UMUSI W’AMAHORO, UMUSI W’UMUNEZERO, UMUSI W’IVYISHIMO!

Image result for troupeau de chevre

TUBIPFURIJE  ISABATO NZIZA MWESE, MU BANYU NO MU VYANYU, MW’IZINA RYERA RYA YESU! AMEN

Publié dans : Non classé | le 21 octobre, 2016 |Pas de Commentaires »

IVYOKURYA VYO MU GITONDO (12)

(Nta cigisho dufise c’Igihe co gusengeranira, ni mukoreshe iki)

TUVUGE IVYA MPWEMU YERA

Tumaze imisi tuvuga ivy’agakiza kava muri Yesu-Kristu, kandi nizeye ntashidikanya ko hariho benshi ibi vyigisho vyasigiye umugisha no kunguka ubumenyi mu vy’Ijambo ry’Imana. Uwu musi reka tuvuge kuri Mpwemu Yera, uwo Yesu yadusezeraniye. Handitswengo: « None ko mwebwe muzi guha abana Banyu ingabire nziza muri babi, mbega So wanyu wo mw’ijuru ntazorushiriza rwose guha Mpwemu Yera abamumusavye? (Luka 11: 13). Aha hakunda kugora abantu benshi gutahura. Mpwemu Yera ntapfa kwizana ngo agwe ku muntu giturumbuka. N’ingabire turungikirwa na Data kuko twayimusavye. Igihe bariko barasezerana ubwa nyuma, Yesu yabwiye intumwa ziwe ati:  » Umve, ngirango mbarungikire ico Data yasezeranye, ariko mugume mugisagara kugeza aho muzokwambikwa ubushobozi buvuye mw’ijuru (Luka 24: 49). Ubu bushobozi ntibwasezeraniwe abantu bose, bwasezeraniwe abari barahevye ivyabo bakagendanira Yesu mur’iyo myaka itatu yose.

Image result for la venue du Saint esprit

Paulo avuga ko Yesu « yiyeretse bene Data barenga amajan’atanu » (1Abakorinto 15: 6) bakoraniye hamwe imbere yo gusubira mw’ijuru. Mur’abo harimwo abinjiranye n’Intumwa mu cumba co hejuru, kuko « Abo bose basenga badahumeka n’umutim’uhuye, hamwe n’abagore, na Mariya nyina wa Yesu, na bene nyina… » hari hakoraniye ishengero ry’abantu nk’ijana na mirongw’ibiri (Ivyakozwe n’Intumwa 1: 14-15). Aba nibo bamaze ya misi cumi mu cumba mu cumba co hejuru (Ivyakozwe n’Intumwa 1: 13). Basenga cane bitegurira isezerano bari bahawe, ari ryo kuza kwa Mpwemu Yera, vyatumye haboneka ibitangaza bikomeye: Umusi wa Pentekoti ushitse, bose bari bakoraniye ahantu hamwe, haza igihinda kivuye mw’ijuru giturumbuka, nk’uguhuhuta kw’umuyaga w’inkomezi, gikwira hose mu nzu bicayemwo. Haboneka ibirimi vyigabanganya nk’ivy’umuriro, bibajako umw’umwe, batangura kuvuga izindi ndimi, uko Mpwemu  Yera abahaye kuzivuga. (Ivyakozwe n’Intumwa 2: 1-4). Ikibazo n’iki rero: Kuki Mpwemu Yera yaje atumbereye abariko barasenga mu cumba, ariko abari hanze ntabazeko? Inyishu ntigoye: Mpwemu yaje kubariko baramusaba. Nawe ni waba wumvira amategeko yose ya Yesu nkuko Yesu yumviye Se, nkuko intumwa zamwumviye nazo, tangura umusabe, uzomuhabwa.  

 

Ubutumwa buvuga ko Mpwemu yahereye uwo musi, yinjira mu bugingo bw’abemeye ubutumwa bwavuzwe n’Intumwa, gushitsa uwu musi tugezeko. Kuko Handitswe ngo: « Petero arabishura ati:  » Ni mwihane, umuntu wese abatizwe mw’izina rya Yesu-Kristu, mubone guharirwa ivyaha vyanyu, kandi muzohabwa ingabire, ariyo Mpwemu Yera. Kukw’isezerano ar’iryanyu kand’ar’iry’abana banyu, n’abari kure bose, abazohamagarwa bose n’Umwami Imana yacu (Ivyakozwe n’Intumwa 2: 38-39). Mfise amahirwe nk’ayo wewe nawe ufise yo kugira iri sezerano ryiza. Niba jewe na wewe twemeye tukihana ivyaha, tukabatizwa mw’izina rya Yesu, twemerewe guharirwa ivyaha vyacu no guhabwa iyo ngabire ariyo Mpwemu Yera.

 

Guharirwa ivyaha vyacu, bisaba kumenya ivyo vyaha ivy’arivyo, tukavyatura, noneho Umwami Yesu akavyuhagiza amaraso yiwe. Kumenya icaha bisaba no kumenya ibwirizwa. Kuko ntiwokwiyagiriza  icaha ata bwirizwa warenze. Kuko, « iyo habuze ibwirizwa, icaha naco kiba gipfuye » (Abaroma 7: 9). Uwuvuga ngo ndamuzi, ntiyitondere amategeko yiwe, n’umubeshi nta kuri kuri muri we. Umuntu wese akor’icaha akor’ivy’ubugarariji, kand’icaha nico mugararizo (1Yohani 2: 4 na 3: 4). Uwu Yohani yanditse aya majambo yari muri za ntumwa cumi n’umwe cumi, akaba kandi yari muri bamwe barenga ijana na mirongw’ibiri bari mu cumba co hejuru, basenga. Intumwa Yohani nawe yahawe Mpwemu Yera ku musi wa Pentekoti. Ni wumva abakubwira ko bafise ya Mpwemu bavuga ko yababohoye ku mategeko y’Imana, ntibazoba bafise Mpwemu Yera nk’uwo ba Yohani baronse kuri Pentekoti. Abo bapfa gukora uko bashoboye kwose, ngo bigane ibitangaza ba Yohani na Petero bakoreshejwe. Barakwereka ko bavuga n’indimi zitamenyekana, bakavuga ko beretswe. Kandi   impwemu ibakoresha nayo ishobora gukora ibitangaza. Ariko icerekana ko bitava kuri Mpwemu yahawe Intumwa, n’uko ukwerekwa kwabo kubayobora mu kwubaha amategeko yakomotse mu gipagani: Gukomeza umusi wa gipagani wo guseng’izuba ariwo dimanche, bitwaza ngo n’umusi w’izuka rya Yesu. Guhimbaza imisi yakomotse mu gipagani nka Noheli, pasika idahura n’iyo muri Bibliya, gusaba no gusenga abapfuye babita ngo n’aberanda, kwemeza abantu ko bashobora kurema uwabaremye mu guhezagira umukate n’umuvinyu  (Yesu yivugiye gusa ngo » ibi murabigira mu nyibuka), n’bindi vyinshi. 

 

Yesu yakoresheje iyi ntumwa Yohani, yandika ati: «  kukw’izo ar’impwemu z’abadayimoni, zikor’ibimenyetso, zija ku bami bo kw’isi yose, ngo zibakoranirize ku ntambara yo ku musi uhambaye w’Imana (Ivyahishuwe 16: 14).  Bararwanya ukuri kwanditswe muri Bibliya, cane cane isabato Yesu n’Intumwa Intumwa baruhutse bakiri kw’isi. Bavuga ngo n’iya Mose, ariko bakibagira ko, ahanditswe isabato, niho handitswe ngo:  Usonere so na nyoko, Ntukice , Ntugasambane, Ntukibe, Ntubeshe, , n’ayandi. Ego reka tubemerere ko ayo mategeko yanditswe mu gitabo ca Mose nkuko bavyivugira (ariko yanditswe ku bisate bibiri vy’amabuye, yanditswe n’urutoke rw’Imana, s’urwa Mose). None ar’ukwifatanya n’amategeko Imana yahaye  Mose, canke kwifatanya n’amategeko akomoka mu gibapagani, mu misi mikuru yabo no guseng’imizimu, mu kunywa no mu kurya nkabo, icoba ciza n’ikihe? Ariko kuko badafise Mpwemu yahawe Intumwa, ntibashobora kwemera isabato intumwa zaruhutse. Kuko ntaco bapfana n’Intumwa za Yesu. Burya Yesu yarabona kure: Yavuze ati: « Arik’uwo Mpwemu w’ukuri ni yaza, azobahishuka ukuri kwose, kuko atazovuga ivyo yigeneye (Yohani 16: 13). Yesu yakoresheje iryo jambo, ngo « Mpwemu w’ukuri », kuko yabona ko hariho na « mpwemu w’ikinyoma » (wa magendo canke wa  pirate, fake mu congereza) yariko araza ngo yivange mw’ishengero. N’uwo mpwemu wundi rero yakomotse i Babuloni mu basengazuba bo kumusi w’izuba ( Sun day), niwe bahaye ab’i Pergamo (Ivyahishuwe 2: 13), bamushikana n’i Roma, none ubu yakwiye isi yose, akwirakwizwa na Roma n’amashengero ayikomokako. Bazokwereka imirongo myinshi yo gushigikira iyo dimanche yabo, ariko wibuke ko Bibliya ivuga ko mw’ijuru tuzohimbaza isabato, nta dimanche izobayo. Handitswe ngo  » no guhera kw’isabato ukageza ku yindi, abantu bazokwama baza gusenga imbere yanje (yesaya 66: 23). Ivyo vyose ntibavyerekwa. Kuba abanyagihugu bo mw’ijuru rero bisaba kwemera ivyo ijuru rigutegetse. « Umunyavyaha naho yogirirwa neza, nta ho yokwiga kugororoka, mu gihugu c;abagororotsi, azohakorera ububegito, kandi ntazokwitegereza ubwiza bw’Uhoraho (Yesaya 26: 10). Nivyo kuko Imana yihenze ikamugeza aho hantu, ku murwa w’Imana,  yohava ashaka aho azoza kugirira ivya dimanche yiwe kandi bitemewe. Nico gituma  » kuri wo ntihazogera ikintu gihumanya, cake uwukora ibizira, akabesha,atar’abanditswe mu gitabo c’ubugingo ca wa Mwagazi » (Ivyahishuwe 21: 27). Bavuga ko hoba hariho uwundi muntu yanbdika abantu mu gitabo ciwe ngaha kw’isi akabita aberanda, ariko uweo afise aho azobajana, kuko igitabo canditswemwo abanyagihugu bo mw’ijuru gifiswe na wa Mwagazi gusa. (Ivyahishuwe 5: 3-5 na 21: 27).

Paulo we yaravyeretswe, aravuga ati : « Abameze bartyo n’Intumwa z’ibinyoma, n’abakozi b’uburyarya, bigira intumwa za Kristu. Kand’ivyo ntibitangaza kuko na Satani yigira umumarayika w’umuco. N’uko s’ikigoye kw’abakozi biwe nabo bigira nk’abakozi b’ukugororoka, iherezo ryabo rizohwana n’ibikorwa vyabo (2Abakorinto 11: 13-15). Ni waba ufise Mpwemu Yera akomoka kuri Data, yasezeranywe na Yesu, akaba ariwe yahawe Intumwa n’abakristu ba mbere, ngira nkwibutse nkuko Mpwemu nyene yibukije ishengero  ry’Abanyisraeli ati :  » Ejo n’umusi wo kuruhuka, isabato yarobanuriwe Uhoraho » (Kuvayo 16: 23). Dimanche s’umusi wo kuruhuka ku bantu bafise Mpwemu Yera. Yesu ntiyahinduye itegeko, kuko yariyamirije abigisha ivyo binyoma ngo :  » Ntimugire ngo naje gusenyur’ivyagezwe canke ivy’abavugishwa n »imana (Matayo 5: 17).

Niwaba ariko wahora nawe uvyibaza, ehe raba neza, Yesu ntimuvuga rumwe. Aho hafi y’i wanyu hariho aho bene Data baruhukira isabato. Mpwemu Yera aze gusanganire mu rusengero rwiwe, nawewe uhave ucike urusengero rwiwe mw’izina ryera rya Yesu. Amen

 

Publié dans : Non classé | le 21 octobre, 2016 |Pas de Commentaires »

IVYOKURYA VYO MU GITONDO (11)

 

KUKI YESU BAMUHAMVYE BIHUTA NGO NTIBUBIRIREKO BATARAMUHAMBA? KUKI ABASIRIKARE BATAVUNYE AMAGUFA YA YESU?

Usomye wihuta ubutumwa bwiza bwanditswe na Luka canke Yohani, wohava wibaza ngo vyatewe n’uko isabato yar’igiye gutangura. canke ukibaza ngo banse kumuvun’amaguru kuko basanze yamaze gupfa, nkuko bivugwa muri ivyo bitabo. Ariko Mpwemu Yera rari yaravugishije Mose ngo : « Umuntu ni yakor’icaha gikwiriye kumwicisha, bakamwica, mukamumanika ku giti; umuvyimba wiwe ntuze urare kur’ico giti, ariko ntimuze mubure kumuhamba kur’uwo musi nyene: kuk’uwumanitswe ku giti arik’umuvumo w’Imana, nuko mumuhambe kugirango ntimwanduze igihugu Uhoraho Imana yanyu abahaye kw’ishamvu (Gusubira mu Vyagezwe 21: 22-23). Nkumbure wokwibaza uti;  » None Yesu nawe rero yari yavumwe n’Imana? Ego, mur’ico gihe yar’ikivume, kuko yiyemeje kwiremeka ivyaha vya twebwe ibivume, noneho umuvumo twari dukwiriye wose waguye kuri we. Nivyo Paulo yavuze ngo : « Kristu yaducunguye umuvumo w’ivyagezwe, yacitse ikivume ku bwacu, kuko handitswe ngi Azoba avumwe uwumanitswe ku giti (Abagalatiya 3: 13). Ahandi havuga ngo: »Kukw’ishaka ry’inzu yawe rindya, ibitutsi vy’abagutuka vyaguye kuri jewe » (Zaburi 69: 9). N’ukuri n’izacu ntimba yishizeko, n’iyacu mibabaro yikoreye, ariko tweho twamwiyumviriye nk’uwakubiswe, nk’uwacumiswe  n’Imana, akicurikirizwa n’akabonge. Yamara yacumitiwe ibicumuro vyacu, yajanjaguriwe ububegito bwacu, igihano kiduhesh’amahoro cabaye kuri we, kand’imishishagu yiwe niyo idukiza (Yesaya 53: 4-Image result for L'agneau de Dieu5).

 

Nkuko rero Mpwemu yari yarabivugishije Mose, Yesu ntiyashobora kurara ku giti c’umusaraba, kuko yari yamaze kuba ikivume, atandukana na Se kugirango wewe na jewe tubashe kuzura na Se wiwe, ariwe Data. Ntibitangaje rero ko Yesu yageze aho atur’akamo ngo:  » Mana yanje, Mana yanje, wampebeshwe n’iki? (Zaburi 22: 1). N’ukubera wewe na jewe. Kuko umunyavyaha nka jewe na wewe, ntidushobora kubaho hatabonetse ayo maraso y’igiciro ntangere, kuko ay’amasuguru n’ay’intama yari yananiwe. Nimba uwu musi dushobora guhema, tukiga, tukarima, tugakora, tukabona imvura n’izuba, n’ibindi vyiza vyose vy’Imana, n’ukubera ayo maraso yatwungiye ubumwe na Data. Iyo Yesu yanka kwitanga, akaturekera mu maboko ya Satani vyari kuba birangiye. Ariko ntiyashobora guhemuka, kuko amasezerano yagiriraniye na Se yavuga ngo : « Ehe ndaje, mu muzingo w’igitabo, niko vyanditswe kuri jewe, mpimbawe no gukor’ivy’ugomba Mana yanje; mbere ivyagezwe vyawe biri mu mutima wanje (Zaburi 40: 7-8). Yaraje, ababwir’ubutumwa bwiza bw’amahoro, mwebwe abari kure, kand’abari hafi nabo ababwir’amahoro, kuko, uko tur’amacakubiri, ariwe adushikiriza Data wa twese, turi mu Mpwemu umwe. Nuko ntimukir’abashitsi canke ba kavantara, ariko musangiye ubwoko n’abera, mur’abo mu Ngoro y’Imana (Abanyefeso 2: 17-19).

 

Ivyo vyagezwe biri mu mutima wa Yesu, nivyo yanditse mu mitima yacu, avyandikisha amaraso y’isezerano. Hari benshi bagerageje kubisibanganya ngo n’ukubera ko basanze vyanditswe mwo isabato. Mushobora kugira ivyo mushaka, ariko mu bugingo bw’abakijijwe na Yesu, handitswemwo ivyagezwe cumi, ata na kimwe kivuyemwo. Sinshobora kubahaririza (kubagish’impaka), kuko nziko mu bantu bakira agakiza kava mu madini yiyita aya gikristu, ngo nta mategeko ariho. Ako gakiza gatangwa mw’ishengero, kagatembagaza ivyagezwe, umusi abakaguhaye batembagaye uzotembagarana nabo. Kuko ubutumwa buvuga ngo:  » Irukana uwo muja ajane n’agahungu kiwe, kuko umwana w’umuja ntazosangira iragi n’uwavutse ku mugore bwite (Abagalatiya 4: 30). Abavutse ku mugore bwite yubashe ivyo umugabo wiwe yamutegetse bariyizi. Abavutse ku mugore yihaye ayandi mategeko atahawe n’umugabo nabo bariyizi. Ubwo rero umwe mu vya  nyina, uwundi mu vya nyina.  Ariko umugambi wa Yesu ntuhinduka, n’ukugira ngo abana b’Imana  basanzaye, abakoranirize hamwe » (Yohani 11: 52). Naho boba basanzariye kure, bazokwegeranywa n’ukwizera kwabo, abashoboye guterana baterane mu misi y’amasengesho no ku masabato. Abo bidashobokera nabo, hariho iteraniro rizobera mw’ijuru: tuzoca duteruranwa nabo mu bicu, dusanganire umwami mukirere. Niho tuzokwama tubana n »Umwami (1Abatesalonika 4: 17). Ibi nivyo Paulo avuga  » vyo kuzoza kw’Umwami wacu Yesu Kristu no kuzokoraniriwzwa kuriwe kwacu » (2Abatesalonika 2: 1). Nuko mumarane umubabaro mukoresheje ayo majambo (1Abatesalonike 4: 18).

Ntivyari gushoboka kandi ko bamuvuna igufa na rimwe, kuko navyo Mpwemu yari yarabitegekanije ngo ;  » ntibaze bagire izo basiga ngo zirare (inyama), kandi ntibaze bavune igufa na rimwe ryazo; nkukw’amabwirizwa ya Pasika ameze (Guharura 9: 12). N’uko, niko vyagenze. Yesu ni we yitanze nk’umwagazi w’ukuri wa Pasika, nta gufa ryiwe bigeze bavuna. Yasheshe amaraso yiwe kubera wewe nanje. Reka ndangize iki cigisho nguhamagarira kuwatura ivyaha vyawe, ubiremeke Yesu kuko ntihararengerana. Benshi babiremeka ishengero ryabo, naryo rikabacisha mu nzira ryatoborewe n’ab’isi itagiramwo amategeko. Ngira ndakwibutse kandi ko ibarabara ritagira amategeko rishobora guteza impanuka benshi. Nico gituma Kristu avuga ngo » Ivyagezwe vyawe biri mu mutima wanje. Nd’inzira, nd’ukuri, nd’ubugingo, ntawuja kwa Data nta mujanye Ng’uwu Umwagazi w’intama w’Imana, ng’uyu uwukuraho icaha c’abari mw’isi (Zaburi 40: 8; Yohani 14: 6 na 1: 29)  mw’izina ryera rya Yesu. Amen.

Publié dans : Non classé | le 20 octobre, 2016 |Pas de Commentaires »

IGIHE CO GUSENGERANIRA

Ku wa kane w’isabato (mercredi)no ku wa nyuma ari wo musi wo kwitegura (vendredi), igihe ca sakumi na zibiri z’umugoroba, ku masaha y’i Bujumbura/Kigali

AMARASO Y’ISEZERANO YABOHOYE IMBOHE AKAZIKURA MU RWOBO RUTAGIRA AMAZI

Kandi nawe, kubg’amaraso yashinz’isezerano rya twe nawe, nanje nkubohoreye imbohe, ndazikura mu rwobo rutagira amazi (Zekariya 9: 11)

Mur’ uwu murongo, tubonamwo isezerano hagati y’abantu babiri, ngo : twe nawe. Igihe Abayuda bariko bariko bararya Umwagazi wa Pasika utagira agasembwa, niho natwe Umwagazi w’Intama wacu yitanga ngo aducunguze amaraso yiwe atagira akanenge.« Kuk’Umwagazi wacu w’Intama watanzwe kw’ikimazi ariwe Kristu (1Abakorinto 5: 7). Yahengereye buca adupfira,   »bariko bararya, afata umutsima, awuhezagiye arawumanyura, awuha abigishwa biwe ati Ni mwakire murye, uwu n’umubiri wanje. Yabira igikombe, agishimir’Imana, arakibaha, ati Nimukinywereka mwese, kukw’iki ar’amaraso yanje y’isezerano, aviriye benshi ngo abakize ivyaha (Matayo 26: 26-27). Mu kuvuga ngo » n’amaraso yanje y’isezerano », yariko aremeza ko ariwe atanze amaraso y’ubukomezi n’ububasha bw’indengakamere, ataho ahuriye n’yo Mose yacucagiye ku  bantu, nkuko dusoma ngo  » Maze Mose yabira ya maraso, ayamija abantu, arababarira ati Ngayo amaraso y’isezerano Uhoraho asezeranye namwe » (Kuvayo 24: 8).

Image result for le cote perce de Jesus

 

Aya, yar’amaraso y’ibikoko gusa. Ariko Yesu we, « yamara yacumitiwe  bicumuro vyacu, yajanjaguriwe ububegito bwacu, igihano kitironkesha amahoro cabaye kuri we, kandi imishishagu yiwe niyo idukiza. Twese twazimiye nk’intama, twese twagiye isabagire, umuntu wese mu nzira yiwe, Uhoraho amuremeka ububegito bwacu twese (Yesaya 53: 5-6).  »Maz’abasoda baraza, bavun’amaguru y’uwa mbere n’ay’uwundi yabambanywe nawe. Ariko bashitse kuri Yesu, babonye amaze gupfa, ntibaba bakimuvun’amaguru; ariko umwe mu basoda amucumita icumu mu rubavu, ako kanya havamwo amaraso n’amazi (yohani 19: 32-34). Ni mur’ako kanya nyene hariko haraboneka ibitangaza: « ibitandara birasatagurika, imva ziruguruka, imivyimba myinshi y’abera bari basinziriye irazurwa, bava mu mva amaze kuzuka, bashika mu gisagara cera, babonekera benshi  » (Matayo 27: 51-52). Iyi s’imizimu yazutse. Ryabaye izuka ry’ukuri ry’intangamarara. Aba nibo umuhanuzi yavugishwa n’Imana, Zekariya yavuga yerekezako ngo: « Kandi nawe, kubg’amaraso yashinz’isezerano rya twe nawe, nanke nkubohoreye imbohe, ndazikura mu rwobo rutagira amazi (Zekariya 9: 11). Bibliya ibita imbohe zabohowe zigakurwa mu rwobo. Kandi Bibliya nyene yerekana ko izo mbohe zaduganywe mw’ijuru, ngo:  »Uraduze, uja hejuru, ujanye iminyago, uherewe ingabire hagati y’abagarariji nabo, kugirango Uhoraho Imana ibane nabo (Zaburi 68: 18).

 

Aba bantu biswe iminyago, abantu, kandi ngo n’abagarariji. Ariko batewe agateka ko kudugana na Yesu, no kubana n’Imana. Kuki bitwa iminyago? N’ukubera ko, n’aho babaye kw’isi y’icaha, bakomeje guhang’amaso yabo ku Mucunguzi yari yarasezeranywe. Yesu yabanyaze Satani, kuko Satani yibaza ko isi yayigaruriye.  Umunyavyaha ruhebwa, Satani ntashobora kumuherana, ah’ubwo iyo wamaze kumenya ko icaha cakwizingiriyeko, hamagara Yesu. Umunyavyaha ntashobora gukorwa n’isoni ku musi w’urubanza mu gihe yohitamwo gupfukamira Yesu, akatura icaha ciwe, agatangura  gufata ukuboko kwa Yesu akakugumya, akagendana nawe yiyoroheje. « Ko yakweretse iciza icarico ga yewe muntu, mbega har’ikindi Uhoraho agushakako, atar’ugukor’ ibiroranye, no gukunda kugir’imbabazi, no kugendana n’Imana yawe wicishije bugufi? (Mika 6: 8). 

 

Birtyo, na wewe, ya maraso y’isezerano hagati y’Imana nawe, ari yo maraso ya Yesu, azokwoza ivyaha, kandi kuri wa musi nawe, uzobohorwa uve mu rwobo, uduge kubana na Yesu mu bwami bwiwe. « Kuk’Umwami wacu ubwiwe azoza, amanutse avuye mw’ijuru, aranguruye ijwi rirenga, hamwe n’akamo ka marayika mukuru, n’inzamba y’Imana. Maz’abapfiriye muri Kristu nibo bazobanza kuzuka; maze natwe abazoba bakiriho, dusigaye, tuzoca duteruranwa nabo mu bicu, dusanganire Umwami mu kirere » (1Abatesalonike 4: 16-17). Mw’izina ryera rya Yesu. Amen.

 ABO DUSENGERA

Twisengere twebwe nyene, cane cane abari mw’ishule, kugirango mu bandi banyeshule baboneke nk’abahagariye Imana, nkuko Daniyeli na Shaduraka na Meshaki na Abed. Nego bahagarariye Imana neza mu bapagani b’i Babuloni. Urazi abo mu bana mu rugo bose uko bamerewe, ubasengere bose utangurire ku bavyeyi bawe. Ni waba wubatse, usengere uwo mwubakanye. Kugirango Umwami Yesu agire ikibanza gikwiye mu bugingo bwabo. Usengere abagenzi bawe kugirango abaganzwa na kamere y’icaha bakizwe babone umuco uva I Gologota. Ntiwibagire gusenga kugira nawe nyene ugire amagara akwiye n’ubutwari bwo kuvugira Imana udatinya kuko ibi bihe ni bibi. Satani atega imitego myinshi kandi ikaze, kandi kubera ubwoba, benshi barayigwamwo bagafatwa. Niba umaze gufata ingingo yo kuruhuka isabato, uwu mugoroba ukubere igihe ciza co gusaba ngo ivyaguteye ubwoba, ivyaguciye inkokora, vyose bihave, ariko ni vyashoboka uze utangure kwubaha Imana mu kuruhuka isabato yayo. Kuki utotangura kw’isabato yo mur’iyi ndwi?. Hafi y’aho uba hariho urusengero. N’uko ugire ibihe vyiza vy’amasengesho.

Publié dans : Non classé | le 19 octobre, 2016 |Pas de Commentaires »

IVYOKURYA VYO MU GITONDO (10)

AMARASO Y’ISEZERANO YABOHOYE IMBOHE AKAZIKURA MU RWOBO RUTAGIRA AMAZI

Kandi nawe, kubg’amaraso yashinz’isezerano rya twe nawe, nanje nkubohoreye imbohe, ndazikura mu rwobo rutagira amazi (Zekariya 9: 11)

Mur’ uwu murongo, tubonamwo isezerano hagati y’abantu babiri, ngo : twe nawe. Igihe Abayuda bariko bariko bararya Umwagazi wa Pasika utagira agasembwa, niho natwe Umwagazi w’Intama wacu yitanga ngo aducunguze amaraso yiwe atagira akanenge. »Kuk’Umwagazi wacuw’Intama watanzwe kw’ikimazi ariwe Kristu (1Abakorinto 5: 7). Yahengereye buca adupfira, « bariko bararya, afata umutsima, awuhezagiye arawumanyura, awuha abigishwa biwe ati Ni mwakire murye, uwu n’umubiri wanje. Yabira igikombe, agishimir’Imana, arakibaha, ati Nimukinywereka mwese, kukw’iki ar’amaraso yanje y’isezerano, aviriye benshi ngo abakize ivyaha (Matayo 26: 26-27). Mu kuvuga ngo » n’amaraso yanje y’isezerano », yariko aremeza ko ariwe atanze amaraso y’ubukomezi n’ububasha bw’indengakamere, ataho ahuriye n’yo Mose yacucagiye ku  bantu, nkuko dusoma ngo  » Maze Mose yabira ya maraso, ayamija abantu, arababarira ati Ngayo amaraso y’isezerano Uhoraho asezeranye namwe (Kuvayo 24: 8).

Image result for le cote perce de Jesus

 

Aya, yar’amaraso y’ibikoko gusa. Ariko Yesu we, « yamara yacumitiwe  bicumuro vyacu, yajanjaguriwe ububegito bwacu, igihano kitironkesha amahoro cabaye kuri we, kandi imishishagu yiwe niyo idukiza. Twese twazimiye nk’intama, twese twagiye isabagire, umuntu wese mu nzira yiwe, Uhoraho amuremeka ububegito bwacu twese (Yesaya 53: 5-6). « Maz’abasoda baraza, bavun’amaguru y’uwa mbere n’ay’uwundi yabambanywe nawe. Ariko bashitse kuri Yesu, babonye amaze gupfa, ntibaba bakimuvun’amaguru; ariko umwe mu basoda amucumita icumu mu rubavu, ako kanya havamwo amaraso n’amazi (yohani 19: 32-34). Ni mur’ako kanya nyene hariko haraboneka ibitangaza: « ibitandara birasatagurika, imva ziruguruka, imivyimba myinshi y’abera bari basinziriye irazurwa, bava mu mva amaze kuzuka, bashika mu gisagara cera, babonekera benshi  » (Matayo 27: 51-52). Iyi s’imizimu yazutse. Ryabaye izuka ry’ukuri ry’intangamarara. Aba nibo umuhanuzi yavugishwa n’Imana, Zekariya yavuga yerekezako ngo: « Kandi nawe, kubg’amaraso yashinz’isezerano rya twe nawe, nanke nkubohoreye imbohe, ndazikura mu rwobo rutagira amazi (Zekariya 9: 11). Bibliya ibita imbohe zabohowe zigakurwa mu rwobo. Kandi Bibliya nyene yerekana ko izo mbohe zaduganywe mw’ijuru, ngo: « Uraduze, uja hejuru, ujanye iminyago, uherewe ingabire hagati y’abagarariji nabo, kugirango Uhoraho Imana ibane nabo (Zaburi 68: 18).

 

Aba bantu biswe iminyago, abantu, kandi ngo n’abagarariji. Ariko batewe agateka ko kudugana na Yesu, no kubana n’Imana. Kuki bitwa iminyago? N’ukubera ko, n’aho babaye kw’isi y’icaha, bakomeje guhang’amaso yabo ku Mucunguzi yari yarasezeranywe.Yesu yabanyaze Satani, kuko Satani yibaza ko isi yayigaruriye.  Umunyavyaha ruhebwa, Satani ntashobora kumuherana, ah’ubwo iyo wamaze kumenya ko icaha cakwizingiriyeko, hamagara Yesu. Umunyavyaha ntashobora gukorwa n’isoni ku musi w’urubanza mu gihe yohitamwo gupfukamira Yesu, akatura icaha ciwe, agatangura  gufata ukuboko kwa Yesu akakugumya, akagendana nawe yiyoroheje. « Ko yakweretse iciza icarico ga yewe muntu, mbega har’ikindi Uhoraho agushakako, atar’ugukor’ibiroranye, no gukunda kugir’imbabazi, no kugendana n’Imana yawe wicishije bugufi? (Mika 6: 8). 

 

Birtyo, na wewe, ya maraso y’isezerano hagati y’Imana nawe, ari yo maraso ya Yesu, azokwoza ivyaha, kandi kuri wa musi nawe, uzobohorwa uve mu rwobo, uduge kubana na Yesu mu bwami bwiwe. « Kuk’Umwami wacu ubwiwe azoza, amanutse avuye mw’ijuru, aranguruye ijwi rirenga, hamwe n’akamo ka marayika mukuru, n’inzamba y’Imana. Maz’abapfiriye muri Kristu nibo bazobanza kuzuka; maze natwe abazoba bakiriho, dusigaye, tuzoca duteruranwa nabo mu bicu, dusanganire Umwami mu kirere » (1Abatesalonike 4: 16-17). Mw’izina ryera rya Yesu. Amen.

 

 

 

Publié dans : Non classé | le 19 octobre, 2016 |Pas de Commentaires »

IVYOKURYA VYO MUGITONDO (9)

ICAHA CA PILATO,  ICAHA C’ABATEGETSI!

Ariko barihambira bavuga n’amajwi arenga bamusaba ko (Yesu) abambwa, amajwi yabo aramunesha. Nuko Pilato ac’urubanza nkuko bamusavye. Arekura uwashizwe mw’ibohero bamuhoye ubugarariji n’ubwicanyi; uwo basavye, maze atanga Yesu ngo agirwe uko bashaka (Luka 23: 23-25)

Image result for jesus devant pilate

Pilato yar’azi neza ko Yesu azize akarenganyo. « Kuko yamenye ko ishari ariryo ritumye bamutanga. Acicaye ku ntebe y’imanza, umugore wiwe amutumako, ati Ntihagire ico ugiora uwo mugororotsi, kuko naraye ndose mbona mbabazwa vyinshi kubwiwe » (Matayo 27: 18-19). Ntaco Mpwemu Yera atakoze kugira ngo abuze Pilato gukora ako kabi kabishe. Mpwemu yarahavuye ahagarara no kw’isonga ry’ururimi rwa Pilato, maze Pilato aravugishwa imbere y’Umwami w’ abami ngo: « Ntuzi ko mfise ububasha bwo kukurekura n’ubwo kukubamba? (Yohani 19: 10). Ariko Pilato ntiyamenya ko ariko aricira urubanza. Niba yar’ashoboye kumurekura, none kw’atamurekuye nyene? Ariko hariho akajambo gashobora kuba karamuteye ubwoba, kuko handitswe ngo;  » ariko Abayuda barasemerera bati Niwamurekura ntuzoba ucuzura na Kayizari,kuko uwigize umwami wese aba agararije Kayizari (Yohani 19: 12).

 

Uwu Pilato yar’azi neza ko ar’imbere y’umugororotsi, kuko yari yaburiwe n’umugore wiwe, umugore wiwe nawe yari yavyeretswe n’umumarayika mu ndoto. Pilato nawe ubwiwe arahava aravyiyemerera ngo : « Jewe nta gicumuro mbona kuri we » (Yohani 18: 37). Ariko aho yumviye ko bizotuma atandukana na shebuja Kayisari, ashobora kuba yatinye ko bamurega, bakamukura mu kazi. « Arekura uwashizwe mw’ibohero bamuhoye ubugarariji n’ubwicanyi; uwo basavye, maze atanga Yesu ngo agirwe uko bashaka » (Luka 23: 25)

Nguwo rero mpemuke ndamuke!. Ibi bishobora kugushikira mu kazi no mu buzima bwa misi yose, ugatinya kuvugisha ukuri canke gushinga intahe ngo uvuge uko ibintu vyagenze. N’uko abantu bakarenganywa, bagapfungwa, abandi bagahunga, abandi bikabaviramwo gupfa kubera wewe utinya kuvuga, ngo bohava bakujaniranya nabo. Ari Pilato ari na wewe, mwese muri bamwe nta wurut’uwundi. Ariko bishobora kuba bibi cane, mu gihe woba uri ku butegetsi, naho woba nyumbakumi, canke ukaba ufise ibanga ushinzwe iryariryo ryose, ugatinya amajwi y’abantu, bikakunanira gukora ico Imana ishaka nkuko vyashikiye Pilato. Imbere y’intebe y’imanza ya Kristu, ntuzokwitwaza ngo  Ni kanaka na kanaka bandemereye ngo nindabikore. Oya, kuko Mpwemu avuga ngo: Nuko uwuzi gukora iciza ntagikore, bimubera icaha (Yakobo 4:17)

Ubu nyene ndiko ndandika iki cigisho, ndiko ndasoma inkuru y’ abakristu baharaniye ukuri, barabahakanisha izina rya Yesu baranka,  bemera kubambwa gukubitwa no guhondagurwa nabi cane, bamaze kubica urubozo, bababamba ku misaraba. Bamaze ku misaraba igihe kinini bagoyagoya.  N’abantu cumi n’umwe, harimwo n’umwana w’imyaka 12, yicanywe na se wiwe. Bahavuye, bafashe abandi harimwo n’abagore, bo barakubitwa nabi cane, bamaze gukubitwa babaca imitwe, babamba intumbi zabo, Babafukamitse ngo babace imitwe, barasenga, bavuga izina rya Yesu, bakararama baraba mw’ijuru,ngo hariho n’uwabonetse anezerewe nkako yoba abonanye na Yesu. Ibi vyabaye mu gisagara ca Alepu muri Siriya, muri vya bitero bigirwa n’abihevyi biyita abo mw’idini rya Islamu. Ni waba usoma icongereza, urambwira nzokurungikira iyo nkuru wisomere.

Twige kuvugish’ukuri, tureke kuba abanyabwoba nka Pilato. Ijuru rirahari kandi, nyeneryo yavuz’ati » Kw’isi muzohabonera amakuba menshi ariko mugumye umutima, natsinz’isi (Matayo 16: 33).

 

Publié dans : Non classé | le 18 octobre, 2016 |Pas de Commentaires »

IYOKURYA VYO MU GITONDO (8)

MBEG’URUKUNDO RUTANGAJE!

N’AKAZU KA SURWUMWE NAKO KARAKORESHEJWE KUGIRA NGO DUSOBANUKIRWE N’AGAKIZA KARI MURI YESU-KRISTU (Gusubira mu Vyagezwe 23: 12-14).

Yewe, ntakw’Iman’itagize ngo ibashe kugarura umuntu yari yaguye mu vyaha! Mur’iki cigisho kidasanzwe,muri kumwe n’umunyavyaha yagiriwe ubuntu n’Umwami Yesu, Balthasar Miburo

Image result for toilettes camp des refugies

« Kandi muze mugire ahantu hirya y’aho mushagaje, h’ukwihagarika; kand’umuntu wese muri mwebwe aze agire ikimito agendana, maze agiye ku gahinga akicara, aze acimbishe ikinogo, aheze arenze kw’ivu ibimuvuyemwo; kuko Uhoraho Imana yanyu agendagenda hagati yaho mushagaje, kugirango abakize, agabure abansi banyu mu maboko yanyu, nico gituma aho mushagaje hakwiye kuba ahantu hera, kugirango ntaz’ababonemwo ikintu na kimwe giteye ishishi,akarora irya, akabata (Gusubira mu Vyagezwe 23: 12-14). Aya majambo uyasomye wihuta, ubona ko avuga ivyerekeye isuku ryaho abantu baba, cane cane ababa hamwe nko mu makambi y’impunzi, mu gisirikare, mu mashule,no mu miryango i wacu, n’ahandi…Ego nivyo.  Ariko Mpwemu Yera we ayaha ubusobanuro bwimbitse kurata ngaho.

Aho hantu hiherereye bagomba kwihagarika (kwituma vyoroshe: uriner), twasomye ko hagomba kuba hirya yaho bashagaje. Dushobora no kuvuga ngo hirya yaho bakambitse, inyuma y’ikigo, canke kubaba mu ngo, tukavuga ngo: inyuma y’irugo. Erega « Nico catumye na Kristo ababarizwa inyuma y’irembo, kugira ngo yezeshe abantu ayiwe maraso » (Abaheburayo 13:12). Kuko Yesu bamukuye hagati mu gisagara aho abantu baba, baja kumwicira inyuma y’ikigo, ahicirwa abagome. Ijambo ryabwiwe Abanyisraeli ngo baze bagire ahantu ho kwihagarika inyuma yaho bashagaje, nico ryasobanura mu buryo bwa gihanuzi. Nico Yesu yavuze kandi ngo :  »Ni muze iwanje mwese abananiwe n’abaremerewe, ndabaruhura » (Matayo 11: 28). Bigusaba kuva mu rwinshi, ukaja ahiherereye kugirango uvugane na Yesu ingorane zawe. Ni nka kurya akazu ka Surwumwe kadashobora guha ikaze abashitsi babiri icarimwe. No kuri Yesu n’uko, wewe ni wewe wumva ko bikugoye, ukava hasi ukijana.

 

Kuko abana b’Israeli nabo, iyo baja kwihagarika mur’ico kibanza, bavayo baruhutse, bumva ko bamerewe neza kuko bavuye kwituma. Uko niko n’umunyavyaha yumva ko aruhutse, iyo avuye kwatura ivyaha yiwe musi y’umusaraba.  » Uko niko Kristu yatubereye nk’akazu ka Surwumwe tubikamwo imicafu ituvuyemwo, nivyo vya vyaha yacu. Kurya nyene wanse kwituma ushobora gupfa, niko n’ivyaha yose wanse kwatura imbere y’Uwakubambiwe, navyo bizoruhira kukwica, mbere rizoba urupfu rw’akagirire. « Nuko rero tuve mur’izi nsago tumusange inyuma yazo, twiremetse ugucokorwa kwiwe,kuko hano tutahafise igisagara kizokwamaho (Abaheburayo 13: 13-14) ». Ni waba wumva ko ukiryoherwa no kwivanga n’abo mu bana, abo mwiganye, abo mukorana, ukaba utumva ko ukeneye kubavamwo ngo uje gushaka amahoro n’uburuhukiro, ya mahoro Umwami Yesu aha abasohotse mu b’isi no mu vy’isi, ico gihe woba ugifise ingorane.

Twize kandi ko, umuntu wese wo mu Bisiraeli yagira ikimito co kwimba ikinogo kugira ahejeje kwituma,ahite afurira, kuko Uhoraho ntiyashaka kubona umucafu mu bwoko bwiwe. Uko niko na Kristu  yihinduye umucafu kubera twebwe, tumwimbira icobo turamuhamba, ahambanwa n’imicafu yacu yose, kugira ngo azukane natwe abamukunda afise ubwiza bw’agatangaza bwa Data wa twese, kandi ngo tuze dusangire ubwo bwiza mw’izuka ryacu natwe. Niyo nkuru nziza itunezereza uwu musi. « Nuko rero ni mwaba mwarazuranywe na Kristu, murondere ivyiza y’ijuru, aho Kristu avyagiye i buryo bw’Imana. Mushire umutima ku biri hejuru,ntimushire umutima ku vy’isi. Kuko mwapfuye, kand’ubugingo bwanyu bukaba buhishijwe hamwe na Kristu mu Mana. Kristu ni we bugingo bwanyu, ni yerekanwa, muzerekanwa hamwe nawe muwuzuye ubwiza (Abakolosayi 3: 1-4).

None wumva ata micafu iri muri wewe ukwiye guhambana na Kristu kugira ngo uze ugire izuka ry’ubuninahazwa? Araguhamagarana urukundo ngo » N’uze kuri jewe, wewe unaniniwe kandi urushe, nanje ndakuruhura! Kaze ku Mwami w’amahoro, Amen.

Publié dans : Non classé | le 17 octobre, 2016 |Pas de Commentaires »

AKAZU KA SURWUMWE NAKO NGO KARAKORESHEJWE MU BUHANUZI…

 

N’AKAZU KA SURWUMWE NAKO KARAKORESHEJWE KUGIRA NGO DUSOBANUKIRWE N’AGAKIZA KARI MURI YESU-KRISTU (Gusubira mu Vyagezwe 23: 12-14).

Yewe, ntakw’Iman’itagize ngo ibashe kugarura umuntu yari yaguye mu vyaha! Mur’iki cigisho kidasanzwe,muri kumwe n’umunyavyaha yagiriwe ubuntu n’Umwami Yesu, Balthasar Miburo

Image result for toilettes camp des refugies

« Kandi muze mugire ahantu hirya y’aho mushagaje, h’ukwihagarika; kand’umuntu wese muri mwebwe aze agire ikimito agendana, maze agiye ku gahinga akicara, aze acimbishe ikinogo, aheze arenze kw’ivu ibimuvuyemwo; kuko Uhoraho Imana yanyu agendagenda hagati yaho mushagaje, kugirango abakize, agabure abansi banyu mu maboko yanyu, nico gituma aho mushagaje hakwiye kuba ahantu hera, kugirango ntaz’ababonemwo ikintu na kimwe giteye ishishi,akarora irya, akabata (Gusubira mu Vyagezwe 23: 12-14). Aya majambo uyasomye wihuta, ubona ko avuga ivyerekeye isuku ryaho abantu baba, cane cane ababa hamwe nko mu makambi y’impunzi, mu gisirikare, mu mashule,no mu miryango i wacu, n’ahandi…Ego nivyo.  Ariko Mpwemu Yera we ayaha ubusobanuro bwimbitse kurata ngaho.

Aho hantu hiherereye bagomba kwihagarika (kwituma vyoroshe: uriner), twasomye ko hagomba kuba hirya yaho bashagaje. Dushobora no kuvuga ngo hirya yaho bakambitse, inyuma y’ikigo, canke kubaba mu ngo, tukavuga ngo: inyuma y’irugo. Erega « Nico catumye na Kristo ababarizwa inyuma y’irembo, kugira ngo yezeshe abantu ayiwe maraso » (Abaheburayo 13:12). Kuko Yesu bamukuye hagati mu gisagara aho abantu baba, baja kumwicira inyuma y’ikigo, ahicirwa abagome. Ijambo ryabwiwe Abanyisraeli ngo baze bagire ahantu ho kwihagarika inyuma yaho bashagaje, nico ryasobanura mu buryo bwa gihanuzi. Nico Yesu yavuze kandi ngo : « Ni muze iwanje mwese abananiwe n’abaremerewe, ndabaruhura ». Bigusaba kuva mu rwinshi, ukaja ahiherereye kugirango uvugane na Yesu ingorane zawe. Ni nka kurya akazu ka Surwumwe kadashobora guha ikaze abashitsi babiri icarimwe. No kuri Yesu n’uko, wewe ni wewe wumva ko bikugoye, ukava hasi ukijana.

 

Kuko abana b’Israeli nabo, iyo baja kwihagarika mur’ico kibanza, bavayo baruhutse, bumva ko bamerewe neza kuko bavuye kwituma. Uko niko n’umunyavyaha yumva ko aruhutse, iyo avuye kwatura ivyaha yiwe musi y’umusaraba.  » Uko niko Kristu yatubereye nk’akazu ka Surwumwe tubikamwo imicafu ituvuyemwo, nivyo vya vyaha yacu. Kurya nyene wanse kwituma ushobora gupfa, niko n’ivyaha yose wanse kwatura imbere y’Uwakubambiwe, navyo bizoruhira kukwica, mbere rizoba urupfu rw’akagirire. « Nuko rero tuve mur’izi nsago tumusange inyuma yazo, twiremetse ugucokorwa kwiwe,kuko hano tutahafise igisagara kizokwamaho (Abaheburayo 13: 13-14) ». Ni waba wumva ko ukiryoherwa no kwivanga n’abo mu bana, abo mwiganye, abo mukorana, ukaba utumva ko ukeneye kubavamwo ngo uje gushaka amahoro n’uburuhukiro, ya mahoro Umwami Yesu aha abasohotse mu b’isi no mu vy’isi, ico gihe woba ugifise ingorane.

Twize kandi ko, umuntu wese wo mu Bisiraeli yagira ikimito co kwimba ikinogo kugira ahejeje kwituma,ahite afurira, kuko Uhoraho ntiyashaka kubona umucafu mu bwoko bwiwe. Uko niko na Kristu  yihinduye umucafu kubera twebwe, tumwimbira icobo turamuhamba, ahambanwa n’imicafu yacu yose, kugira ngo azukane natwe abamukunda afise ubwiza bw’agatangaza bwa Data wa twese, kandi ngo tuze dusangire ubwo bwiza mw’izuka ryacu natwe. Niyo nkuru nziza itunezereza uwu musi. « Nuko rero ni mwaba mwarazuranywe na Kristu, murondere ivyiza y’ijuru, aho Kristu avyagiye i buryo bw’Imana. Mushire umutima ku biri hejuru,ntimushire umutima ku vy’isi. Kuko mwapfuye, kand’ubugingo bwanyu bukaba buhishijwe hamwe na Kristu mu Mana. Kristu ni we bugingo bwanyu, ni yerekanwa, muzerekanwa hamwe nawe muwuzuye ubwiza (Abakolosayi 3: 1-4).

None wumva ata micafu iri muri wewe ukwiye guhambana na Kristu kugira ngo uze ugire izuka ry’ubuninahazwa? Araguhamagarana urukundo ngo » N’uze kuri jewe, wewe unaniniwe kandi urushe, nanje ndakuruhura! Kaze ku Mwami w’amahoro, Amen.

Publié dans : Non classé | le 16 octobre, 2016 |Pas de Commentaires »

IKIBAZO S’UGUSENGA KURI DIMANCHE, AH’UBWO N’UKURUHUKA KURI DIMANCHE

IKIBAZO S’UKUSENGA KURI DIMANCHE, AHUBWO IKIBAZO N’UKURUHUKA KURI DIMANCHE

Iki cigisho mugiye kugishikirizwa n’umunyavyaha yagiriwe Ubuntu, akaba na mwene So mufatanije intambara y’umusaraba, Balthasar Miburo.

 

Abantu bo mu mashengero atandukanye, iyo bumvise ubu butumwa buvugango  » Umwana w’Umuntu n’Umwani w’Isabato nayo » (Mariko 2: 28), baca bavuga ngo kubera ko ar’Umwami w’Isabato, natwe tukaba tumusenga, ngw’Isabato siyo ituganza tuganzwa n’Umwami wayo. Ico gitekerezo nticavuye mu Vyanditswe Vyera, cavuye mu binyoma vya Satani, we ashaka gukingira isabato yiwe y’ikinyoma, ariyo : DIMANCHE. Twibukanye ibi: Iyo tuvuze ngo:  » Umukuru w’igihugu », None ico gihugu tuba tugikuyeho? Haba namba. Ahubwo tuba twemeye ko igihugu kibaho, kandi ko n’umukuru waco abaho. Iyo rero Yesu avuze ngo « Umwana w’umuntu n’Umwami w’Isabato, ntaba asahatse gukuraho Isabato nkuko bamwe bamubeshera. Aba yemeye ko Isabato ibaho, kandi ikagira n’Umwami wayo,

Kwitwaza ngo natwe dusenga kuri Dimanche nta kibazo, ngo twese duseng’Iman’imwe, ntibihuza na gato n’Ivyanditswe Vyera. Nta tegeko Imana yigeze itanga ryo gusenga kuri Dimanche, ariko idusaba gusenga imisi yose. Abaruhuka isabato yayo, nta gicumuro baba bakoze iyo bagize iteraniro ryo gusenga kuri Dimanche. Ariko abaruhuka kuri Dimanche bo baba banyuranije n’amategeko yayo, mu gihe bagiye gukora ibikorwa bishakiye kw’isabato, bakareka kuruhuka, bakitwaza ngo bazosenga bukeye kuri dimanche. Itegeko ry’Umuremyi w’ijuru n’isi, ntirivuga ivyo gusenga kw’isabato, ariko rivuga « kuruhuka, kureka ibikorwa vyawe vyose ». Reka turisome: « “Wibuke kweza umunsi w’isabato. Mu minsi itandatu ujya ukora, abe ari yo ukoreramo imirimo yawe yose, ariko uwa karindwi ni wo sabato y’Uwiteka Imana yawe. Ntukagire umurimo wose uwukoraho, wowe ubwawe, cyangwa umuhungu wawe cyangwa umukobwa wawe, cyangwa umugaragu wawe cyangwa umuja wawe, cyangwa itungo ryawe cyangwa umunyamahanga wawe uri iwanyu, kuko iminsi itandatu ari yo Uwiteka yaremeyemo ijuru n’isi n’inyanja n’ibirimo byose, akaruhukira ku wa karindwi. Ni cyo cyatumye Uwiteka aha umugisha umunsi w’isabato, akaweza (Kuvayo 20: 8-11). Iryo rigira kane mu mategeko cumi, nta jambo gusenga ryanditswemwo. Twe twitwaza ngo  » Gusenga, kuko batwigishije ko gusenga bifis’ikimazi, ngo bikingura ijuru, ngo Yesu yavuze ngo duseng’imisi yose, ngo mudodore, muzugururirwa, n’ibindi… Ariko ivyo wogira vyose bitarimwo kubanza kwubaha Imana nkuko na Yesu yayubashe, ntaco vyotanga. Kuko ubutumwa bwiza ntibwibesha, bugira buti « Uwiziba amatwi ngo atumva amategeko,Gusenga kwe na ko ni ikizira » (Imigani 28: 9).

Igihe Yesu yasezerana na Se ivyo kuza kw’isi ngo aducungure yagiz’ati: « “Dore ndaje, Mu muzingo w’igitabo ni ko byanditswe kuri jye. Mana yanjye nishimira gukora ibyo ukunda, Ni koko amategeko yawe ari mu mutima wanjye.” (Zaburi 40: 8-9 mu Kinyarwanda, mukirundi ni 7-8). Ibi nivyo vyatumye, ategekanya ko urupfu rwiwe ruba « ku munsi wo Kwitegura, isabato igira ishike » (Luka 23: 54). Ntiyashatse ko abigishwa biwe bamuhamba isabato yatanguye, kuko yari kuba ariko arabakoresha kw’isabato. « Nuko abagore bavanye na Yesu i Galilaya bamukurikiye, babona imva n’intumbi ye uko ihambwe, basubirayo batunganya ibihumura neza n’imibavu. Kandi ku munsi w’isabato bararuhuka nk’uko byategetswe (Luka 23: 55-56). Nico gituma, Ijambo ry’Imana rimushingira intahe ngo: « yicisha bugufi, araganduka ntiyanga no gupfa ndetse urupfu rwo ku musaraba »(Abafilipi 2: 8). Uku kuganduka canke kugamburuka, tukwumvira ivyo dusabwa nka Yesu, bibaye ngombwa no gupfa tukemera gupfa, nivyo Yesu adushakako, « kandi amaze gutunganywa rwose abera abamwumvira bose umuhesha w’agakiza kadashira » (Abaheburayo 5: 9)

N’ayo mategeko yari mu mutima wa Yesu, yamwibukije kuja I Nazareti aho yakuriye akama yinjira mu rusengero kw’isabato. Ni yaba rero Yesu  yagendana aya mategeko mu mutima wiwe, twebwe tukaba twumvako ata mategeko agomba kuba mu mitima yacu, tukaba twishimira bwa buntu tugenda kuzana mu matorero yacu, ngo butubohora ku mategeko,  budahuje n’ubwanditswe muri Bibliya, none mwumva turiko turagenda tugana he?  ‘Uwiteka arabaza atya ati: Mbese abantu bagwa ubutazabyuka? Umuntu yayoba inzira ubutazayigarukamo? Nabateze amatwi numva batavuga ibikwiriye, nta n’umwe wihannye ibyaha bye ngo avuge ati ‘Mbese ariko nakoze iki?’ Umuntu wese aromboreza mu nzira ye nk’uko ifarashi ivuduka ijya mu ntambara Mwavuga mute muti ‘Turi abanyabwenge kandi amategeko y’Uwiteka ari hamwe natwe?’ Ariko dore ikaramu ibeshya y’abanditsi yayahinduye ibinyoma(Yeremiya 8: 4, 6, 8).

Ibi bidusaba guhitamwo gukomeza kwumvira abapadiri n’abapasitori baduhatira gukomeza dimanche y’ikinyoma, canke tugahitamwo gukurikira Yesu, Umwami w’Isabato. Dimanche no mw’ijuru ntibayizi.

 

Uhoraho atubabarire cane, mw’izina ryera rya Yesu. Amen

Publié dans : Non classé | le 14 octobre, 2016 |Pas de Commentaires »

IGIHE CO GUSENGERANIRA, ITARIKI 14/10/2016

IGIHE CO GUSENGERANIRA

Kwa 4 w’isabato no ku wa nyuma igihe ca sa 12 kw’isaha y’i Bujumbura/Kigali

 

S’umwansi yantutse, vyari kumbera ibbitwarika, Canke uwunyanka, siwe yanyishimye hejuru, mba naramwinyegeje. Ariko ni wewe, urunganwe rwanje, uwo twagendana, umukunzi wanje pfampfe, twashira hamwe twinovorana, tukagendagendana n’ishengero mu ngoro y’Imana (Zaburi 55: 12-14).

Akivuga, Yuda umwe wo muri ba bamwe cumi na babiri,araza, azananye n’igitero cinshi, kizanye inkota n’amahiri, kivuye ku baherezi bakuru n’abashingantahe b’ubwo bwoko. Ariko uwumugura yari yabahaye ikimenyetso. Ati uwo nja gusoma azoba ariwe, mumufate. Ako kanya ashikira Yesu, aramubwira ati: « N’amahoro ga Mwigisha? Maze aramusomagura. Yesu aramubwira, ati: Mugenzi wanje, ikikuzanye n’ugokore. Buno baraza, basumira Yesu, baramufata (Matayo 26: 47-50)

Ibi vyabaye nkuko Mpwemu yari yarabivugishije abavugishwa n’Imana. N’icigisho ciza kitwereka ko atari vyiza na gato kwishimira abantu. Burya umugenzi pfampfe niwe aguhemukira kuko niwe aba azi aho aguhera, kandi aba azi amabanga yawe yose. Ibi n’ibihe vy’iherezo. « Ntimukizigire umukunzi, ntimukishimire incuti; ufate n’akanwa kawe no ku mugore mufumbatirana (Mika 7: 5). Kuk’Uhoraho abivuze ati: « Narakujije abana, ndabarera, maze barampinduka (Yesaya 1: 2). None abantu barinda bahinduka Imana, wewe ni wewe batohinduka? Iki cigisho kigutere intege, wiyegurire Imana burundu mur’aka kanya, kuko nta kugirira icizere abana b’abantu. Nuko, ni mugire akamenyero ko kubitsa ubuzima bwanyu bwose incuti itiger’ihemuka ni yo Kristu-Yesu. Amen

Iki cigisho ukwiye kukukirungikira incuti n’abagenzi bawe. Kora share/partager

ABO DUSENGERA

Dusengere murumuna wa Chadrack apfunzwe kugira ngo Uwiteka amugirire ubuntu. Dusengere abantu bane muri twebwe bitegurira kubatizwa. Tubandanye gusengera Lea kugirango agere ku rugero rukwiriye, Imana imufashe abatizwe.   Dusabire urugo rwa Phinah kugirango ruhinduke ijuru rito ryo kw’isi. Dusengere Bernisse, dusengere Barakamfitiye, na Gakwerere, kugira ngo bakomerere mu buntu bw’Imana no mu kuyubaha. Dusengere Aulerie n’abanyeshule bose kugirango bagire ubwenge mu mashule, bongere bigenze nk’abantu babanye na Yesu koko.

L’image contient peut-être : 1 personne
Publié dans : Non classé | le 14 octobre, 2016 |Pas de Commentaires »
123456...28

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire