Résultats

IVYOKURYA VYO MU GITONDO (59)

4 mai, 2017

IVYORYA VYO MU GITONDO (59) BALTHASAR MIBURO·SAMEDI 24 DÉCEMBRE 2016 NI WABA UR’UMWANA W’IMANA (5) Umuco w’ukuri wakira umuntu wese wariko uraza mur’iyi si. Yari mw’isi kandi isi yaremwe nawe, arikw’isi ntiyamumenya; yaje mu vyiwe ariko abiwe ntibamwakiriye. Ariko abamwakiriye bose yabahaye ububasha bwo gucika abana b’Imana, nibo bizeye izina ryiwe, nibo batavyawe n’amaraso, canke […]

IMBABAZI Z’IMANA NTIZIHORAHO KU BANTU BOSE…

12 octobre, 2016

IMBABAZI Z’IMANA NTIZIHORAHO KU BANTU BOSE Nsenga Uhorah’Imana yanje ndatura nti: « Bwirukiro Mana nkuru y’igitinyiro, wewe wama ushitsa isezerano, ukagirir’ikigongwe abagukunda, bakitonder’ivyagezwe vyawe, twaracumuye, twaragabitanije, twakoze nabi twaragararije, twaratambamye tuva mu mateka washinze no kuvyo wageze (Daniyeli 9: 4-5 Iri sengesho rya Daniyeli, ndazi ko abakristu benshi ritabanezera. Ntibokwubahuka no kurisubiramwo kuko rigaruka ku mategeko […]

TWIGE IGITABO CA DANIYELI 7: 9-24

8 janvier, 2016

Daniyeli abona Umukuru nyir’ibihe byose   9.“Nkomeza kwitegereza kugeza aho bashyiriyeho intebe z’ubwami, haza Umukuru nyir’ibihe byose aricara. Imyambaro ye yeraga nka shelegi, kandi umusatsi we wasaga n’ubwoya bw’intama bwera. Intebe y’ubwami bwe yasaga n’ibirimi by’umuriro, kandi inziga zayo zasaga n’umuriro ugurumana. 10.Imbere ye hatembaga umuriro, uduhumbagiza baramukoreraga kandi inzovu incuro inzovu bari bamuhagaze imbere. […]

TWIGE IVYAHISHUWE 16: 1-2

6 janvier, 2011

TWIGE IVYAHISHUWE 16: 1-2 Numva ijwi rirenga rivuga muri rwa rusengero ribarira ba bamarayika ndwi, riti Ni mugende, musuke kw’isi izo nzavya ndwi z’uburake bw’Imana. Uwambere aragenda, asuka rwavya rwiwe kw’isi, abantu bafise ikimenyetso ca ca gikoko bagasenga n’igishushanyo caco, bafatwa n’ibisebe bikomeye bibi (Ivyahishuwe 16: 1-2). Twibukanye Iki cigisho kirahambaye kandi nico coroshe gutegera, […]

IMIVUMO INDWI IBONEKA MU GITABO C’IVYAHISHUWE

5 novembre, 2010

 Genda i Bujumbura,  mu materaniro y’Ishirahamwe ry’Abasoma Bibliya/Association des Lecteurs de la Bible, hamagara kuri 79321090 IMIVUMO INDWI IBONEKA MU GITABO C’IVYAHISHUWE Tumaze imisi twiga imigisha indwi iboneka ku gitabo c’Ivyahishuwe. Uyu musi tugiye gutangura icigisho kidasanzwe kitavuga imigisha, ariko kivuga imivumo. Nk’uko ya migisha twamaze kwiga ari indwi, niko n’imivum0 nayo ar’indwi. Kuko uwutazoronka […]

UMUVUMO WA MBERE UBONEKA MU GITABO C’IVYAHISHUWE

5 novembre, 2010

Genda i Bujumbura mu materaniro y’Ishirahamwe ry’Abasoma Bibliya/Association des Lecteurs de la Bible. Hamagara kuri 79321090Imbere yo gutangura iki cigisho, ndashaka kwibutsa abagisoma ko ata mugambi mfise wo gucir’urubanza idini, canke umuntu uwariwe wese. Oya, umugambi n’umwe, N’UKWIGISHA IVYANDITSWE VYERA GUSA  IMPANDA YA GATANU IZO IZOBA ARI IBARA RYA MBERE (1) Ndaraba mbona inkukuma iguruka yatiriye […]

TWIGE IVYAHISHUWE 11: 1-14

19 août, 2010

TWIBUKANYE IVYO GUHARURA /KUBARA IBIHE N’IGIHE, N’ICICE C’IGIHE Bampa irenga rimeze nk’inkoni, bati Va hasi ugere urusengero rw’Imana n’igicaniro n’abarusengeramwo. Intangaro n’igicaniro uyireke, ntuyigere, kuko yahawe abanyamahanga: kandi n’igisagara cera /umujyi wera bazogisiribanga amezi mirongw’ine n’abiri. Kandi abashingir’intahe/ abahamya banjye, bazovugishwa imisi igihumbi n’amajana abiri na mirongw’itandatu bambaye amagunira (Ivyahishuwe 11: 1-3) Iki cigisho kiratugarura […]

TWIGE IVYAHISHUWE 16: 3-11

2 août, 2010

TWIGE IVYAHISHUWE 16 :3-11  Uwa kabiri asuka urwavya rwiwe mu kiyaga, gicika amaraso nk’ay’uwupfuye, ikintu cose kiri n’ubungingo kirapfa. Uwa gatatu asuka urwavya rwiwe mu nzuzi no mu masoko bicika amaraso. Numva umumarayika w’amazi avuga ati : Uragororotse, uriho kandi wamyeho, uwera, kandu uciye iryo teka. Bavishije amaraso y’abera n’ay’abavugishwa nawe, kand.amaraso nyene niyo ubahaye ngo banywe, […]

TWIGE IVYAHISHUWE 16: 1-2

30 juillet, 2010

 TWIGE IVYAHISHUWE 16: 1-2 Numva ijwi rirenga rivuga muri rwa rusengero ribarira ba bamarayika ndwi, riti Ni mugende, musuke kw’isi izo nzavya ndwi z’uburake bw’Imana.  Uwambere aragenda, asuka rwavya rwiwe kw’isi, abantu bafise ikimenyetso ca ca gikoko bagasenga n’igishushanyo caco, bafatwa n’ibisebe bikomeye bibi (Ivyahishuwe 16: 1-2). Twibukanye Iki cigisho kirahambaye kandi nico coroshe gutegera, […]

TWIGE IVYAHISHUWE 15: 1-4

21 juillet, 2010

MBESE UZOBASHA GUHAGARARA KU KIYAGA C’IBIRAHURE KIVANZE N’UMURIRO?  Mbona ikindi kimenyetso mw’ijuru gihambaye, gitangaza, abamarayika ndwi bafise ivyago ndwi, nivyo vy’iherezo. kuko muri vyo ari ho hari uburake bw’Imana buheraherezwa. Mbona igisa n’ikiyaga c’ibirahure kivanze n’umuriro; mbona abatabarutse banesheje ca gikoko n’ igishushanyo caco n’ igitigiri c’izina ryaco bahagaze kuri ico kiyaga c’ibirahure, bafise inanga z’Imana. […]

12
x

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire