IVYOKURYA VYO MU GITONDO (56)

IVYOKURYA VYO MU GITONDO (56)

NIWABA UR’UMWANA W’IMANA…(3)

ICIGISHO CA GATATU DUKURA MU BIGERAGEZO SATANI YAGERAGERESHEJE YESU MU BUGARAGWA/MU BUTAYU(Luka 4: 9-12)
Image result for praising time pentecostal church
Amujana i Yerusalemu, amuhagarika ku gatwe k’urusengero aramubwira ati “Ni waba uri Umwana w’Imana, ikororere hasi kuko handitswe ngo ‘Azokuragiza abamarayika biwe ngo bakuzigame, kandi ngo ‘Bazakuramira mu maboko yabo ngo kumbure ntutsitare kw’ibuye ’ ” Yesu aramwishura ati “Vyaravuzwe ngo ‘Ntukagerageze Uhoraho Imana yawe.” (Luka 4: 9-12)
Iki kigeragezo gikunze guhitana abantu biyemera ngo bafise ukwizera kutajegajega. Ni musome neza: Satani ntiyinjije Yesu mu rusengero ariko yamunyujije inyuma yarwo, imuhagarika hejuru ku gatwe karwo, ku munara. Uko niko abantu bamwe, Satani ababuza kwinjira mu rusengero rwo mw’ijuru, ariho ahera cane ho mw’ijuru, ngo babone ubwiza bw’amategeko y’Imana, ngo bayihe icubahiro gikwiye. Uwagize amahirwe yo kubona ibiri muri urwo rusengero, yanditse ati: “Urusengero rwo mw’ijuru rurugururwa, mu rusengero rwayo habonekamwo isandugu ry’isezerano ryayo (Ivyahishuwe 11: 19). Iri sandugu ry’isezerano ni ryo ribitsemwo ya mategeko azokoreshwa mu rubanza. Ni yo ya mategeko, abigira abapasitori n’abavugabutumwa, bagenda babesha ngo yarabambwe ku musaraba. Ntirikabe!
Ariko uwo mwansi Satani atwara abantu gurtyo, akoresheje intumwa ziwe, akabacisha inyuma y’urusengero rufise amategeko y’Imana, akabereka ko barengeye vyose, ko amategeko atabaraba, ko bashobora gukora ibitangaro bashatse vyose, abantu bose babaraba, ku buryo ngo atacago co mur’iyi si cobahangara.Kuko baba bageze ku gatwe k’urusengero nyene. Burya ivyo ugira vyose, « ikigira ico kimaze, n’ukwitondera amategeko y’Imana » (1Abakorinto 7: 19). Mbega none amategeko tuyahinduze ubusa ukwizera? Eka namba, ahubwo ukwizera tugushigikize amategeko (Abaroma 3: 31).
Urugamba rwo kurwanya amategeko, ruhora rukomera iyo Satani yumvise ko har’uwuvuze ko isabato nayo iri mu mategeko y’Imana. VYOSE SATANI YOVYIHANGANIRA ARIKO ICO KIRAMUNANIRA. Nivyo kuko ikimenyetso c’uko tur’ubwoko bw’Imana koko, kibonekera mu kwitondera isabato yayo: « Ni jewe Uhoraho Imana yanyu, ni mugendere mu mategeko yanjye, mukomeze amateka yanjye kandi muyakurikize, kandi mujye mweza amasabato yanjye abe ikimenyetso hagati yanjye namwe, kugira ngo mumenye yuko ndi Uwiteka Imana yanyu (Ezekiyeli 20: 19-20) Ubwo abanka isabato y’Imana, mwese murazi isabato bakunda iyariyo: yo kumusi wa mbere w’indwi: Dimanche/icyumweru.
Abantu bageze kur’urwo rwego rwo ku gatwe k’urusengero, bashobora kwiyemeza ibintu birengeye ubushobozi bwabo bitwaje ngo Imana yabo iri kw’isonga. Bumva ivyiza vyose vyotaha i wabo, baririmba ngo bafise imana y’akatabonetse. Bashaka kugaragara neza hose no muri vyose ngo babe intashikirwa (Raba kw’ifoto hariya hejuru). Bahora baza kwemera ko bibeshe iyo bakorokeye hasi nyene, maze ukwizera kwabo kukagaragara ko kwari ukwa magendo. Iyo mana ikora ibitangaro hato nahato/vuba navuba, ititaye ku mategeko yo mu rusengero rwo mw’ijuru, s’Imana yo mu rusengero rw’i Yerusaremu, s’Imana yo mu rusengero rwo mw’ijuru. Iyo n’imana yo ku gatwe k’urusengero Dusubire ku Vyagezwe no kuri vya Bishingantahe! Ni batavuga ibihwanye na vyo bazoba mu bwirantibuce. Erega si jewe nabatumye abo bakamenyi, yamara barirukanze, jewe ntaco navuganye nabo yamara baravugishwa (Yesaya 8: 20 na Yeremiya 23: 21)
War’uzi ko gukora ibitangaza, gukiza ingwara, kwirukana abadayimoni, gufungura ijuru nka Eliya imvura ikagwa, kumanur’umuriro uvuye mw’ijuru, ko ivyo vyose bitererekana ko ur’umukozi w’Imana? Kuko, na Satani yobikora: »kandi ikora ibimenyetso bikomeye, imanura umuriro uva mu ijuru ugwa mu isi mu maso y’abantu. Iyobesha abari mu isi ibyo bimenyetso yahawe gukorera imbere ya ya nyamaswa (Ivyahishuwe 13: 13-14). Icerekana ko ur’umukozi w’Imana n’uko wubaha amategeko yayo gusa. » Uwuvuga ngo ndamuzi, ntiyitondere amategeko yiwe, n’umubeshi ntakuri kuri muri we(1Yohani 2: 4).
Erega, benshi bahendwa n’ivyo babona canke bumva, bakibagira ko » Gipfu ar’umugore w’indegeteranyi… Yicara ku muryango w’inzu yiwe, no ku ntebe ku gatwe hejuru… ngw’ahamagare abahahita. Ariko wa wundi ntaba azi ko ariho imizimu iri, kandi kw’abatumire biwe baba i bwina i kuzimu (Imigani 9: 13-15, 18). Uwu mugore avugwa hano, abiga ubuhanuzi mwese murazi ko ar’ishengero. Mu gihe abakobwa biwe bakoresha indirimbo nawe akavuza inkengeri/inzogera zivugira ku gatwe k’inzu yiwe, abahita barinjira iwe.
Hari vyinshi vyabaye mu bayoboke b’amashengero amw’amwe, abantu benshi bapfira mur’ico kinyoma, kandi bari bazi neza ko ata Mana yabibatumye. Ariko babonye ukuntu Satani abaha ivyo basavye, n’ukuntu ibitangaza bikorwa, bumva vyobagora kuvuga ko bakorera mu kinyoma. Aba, nibo Bibliya ivuga ngo: « Benshi bazombwira kuri wa musi ngo: Mwami Mwami, ntitwar’abantu bawe, ntitwavugishwa mw’izina ryawe, ntitwasenda abadayimoni mw’izina ryawe, ntitwakora ibitangaza vyinshi mw’izina ryawe? Niho nzobajinjiburira nti ntaho nigeze mbamenya, mviraho mwa bakor’ibizira mwe (Matayo 7: 22-23).
Yesu yari gushobora kwerekana neza ko ar’Umwana w’Imana kandi ko akir’umusore, agasimbira hasi kandi ntavunike. Ariko ntiyashatse kwumvira Satani. Kuko iyo wumviye Satani witwaje ngo ur’Umwana w’Imana, uba werekanye ko Satani iguhaye akazi, kandi ko ushoboye kugakora. N’uko rero nayo ihita itangura kugukoresha ivyo yishakiye. Wamaze kwemera ko witwa umukozi w’Imana, wishimikije gusa ko ur’umuntu wemewe mu bo musengana, ariko utazi no gusenga iyo ugeze i wawe. Wiyemeza gukora ibitangaza, ariko udashobora kwikorera igitangaza na kimwe ngo uhindure kamere yawe. Wibajije ko ushoboye vyinshi kubera ko wize, canke kubera ko watoranijwe ngo uze gukora amahugurwa, ariko mu mibereho yawe tutazi, wishwe n’irari ryo kwipfuza, ishari, ibiterasoni n’ibindi. Reka kwemera gukora ibikurengeye, ahubwo « Wubahe Imana, witondere amategeko yayo, kuko ari vyo bibereye rwose umuntu wese, Kukw’Imana izoshira igikorwa cose mu rubanza, bo n’ikintu cose gihishijwe, ar’ikibi ar’iciza » (Umusiguzi 12: 13-14)
Niba war’ugifise umugambi wo gukorera mur’iyo nzira, ukaba ar’umuhungu canke umukobwa, ukaba ur’umugabo canke umugore, bireke, uce bugufi imbere y’Imana. Satani azoguter’ingorane ndabizi, azokugwanya, ariko umubwire uti: « Ntukagerageze Uhoraho Imana yawe » (Luka 4:12). Manuka, uve ku gatwe k’urusengero. Warageragejwe, uremera, kandi waratsinzwe. Tukubona mw’ipantalo ugenda ariko ur’umupfu. Tukubona mu bitenge ugenda ariko ur’umupfu. Yesu ati : »Uvugwa kw’uri muzima ariko ur’uwapfuye (Ivyahishuwe 3: 1). Kandi ko dukorana n’Imana, turabinginga, ntimuhabwe ubuntu bw’Imana ngo mubupfushe ubusa (2Abakorinto 6: 1).
Uhoraho aguhe kugarukira hagufi,kuko : Igihe kirashitse, ubwami bw’Imana buri hafi, ni mwihane mwemere ubutumwa bwiza (Mariko 1: 15), mw’izina ryera rya Yesu. Amen
Publié dans : Non classé | le 3 mai, 2017 |Pas de Commentaires »

IVYOKURYA VYO MU GITONDO (55)

 

IVYOKURYA VYO MU GITONDO (55)

NI WABA UR’UMWANA W’IMANA (2)

ICIGISHO CA KABIRI DUKURA MU BIGERAGEZO SATANI YAGERAGERESHEJE YESU MU BUGARAGWA (Luka 4: 5)
(Umurwanizi) aramudugana amwereka ubwami bwose bwo mw’ isi mu kanya gato, aramubwira ati “Ndaguha ubu bubasha bwose n’ubwiza bwabwo, kuko jewe nabuhawe kandi mbuhaa uwo nshaka wese. Yesu aramwishura ati “Vyanditswe ngo “Usenge Uhoraho Imana yawe, abe ari yo usaba yonyene.’ ” (Luka 4: 5-8)Image result for Jesus praying
Uwo mwansi yaduganye Yesu umusozi, ntiwibaze ngo wewe azokubabarira. Afise ukuntu yereka abahungu n’abakobwa ibibera mw’isi vyose uko ashatse mur’iki gihe, kandi benshi akababesha ko nabo bashobora kuvyitirirwa ni bamupfukamira bakamusenga. Hari benshi basigaye birirwa imbere ya za televiziyo zabo, barara baraba za videos, baraba amasanamu y’ibibera mu bihugu vyo hanze, ibibi n’ivyiza. Ubwo buryo bwo kwereka umuntu ubwami bw’isi yose mu kanya gato, Satani arabufise. Ariko nawe afise uwumurusha ubushobozi, nico gituma atashoboye kubukoresha mu myaka yose yamaze agwanya ingoma y’Imana. Iyi misi turimwo ni mibi cane kuko ubu Satani yararekuriwe kubukoresha. No mur’urwo rugamba rwo kugusha abantu mu kaga akoresheje ubwo buhinga, aribwo benshi bita ITANGAZAMAKURU, Imana irabandanya kurwanya Satani, igatuma abantu bayo, gukoresha ubwo buhinga mu kuvuga ubutumwa ngo bagarure abahungu n’abakobwa b’Imana « kuko Umwansi yabamanukiye afise inzigo nyinshi, aziko afise igihe gito » (Ivyahishuwe 12: 12).
Mu mateleviziyo no kuri za internet, niho benshi bumvira amakuru yo mpande zine z’isi, bagashobora kubona, ukuntu abahinga mu vyo kwica bakora, ukuntu abagumutsi bagumukana abategetsi, ukuntu abasambana basambana ku buryo butigeze bubaho, ibinyoma vyose vy’abategetsi b’ibihugu canke b’amadini bakabibona bakavyumviriza, abantu bigira ibigirwamana bahabwa impundu nk’Imana yo mw’ijuru bakababona, abatamba bambay’ubusa n’ibindi vyinshi… Ibi bituma imitima ya benshi ihungabana, bakumva nabo bashaka kumera nkabo babona mu mashusho, cane cane iyo ivyaha bikorwa babona ko bizana amafaranga menshi. Kuko gukunda amahera ar’imizi y’ibibi vyose; ayo bamwe bipfuje bakazimira, bagata ukwizera, bitobekeranisha imibabaro myinshi (1Tomoteyo 6: 10)
Abakinyi b’umupira n’izindi nkino ba rurangiranwa barasengwa nk’Imana, amazina yabo niyo avugwa gusa, izina rya Yesu ntirivugwa. Abakobwa bazi kwambara ubusa bariko barakora ibirori, amasports, intambo, nibo bahabwa amashi menshi, nibo batahukana imiliyoni z’amadolari, noneho umwana wese akavuka ashaka kumera nka bakuru biwe abona ku mboneshakure no ku ngurukanabumenyi, ariyo internet. Satani rero iyo yereka abahungu n’abakobwa bacu ivyo bintu, ababwira ngo: « Nuko numpfukamira ukansenga, buriya bwami bwose buraba ubwawe.” (Luka 4: 7). Weho rero muntu w’Imana, ivyo bintu, ntibikakuraze ishinga. Kuko ubutumwa bwiza buvuga ngo: « Nuko ntimugafatanye na bo, kuko kera mwari umwijima none mukaba muri umucyo mu Mwami wacu. Nuko mugende nk’abana b’umucyo (Abefeso 5: 7-8).
Umwanya wataye uja gusenga abantu nkawe, ukiyita « umufana wabo », ndakwinginze ngo wumve ko urya mwanya uzowubazwa ni wakomeza mur’iyo nzira mbi. « Ivyo ni vyo mwagenderamwo kera, nkukw’ivy’iyi si bigenda, mwumvira umwami w’abaganza ikirere, niwe mpwemu ikorera mu bantu b’intabarirwa. Kandi natwe twese twahora muri bo kera mu kwifuza kw’imibiri yacu, tugakora ivyo imibiri n’imitima yacu bigomba, kandi mu kameremere kacu twar’abo kurakirwa nk’abandi bose (Abayefeso 5: 2-3). Sinkubujije kumviriza amakuru canke gusoma, ariko hariho itandukaniro ryo kwumviriza canke gusoma amakuru bisanzwe, no kwigira umugaragu canke « umufana » w’ivy’isi.
Abahungu bacu n’abakobwa bacu bakwiye kwirinda ico cose gituma bacika ibigirwamana mu bandi. Nico gituma na Yesu ca gihe yagaburira abantu ibihumbi bitanu, atashaka na gato ko abantu bamwamamaza. We yar’aziko ar’Imana, ariko kubera wewe na jewe, yashaka kuduha iki cigisho, « Yesu amenye ko bagira bamufate ngo bamugire umwami, asubira ku musozi ari wenyene gusa. Ahejeje gusezera ishengero, aduga umusozi gusenga yiherereye. Bwagorovye ariyo wenyene gusa (Yohani 6: 15; Matayo 14: 23). Ndakwinginze ngo mu gihe uzobona ko abantu bagukunze, baguha icubahiro, ntuze wiyumve ko ur’agakomeye, ariko bigufashe kwiherera usenge ubwire Imana ko ariyo ikwiye ishimwe n’icubahiro cose. Amen.
Abantu barava muhira bakaza no mu nzu y’Imana bambaye nk’abagiye mu kabare, ngo n’abo mu bihugu vyateye imbere niko bambara. Kuko abo bantu baba baragiriraniye amasezerano na Satani yo kumusenga, kugirango bibonere amashi menshi n’icubahiro vyo mur’iyi si, ivyo guhesh’Iman’icubahiro ntaco biba bikibabwira. No mu rusengero, usanga umugabo canke umusore, umugore canke umukobwa bambaye uko bishakiye kugirango babone ababakubitiza ko akajisho. Abo bantu bakaba igitsitaza mu materaniro, ahovuye umugisha hakava umuvumo. Bariya bantu wita abo mu bihugu vyateye imbere, Bibliya ibita abo mu bihugu vyasubiy’inyuma, mur’aya majambo ngo: » Ubwiza bwawe ni bwo bwateye umutima wawe kwishira hejuru, kubengerana kwawe ni ko kononye ubwenge bwawe, nakujugunye hasi ngutangariza imbere y’abami kugira ngo bakwitegereze (Ezekiyeli 28: 17). Ubwo bwiza werekana ngo tubone ko ubengerana, ntibuzoshika mu gihugu c’ubwiza kireka wisubiyeko, ugaca bugufi. « Maze mu gishingo cy’ibihumura neza hazoba umunuko, mu gishingo cy’umweko hazaba umugozi, ahabaga umushatsi utsibye hazoba uruhara. Mu gishingo cyo kwambara ikoti ryiza bazokenyera ibigunira, ahari ubwiza hazoba inkovu » (Yesaya 3: 24).
Abandi bigira abaririmvyi bakabuhariwe, kugirango baronke amashi menshi, za amen na za Halleluya zohawe Imana bakumva ko aribo bakwiye kuzihabwa. Abandi bigira abapasitori n’abavugabutumwa b’akatabonetse: Bakavuga amajambo asosa, atwenza/ asetsa, bakavuga imigani n’ibitekerezo biteye ukubiri n’ivyo tusoma mu Vyanditswe Vyera, bakazana inkuru z’akataraboneka, kugirango abantu baze bavaravuga ngo Amem amen. Intumbero ya vyose kukaba ar’ukubona abantu babatangarira, bakwiza hose ishimwe ryabo. Ivyo bintu nivyo Satani akunze gukoresha mur’ibi bihe, kugirango bizanire icubahiro n’amahera menshi uwo bita umukozi w’Imana naho muvy’ukuri aba ar’umukozi wa Satani. »Kandi no muri mwebwe ubwanyu hazokwadukamwo abantu bavuga ibigoramye kugira ngo bakwegere abigishwa inyuma zabo » (Ivyakozwe n’Intumwa 20: 30)
Abakozi b’Imana b’ukuri bakwiye kurangwa no guca bugufi, badashaka kwigira ivyamamare, badashaka gutungishwa n’uko intama zabo ari nyinshi kandi zikamwa menshi, ariko bakishira musi y’ukuboko kw’Imana “y’Inyabushobozi yonyene, ishemagizwa,niyo Mwami w’Abami,uganza abaganza, niyo yonyene ifise ukudapfa, iba mu muco utegerwa, ata muntu yigeze kuyibona, atawushobora kuyibona. Icubahiro n’ubushobozi budashira, bibe ivyayo”. (1Timoteyo 6: 15-16)
Bene Data bakundwa, bashiki bacu namwe mwese musoma iki cigisho, “igihe kirashitse, ubwami bw’Imana buri hafi, ni mwihane mwemere ubutumwa bwiza” (Mariko 1: 15). Mw’izina ryera rya Yesu. Amen
Publié dans : Non classé | le 3 mai, 2017 |Pas de Commentaires »

IVYOKURYA VYO MU GITONDO (53)

IVYOKURYA VYO MU GITONDO (53)
NI BANDE BAFISE UBUBASHA BWO KUBATIZA?
Ariko bizeye ubutumwa bwiza Filipo ababwiye bw’ubwami bw’Imana, n’ubw’izina rya Yesu-Kristu barabatizwa abagabo n’abagore. Maze intumwa ziri i Yerusaremu zumvise yukw’Abasamariya bemeye ijambo ry’Imana, zirungikayo Petero na Yohani, nabo bamanutseyo barabasengera ngo bahabwe Mpwemu Yera; kuko Mpwemu Yera ataribwamanuke ngw’aje no kur’umwe muri bo, bari babatijwe gusa mw’izina rya Yesu. Maze babarambikakw’ibiganza, bahabwa Mpwemu Yera (Ivyakozwe n’Intumwa 8:12, 14-17)Image result for bapteme d'immersion
Iki kibazo abenshi barakunda kukivuga cane ngo, none abapasitori nibo gusa bakwiye kubatiza? Kuki abadiyakoni bo batabatiza kandi Filipo yar’umudiyakoni gusa(Ivyakozwe n’Intumwa 6: 5) akaba yarabatije abantu? Nivyo tugiye kwigira hamwe mur’iki cigisho. Muri kumwe n’umunyavyaha yagiriwe ubuntu nkamwe, akaba na mwene So musangiye intambara y’umusaraba, Balthasar Miburo
Bibliya ntivuga ko Filipo yabatije abantu kubera ko ar’umudiyakoni, ahubwo itwereka ko yabatije kubera ko yar’umuvugabutumwa. Uwu mwene Data yitwa Filipo “aramanuka, aja mu gisagara c’i Samariya, abamenyesha ivya Kristo. Abantu benshi bashira umutima ku vyo Filipo avuga… Ariko bizeye ubutumwa bwiza Filipo ababwiye bw’ubwami bw’Imana, n’ubw’izina rya Yesu-Kristu barabatizwa abagabo n’abagore (Ivyakozwe n’Intumwa 8: 5, 12).
Nta murongo dufise muri Bibliya werekana ko Filipo yabatije abantu kuko yar’umudiyakoni. Ariko kandi Bibliya ivuga ngo “Filipo, umuvuziw’ubutumwa bwiza, n’umwe wo muri ba bandi indwi (Ivyakozwe n’Intumwa 21: 8). Ariko kandi si we gusa, kuko hariho uwundi yabatije Paulo,amurambika ko n’ibiganza kugirango Mpwemu Yera amumanukireko, nkuko dusoma ngo: “ I Damasiko har’umwigishwa yitwa Ananiya; Umwami Yesu aramwiyereka, aramuhamagara, nawe ati Sabwe Mwami (Ivyakozwe n’Intumwa 9: 10), Uwu Ananiya niwe yatumwe na Yesu kubatiza “Sauli ariwe Paulo” (Ivyakozwe n’Intumwa 13: 9). “Ananiya aragenda, yinjira munzu, amurambika kw’ibiganza, aramubwira ati: “Sauli mwene Data, Umwami arantumye, niwe Yesu yakubonekeye mu nzira wazananye, ng’uhumuke wuzuzwe Mpwemu Yera… Uwo mwanya, ibisa n’ibikaragashi bimuva ku maso, arahumuka, ava hasi, arabatizwa (Ivyakozwe n’Intumwa 9: 17-18). Ni waba wasomye neza, wabonye ko Ananiya, ntiyari Intumwa, ntiyari n’umudiyakoni, ndetse ntiyari n’umuvugabutumwa, ariko handitswe ngo yari “umwigishwa” (Ivyakozwe n’Intuma 9: 10).
Ikindi tubonye n’uko uwu mwigishwa yiherewe ububasha n’Umwami Yesu ubwiwe, agashobora kubatiza Paulo no kumurambikakw’ ibiganza, Paulo agahabwa Mpwemu Yera. Uwu Mpwemu Yera Paulo yaherewe i Damasiko, biciye kuri Ananiya, niwe yakoresheje Paulo gushika ku rupfu rwiwe. Filipo yarabatije ariko biba ngombwa ko intumwa arizo ziza kurambika ibiganza ku bantu babatijwe, kuko vyari vyoroshe kuva i Yerusaremu ukaja i Samariya. Ariko Ananiya nawe vyabaye ngombwa ko akora vyose, arabatiza yongera ashira ibiganza kuri Paulo. Ntaco twobivugako, kuko « bitava ku kugomba kw’umuntu, canke ku gushimika kwiwe, ariko biva ku Mana igira ikigongwe »(Abaroma 9: 16). 
Hariho abantu benshi rero bamaze gufata ko ar’ingingo ntabanduka, yuko umupasitori ariwe ategerezwa kubatiza gusa. Ariko Yesu ashobora gutuma abantu bameze nka Filipo, bagakora igikorwa, aho ukuri kutaramenyekana. Ijambo ry’Imana ritweretse ko Filipo yabatije mw’izina ry’Umwami Yesu gusa, ariko Intumwa ni zo zaje kurambika abantu kw’ibiganza ngo bahabwe Mpwemu Yera. Aha biraboneka ko Filipo yar’afise ingabire, ariko iyo ngabire ikagira aho igarukira. Ariko Ananiya, we Yesu yamuhaye vyose mur’ako kanya, ndetse abanza kurambika ibiganza kuri Sauli, aza kumubatiza hanyuma. Ariko bose bari abasavyi ba Kristo. bakorera Umwami umwe, mw’ishengero rimwe. “Nkuko mu mibiri umwe dufise ingingo nyinshi, kandi ingingo zose zitagira igikorwa kimwe (Abaroma 12: 4).
Ikindi, ishengero rya mbere ntiryakorera ku rurutonde nk’urw’uyu musi rwazanywe  n’ubwenge bw’ab’isi. Naho ryari rigicuranguzwa n’abategetsi b’isi, abo mw’idini n’abanyaporitike, ryari iryera kandi Imana yararyishimira cane. Uko biri kwose, Ishengero rikwiye kugira gahunda rikorerako, nta kibanza kiriho c’abigenga, bikorana ukwabo nyene. Ariko abashoboye kurema ishengero,aho ritarashika, bakavuga rumwe na twebwe, kubagwanya si vyo na gatoyi, kuko “ Imana atar’iy’umuvurungano ariko n’iy’amahoro (1Abakorinto 14: 33). Ariko, ni waba usanzwe ufise ingabire ushaka gukoresha kugira ngo ishengero rya Kristu rikure, n’ubibwire bene Data bavyige babe aribo bavyemeza. Kandi bamwe yabahaye kuba intumwa, abandi abaha kuba abavugishwa nawe, abandi abaha kuvuga ubutumwa bwiza, abandi kuba abungere n’abigisha, kugirango abera babone gutungana, baheze babone igikorwa co kugabura ivy’Imana, bubake umubiri wa Kristu (Abanyefeso 4: 11-12)
Ku bapasitori n’abakuru b’ishengero, ndetse mbere n’ishengero ryose, dukwiye kwitondera ibintu bishobora gushika mu gikorwa c’Imana cane cane mur’ibi bihe vya nyuma. Ntidufate ingingo z’ikibiriraho, tutabanje kwihweza ngo tumenye niba koko atari Umwami Yesu yashatse ko ibintu bigenda gurtyo. Kukw’abashingira intahe Yesu, baba bavugishwa na Mpwemu (Ivyahishuwe 19: 10).
Niba habonetse umuntu akigisha abantu, akaba atagwanya ishengero, akereka abantu ukuri nkuko kuri muri Yesu, mukwiye kumureka agakorera Imana. Ni yaba yatumwe na Yesu, Mpwemu wa Yesu azoyobora abo bantu yigishije abereke ishengero bakwiye kwicaramwo; “ kukw’intambara atar’iyanyu, ariko n’iy’Imana” . Ni vyaba biturutse mu bantu bizosendwa, ariko ni vyaba biturutse ku Mana ntimuzoshobora kubatsinda, mwoye kuzosanga muriko murwanya Imana (2Ngoma 20: 15 n’Ivyakozwe n’Intumwa 5: 38-39). Imana ntizorinda gusaba uruhusha mw’ishengero kugira ngo ikoreshe abagabo n’abagore canke abasore n’abakobwa mu gihe bikenewe kandi vyihutirwa. Izotuma uwo ishaka gutuma kandi izoba ibonako abikwiye. Kukw’ivyimburwa ni vyinshi, ariko abimbuzi nibo bake. Nuko rero ni mwinginge Nyen’ivyimburwa arungike abimbuzi mu vyimburwa vyiwe (Matayo 9: 37-38). Mureke kwidoga ngo none nka kanaka ariko arigisha hariya ni nde yamutumye? Ahubwo genda mumufate mu mugongo, “kuko uwutar’umwansi wanyu ari mu ruhande rwanyu” (Luka 9: 48).
Nuko twese twunge ubumwe tugire umutima umwe, tugendere iri jambo ry’Umwami wacu ngo: “Nuko ni mugende muhindure amahanga yose abigishwa, mubabatiza mw’izina rya Data wa twese, n’iry’Umwana n’irya Mpwemu Yera, mubigishe kwitondera ivyo nabategetse vyose. Umve, ndi kumwe nmwe imisi yose, gushika ku muhero w’isi. Igihe kirashitse, ubwami bw’Imana buri hafi, mwihane mwemere ubutumwa bwiza” (Matayo 28: 19-20; Mariko 1: 15). Mw’izina ryera rya Yesu. Amen.
Publié dans : Non classé | le 3 mai, 2017 |Pas de Commentaires »

KRISTO MURI KOROWANI

Publié dans : Non classé | le 29 janvier, 2017 |Pas de Commentaires »

ZEBADIYA, UMUSHIKIRANGANJI W’UBUTUNGANE NK’UKO BIBONEKA MU GITABO C’IMANA: BIBLIYA

 

UBUTUNGANE MU GIHUGU C’IMANA

N’uko Yehoshafati (Yosafati) aguma i Yerusaremu. Bukeye asubira kugendagenda mu bantu biwe, ahera i Beri-Sheba, ashitsa ku mugamba w’Abefurayimu, abagarukana ku Mana ya basekuruza. Ashira abacamanza mu gihugu, abakwiragiza mu bisagara vyose vy’i Buyuda bizitiriwe inzitiro iyo biva bikagera. Mumenye ivyo mukora, kuko mu guca imanza, atar’abantu mukorera, ariko n’Uhoraho. Mwiyubare muvyo mukora, kuko  Uhoraho Imana yacu ata kugabitanya kuri muri we, canke gutinya ijunja ry’umuntu, canke kurya ingurire .

Maze basubiye i Yerusaremu, Yehoshafati ahashira bamwe mu Balewi n’abaherezi (Abaleviti n’abasaserdoti), n’abakuru bo mu mazu ya basekuruza b’Abisrayeli, ngo babe abo guca imanza mw’izina ry’Uhoraho, no gutatura abantu muvyo bapfa. Maze arababwira ati:  » Muze mugenze murtyo mwubashe Uhoraho, mur’abizigirwa mufise imitima itunganye. Kandi bagenzi banyu baba mu  bisagara vyabo, ni babagisha inama zikoma kuvy’uwishe uwundi, canke ku vyagezwe canke kuvy’amabwirizwa, canke ku vyashizwe canke kuvy’amateka, muze mubereke uko bakwiye kubigenza, kugirango ntibaze bacumure kw’Uhoraho, mukihamagarira uburake, mwe n’abo bagenzi banyu. N’uko muze mugenze murtyo, kugira ngo ntimucumure. Mu nama zose zikoma ku vy’Uhoraho Amariya umuherezi mukuru niwe azoba kamaramagambo muri mwebwe, nazo  mu manza zose zikoma kuvy’igihugu, kamaramagambo ni Zebadiya mwene Ishimayeli, umukuru wo mu muryango wa Yuda; kand’Abalewi bazoba abashingantahe banyu. N’uko ni mukovye, mukore, kand’Uhoraho az’abane n’uwuca iziroranye (2Ngoma 19: 4-11).

Afficher l'image d'origine

Uwu Yehoshafati, abandi bita Yosafati, yar’umwami w’Abanyisraeli, umuhungu w’umwami Asa, umwuzukuruza w’umwami Dawidi. Bibliya yerekana Yehoshafati nk’umuntu yakunzwe n’Imana kuko yar’afise umwete wo kwitondera amategeko yayo no gushakashaka ukuri, mu masengesho no kwumviriza abantu b »Imana: abahanuzi. Birazwi ko umwami ari we mukuru w’igihugu, kandi n’uwu musi hariho ibihugu biyobowe n’abami canke abamikazi. N’uko, uwo mwami yar’atabarutse mu ntambara yaroshwemwo na sebukwe Ahabu, abonye ukuntu Uhoraho amukijije aba Siriya, aca ashaka kwiyegurira wese Imana, n’igihugu cose agishira mu maboko y’Imana. Ku gutinya ko igihugu cohava gikubitwa n’ishavu ry’Uhoraho, yahisemwo kuvugurura ubutungane, mbere abuha umushikirangoma wabwo, uwo twita mur’iki gihe  » Umushikiranganji w’Ubutungane. Yehoshafati yipfuza cane kubona abacamanza bo mu gihugu ciwe bahuza n’Imana mu guca Imanza. Niko kubahanura nk’umuvyeyi ngo: «  Mumenye ivyo mukora, kuko mu guca imanza, atar’abantu mukorera, ariko n’Uhoraho. Mwiyubare muvyo mukora, kuko  Uhoraho Imana yacu ata kugabitanya kuri muri we, canke gutinya ijunja ry’umuntu, canke kurya ingurire » .

Igihugu cacu gikwiye abacamanza batinya Imana, bumva ko badakorera umushahara canke icubahiro, ariko bagatahura iri jambo ngo « kuko mu guca imanza, atar’abantu mukorera, ariko n’Uhoraho ». Uhoraho yabwiye Mose (Musa) ngo: « Ntimuze mucishe urubanza aho rutari, ntimuze muce urwa nkunzi mubitewe mubitewe no kugirira impuhwe umworo, canke no gutinya uhambaye, ariko muze mucire bagenzi banyu imanza ziroranye (Abalewi 19: 15).

Uwu mwami Yehoshafati yashatse no gutandukanya imanza zerekeye ubuzima busanzwe, n’izijanye n’ivya politike. Izo mu buzima busanzwe, ndiko ndavuga izijanye no gucumura ku mategeko y’Uhoraho.  « Ahashira bamwe mu Balewi n’abaherezi (Abaleviti n’abasaserdoti), n’abakuru bo mu mazu ya basekuruza b’Abisrayeli, ngo babe abo guca imanza mw’izina ry’Uhoraho, no gutatura abantu muvyo bapfa. Maze arababwira ati:  » Muze mugenze murtyo mwubashe Uhoraho, mur’abizigirwa mufise imitima itunganye. Kandi bagenzi banyu baba mu  bisagara vyabo, ni babagisha inama zikoma kuvy’uwishe uwundi, canke ku vyagezwe canke kuvy’amabwirizwa, canke ku vyashizwe canke kuvy’amateka, muze mubereke uko bakwiye kubigenza, kugirango ntibaze bacumure kw’Uhoraho, mukihamagarira uburake, mwe n’abo bagenzi banyu. N’uko muze mugenze murtyo, kugira ngo ntimucumure. Mu nama zose zikoma ku vy’Uhoraho Amariya umuherezi mukuru niwe azoba kamaramagambo muri mwebwe (2Ngoma 19: 8-11).

Bitewe n’uko intwaro y’igihugu c’Abanyisraeli yar’ishingiye ku kwumvira Imana gusa, nico gituma vyari ngombwa ko habaho abo kugenzura ko ata mategeko y’Imana yoba yahonyanzwe mu gihe bariko baraca urubanza. Mu vy’ukuri, iyo amategeko y’Imana yaba yitondewe mu gihugu, umwami yararoranirwa, n’igihugu kikagira umugisha.  Ivyo nivyo igihugu cacu gikwiye gushika ko, kugira ngo tuberwe no kuvuga kumwe twamye tuvuga ngo :  » Uburundi n’icibare c’Imana. Erega, « Ni muntege amatwi… :  » Uhoraho azokomeza kubana namwe, ni mwakomeza kubana nawe, kandi ni mwamurondera  muzomubona; ariko ni mwamuheba nawe azobaheba » (2Ngoma 15: 2). Ibi ntibivuze ko hagomvye kuba ishengero canke idini rishinzwe gucira imanza abanyavyaha. Ahubwo abacamanza bose b’abakristu n’abakristukazi, bakwiye kuvyamiza ku mutima. Abo nibo basaserdoti bo mw’isezerano rishasha, kandi twese turi bo, umwe wese mu mwanya Umwami Yesu yamushizemwo. Ubutumwa nabwo buvuga buti: « Ariko mweho mur’ubwoko bwatoranijwe, mukoranije kuba abami n’abaherezi (abaherezi nibo basaserdoti), mur’igihugu ceranda, abantu bashiriweho kuba inyegu yiharije, kugirango mukwize ishimwe ry’Imana (1Petero 2: 9).

Umwami Yehoshafati yar’azi ko hashobora kuba ingorane z’ubuyobozi, canke z’intwaro hagati mu gihugu, niko kuvuga ati: « nazo  mu manza zose zikoma kuvy’igihugu, kamaramagambo ni Zebadiya » (2Ngoma 19: 11). Uwu  murongo urerekana ko abanyamadini badakwiye kwivanga n’ibibazo vy’ubutegetsi bw’igihugu. Bagomba kuba abantu bigisha ivyo kwubaha amategeko y’Imana, ibibazo vy’intaro bakabihebera ababifisemwo umuhamagaro. Hariho abashingantahe mu mashengero yose bashinzwe kwamama kugira abantu ntibisuke mu rudubi rwo kurenga amategeko. Ariko nta na hamwe Bibliya iduhamagarira kwitwaza ko dufise ishengero ryemewe mu gihugu ngo duce, twivanga n’ivy’igihugu. Uwu mwami Yehoshafati yoba yaributse urwishe se. Kuko yar’umwami yubaha Uhoraho, ariko agiye gusaza, yibagira ko Imana ariyo imufise ko ijambo rya nyuma, yifadikanya n’umwami w’i Siriya ngo yivune abansi. Ico gihe haje umuntu w’Imana avuga atary’umunwa, yereka umwami igicumuro ciwe, amubwira ati » Muvyo wakoze ivyo wakoze ivy’ubupfu, nuko uhereye ubu uzohora ubona intambara. Maze Asa ashavurira uwo muntu w’Imana, amuta mw’ibohero mu mpatane z’ibiti, kukw’iryo jambo ryamuteye kumugirira ubushangashirwe. Ico gihe Asa yagenda acuranguza abantu bamwe bamwe. Maze ashitse mu mwaka ugira mirongw’itatu n’icenda ari ku ngoma agwara ibirenge, kand’iyo ngwara imumerera nabi cane; ariko naho nyene no mu ngwara yiwe ntiyaja kubaza Uhoraho, atar’ukuja ku bavuzi. Hanyuma Asa ahamvya basekuruza, apfa amaze imyaka mirongwine n’umwe ari ku ngoma (2Ngoma 16: 9-10, 12-13).

Dukwiye gushimira Imana kuko dufise umukuru w’igihugu yibuka gushira igihugu mu maboko y’Imana buri mwaka, nkuko abami b’Abayuda babigize. Ariko dukwiye no kuraba ko vyose mu gihugu bihura n’ugushaka kw’Imana. Abahawe ingabire yo kuvugana n’abategetsi, bakaba babona ibidahwanye n’ivyo Iman’ishaka, ntibakwiye gutinya gutanga iyi nama ikomoka  k’Uwufise impwemu indwi z’Imana n’inyenyeri indwi ngo « Ndazi ibikorwa vyawe, k’uvuga ko uri muzima ariko ur’uwapfuye. Gira ube maso ukomeze ibisigaye bigira ngo bipfe kukw’ata bikorwa vyawe nabonye bisozereye imbere y’Imana yanje (Ivyahishuwe 3: 1). Ivyo n’ibisanzwe ko umuntu yibesha mu vyo yashinzwe. Ariko iyo Imana ikweretse ico utegerezwa gukosora, ayo n’ayo n’amahirwe atabona bose.  Sinshatse kuvuga ko noba nzi ibitameze neza, ariko hamwe vyoshika, Imana ikaba ariyo igira ijambo rya nyuma, Uburundi bwoba igihugu c’Imana koko, kandi n’ubu turi mur’iyo nzira nziza, twarayitanguye.

Erega isi y’iki gihe, ikeneye abagabo n’abagore, abasore n’inkumi batagurwa ntibagurishwe, bavuga icaha mw’izina bakakidomako urutoke. Abo nibo bakozi b’Imana bakenewe. Ubutungane bwihagazeko bushobora guhindura vyinshi, igihugu kigahinduka iparadizo, urukundo rukamota mu gihugu cacu, Imana ikanganza, n’abayobozi bakwumva ko bavuga rumwe n’ijuru, kuko amategeko yoba ava ku Ntebe y’Imbabazi, mw’ijuru kwa Data. Mu Burundi hova abantu benshi bejejwe bazoja gusanganira Umwami Yesu ni yaza ku bicu, kuko  » Uwutejejwe atazoraba Umwami (Abaheburayo 12: 14)

Igihe kirashitse, ubwami bw’Imana buri hafi, ni mwihane mwemere ubutumwa bwiza (Mariko 1: 15) mw’izina ryera rya Yesu. Amen

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

Publié dans : Non classé | le 8 janvier, 2017 |Pas de Commentaires »

IGIHE C’ISARURA

IGIHE C’ISARURA
Afficher l'image d'origine
TUMAZE UMWAKA WOSE TUVUGA UBUTUMWA KURI FACEBOOK. MUR’UKU KWEZI KWA 12/ 2016, HATANGIYE KUBONEKA ABABATIZWA MW’ITORERO RY’ABADIVANTISTE B’UMUSI W’INDWI MU RWANDA, MU BURUNDI, N’ABANDI BITEGURA MURI TANZANIYA, NA UGANDA NO MURI CANADA.
UMUBATIZO WA MBERE UZOBERA KU GISENYI MU RWANDA, KW’ISABATO ITAHA KURI 17/12/2016, BIZAKOMEZA BITYO, KU BURYO KURI 31 Z’UKO KWEZI, HAZOBA UWUNSI MUBATIZO MU BURUNDI,  ARIKO HARIHO N’ABANDI BITEGURA BATEGEKANYA KUZABATIZWA MU NTANGIRIRO Z’UMWAKA WA 2017.
Hariho uwuvuga ko adafise imyambaro iberanye no kuba azoca yinjira muri Chorale. Uwogira ico yomuterera vyoba vyiza.
Publié dans : Non classé | le 13 décembre, 2016 |Pas de Commentaires »

ICIGWA C’INTUNGAMAGARA

Mutima wanje, himbaz’Uhoraho, ntiwibagire ivyiza yakugiriye vyose. Niwe aharira ibigabitanyo vyawe vyose, agakiza ingwara zawe zose (Zaburi 103: 2-3)
AKAMARO K’IGISURU, IGITOVU,  HAMWE N’AMABABI Y’IGIPAPAYI
IgisuruICIGWA C'INTUNGAMAGARA 800px-Urtica_dioica_feuille2
gifise ivyunyunyu vyishi ngirakamaro ku magara yacu: ubutare (fer), phosphore, magnesium, calicium na cilicium. Ibi bishobora gufasha mu kuvura ingwara zo mu muhogo, mu mafyigo, mu gitereko (nyabavyeyi) no mu bihimba vy’irondoka. Kirafasha ku bantu bagira ingorane zo kwituma ku mwanda muto, no gusohora imicafu yirundanije mu ngingo z’umubiri
Igusuru kirimwo Vitamine A, C, na K  n’ibindi vyinshi bituma n’abaganga bagikenera. Igisuru n’igitovu, n’amababi y’igipapayi, ivyo vyose ukwari bitatu bitera urwagasha gukora neza.
Uko bikoreshwa
a) Igisuru
Urashusha amazi akabira, ugatereramwo, amababi
angana na garama 50 mu mazi yo kwuzura nk’icupa rya Primus n’irya Fanta, ukabireka bikabiragira nko mu minota 15.
Uzonywa ibiyiko 3 canke 4 ku musi.
Ushobora ku giteka mu mazi make abize, ukavuguta ukanywa igice cy’ikirahuri
(verre) cyangwa ikirahuri cyuzuye mu gitondo, ikindi ku murango.
b)Igitovu Afficher l'image d'origine
amababi mabisi canke yumye angana na garama 30 kugeza kuri 50 mu mazi yuzuye icupa rya Primusi n’irya Fanta (1litiro). Ukanywa ikirahure kimwe uri kunywa igikoma cyangwa mu gitondo, ikindi
kirahuri ukakinywa uriko urarya ku murango, ikindi kirahuri ukakinywa uriko urarya ivyokurya vya
nijoro. Wumvise bigukeretura, ukavanga n’ubuki.
c)Amababi y’igipapayi
Afficher l'image d'origine
Yakoreshe nka kurya twavuze ku gisuru
d)Inkere zo mw’ishamba
Afficher l'image d'origine
Inkere zo mw’ ishamba na zo ni ngirakamaro.
Zivura igitigu. Zongera akayabagwe. Zifise ibitera urura kworoherwa, zigatera kwituma neza umwanda mukuru neza, zifise ivyangombwa bifasha igitugu. N’umuti ukomeye ku makonyera akunda gufatira mu ngingo.
Zikurinda kugumbiza, kwikanira amagara akandara, kwipfundikanya k’udutsi dutoyi tuja mu rukoba, ingwara y’amafyigo, hamwe n’ingwara nyinshi zo mu maraso
Publié dans : Non classé | le 22 novembre, 2016 |Pas de Commentaires »

ABAVUGABUTUMWA BO MUR’IKI GIHE KIBI N’ABAMEZE BATE? (3)

MIKAYA, UMUGABO W’IJUNJA N’IJAMBO (3)

ABAVUGABUTUMWA BO MUR'IKI GIHE KIBI N'ABAMEZE BATE? (3)

N’ukw’arengutse imbere y’umwami, umwam’aramubaza ati Mikaya, tuje gutera I Ramoti-gileyadi canke dusigeho? Aramwishura ati, Ni muduge mutere, bizobabera ko. kandi bazogaburwa mu maboko yanyu! Umwam’aramubarira at’Aho nakurahirije nzogeza ryari, kugirango ntugire ic’umbarira kitar’ic’ukuri mw’izina ry’Uhoraho? Aramwishura ati Mbonye Abisraeli bose basabagiriye ku misozi nk’intama zitagir’umwungere; kand’Uhoraho agize ngo Bariya n’abatagira shebuja; ni basubire i wabo, umuntu wese yigir’amahoro. Umwami w’Abanyisiraeli abarira Yehoshafati ati:  » Sinakubariye kw’atogira ivyiza avugishwa kuri jewe, atar’ibibi? Mikaya aronger’ati: « None rero ni mwumve ijambo ry’Uhoraho: Mbonye Uhoraho avagiye ku ntebe yiwe, ingabo zose zo mw’ijuru zimuhagaze i buryo n’ibumoso. Maz’Uhoraho arabaza ati: « Ninde yogenda kwosha Ahabu umwami  w’Abisraeli ngw’aduge I Ramoti-gileadi agweyo? Nuk’umwe aravuga, ashir’ukwiwe, uwundi ukwiwe. Hanyuma haza impwemu ihagarara imbere y’Uhoraho iravuga iti Jewe ndamwosha. Uhoraho arayibaza ati: « Uja kumwosha ute? Nayo iti:  » Ndagenda nihindure impwemu y’ibinyoma mu kanwa ka bakamenyi biwe bose. Nawe arayisubiza ati:  » Nuko uramwosha kand’ uzobishobora; genda ugir’urtyo. Nuko non’ehe raba Uhoraho ashize impwemu y’ibinyoma mu kanwa ka ba kamenyi bawe bose; kand’akugeney’ivyago. Maze Zedekiya mwene Kenayana yegera Mikaya amukubita urushi, aramubaza ati:  » Iyo mpwemu y’Uhoraho yaciye hehe mu kuva muri jewe iza kuvugana nawe? Mikaya aramwishura ati:  » Uzoba urabimenya ku musi uzokwitera haruguru mu mpete winyegeza. Maz’Umwami w’Abisraeli aravuga ati:  » Ni mufate Mikaya, mumushire Amoni umukuru w’umurwa, na Yowasi umwana wanje, mut’Umwam’agize ng’uru rugabo murushire mw’ibohero, murugaburire ivyokurya n’amazi vy’intica ntikize, uti kugez’aho azotabarukira amahoro. Mikaya aravuga ati:  » Ni waramuka utabaruts’amahoro, Uhoraho azoba atamvugishije. Arongera ati. Mwa bantu mwese, muraba muvyumvise! (2Ngoma 18: 14-27)

Nguyo Mikaya umuvugishwa twari dukeneye uwu musi mur’iki gihe! Mur’iki gice tumaze gusoma, Mikaya yatanguye avugana agahemo, ariko umwami yaciye abisoma mu maso ya Mikaya ko atamubwije ukuri. Naho Mikaya yari kuvugisha ukuri, umwami ntiyari guhindura, kuko ingingo yari yamaze gufatwa, ngo abasirikare bose baduge mu ntambara, batere i Ramoti-gileyadi. Uko vyari kumera kwose, umwami Ahabu ntiyashaka kwumva ikindi gisubizo kitajanye n’ivyo ba kamenyi biwe bamubwiye, ngo Duga, uhatere, kuko Uhoraho azohagabura mu maboko yawe, mugenzi » (2Ngoma 18: 5).

Vyogorana mur’iki gihe kwumvisha umukuru w’igihugu canke umwami mu gihugu ic’arico cose, ko akwiye kubanza gusenga no kubaza ijambo ry’Imana, ku ngingo iyariyo yose yamaze gusinywa n’inama nshingamateka na nkenguzamateka.   Vyogorana cane kugirango ijambo ryamaze kwemerwa n’amadini yose, risubizwe inyuma n’umugabo umwe nka Mikaya, yitwaje ngo niwe wenyene avugishwa ivy’ukuri mw’izina ry’Imana. Yamara vyari vyo, ni we wenyene yar’asigaye abandi bari basigaye ari bansumirinda. Simvuze ko abategetsi badasenga, ariko abasenga Imana yya Mikaya ni bake. Hafi ya bose basenga imana y’amadini.

Yamara abagabo nka Mikaya nibo isi ya kino gihe ikeneye. « Isi ya kino gihe, irakeneye vyihutirwa abantu b’inserukarukamvye, abagabo batagugwa ntibagurishwe, abagabo n’abagore, abasore n’inkumi bagendera kuvyo Imana yategetse vyo nyene gusa, b’inyankamugayo, badatinya kuvuga icaha mw’izina, bagenda berekeye iyo Ijambo ry’Imana riberekeje.  Hakenewe abagabo n’abagore, abasore n’inkumi, bava hasi bagaharanira ubutungane n’ukuri biva ku Mana, bakabigwanira ata bwoba n’aho bobona ko isi yose yabakuye kw’amaboko…

Mikaya nyiyakoresheje bwa buryarya twita diplomatie. Yaduduriyeko ati: « Mbonye Abisraeli bose basabagiriye ku misozi nk’intama zitagir’umwungere; kand’Uhoraho agize ngo Bariya n’abatagira shebuja; ni basubire i wabo, umuntu wese yigir’amahoro (2Ngoma 18: 16). Ahabu yaciye agira ishavu, kuko yari yumvise ko ariwe atunzwe urutoke, mu kwumva aya majambo ngo « nk’intama zitagir’umwungere », kandi ngo « Bariya n’abatagira shebuja ». Mikaya nta kundi yari kubivuga, kuko niko Imana yariko iramuvugisha. Umugambi wose turangura, canke ibikorwa dukora, tukibesha ngo n’iterambere ariko iryo terambere rikadusaba gukandagira amategeko y’Imana no kutumvira ivyo Imana yihanikirije, tukitwaza ngo no mu bindi bihugu niko bimeze, ngo n’abakozi b’imana barabikora; iyo migambi, umumarayika w’Uhoraho azoyisambura. Mbega ntibiva kw’Uhoraho kw’amoko aruhishwa n’ibizoturirwa n’umuriro, amahanga akaruhira ubusa? (Habakuki 2: 13. Ibikorwa vyakozwe kw’isabato, inyungu zavuye muri ruswa, ivyo abantu bungutse barinze kurya imitsi ya ba ntahonikora, ivyavuye mu binyoma vyose, nta mugisha bizobona uvuye kw’Uhoraho.  » Uhereye none hahirwa abapfa bapfira mu Mwami. Kandi Mpwemu aravuga ati; Egome, ngo baruhuke imiruho yabo, kuko ibikorwa vyabo bijana nabo bibakurikiye (Ivyahishuwe 14: 13). None ibikorwa wakoze urinze kwica amategeko y’Imana, ugateg’ugutwi ba kamenyi b’ishengero wavukiyemwo, ngo niko kuri, ubwo ntibizohava bisa n’ivya Ahabu? Ubwo upfuye bikagukurikirana, wumva har’amahoro wogira kuri wa musi twiteze? Uravyiyumvira kabiri; ntuze ugwe mu ruzi urwit’ ikiziba

Umukuru w’abavugishwa ba Ahabu, ariwe yari nk’umukuru w’iryo dini ryabo, mur’iki gihe twomugererenya nk’umwepiskopi canke pasitori mukuru, yakubise urushi Mikaya, amuhora ngo n’uko yeretswe ko umwami agiye kugira ivyago kubera agasuzuguro asuzugura Ijambo ry’Uhoraho. Yamubwiye n’akagayo kenshi ngo » Iyo mpwemu y’Uhoraho yaciye hehe mu kuva muri jewe iza kuvugana nawe? Mikaya aramwishura ati:  » Uzoba urabimenya ku musi uzokwitera haruguru mu mpete winyegeza (2Ngoma 18: 24).  Abayobozi b’amashengero atar’amwe, biyemeza ko bavugishwa na Mpwemu. Na Zedekiya mwene Kenayana, n’uko yiyumvira. Kandi nkako, idini ryiwe niryo ryari ryemewe ku kirimba i bwami kwa Ahabu, rikagira n’abantu benshi. Ariko koko burya kugira abantu benshi no kwemerwa n’umwami n’abategetsi, ubwo nikwo kugira Mpwemu Yera? Mikaya niwe yar’asigaye we nyene ahagaze ku ruhande rw’Imana, abandi bose bakoreshwa n’impwemu y’ibinyoma gusa. Yishuye uwamukubise urushi ati «  Uzoba urabimenya ku musi uzokwitera haruguru mu mpete winyegeza ».  Mbe wewe ibi bikubwir’iki? Uhagaze ku ruhe ruhande? Uri Mikaya canke uri Zedekiya?

N’uko rero umwami Ahabu, n’agashavu kenshi, yategetse ko Mikaya bamushira umukuru w’igisagara n’umwana wiwe. Ngo  » Ni mufate Mikaya, mumushire Amoni umukuru w’umurwa, na Yowasi umwana wanje, mut’Umwam’agize ng’uru rugabo murushire mw’ibohero, murugaburire ivyokurya n’amazi vy’intica ntikize, uti kugez’aho azotabarukira amahoro. Mikaya aravuga ati:  » Ni waramuka utabaruts’amahoro, Uhoraho azoba atamvugishije. Arongera ati. Mwa bantu mwese, muraba muvyumvise! (2Ngoma 18: 14-27). Nkuko nabivuze ngaho hejuru, « Isi ya kino gihe, irakeneye vyihutirwa abantu b’inserukarukamvye, abagabo batagugwa ntibagurishwe, abagabo n’abagore, abasore n’inkumi bagendera kuvyo Imana yategetse vyo nyene gusa, b’inyankamugayo, badatinya kuvuga icaha mw’izina, bagenda berekeye iyo Ijambo ry’Imana riberekeje.  Hakenewe abagabo n’abagore, abasore n’inkumi, bava hasi bagaharanira ubutungane n’ukuri biva ku Mana, bakabigwanira ata bwoba n’aho bobona ko isi yose yabakuye kw’amaboko… »

None burya, wibaza ko uwo mwami Ahabu ko yahavuye agatabaruka amahoro? Ni vyo tuziga mu cigwa c’ejo, Uhoraho ntiyabidukundira. Mu kurindira rero  » Ubuntu bw’Umwami wacu Yesu-Kristu bubane namwe mwese » (2Ab’i Tesalonike 3: 18)

Publié dans : Non classé | le 15 novembre, 2016 |Pas de Commentaires »

ABAVUGABUTUMWA BAKENEWE MUR’IKI GIHE KIBI N’ABAMEZE BATE?

MIKAYA, UMUGABO W’IJUNJA N’IJAMBO…

Image result for bibiliya yera

 

Kandi umwami w’Abisirayeli na Yehoshafati umwami w’Abayuda bari bicaye ku ntebe z’ubwami, bambaye imyambaro yabo y’ubwami, bari ku nama kw’ishikiro ku kirimba i Samariya,ba kamenyi bose bavugishirizwa imbere yabo. Sedekiya mwene Kenāyana yicurishiriza amahembe y’ivyuma aravuga ati “Uku ni ko Uhoraho yavuze ngw ‘Aya mahembe niyo uzokwirukanishsa  Abasiriya gushitsa baherengeteye.’ ”N’abandi bakamenyi bose bahanura batyo bati “Duga utere i Ramoti y’i Galeyadi bizokubera ko, kuko Uhoraho azobagabura mu maboko yawe mugenzi”Maze intumwa yari yagiye guhamagara Mikaya iramubwira iti “Abavugishwa bose bahurije hamwe gusigurira umwami ibyiza. None nawe amajambo yawe n’abe nk’ayabo, uvug’ivyiza”. Mikaya aramwishura ati “Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, icyo Imana imbarira cose   ni co nja kuvuga.” (2Ngoma 18: 9-13)

Uru rugamba rwo kuja kubohoza i Ramoti y’i Gileyadi ngo hagaruke ku gihugu ca Israeli, rwari rwateguwe n’umwami wa Israeli. Abonye umukwe wiwe aje kumuramutsa n’ingabo nyinshi zimuherekeje, ashaka kuboneraho akanya ko kuja kurwana, kuko yari yizeye ko abasirikare b’umukwe wiwe bashobora kwongera uburemere bw’ingabo ziwe. Ariko, umwami w’i Buyuda yari yabanje kwikeka ko atoba ar’amanyanga ya Satani yo kumuroha mu ntambara agahava agwayo,niko kubwira Yehoshafati ati :« Enda se banza usigize ijambo ry’Uhoraho » (2Ngoma 18: 4).

Yehoshafati ntiyagiye kubaza Uhoraho, yigiriye kubaza abo basangiye idini ry’ibinyoma nkaho womenga abanyabinyoma barakorana n’Imana. Har’abantu benshi bumva ukuri kubacumise kumutima, bakaja guhanuza abayobozi b’idini, canke abo basangiye ishengero. Yamara ubutumwa ntibuvuga ko ugomba kuja guhinyuza ko ivyo twumvise kw’ari vyo. Buvuga ngo:  » Bwoko bwa bwanje, ni muve iwe. Ni muve hagati y’abo bantu mwitandukanye nabo, nikw’Uhoraho agize… Nanje nzobakira, namwe muzombera abahungu n’abakobwa, niko Uhoraho Nyen’ingabo agize (Ivyahishuwe 18: 4; 2Abakorinto 6: 17-18). Abo bakamenyi bo mw’idini ry’ibinyoma rya Yehoshafati, bishakira  ico birira, niko kar’akazi kabo. Satani yabahaye guhuz’inama, bavuga bahuza ngo’ Duga, uhatere,kuko Uhoraho azohagabura mu maboko yawe (2Ngoma 18: 5).

Ibi nivyo biriko  biraba uwu musi, abigize abavugishwa n’abiyita abakozi b’Imana bahurije hamwe, ngo berekane ko isi yose ishobora kuyoborwa n’ivyiyumviro vyabo, ariko amategeko y’Imana se wa Yesu-Kristo bayajugunyiye kure. Bigira  abavugishwa, abigisha, abungere b’imitima, bakemera ko abantu babapfukamira, bakabigisha ko isabato yahavuye, ahubwo isi yose ngo bayikoranirize muri Dimanche y’Ubupapa bwa Roma. « Kuko Imana yashize mu mitima yabo gukora ivyo yagabiye, no guhuz’inama, no gushira ca gikoko ku ngoma yabo, kugeza aho amajambo y’Imana azoshikira (Ivyahishuwe 17:17)

Umwami w’i Buyuda yasavye ko boshaka uwundi muvugishwa yoba yasigaye atavuze. Wa mwami Yehoshafati ati: « Haracasigaye umuntu umwe twoshobora kubaza akadusiguiza Uhoraho, ariko ndamwanka; kuko ataho avugishwa ivyiza kuri jewe, atar’ivyago. Yitwa Mikaya mwene Imula (2Ngoma 18: 7)

Kandi umwami w’Abisirayeli na Yehoshafati umwami w’Abayuda bari bicaye ku ntebe z’ubwami, bambaye imyambaro yabo y’ubwami, bari ku nama kw’ishikiro ku kirimba i Samariya, ba kamenyi bose bavugishirizwa imbere yabo. Sedekiya mwene Kenāyana yicurishiriza amahembe y’ivyuma aravuga ati “Uku ni ko Uhoraho yavuze ngw ‘Aya mahembe niyo uzokwirukanishsa  Abasiriya gushitsa baherengeteye.’ ”N’abandi bakamenyi bose bahanura batyo bati “Duga utere i Ramoti y’i Galeyadi bizokubera ko, kuko Uhoraho azobagabura mu maboko yawe mugenzi”Maze intumwa yari yagiye guhamagara Mikaya iramubwira iti “Abavugishwa bose bahurije hamwe gusigurira umwami ivyiza. None nawe amajambo yawe n’abe nk’ayabo, uvug’ivyiza”. Mikaya aramwishura ati “Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, icyo Imana imbarira cose   ni co nja kuvuga.” (2Ngoma 18: 9-13)

Nta butumwa dufise bwo kuvuga ivyo ayandi madini yavuze. Naho boba babivuze ari benshi, bakavuga ko bavyeretswe n’Imana, twebwe tugomba kuvuga twisunze ijambo ryayo yandikishije, tukavuga tuti: HANDITSWE NGO ». Umusenyeri, umupadiri, umupasitori, canke umuvugabutumwa uwariwe wese, ntidushobora guhuza mu gihe avuga ibitavuzwe n’Imana. Abo bavugishwa b’i Samariya, babesheye Imana bavuga ng0 : « Duga, uhatere, kuko Uhoraho azohagabura mu maboko yawe (2Ngoma 18: 5). Ariko koko uko niko Uhoraho yari yavuze? Bisa na bimwe bavuga mur’iki gihe ngo « twebwe twahisemwo guhimbaza umusi w’ izuka rya Yesu kuko ariho twaboneye intsinzi » None ko ar’ivyo bibaza, ubwo koko « Nikw’Uhoraho agize »? Boduha igitabo n’umurongo vyanditswemwo? Bihutira gusomera imisa abantu bapfuye ngo bashike mu bwami bw’Imana: Ubwo koko Nikw’Uhorho agize? Boduha igitabo ca Bibliya, n’umurongo, ahanditswe ko umuntu agezwa mw’ijuru n’imisa? Bakavuga ngo ukwirega ivyaha ariko kwatura ivyaha, ngo bisaba ko ubapfukamira ukabibiganira, bakaguhezagira, bakakubabarira. Ubwo botwereka mu Vyanditswe Vyera, aho intumwa zapfukamiwe n’abanyavyaha, zigaharira ivyaha mu vyongoshwe? Umwanya ni muto, twari kuvuga ivy’ukubatiza abana b’inzoya, ivy’ikomuniyo ya mbere, imisi y’iminyota,ubushikiro,  Noheri, ikarema, n’ibindi.

Ibi bintu naho vyemewe na benshi, mbere n’abategetsi bakomeye bakavyubahiriza, twebwe dushaka icubahiro kiva ku Mana gusa, dukwiye kumenya ko « niba amadini canke ubutegetsi bahuje inama z’ikinyoma, twebwe mu ruhande rwacu tubwirizwa kuvuga nka Mikaya tuti:  “Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, icyo Imana imbarira cose   ni co nja kuvuga.” (2Ngoma 18: 13). Ntitwemera ibintu kubera ko abandi bavyemeye, ariko tuvyemera kuko twabonye ko n’Ivyanditswe Vyera bivyemera, kuko dushobora kubivuga kandi tukagerekako tuti : « Nikw’Uhoraho agize ». Isi ya kino gihe, irakeneye vyihutirwa abantu b’inserukarukamvye, abagabo batagugwa ntibagurishwe, abagabo n’abagore, abasore n’inkumi bagendera kuvyo Imana yategetse vyo nyene gusa, b’inyankamugayo, badatinya kuvuga icaha mw’izina, bagenda berekeye iyo Ijambo ry’Imana riberekeje.  Hakenewe abagabo n’abagore, abasore n’inkumi, bava hasi bagaharanira ubutungane n’ukuri biva ku Mana, bakabigwanira ata bwoba n’aho bobona ko isi yose yabakuye kw’amaboko…

Nayo ivyo vyo kugwanira icubahiro ngo twemerwe mu birimba vy’abami bo kw’isi nk’abo bavugishwa ba Yehoshafati, nta bwami bw’Imana vyoduhesha. Umwami wacu Yesu-Kristu arabaza ati: « Mwoshobora kwizera mute, ari mwebwe mwubahana, ariko icubahiro kiva ku Mana imwe nsa mutakirondera? (Yohani 5: 44). Uhoraho tugirire  neza aduhe kwitaho ijambo ryiwe kuruta uko twitaho inda zacu n’icubahiro cacu, mw’izina ryera  rya Yesu. Amen.

Publié dans : Non classé | le 14 novembre, 2016 |Pas de Commentaires »

WOSHOBORA GUHITAMWO IMANA YAWE HAGATI MU BIGIRWAMANA VY’AMAHANGA?

Image result for drapeaux du monde entier

KUKW’AMAHANGA YOS’AZOGENDA, IHANGA RYOSE RYOSE RIGENDERE MW’IZINA RY’IMANA YARYO, ARIKO TWEHO TUZOGENDERA MW’IZINA RY’UHORAHO IMANA YACU GUSHITSA IBIHE BITAZOSHIRA (MIKA 4: 5)

Bisa n’uko amabendera y’ibihugu yoba yatondeshejwe, bakakubwira bati hagarara musi y’ibendera ry’igihugu cawe. Mbe ko havugwa inyigisho nyinshi, abantu bakaba basigaye bizera ibitari bimwe, wewe uzoshobora guharara ushikamye mu bihe vy’akaga, ugume ku ruhande rw’Imana y’ukuri?

Publié dans : Non classé | le 9 novembre, 2016 |Pas de Commentaires »
12345...28

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire