Résultats

TWIGE IVYAHISHUWE 1: 4-8

17 août, 2016

TWIGE IVYAHISHUWE 1: 4-8 Jyewe Yohana, ndabandikiye mwebwe abo mu matorero arindwi yo muri Asiya. Ubuntu bube muri mwe n’amahoro biva ku Mana iriho kandi yahozeho kandi izahoraho, biva no ku Myuka irindwi iri imbere y’intebe yayo no kuri Yesu Kristo, ari we mugabo wo guhamya ukiranuka n’imfura yo kuzuka, utwara abami bo mu isi, udukunda […]

TWIGE IVYAGHISHUWE 1: 9-16

8 novembre, 2015

Mbese ibi vyigisho ubona bigufasha mu kwitegurira ukugaruka kwa Yesu? None ubona woterera iki kugirango bisomwe n’abarundi benshi? TWIGE IVYAHISHUWE 1: 9-16   Jewe Yohani mwene So, musangiye amarushwa n’ubwami no kwihangana biri muri Yesu, nari ku kizinga Patimo co mu kiyaga, bampora ijambo ry’Imana no gushingira intahe Yesu. Ku musi w’Imana nari muri Mpwemu, […]

IMIVUMO INDWI IBONEKA MU GITABO C’IVYAHISHUWE

5 novembre, 2010

 Genda i Bujumbura,  mu materaniro y’Ishirahamwe ry’Abasoma Bibliya/Association des Lecteurs de la Bible, hamagara kuri 79321090 IMIVUMO INDWI IBONEKA MU GITABO C’IVYAHISHUWE Tumaze imisi twiga imigisha indwi iboneka ku gitabo c’Ivyahishuwe. Uyu musi tugiye gutangura icigisho kidasanzwe kitavuga imigisha, ariko kivuga imivumo. Nk’uko ya migisha twamaze kwiga ari indwi, niko n’imivum0 nayo ar’indwi. Kuko uwutazoronka […]

UMUVUMO WA GATATU UBONEKA MU GITABO C’IVYAHISHUWE

5 novembre, 2010

Genda i Bujumbura mu materaniro y’Ishirahamwe ry’Abasoma Bibliya/Association des Lecteurs de la Bible. Hamagara kuri 79321090 IGIHE CO GUCIRAMWO AMATEKA ABAPFUYE Biragoye kugirango ubone ko iki cigisho gifitaniye isano n’imivumo indwi, canke canke ibara rya gatatu. Kuko kivuga ishimwe rya Kristu ahanini. Kugirango ubitahure, gisome ushitse ku mpera yaco, canecane urabe ariya majambo aheruka yerekeye […]

TWIGE IVYAHISHUWE 11: 15-19

19 août, 2010

Umumarayika w’indwi avuza inzamba: mw’ijuru hakurikira amajwi arenga ati: Ubwami bw’isi buhindutse ubw’Umwami wacu n’ubwa Kristu wiwe, kand’azohora ahangamye ibihe bitazoshira. Ba bakuru mirongw’ibiri na bane bicara ku ntebe zabo imbere y’Imana, bikubita hasi bubamye, basenga Imana, bati: turagushimye Mwami Mana ushobora vyose, uriho kandi wamyeho, kuko wabiriye ububasha bwawe buhambaye. Kand’amahanga araraka, uburake bwawe […]

TWIGE IVYAHISHUWE 10: 1-11

11 août, 2010

 UMUMARAYIKA W’INKOMEZI AFISE AGATABO Mbona umumarayika wundi w’inkomezi, amanuka ava mw’ijuru, yambaye igicu no mu mutwe yari yambaye umunywamazi, mu maso hiwe hasa n’izuba, amaguru yiwe asa n’inkingi z’umuriro. Yar’afise mu minwe agatabo kazinguruye, ashinga ikirenge c’i buryo ku kiyaga, ic’i bumoso agishinga i musozi. Asemerera n’ijwi rirenga nk’ukw’intambwe yivuga: asemereye, imituragaro indwi ituragara amajwi yayo. […]

TWIGE IVYAHISHUWE 14: 14-20

2 juillet, 2010

TWIGE IVYAHISHUWE 14: 14-20 Kandi mbona igicu cera; no kuri ca gicu ukivyagiyeko, asa n’umwana w’umuntu, yambaye igitsibo c’izahabu (urugori rwa zahabu) mu mutwe, kandi afise umuhoro ukarishe mu kuboko. Umumarayika wundi ava mu rusengero asemerera n’ijwi rirenga, abwira uwuvyagiye kuri ico gicu ati: N’urungike umuhoro wawe, wimbure, kuko iymbura rishitse, kandi ivyimburwa vyo mw’isi vyumye. […]

TWIGE IVYAHISHUWE 14: 1-5

1 juin, 2010

 ABANTU IBIHUMBI 144000 NI BANDE? Kandi mbona Umwagazi w’Intama w’Imana ahagaze ku musozi Siyoni, ahagararanye n’abantu ibihumbi ijana na mirongwine na bine, bafise izina ryiwe n’izina rya Se yanditswe mu ruhanga rwabo. Numva ijwi rivuye mw’ijuru nk’iry’amazi menshi asuma, kandi nk’iry’inkuba ituragara cane: kandi iryo jwi numvise ryari rimeze nk’iry’abacuraranzi bacuraranga inanga zabo. Baririmba indirimbo […]

TWIGE IVYAHISHUWE 12:1-6 (1)

26 avril, 2010

UMUGORE AHANGAYE N’IGISATO Ikimenyetso gihambaye kiboneka mw’ijuru: umugore yambaye izuba, ukwezi kwari musi y’ibirenge vyiwe, mu mutwe yambaye urugori rw’ / ikamba ry’inyenyeri cumi na zibiri; kandi yar’akuriwe, atura akaborago, kukw’aramutswe, ababazwa n’ibise. Mw’ijuru haboneka ikindi kimenyetso, igisato c’amahero (ca kabutindi) gisa n’ikibengebenge, gifise imitwe indwi n’amahembe cumi, no mu mitwe yaco cambaye imigara ndwi. […]

TWIGE IVYAHISHUWE 8: 7-12

9 avril, 2010

      INZAMBA ZINE ZA MBERE ZIVUZWA Ba bamarayika ndwi bafise inzamba bagabiriza kuzivuza. Uwa mbere aravuza haza urubura n’umuriro bivanze n’amaraso, bishiburirwa mw’isi. Ikigira gatatu c’isi kirasha, ikigira gatatu c’ibiti kirasha, ivyatsi bibisi vyose birasha. Umumarayika wa kabiri aravuza. Ikimeze nk’igisozi kinini caka umuriro gishiburirwa mu kiyaga, ikigira gatatu c’ikiyaga gihinduka amaraso, ikigira gatatu […]

x

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire