SPORT ISHOBORA GUTEZA IMPANUKA UBUZIMA BW’ISHENGERO

 

AMASHIRAHAMWE Y’INKINO ZO KWINONORA IMITSI ARASHOBORA KUBANGAMIRA ISHENGERO RY’IMANA MU MISI Y’IMPERUKA.

Imana ntiyaremye umuntu ngo abeho yigunze, yamuremeye kubana n’abandi. Yavuze iti: Si vyiza ko umuntu yibana we nyene (Itanguriro 2: 18). Imana kandi yarerekanye ko umubano utavuga ivyo kubana n’umugore n’abana gusa, kuko turabona mwijambo ry’Imana ko hariho n’abagenzi bakundanye kubw’Imana, kandi bakora ibintu vyiza cane. Na kare ngo: hariho umukunzi yifatanya n’umuntu, akamurutira uwo bav’ind’imwe (Imigani 18: 24). Ariko hariho iyindi mibano rero ishoboye kubangamira amajambere y’ishengero ry’Imana. Mugabo vyose biterwa n’ukuntu abantu b’Imana bavyifashemwo. Uwu musi reka tuvuge, ku nkino zo kwinonor’imitsi, ariyo mikino ngororangingo mu kinyarwanda, sports mu gifransa.

Burya iyo abantu bashize hamwe, bagahuza inama, baba babaye imbaraga zishobora kwubaka canke gusenya. Uhoraho aravuga ati: Raba n’ihanga rimwe kandi basangiye ururimi rumwe, non’iki nico batanguye gukora, erega ntakizobananira noneho kuco bazogambirira gukora cose (Itanguroro 11: 6). War’uziko amashirahamwe y’inkino z’umupira w’amaguru canke w’amaboko ashobora gukoranya igitigiri c’ (umubare w’)abantu ishengero ridashobora kubona

Ayo mashirahamwe y’inkino arashobora guhengamika imitima y’urwaruka, ku buryo rwibagira n’ibihe vyo gusenga, bikazimangana rwose mu buzima bwabo. Kuko sport muri iki gihe ni nkaryo dini rigezweho mw’isi yose. Sport irasenya imipaka hagati y’ibihugu n’ibindi, igahuza abansi n’abakunzi, igakora igikorwa gisa n’aho ari ciza rwose. Biradusaba ngo turabishe amaso yo kwizera duhabwa na Mpwemu Yera (Mwuka muziranenge), kugira ngo tumenye ukuntu ukwizera kw’ishengero gushobora kugira impanuka mbi, zitewe no gukunda izo nkino ku buryo bw’ikirenga. Kukw’icanesheje umuntu kiba kimuhinduye umugurano waco (1Petero 2: 19). None wibaza ko iyo umuntu bimunaniye gikomeza amasezerano yagiriraniye n’Imana yo kuyisenga, akaja kwirigwa mu mahiganwa y’umupira abandi bari mu nsengero, burya wiyumira ngo biba ar’amahoro? Iyo umwana wawe yararitswe kuja mw’ihiganwa rizohurirana n’umusi canke isaha y’amasengesho, ubona vyoroshe kugirango umubuze gukurikira abagenzi biwe muri sport? SPORT ISHOBORA GUTEZA IMPANUKA UBUZIMA BW'ISHENGERO squadra_yaounde%5B1_2003%5DIyo urwaruka rwafashe urugendo rukakaja gukina mu ntara ya kure canke mu kindi gihugu, wibaza ko har’iciyumviro co guha icubahiro Imana kiba kiri mu mitwe yabo?Iyo uravye neza usanga bose baharanira guhesha icubahiro  »équipe » yabo gusa, kandi buri wese akwumva ko ariwe yokwinjiza ibitego ngo ahabwe amashi.  Iyo naho bigeze ko abantu bakina inkino zo kuronka agashimwe, ho urumva ko umutima wose uca uhengamira kur’ayo maronko.

Iyo mikino, n’uburyo bworoshe Satani yabonye bwo kunyuramwo muri iyi misi ya nyuma ngo yibagize abantu izina ry’Imana. Ni murabe n’abana b’abapasitori usanga bari muri za clubs sportifs; kandi iyo umaze kwinjira mwo baca baguha amategeko utegerezwa gutinya no kwubahiriza gusumba amategeko y’Imana.

Bavyeyi mwemera agakiza kava mu maraso ya Yesu, rwaruka mwizera ko Yesu ar’Umukiza, dukwiye guhagarara tukavyibazako gato. Kuko ibintu bidashira hejuru izina rya Yesu, bikatwigisha kuninahaza umuntu buntu kandi tuzi ko ejo ashobora gupfa, ntibiva mu bushake bw’Imana na gato. Kuko simwe mwiganza, kuko mwaguzwe igiciro. None rero mushimishe Imana mu mibiri yanyu (1Abakorinto 6: 19-20). Imbere yo kuja gikina ngo duheshe agaciro  »équipe » yacu, dukwiye no kubanza kuraba ko bihesha agaciro izina rya Yesu. 3590541375_9f0c7590a3Kandi rero burya ngo hariho n’ikindi caha gishobora kuva mu bikino bimwe bimwe nkuko bivugwa n’intumwa Petero ngo: Bumva ibibahimbara ar’ukwirirwa badayangwa…, amaso yabo yuzuye ubusambanyi, ntibahaga ivyaha, basukasuka imitima idashikamye, bafise imitima yamogoreyejackf100900989 kwipfuza inyungu… (2Petero 2:13-14).

Ndakwibutsa ko wewe wamaze kumenya Imana, ukakira agakiza kabonerwa muri Yesu-Kristu. Satani ntanezerwa n’iyo nzira wahisemwo. Nico gituma ashobora no kugukundisha sports cane, akakugira umukinyi w’akataraboneka, kugira ngo amaherezo uze wibagire amasezerano wagiriraniye n’Imana yawe, usenge sports mu gihe abandi basenga umwami Yesu.

Kandi gukora sport ni vyiza, ariko kuba ikirangirire muri ivyo bintu, bishobora kuzimya ijwi ry’Imana mu bugingo bwawe, ukagwa mu minwe ya Satani. Ntimuzimire: kubana n’abantu babi, vyonona ingeso nziza (1Abakorinto 15: 33)

IMAN’IBAHE KWUMVA IJWI RYAYO MURI IKI CIGISHO, kubwa Yesu-Kristu, umwami wacu. Amen.

Publié dans : ||le 13 mars, 2011 |Pas de Commentaires »

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire