NSHENGEYE NJ’I WAWE (III)

NSHENGEYE NJ’I WAWE III

Nshengeye nj’i wawe guterama, mbe mwiriwe Dawe nteramiye, uraho ga mutware nzirikana! 

  1. Mbe mutima wanje k’unaniwe/Ramiriza tugende ndahabona!
  2. Ramiriza tugende mutima we/Ramiriza tugende mutima we!
  3. Ibirimba vy’Imana n’agahore/Nzigumir’i wawe Mukama we!
  4. Nzoyaga n’abandi bateramyi/Nibuk’iyo mvuye Mukama we!
  5. Mutima wagowe n’ubuzima/turagiye kwa Data turakira!
  6. Tureger’ibirimba turavyina/Ehe mu nzu kwa Data n’amahoro!
  7. Mukama mukunzi w’ubuzima/ Mbe mwiriwe neza Mukama we!
  8. Nama ndakugora Mukama we!/ Na jewe si jewe mukama we!
  9. Narahuye n’umwansi w’ubuzima!/Mbabarira biranka Mukama we!
  10. Uhez’ufat’amaz’unyuhagire/umutim’uce wera Mukama we!
  11. Nanje mpeze ntambe nkuvyinire/Umutim’uri mu nda Mukama we!
  12. Mutima wagowe n’ubuzima/ kundir’umukunzi twisabire!
  13. Mutima w’ibanga mbabarira/ Ngaburira biranka Mukama we!
  14. Urandaba nk’umwana w’incoreke/ mu ngoro y’i bwami Mukama we!
  15. Kubana n’Imana n’umugisha/Kubana n’umwansi n’umuvumo
  16. Mbe mwiriwe neza Bigaburo, Mbe mwiriwe neza Mukama we!
Publié dans : ||le 30 janvier, 2011 |Pas de Commentaires »

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire