba Yesu  » bazoba bazima bafatanye na Kristu kuganza imyaka igihumbi. Abapfuye bandi ntibaba bazima iyo myaka igihumbi itarashira. Ukwo nikwo kuzuka kwa mbere. Uwuri mu mugabane wo kuzuka kwa mbere arahiriwe kandi n’uwera. Urupfu rwa kabiri ntirugira ububasha ku bameze bartyo, ariko bazoba abaherezi b’Imana na Kristu, kandi bazofatanya nawe kuganza iyo myaka iguhumbi (Ivyahishuwe 20: 4-6).

Ba bandi bazoba babohewe mu kazu k’imbohe bobo bizomera bite? Yohani yeretswe ko « Iyo myaka igihumbi ni yashira, Satani azorekurwa, ngw’ave mw’ibohero, azosokoroka ngo aze kuzimiza amahanga yo mu mfuruka zine z’isi-Gogi na Magogi-kugirango ayakoranirize hamwe ku ntambara, igitigiri cabo ni nk’umusenyi wo ku kiyaga. Baraduga bakwira isi yose, bakikiza aho ingabo z’abera zishagaje, na ca gisagara gikundwa. Umuriro uratibuka uvuye mw’ijuru urabarigata. Kandi Umwansi yabazimiza atererwa muri ca kiyaga caka umuriro n’amazuku, na wa muhanuzi w’ibinyoma, bazobabazwa ku murango no mw’ijoro, ibihe bitazoshira » (Ivyahishuwe 20: 7-10).

Ico nkwipfurije kandi nkaba arico ngusengera nanje nisengera, nuko wewe nanje twohitamwo kugarukir’Imana, tukayihesha icubahiro kiyikwiye mu bugingo bwacu. Benshi bagaruka mw’idini bakibesha ngo bagarutse ku Mana. Oya, kugaruka ku Mana n’ukuyubaha mu mategeko yayo cumi, ibindi kuba ar’ukwibesha. Igihe c’idini kigiye kurangira vuba, mbere gisa n’icarangiye. « Mwubah’Imana muyihimbaze, kukw’igihe c’amateka yayo gishitse, musenge Iyaremye ijuru n’isi n’ibiyaga n’amasoko (Ivyahishuwe 14: 7). Igihe kirashitse, ubwami bw’Imana buri hafi, ni mwihane mwemere ubutumwa bwiza (Mariko 1: 15). Mw’izina ryera rya Yesu. Amen

Publié dans : ||le 8 novembre, 2015 |Pas de Commentaires »

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire