IGIHE CO GUSENGERANIRA, ITARIKI 12/10/2016

Mutwihanganire: Iki cigisho kije gitevye kubera ibikorwa vy’ivugabutumwa twagorobejemwo.Mushobora kugikoresha imbere yo kuryama canke uwundi musi.

URUNANI RW’ABANYAMASENGESHO

Buri wa gatatu ari wo wa kane w’Isabato kuri bamwe, na buri wa 5 ariwo musi wo kwitegura ku baruhuk’ isabato, igihe c’isaha 12 z’umugoroba ku masaha y’i Bujumbura/Kigali

 

MUGUMY’UMUTIMA NTSINZ’ISI (2)

Iki cigisho kiri mu Kirundi. Abavuga ikinyarwanda basabwe gufata Bibliya zabo ni babona imirongo ya Bibliya idatahuritse neza

Bamara imisi myinshi bavuga batabobotereza kubg’umwami Yesu, ashingira intahe ijambo ry’ubuntu bwiwe, abaha gukora ibimenyetso n’ibitangaza n’amaboko yabo. Ariko abantu bo muri ico gisagara birema ibice, bamwe baherera ku Bayuda, abandi ku ntumwa. Kand’abanyamahanga bo n’Abayuda n’abashingantahe babo baja kubatera ngo babagirire nabi, babicishe amabuye; barabimenya, bahungira i Lustra n’i Derbe, ibisagara vy’i Licaoniya no mu gihugu gihereranye naho, bagumayo bavuga ubutumwa bwiza (Ivyakozwe n’Intumwa 14: 3-6).

Mur’iki cigisho muri kumwe n’umunyavyaha yagiriw’ubuntu, akaba na mwene So mufatanijer intambara y’umusaraba, Balthasar MiburoIGIHE CO GUSENGERANIRA, ITARIKI 12/10/2016 paul_stirs_up_antioch

Turacari muri Ikoniya. Aha hantu Paulo yahagiriye umugisha, umwami Yesu arashigikira ijambo ryiwe, ibitangaza birakorwa. Reka nsubire ndabibutse ko mu gihe ubutumwa bwiza bwavuzwe ata kurya munwa, Satani nawe ahugurukana ibigwanisho vyiwe vyose ataco asize. Igituma muri iki gihe ishengero ryimererewe neza mu bihugu vyinshi, n’ukubera ko rishira aho ab’isi bashize. Iyo ishengero riba ryitandukanya n’isi muri vyose, rikemera gukena no gutwengwa mw’Izina rya Yesu, abakristu benshi baba barenganywa, bagacuranguzwa, yamara kandi ububasha bw’umwami Yesu buba bwibonekeza cane, iyi si ikamurikirwa. Yesu yadusengeye ati: Nabahaye ijambo ryawe; kand’ab’isi barabanka kukw’atar’ab’isi. Singusaba ngo ubakure kw’isi, ariko ngo ubarinde wa Mubi. S’ab’isi, nk’uko nanje ntar’uw’isi. Ubeze mu kuri, kukw’ijambo ryawe ariryo kuri (Yohani 17: 14-17).  Amashengero menshi muri iyi si yaribagiye igikorwa yahamagariwe, usanga agendera mu gitutu ca Leta. Mbere agafadikanya n’ab’isi mu vyaha vyabo. Kuko mugihe bamaze kubahakanisha amategeko y’Imana, bakabahanaguramwo isabato y’Imana, bakayigira umusi w’akazi, burya vyerekana ko ishengero risigaye rigenza umutwe nk’uruyuzi muri iyi si. Nivyo Yesu avuga mu Vyahishuwe ngo: Bakubona ugenda nk’aho uri muzima ariko ur’umupfu (Ivyahishuwe 3: 1). Ibitangaza vyinshi, ugusenga cane, canke kubona ivyo twasavye, s’ikimenyetso c’uko turi kumwe n’Imana. Kuko na Satani arakor’ibitangaza, kandi iyo dusenga tubomboranya amanwa, arumva ivyo tuvuga. Ashobora no kudutunganiriza ivyo twasavye, tukama twibaza ngo n’Imana ibikoze ariko vyakozwe n’umwansi w’Imana. Kandi vyo s’igitangaza kuko na Satani yigira umumarayika w’umuco (2Abakorinto 11: 14). Ikimenyetso kimwe gusa cerekana ko tugendana n’Imana kandi tugakoreshwa nayo, n’uko twitondera ivyagezwe vyayo. 

Mu bihugu vyinshi, n’urukundo rw’Imana n’abantu  basigaye barugenera amatariki, ku buryo iyo itariki itarashika ari bake bibuka ko gufasha abakene, abashonje, abagwaye n’abatagira ico bambara, impfuvyi n’abapfakazi. Babibagiza ko ar’igikorwa ca misi yose, uko kose bigushikiye kandi ukaba ufise amikoro. Bikunze kuboneka cane mu misi ya Noheli, aho abantu bazana ibintu vyinshi ngo bagiye gufasha abakene, ukibaza niba abakene babo baboneka mu kwezi kwa 12 gusa. Hari vyinshi novuga kuri iyi ngingo, ariko ndazi ko benshi muri twebwe bafise wa mutima w’i Burundi no mu Rwanda, wo kugemurira umubanyi n’incuti mu gihe arwariye mu bitaro, mu gihe apfunzwe, no gufashanya mu gihe incuti canke umuturanyi  wawe bafise urubanza batokwishoboza n’ibindi. Mukomeze rwose ntimute uwo muco mwiza. Niryo dini ry’ukuri, uretse ko bigira akamaro iyo ubikoze ngo utere iteka izina ry’Imana. Kandi naho wobikora, ntukwiye guheba amateraniro y’abizera (Abaheburayo 10: 25).

Ariko reka ngaruke kuri ririya jambo ngo: bavuga batabobotereza (canke beruye rwose) (Ivyakozwe n’Intumwa 14: 3). Raba neza ukuntu aya majambo atonze mur’uwu murongo: Bamara imisi myinshi bavuga batabobotereza, kubg’umwami Yesu ashingira intahe ijambo ry’ubuntu bwiwe, abaha gukora ibimenyetso n’ibitangaza n’amaboko yabo (Ivyakozwe n’Intumwa 14: 3). Murabona ko Paulo na Barunaba, ntibakoze aho hantu umusi umwe ngo bahite bagenda. Bahakoze imisi myinshi. Biratwereka ko gukorer’Imana bisaba abantu bihangana bagakomeza igikorwa naho nyene vyoba ingorane. Iyo bigenze gurtyo, niho umwami Yesu ashigikiza ijambo ryiwe ibitangaza bikorwa n’amaboko y’abakozi biwe.

Mur’iki gihe, iyo tuvuze ibitangaza, abapasitori benshi bipfuza kubona ko aribo babaye ba rurangiranwa mu kwirukana abadayimoni, mu gukiza ingwara n’ibindi. Ariko siko biri. Abakozi b’Imana bafise ako gatima, n’amabingira (amasega) nk’ayandi mu ruhongore rw’Imana, kuko bashaka  ko icubahiro cohawe Imana gihabwa bo. Kuko bazi ko iyo bigenze gurtyo, baba babonye ukuntu barya ingo z’abapfakazi n’abakene. Muzobon’ibara mwebwe abanyabwenge b’Ivyanditswe n’Abafarisayo, mwa ndyarya mwe, kuko mukirya ingo z’abapfakazi mwivugisha amasengesho menshi y’ububeshi, nico gituma urubanza rubaraririye ruruta urw’abandi (Matayo 23: 14).

Igitangaro gikomeye dusabwa gukora muri ibi bihe vya nyuma, n’ugukura umunyavyaha mu vyaha vyiwe tukamugeza imbere y’umusaraba wa Kristu, akihana akabona ubugingo buhoraho. Mumenye yuko uwuzimuruye umunyavyaha akamukura mu nzira yiwe yazimiriyemwo aba akijije ubugingo bwiwe urupfu (Yakobo 5: 19).

Abakozi b’Imana bama bafise mu mitima yabo umwete wo kuvuga ukuri badacisha ku ruhande kugira ngo bakize abanyavyaha, ntibakundwa cane muri iyi si. Ni wafata Bibiliya yawe ukavuga amategeko y’Imana ukayigisha kugirango abantu bamenye icaha icarico, uzokundwa na bake, mbere ushobora kurangiriza imisi yawe mu buroko, n’ugupfa ugapfa. Niko bigenda mu bihugu bimwe na bimwe. Kuko burya n’ubwo tuvuga ngo turi muri Démocratie, iyo wihweje neza usanga na Démocratie ifise imipaka igarukirako. Ni wavuga ibintu vy’Imana bigakomeretsa imitima y’abategetsi n’abanyaguhugu ntugire ngo ubuzima buzokorohera. Ni vyo rero twasomye ngo: Ariko abantu bo muri ico gisagara birem’ibice, bamwe baherera ku Bayuda, abandi ku ntumwa. Kand’abanyamahanga bo n’Abayuda n’abashingantahe babo baja kubatera ngo babagirire nabi, babicishe amabuye (Ivyakozwe n’Intumwa 14: 5).

Mur’aya majambo ngo: bamwe baherera ku Bayuda abandi ku ntumwa, harimwo ivyizigiro vyinshi bikwiye kuremesha abantu b’Imana. Dukwiye gukora twishimiye umwami, kuko niwe aha umugisha igikorwa cacu. Naho abantu bomera nk’abatwanse, ijambo ry’Imana ntiribura abaryemera. Si ngombwa ngo babe benshi, ariko naho yoba umwe, umurimo w’Imana uba wakozwe. Na kare Ivyanditswe biravuga ngo: Nkuko imvura na shelegi (neige) bigwa bivuye mw’ijuru ntibisubireyo, ariko bigatosa isi, bigatuma imeza, ikera, igaha umubivyi imbuto, n’uwurya ikamuha ivyokurya, uko niko ijambo ryanje riva mu kanwa kanje rizomera, ntirizogaruka ubusa, ariko rizoshitsa ivyo rigomba, rizosozera ico naritumye (Yesaya 55: 10-11). Nzogusigaza mwo abaciye bugufi na ba nyarucari, abo nibo bazokwizigira izina ry’Uhoraho (Zefaniya 3: 12).

Kandi ni wabona bagusatira ngo bakwice, ukabona ko hakiriho uburyo bwo guhunga, uraraba ukuntu unyororomba ukize amagara, ivyo udashoboye gukora no kuvuga, bizovugwa n’abakwumvirije. Burya igikorwa cawe kiba kirangiye. Genda wigishe ahandi. Wabonye ko icigisho cacu kivuga ngo: bahungira i Lustra n’i Derbe, ibisagara vy’i Licaoniya no mu gihugu gihereranye naho, bagumayo bavuga ubutumwa bwiza (Ivyakozwe n’intumwa 14: 6-7). Wewe ntugire ubwoba, kuko amasezerano avuga ngo: Muzoba mwanswe na bose babahora izina ryanje. Kandi ntihazohara n’agashatsi na gatoyi ku mitwe yanyu (Luka 21: 17-18) Kuko uwubakorako aba akoze ku mbone y’ijisho ry’Imana (Zakariya 2: 8).

Niwaba ukorer’Imana vy’ukuri udakorer’idini ryazanywe n’abantu, aya majambo azogushika ko ngo: MW’ISI MUZOGIRA AMARUSHWA MENSHI, ARIKO MUGUMY’UMUTIMA, NATSINZE ISI (Yohani 16: 33).

Iki cigisho ukwiye kukukirungikira incuti n’abagenzi bawe. Kora share/partager

ABO DUSENGERA

Dusengere murumuna wa Chadrack apfunzwe kugira ngo Uwiteka amugirire ubuntu. Dusengere abantu bane muri twebwe bitegurira kubatizwa. Tubandanye gusengera Lea kugirango agere ku rugero rukwiriye, Imana imufashe abatizwe.   Dusabire urugo rwa Phinah kugirango ruhinduke ijuru rito ryo kw’isi. Dusengere Bernisse, dusengere Barakamfitiye, na Gakwerere, kugira ngo bakomerere mu buntu bw’Imana no mu kuyubaha. Dusengere Aulerie n’abanyeshule bose kugirango bagire ubwenge mu mashule, bongere bigenze nk’abantu babanye na Yesu koko.

Publié dans : ||le 8 février, 2011 |Pas de Commentaires »

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire