NI MUREKE KWISIGAZA INYUMA NTIMUZE MUBONE AYO PETERO YABONYE!

AKAKANYA INKOKO IRABIKA (Matayo 26: 74)

Image result for le chant du coq

Amajambo Bibliya ivuga kuvya Yesu na Petero ateye umubabaro ngo “ Baramufata, baramujana, bamwinjiza mu nzu y’umuherezi mukuru, ariko Petero amuja inyuma barenga arenguka. Bacanye umuriro mu rugo hagati, bicaye hamwe, Petero yicara hagati muri bo (Luka 22: 54-55). Petero yatanguye kwisigaza inyuma, barenga arenguka, kugira ngo ntibamenye ko nawe yoba azinanye na Yesu. Abonye umuriro, aca yifatira ikibanza mu bansi ba Yesu, aho nyene niyo yahavuye ahemutse kuvyo yari yemeye ngo “Niteguye kujana na wewe mu munyororo, n’ugupfa dupfire hamwe” Ariko Yesu “aramubwira, ati Petero, ndakubwire, inkoko itarabika uwu musi, uhava unyihakana gatatu (Luka 22: 33-34).  Yewe, niko vyagenze, Petero   ahakana Yesu gatatu kwose ngo ntamuzi, kugira ntibamukure kur’uwo muriro. Erega imbeho nayo ntiyari imworoheye! “ Ako kanya inkoko irabika (Matayo 26: 74) Umwami Yesu arakebuka, yitegereza Petero, Petero yibuka rya jambo ry’Umwami, ingene yamubwiye at’Uyu musi inkoko itarabika, uja kunyihakana gatatu. Arenga irembo, araturika ararira (Luka 22: 61-62)

Hari vyinshi twemera ,kubera agakuku ko mw’ishengero, canke kubera ko dushigikiwe n’abayoboke bacu, canke kuko tugifise abavyeyi batwitayeho, canke kuko duhaze, n’ibindi… Burya na Petero yiyemeje ivy’adashobora kuko yar’akikijwe n’abagenzi biwe, kandi bari mu nzu hasusurutse. Ntiyar’azi uko asanga hanze hameze. Ntiyar’azi ibimurindiriye. Yesu ashaka ko tumukurikira no mu bihe bigoye nk’ivyo, ariko tugatangura kwisigaza inyuma, gushika naho twicara hagati mu bansi batemera ukuri, tukaruhira guhakana Umwami Yesu ngo ntitumuzi, kandi twaragendanye, twarabanye, akatwereka urukundo rwiwe muri vyinshi, nkuko yari yaragendanye na Petero, akamwereka urukundo kenshi.

Mur’iri jambo ry’Imana uriko urasoma mur’aka kanya, ndagusengera ngo wumve ko Yesu ariko aragukebuka, arakwitegereza, ngo akwibutse ukuntu wahemutse kuvyo mwasezeranye. Mbese weho, iyo wibutse ivyo umaze mwo imisi,  nta nkoko wumva ibika mu mutwe wawe? Umwami Yesu atubabarire cane.  Amen

Pasteur Balthasar Miburo Telephone 69412202/ 0015879749515

Publié dans : ||le 29 décembre, 2017 |Pas de Commentaires »

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire