NDIRABURA ARIKO NDI MWIZA (Indirimbo 1: 5)

NTIMUMPANG’AMASO KUKO NIRABURA, KUKO IZUBA ARIRYO RYANYIRABUJE (Indirimbo 1: 6)

Afficher l'image d'origineAbazungu badushikirije ijambo ry’Imana bagiye bahunga iri jambo ku buryo ata rusengero na rumwe uwu murongo wigeze uvugwa mu butumwa bwiza bwavugirwa ku ruhimbi. Ariko buke buke, Mpwemu Yera yagiye yereka Abirabure ko bafise umwanya w’agaciro mu Vyanditswe Vyera. Intumwa Petero aravuga ati: N’ukuri niho nkimenya yuko Imana itarobanura abantu ku butoni, ariko mu mahanga yose, uwuyubaha agakor’ukugororoka, iramwemera (Ivyakozwe n’Intumwa 10: 34). Iri jambo ngo mu mahanga yose, rirerekeye n’abirabure. Uwu murongo rero turiko turiga uvuga ngo: NDIRABURA ARIKO NDI MWIZA. NDIRABURA ARIKO NDI MWIZA (Indirimbo 1: 5) EsclavesIyumvire ukuntu umwirabure wa mbere wo muri bamwe bari mu buja bw’abazungu (esclaves), amaze kumenya kwisomera ijambo ry’Imana, noneho akagwa kur’iri jambo ngo: NDIRABURA ARIKO NDI MWIZA. Mu gihe yakorera abatamushima, bamuhemba ikimoko, yagwara na gatoyi bakamuhohosha n’ibibando; yasonza akabura utw’arya kandi ivyokurya bitabuze, bakaza bamuha mu gipfunsi ngo ntabure intege zo kuza kurimira abana ba Shebuja, akanywa amazi yarutse umufuro. Noneho aho amenyeye gusoma no kwandika, Imana iramwihishura iti: URIRABURA ARIKO URI MWIZA.  Abatari Abayuda bose, Bibiliya ibita Abanyamahanga (nibo bapagani). Ariko umwirabure, Ijambo ry’Imana riramuvuga neza ko abaho,  ko yirabura kandi akaba mwiza.

Iri jambo ngo NDIRABURA ARIKO NDI MWIZA, ryavuzwe n’umugabekazi w’Umwami Salomo (muka Salomo), arivugishijwe na Mpwemu Mweranda. Uwo Mpwemu w’Imana, yavuze  aya majambo kur’uwo mugabekazi, ngo: Umve mukobwa wiyumvire, ubange ugutwi, kandi wibagire ubwoko bwanyu n’inzu yaso. 2808896-un-projectile-d-isolement-d-une-femme-africaine-s-habillant-dans-la-robe-traditionnelleNico kizotuma umwami agomwa ubutore bwawe, kuko ariwe Mwami wawe nawe umwunamire Kand’umukobwa wo muri Tiro azozana ingorore, kand’abatunzi bo mu bantu bazogusaba ngo ubatonere (Zaburi 45: 10-12). Abirabure bo muri Afrika no muri Amerika, ndetse n’abari mu bindi bihugu vyo kw’isi, bakunda gushakashaka Imana cane muri iyi misi ya nyuma, ku buryo usanga aribo benshi mu nsengero. Ni gake wosanga urusengero rw’abazungu gusa ata mwirabure ari muri rwo. Kuko uko ibintu biri muri iyi misi, usanga abazungu basubiye mu bintu vyabo vy’abanyamahanga, kubera ubwenge n’ubukungu  bibatera ubwibone, ariko uko babandanya kwiyonjorora niko abirabure babandanya gufata icicaro mu nzu y’Imana. Ntibizosubira kumera nkuko vyari bimeze, icari hasi kizoshirwa hejuru, icari hejuru kizosubizwa hasi (Ezekiyeli 21: 26). Afficher l'image d'origineBibiliya ikunda gukoresha ijambo ngo Umunyetiyopiya iyo ivuga umuntu yirabura. Kandi iyo uravye usanga Imana yamye ifuhira abantu banka abirabure, kuko bwar’ubwoko  bwayo. Miriyamu na Aroni banegura Mose kubw’uwo Munyetiyopiyakazi yabiriye, kuko uwo Munyetiyopiyakazi yari yamwabiriye koko. Baravuga bati: Mbeg’Uhoraho avugisha Mose gusa? Tweho ntatuvugisha? Uhoraho aravyumva. Maz’uburake bw’Uhoraho burabaziriringira, arivumbura. Ca gicu kiva hejuru y’ihema kiragenda, Miriyamu aca asesekako imibembe (Guharura 12: 1-2, 9). Ni murabe ukuntu Uhoraho adashimishwa n’abantu basuzugura umwirabure imbere y’Imana. Iyumvire nawe ikintu catumye Uhoraho aca atandukana n’Abisirayeli, ca gicu kiva hejuru y’ihema, kiragenda. Ico gicu nico cerekana igihe cose ko Uhoraho ahangamye mu Bisirayeli. ariko kubera ako gasuzuguro bagiriye uwo mugore wa Mose yirabura, Imana yaciye yivumbura.

Sindiko ndigisha amacakubiri, ariko ndiko ndashigikira ijambo ry’Imana ryerekana ko umwirabure adakwiye kucinyizwa kubera ibara ry’urukoba rwiwe, ah’ubwo ko akwiye kwubahirizwa nk’umuntu uwariwe wese. Uko ayandi moko akengera abantu birabura, bitegerezwa kudutera kuja imbere mu kwegera Kristu. Kuko raba na Kristu mu gihe bamushakashaka ngo bamwice mu gihe ca Herode, yahungiye muri Afrika. Dusoma ngo: Vyuka ujane umwana na nyina, uhungire muri Egiputa, ugumeyo, gushitsa aho nzokubaririra, kuko Herode agira arondere umwana ngo amwice (Matayo 2: 13).  Ico gihe Afrika yose yar’iy’abirabure. Muri Egiputa naho har’abirabure gusa, kuko Abarabu ntibari bwaze kwivanga muri Afrika ya ruguru. Hariho impamvu zikomeye zatumye inama y’agakiza itegekanya ko Yesu azohungira muri Afrika.

Hariho impamvu zikomeye kandi zatumye inama y’agakiza itegekanya kandi ko Umunyafrika, Umwirabure wo muri Cyrenaïque (Simoni Umunyasirene), akaba ariwe yakira Yesu umusaraba mu nzira ija i Gologota. Bakimujana, bafata umuntu yitwa Simoni Umunyasirene (umunyakurene), avuye mu misozi, bamukorer’umusaraba, ngo awikorere akurikiye Yesu (Luka 23: 26). Mbese ko har’ishengero ryinshi rikurikiye Yesu, kuki abasirikare barinze guhohotera uwu muntu yari yiviriye kurima mu misozi? Ashobora kuba yar’afitaniye agashusho na Yesu, kuko n’uwo Yesu nyene twigisha, Yesaya amuvuga gurtya ngo: ntiyar’afise ishusho nziza cank’ubutore, kand’aho twamubona ntiyar’afise ubwiza bwotumye tumwipfuza. (Yesaya 53: 2)  Wumve se bitangaje ko mushiki wacu avugishwa n’Imana ngo: NDIRABURA ARIKO NDI MWIZA?.

Afrika y’Abirabure, niyo iri mu kuboko kw’Imana muri iyi misi ya nyuma, kuko abavugishwa n’Imana aribo bahanuzi babanje kuvugira ubu ubutumwa  bwiza  ku mugabane wa Aziya,babuvugira mu Bulayi, muri Amerika no mu mazinga arimwo abazungu benshi nka za Australiya. Iki gihe tugezemwo ntibigutangaze ni wumva abantu bavuga ubutumwa bukangura isi nk’uko Intumwa n’abahanuzi bavuga, bakomotse muri Afrika. Bizotuma abazungu bacokera rwose muri vya binyoma vya Satani ngo idini nta kamaro, ngo amadini yose arabesha, canke ngo yose ni meza, n’ibindi. Oya, siko biri, wa mushulamukazi  muka Salomo, yavugishijwe n’Imana ati : NDIRABURA ARIKO NDI MWIZA. Salomo nawe mu kuvugishwa kwiwe ati: Har’abamikazi mirongw’itandatu, n’incoreke mirong’umunani, n’abigeme batoharurika. Ariko inanuma wanje we atagira agasembwa ni we wanje wenyene (Indirimbo 6: 8-9).

Mu buhanuzi, umugore, umwigeme, n’ukuvuga ishengero. Ubwo n’ukuvuga ko n’aho amashengero n’amadini vyogwira bikagwirirana, ishengero ry’ukuri ririho, kandi rishobora guhagararirwa mubihe vyanyuma n’abo nyene basuzugurwa. Erega Yesu yaravuze nawe ngo: Kukw’igishizwehejuru mu bantu ar’igisesema Imana (Luka 16: 15). Nagerageje gukoresha imvugo y’ubuhanuzi, birumvikana ko uwutarabisha amaso yo muri Mpwemu yohava ambona nk’umunyamacakubiri. Oya, n’abazungu bubaha Imana irabemera. Ariko Ivyanditswe biravuga ngo: Kur’uwo musi muri Israeli hazoba aha gatatu kuri Egiputa (Yesaya 19: 24). Ni waba wakurikiranye neza iki cigisho kirerekana ko Egiputa  hazoteba haja hejuru gusumba na Israyeli. Kandi kubera ko igihe Bibiliya yandikwa Egiputa yar’iy’Abirabura, nico gituma tutotinya no kwemeza ko ubuhanuzi buzoshitsa ico bwavuze, abirabure bazoter’imbere mu vyo kuvuga ijambo ry’Imana, basuzugurike mu vy’ubuhinga bw’ivyuma (technologie) no mu vy’intwaro yubahiriza agateka kazina muntu wese (démocratie) vyazanywe n’abera. Mvuze ngo vyazanywe n’abera, kuko hariho inyifato uraba, ukabona ko naho ari muri Démocratie, ugasanga ntibigendanye n’ijambo ry’Imana na gato, ah’ubwo tukabishigikira kuko dutinya kubura imfashanyo ziva hanze. Bikunze kuboneka mu mibano yo mu rugo, no myifatire y’urwaruka.  Dukunda guhengamira ku vyyo abazungu batwereka,  mu kurya, mu kunywa, mu kwambara, mu gutamba, mu gukora ibintu iyari vyo vyose, ariko si vyiza. Kuko imico yacu, twebwe abirabure, igenda ihura n’ivyo Imana isaba mw’ijambo ryayo. Nico gituma iri jambo ribwirwa wewe na nje ngo: NDIRABURA ARIKO NDI MWIZA. aareligion1Sinanka abazungu, kuko nabo hariho abipfuza kugendana n’Imana bicishije bugufi, ariko birabagora kubera imibereho yabo. Ariko Imana irabizi izobakiza.

Ngira ngo ndangize nguha ikibazo: Ubona nko mu gihe Imana yotuma intumwa z’abirabure gusa kuja kuvuga ubu butumwa buheruka kw’isi yose no mu bihugu vy’abazungu, canstock1550080kandi mu bazungu ariho hati ivyicaro bikuru vy’Ekleziya Gatolika, n’ivy’amashengero y’Abanglicans, Abapentekoti, Abadivantistes, Abamethodistes, Ababaptistes n’abandi, ubona abo bazungu bovyakira gute? Yamara niko ibintu biriko biribonekeza muri iki gihe. Abirabura bahagurukiye kuvuga ubutumwa bwiza no kwihana. Usanga abazungu batambatamba hirya no hino bakoresha amahera na bwa buhinga bwabo bw’ivyuma, ariko urukundo n’umuco abirabure bafise wo gusabana no gusangira ubukene, usanga arivyo bizana abakizwa benshi. Ni muje imbere mukorere Imana mutinuba, kandi ubu butumwa bwiza bw’ubwami buzovugwa mw’isi yose, ngo bube ikimenyetso kibere icabona amahanga yose, maz’umuhero uzoca uza (Matayo 24: 14). Iki gikorwa abirabure bariko barakorana umwete,  ni carangira Yesu azoca amanuka ku bicu.

Publié dans : ||le 10 mars, 2011 |Pas de Commentaires »

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire