NSHENGEYE NJ’I WAWE (IV)

NSHENGEYE NJ’I WAWE IVNshengeye nj’i wawe guterama, mbe mwiriwe Dawe nteramiye! Uraho ga mutware nzirikana!

  1. Reka ndagusenge narakize/Reka ndakuyage warakoze!
  2. Nay’umwana w’umwansi ndamurega yangiriye nabi Mukama we
  3. Mu gihugu ciwe nta mahoro/ Yirigw’arabesha Mukama we!
  4. Abatamukunda baratukwa/ Bakarabwa nabi Mukama we!
  5. Ereg’abo yahaye baravuga/ Yukw’ar’umuvyeyi Mukama we!
  6. Urupfu nirw’atanga nkubarire/ Nta kintu nabonye yifitiye!
  7. Nararaye ntariye ndababara/Erega nshak’Imana Mukama we!
  8. Birimba birimba vy’amahoro/Garanzuka birimba nishikire!
  9. Garanzuka birimba nishikire/Ndamuts’umukunzi yankijije!
  10. Mbe mwiriwe neza Bigaburo!/Mbe mwiriwe Masabo we!
  11. Eka data na mama nobaheba/ ngashumbir’Imana yankijije!
  12. Oy’umwana w’umwansi ndamurega/Oy’umwana w’umwansi ndamurega!
  13. Es’ijoro ryiwe duteramye,/ Es’inkoni yiwe mu makuba!
  14. Kurara ntaryamye vyambabaje/ n’inzara n’inyota Mukama we!
  15. Nararyama ntaryamye nkababara/ Nkameregwa nabi Mukama we!
  16. Naragwara ntagway’atabinegwa/ nkarara ndahwera Mukama we!
  17. Bugaca mu gitondo niririra/ Nkagendan’intimba n’amarira!
  18. Baravuga k’uzoza Mukama we/ Mbeg’uzoza ryari Mukama we?
  19. Uratebuka rero Mukama we/ Niboner’Imana Mukama we!
  20. Maze mpeze ntambe nkuvyinire, nk’Imana y’imvyeyi Mukama we!
  21. Mbe mwiriwe neza Mukama we! Mbe mwiriwe neza Mukama we!
Publié dans : ||le 30 janvier, 2011 |Pas de Commentaires »

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire