MUGUMY’UMUTIMA NATSINZ’ISI (3)

MUGUMY’UMUTIMA NATSINZ’ISI (3)MUGUMY'UMUTIMA NATSINZ'ISI (3) N8MZF00Z

I Lustre har’umugabo yar’afise ibirenge vyaremaye kuva akivuka, ntiyari yarigeze atambuka. Uwo yumva Paulo avuga, nawe amuhanze amaso abona ko afise ukwizera kwo gukizwa. Avuga n’ijwi rirenga ati: Hagarara n’ibirenge vyawe, ugororoke. Arabaduka, aratambuka. Maze ishengero ribonye ico Paulo akoze, bavuga n’ijwi rirenga mu rurimi rwo muri Licaoniya bati: imana zitumanukiyemwo zishushanije mu bantu Barunaba bamwita Zeus, Paulo nawe bakamwita Hermes, kuko ariwe yar’imvuzi. Maze umuherezi wa Zeusi, ingoro y’igitabo cayo yari imbere y’igisagara, azana amapfizi n’imyishwa, agira acumite ikimazi we n’ishengero (Ivyakozwe n’Intumwa 14: 8-13).

Icigisho c’uyu musi n’inkuru nziza isubizamwo intege abantu bigeze guhunga bakavugira ubutumwa bwiza aho bahungiye. Afficher l'image d'originePaulo na Barunaba nabo bahungiye i Lustre mu gihe Abayuda bashaka kubagirira nabi muri Ikoniyo, ariko bageze i Lustre, Imana ibakoresha igikorwa cayo nka mbere. Paulo yakijije uwu mugabo w’ikirema, bituma abasaserdoti b’imana z’inyamahanga bishima, baza kuziha ibimazi nk’aho arizo zoba zikoresheje Paulo ivyo. Ntugire ngo biroroshe kwumvisha abantu ko bihenda, mu gihe bishimiye aboyobozi b’idini ryabo. Ariko ivyo vya Zeusi na Hermes ntaco vyari bivuze, kuko s’Imana z’ukuri. Ni nkuko twovuga mu kirundi mo mu kinyarwanda, vya Kiranga na Ryangombe. Ntaho bitaniye n’amashusho canke ibikoresho biboneka mu madini amw’amwe. Barabitinya, bakavuga ko umukuru w’idini kanaka yabihezagiye, ariko ivyo bintu iyo ubiravye, ukaba warabanye n’Imana y’ukuri yaremye ijuru n’isi n’ibiyaga, usanga ah’ubwo wotwenga ukeguka!!! Ewe mwana w’umuntu, ewe murundi wa mirundi ibiri, nawe munyarwanda ushobora gusoma aya majambo, ngufitiye inkuru nziza: Imana yacu iri mw’ijuru, ikora ivyo yishakiye vyose. Afficher l'image d'origineIvyo bigirwamana vyabo n’ifeza n’izahabu (n’ibumba n’ibiti n’amabuye,n’ibitambara vy’impuzu), vyakozwe n’amaboko y’abantu. Bifise akanwa ntibivuga, bifise amaso ntibibona, bifise amatwi ntivyumva, bifise amazuru ntibimoterwa, bifise intoke ntaco bikorakora, bikagira ibirenge ariko ntibitambuka, kandi ntibivugisha imihogo yavyo. Ababikora bose bazomera nkavyo, mbere n’abavyizigira bose ni ko bazomera (Zaburi 115: 3-8). Ben’ivyo bishushanyo bisa n’ibikanganyoni bashinga mu mirima bitazi kuvuga, barinda kubiterura kuko ntivyoshobora gutambuka. Ntimukabitinye, kuko bidashobora gukora ikibi canke iciza (Yeremiya 10: 5).

Ijambo ry’Imana ntiryibesha, n’aho benshi bashira ivyizigiro vyabo mu mashusho no mu bindi bintu, arya mashusho akozwe mu biti canke mw’ibumba nta na kimwe ashobora kutumaririra naho yoba yahezagiwe na bariya bantu nyene twita ngo ni bakuru. Ndakubaza, kandi n’ijambo ry’Imana rirakubaza. Afficher l'image d'origineNone ugiye mu kabande, ugakura ibumba mu nganzo, noneho igipande kimwe c’ibumba ukakibumba mwo inkono, ikindi ukakibumbamwo igikombeigikombe, ikindi ukakibumbamwo isahani, ikindi ukakibumbamwo ishusho y’umuntu, ukayihagarika mu nzi y’ibigrwamana canke muri salon yawe, ukacikubit imbere uti : Nkiza ni wewe muvyeyi wanje, ntiwumva ko uba utakiri mu murongo w’ijambo ry’Imana? Bamwe bati Oya kiratwibutsa gusa ko dufise uwutuvugira mw’ijuru! Ariko ijambo ry’Imana ryo rivuga ko ar’igikanganyoni, kuko uwukuvugir mw’ijuru ni Yesu gusa. Kuko har’Iman’imwe, kandi har’umuhuza umwe w’Imana n’abantu, nawe nyene n’umuntu, ni Kristu Yesu (1Timoteyo 2: 5). Kristu…, ni we ri hejuru ya vyose, ni we Mana ikwiye gushimwa ibihe bidashira. Amen (Abaroma 9: 5). Ni baba barakwijeje ibitangaza, ngo hariho uwundi muntu mw’ijuru agusengera, ngo nkumbure yoba asa n’i'irya shusho canke karya gasanamu, barakubeshe! Kuko har’iman’imwe, kandi har’umuhuza umwe w’Imana n’abantu.jesus-praying Ushobora kuba warumvise canke warabonye abantu baza bavugako bavuye mw’ijuru, bagakora n’ibitangaza, bivugisha neza! Uritonda! Kand’ivyo ntibitangaza kuko na Satani ubwiwe yigira umumarayika w’umuco (2Abakorinto 11: 14). Ariko naho yoba ari twebwe canke umumarayika avuye mw’ijuru, akababarira ubutumwa bunyuranye n’ubwo twababariye, arakavumwa (Abagalatiya 1: 8)

Nta kintu rero c’ikibumbano cogereranywa na Kristu. Kuko nawe ubwiwe arabaza ati: Ninde ahwanye nanje? Umubaji aramvura umugozi ku giti akahacisha ikaramu, akakibaza n’imbazo, akagipimisha imetero, akakibaza mw’ishusho y’umuntu, kikagira akaranga nk’ak’uk’umuntu kugirango bagishire mu nzu. Igihimba ca ca giti agicanisha umuriro, ikindi gihimba akagitekesh’ inyama, 553ee7bc5a50561a2a542c0d91c4_grandeizindi akazitara akarya agahaga, mbere akota akavuga ati: Ha, ha, nshize imbeho! Mbonye umuriro! Maz’igisigaye akagihindura ikigirwamana, kand’ar’igishushanyo ciwe yibaziye, akacikubita imbere akagisenga, akacambaza, ati: Nkiza kuko ur’Imana yanje. Ntaco bazi, kandi ntaco biyumvira, kuko amaso yabo yahumye ngo ntibashobore kubona, n’imitima yabo ngo ntibashobore gutahura. Erega nta wibuka ngo atahure, ngo avuge at’igihimba caco nagicanishije umuriro, nacumvye umutsima ku makara yaco, ntara n’inyama ndazirya, mbeg’igisigaye nogikoramwo ikintu nk’ico c’ubuyobe? Mbega nokwikubita imbere y’ingiga y’igiti? Ushima umunyota gusa, umutima wiwe uba wacuramye, bituma adashobora gukiza ubugingo bwiwe ngw’aruhe yibaza ati: Ubwo iki kintu ntengatiye mu kuryo kwanje, ubwo s’ikinyoma? (Yesaya 44: 7,  13, 16-20).

Mwirinde kwihumanya mu kuvugira amasengesho imbere y’ibishusho vyakozwe n’abantu. Mwirinde no kwinjira mu nsengero z’ibigirwamana. Kand’urusengero rw’Imana ruhuza rute n’urw’ibigirwamana? (2Abakorinto 6: 16). Hitamwo gukorera mu bigirwamana, canke kugendana n’Imana y’ukuri.  Ntimushobora kunywera ku gikombe c’Umwami  wacu, no ku gikombe c’abadayimoni: ntimushobora gusangira ivyo ku meza y’Umwami wacu n’ivyo ku meza y’abadayimoni (1Abakirinto 10: 21).

Mugire amahoro rero, murwane mutsinda. Umwami yaradutsindiye!

Publié dans : ||le 8 février, 2011 |Pas de Commentaires »

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire