NSHENGEYE NJ’I WAWE (II)

NSHENGEYE NJ’I WAWE II

Nshengeye nj’i wawe guterama, mbe mwiriwe Dawe nteramiye! Uraho ga mutware nzirikana!

  1. Nduga ndor’i wawe Mukama we/ Ndira nk’umutundi Mukama we!
  2. Ndashengera nshonj’indur’ivuga/ Numv’imvur’ihinda Mukama we!
  3. Erega naho ngenda sinkomeye!/ Numva mfis’ingwara mu mutima!
  4. Iyi ngwara yavuye mu buruhe/ N,ingwano nagwanye n’umubisha!
  5. None ngir’umunsi nkababara/ Umusong’ugatera Mukama we!
  6. Erega sinkubesha nararushe/ Ndamererwa nabi Mukama we!
  7. Nay’umwana w’umwansi ndamurega/ Yangiriye nabi Mukama we!
  8. Es’inkoni yiwe mu makuba/ Es’ijoro ryiwe duteramye!
  9. Yarankubise nab’ankomeretsa!/ Mbabarira guhwera Mukama we!
  10. Yarabonye ko ngiye guterama/ Ankurikiz’induru Mukama we!
  11. Abakorer’Imana barakira/ Gukorer’umwansi n’ukuvumwa!
  12. Mbe mwiriwe neza Mukama we/ Mbe mwiriwe neza Mukama we!
  13. Kwizigir’Imana n’agahore/Erega birakunda Mukama we
  14. Narakorey’umwansi nkubarire/ Nta kintu yampemvye Mukama we!
  15. Atar’uko nataha ngakubitwa/ Nkameregwa nabi Mukama we!
  16. Ndakeney igikando mu mutima! Ndakeney’Imana Mukama we!
  17. Nay’inzira ni ndende nkubarire/ Abansi bakagwira Mukama we!
  18. Abansi ni bagwire nkubarire/ Erega mfis’Imana y’ubuzima!
  19. N,ubwo ngenda ntemba ntembagara/ Uzomvura ndabizi Muka we!
  20. Mbe mwiriwe neza Masabo we!/Mbe mwiriwe neza Mukama we!
Publié dans : ||le 30 janvier, 2011 |Pas de Commentaires »

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire