Résultats

UMUVUMO WA MBERE UBONEKA MU GITABO C’IVYAHISHUWE

5 novembre, 2010

Genda i Bujumbura mu materaniro y’Ishirahamwe ry’Abasoma Bibliya/Association des Lecteurs de la Bible. Hamagara kuri 79321090Imbere yo gutangura iki cigisho, ndashaka kwibutsa abagisoma ko ata mugambi mfise wo gucir’urubanza idini, canke umuntu uwariwe wese. Oya, umugambi n’umwe, N’UKWIGISHA IVYANDITSWE VYERA GUSA  IMPANDA YA GATANU IZO IZOBA ARI IBARA RYA MBERE (1) Ndaraba mbona inkukuma iguruka yatiriye […]

UMUVUMO WA GATATU UBONEKA MU GITABO C’IVYAHISHUWE

5 novembre, 2010

Genda i Bujumbura mu materaniro y’Ishirahamwe ry’Abasoma Bibliya/Association des Lecteurs de la Bible. Hamagara kuri 79321090 IGIHE CO GUCIRAMWO AMATEKA ABAPFUYE Biragoye kugirango ubone ko iki cigisho gifitaniye isano n’imivumo indwi, canke canke ibara rya gatatu. Kuko kivuga ishimwe rya Kristu ahanini. Kugirango ubitahure, gisome ushitse ku mpera yaco, canecane urabe ariya majambo aheruka yerekeye […]

TWIGE IVYAHISHUWE 11: 15-19

19 août, 2010

Umumarayika w’indwi avuza inzamba: mw’ijuru hakurikira amajwi arenga ati: Ubwami bw’isi buhindutse ubw’Umwami wacu n’ubwa Kristu wiwe, kand’azohora ahangamye ibihe bitazoshira. Ba bakuru mirongw’ibiri na bane bicara ku ntebe zabo imbere y’Imana, bikubita hasi bubamye, basenga Imana, bati: turagushimye Mwami Mana ushobora vyose, uriho kandi wamyeho, kuko wabiriye ububasha bwawe buhambaye. Kand’amahanga araraka, uburake bwawe […]

TWIGE IVYAHISHUWE 10: 1-11

11 août, 2010

 UMUMARAYIKA W’INKOMEZI AFISE AGATABO Mbona umumarayika wundi w’inkomezi, amanuka ava mw’ijuru, yambaye igicu no mu mutwe yari yambaye umunywamazi, mu maso hiwe hasa n’izuba, amaguru yiwe asa n’inkingi z’umuriro. Yar’afise mu minwe agatabo kazinguruye, ashinga ikirenge c’i buryo ku kiyaga, ic’i bumoso agishinga i musozi. Asemerera n’ijwi rirenga nk’ukw’intambwe yivuga: asemereye, imituragaro indwi ituragara amajwi yayo. […]

TWIGE IVYAHISHUWE 14: 1-5

1 juin, 2010

 ABANTU IBIHUMBI 144000 NI BANDE? Kandi mbona Umwagazi w’Intama w’Imana ahagaze ku musozi Siyoni, ahagararanye n’abantu ibihumbi ijana na mirongwine na bine, bafise izina ryiwe n’izina rya Se yanditswe mu ruhanga rwabo. Numva ijwi rivuye mw’ijuru nk’iry’amazi menshi asuma, kandi nk’iry’inkuba ituragara cane: kandi iryo jwi numvise ryari rimeze nk’iry’abacuraranzi bacuraranga inanga zabo. Baririmba indirimbo […]

TWIGE IVYAHISHUWE 12:1-6 (1)

26 avril, 2010

UMUGORE AHANGAYE N’IGISATO Ikimenyetso gihambaye kiboneka mw’ijuru: umugore yambaye izuba, ukwezi kwari musi y’ibirenge vyiwe, mu mutwe yambaye urugori rw’ / ikamba ry’inyenyeri cumi na zibiri; kandi yar’akuriwe, atura akaborago, kukw’aramutswe, ababazwa n’ibise. Mw’ijuru haboneka ikindi kimenyetso, igisato c’amahero (ca kabutindi) gisa n’ikibengebenge, gifise imitwe indwi n’amahembe cumi, no mu mitwe yaco cambaye imigara ndwi. […]

TWIGE IVYAHISHUWE 9:1-12

20 avril, 2010

IMPANDA(INZAMBA) YA GATANU IZO IZOBA ARI ISHANO RYA MBERE (2) Umumarayika wa gatanu aravuza. Mbona inyenyeri itibukiye mw’isi ivuye mw’ijuru; ihabga urupfunguzo rw’urusumanyenzi rw’i kuzimu. Yugurura urusumanyenzi rw’i kuzimu rupfundukamw’umwotsi nk’uw’itanure rinini, izuba n,ikirere bicurishwa umwiza n’umwotsi wo mur’urwo rusumanyenzi. Mu mwotsi havamw’inzige zija mw’isi, zihabga ububasha bgo gukora ivyo sikorupiyo zo mw’isi zibasha gukora. […]

TWIGE IVYAHISHUWE 8: 13

13 avril, 2010

IMPANDA YA GATANU IZOBA AR’ISHYANO RYA MBERE (1) Ndaraba, numva inkukuma iguruka yatiriye ijuru, ivuga n’ijwi rirenga, it’ibara, ibara, ibara riza kubonwa n’abari mw’isi kubw’ayandi majwi y’inzamba z’abamarayika batatu, bahava bavuza (Ivyahishuwe 8: 13) Yohani avuze ati: Ndaraba, numva… Buriya uwuraba ikintu ni we akibona, kandi uwuza kwumva arumviriza. Abantu benshi bahawe impano ikomeye yo […]

x

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire