MUGUMY’UMUTIMA NATSINZ’ISI (1)

 

Iki cigisho kizomara imisi itatu

MUGUMY’UMUTIMA NATSINZ’ISI (1)MUGUMY'UMUTIMA NATSINZ'ISI (1) paul+preaching+at+athens+raphael

Maze bari muri Ikoniyo bompi binjira mw’isinagogi y’Abayuda, bavuga amajambo atuma Abayuda n’Abagiriki benshi bizera. Ariko Abayuda banse kwumvira ivyo, bavyura urwanko mu mitima y’abanyamahanga ngo bagirire inabi bene Data (Ivyakozwe n’Intumwa 14: 2).

Aba bantu bavuzwe muri iyi mirongo bari muri Ikoniya, ni Paulo na Barunaba (Ivyakozwe n’intumwa 13: 50). Bari bamaze  amasabato abiri bavuga ubutumwa muri Antiyokiya h’i Pisidiya (Ivyakozwe n’Intumwa 13: 14). Bagitangura, vyari vyababereye neza, ku musi w’isabato binjira mw’isinagagi baricara. Isomwa ry’amategeko n’abahanuzi riheze, abakuru b’isinagogi batuma kuri bo bati: Bene Data, ni mwaba mufise ijambo ryo guhanura abantu ni murivuge (Ivyakozwe n’intumwa 13: 14-15). Ico gihe Paulo yabonye bamugiriye icizere, yanka guta umwanya, aca aranzika abibutsa ivyo Imana yakoreye ubwoko bw’Abisirayeli vyose kuva kuri sogokuruza wabo Aburahamu asorongora ubuhanuzi bwo mu Vyanditswe Vyera mu majambo avunaguye, abereka ukuntu babaye intagondwa mu migenzo yabo, inyigisho z’Imana bakazigurana imigenzo y’iz’idini. Yerekanye ko uguharirwa ivyaha vyabo kubonerwa muri Yesu gusa (ni musome Ivyakozwe n’intumwa 13: 16-39) Arangije kubibutsa ubuhanuzi, acabareka ico atumbereye, kugirango bisubireko bihane, ati: N’uko mwiyubare ivyavuzwe n’abavugishwa n’Imana vyoye kubashikako (Ivyakozwe n’Intumwa 13: 40). Aha yavuga ivyago bishobora kubasukwako kubera ishavu ry’Imana ku banse kwihana.

Mur’urwo rusengero, ni yo sinagogi y’Abayahudi, Paulo n’abo bari kumwe bahagiriye umugisha, hihana abantu benshi.  Iyo Ijambo ry’Imana rivuzwe ku buryo burashe kandi bwumvikana, hatarimwo kuzarira no gutwenza abatwumva, bigira akamaro kenshi. paulandcircumcisionBariko barasohoka barabinginga ngw’ayo majambo az’avugwe kw’isabato izoza. Abari mw’isinagogi bamaze gusabagira, benshi mu Bayuda bo n’abatoye idini yabo bakubaha Imana, bakurikira Paulo na Barunaba; nabo bayaga nabo, barabahanura ngo bashishikare kuguma mu buntu bw’Imana (Ivyakozwe n’intumwa 13: 42-43). Aha ndashaka kuhasubiramwo, kubera bene Data b’abavugabutumwa muri iyi misi. Musabe Imana ubwenge bwo kuvuga bike vyumvikana, nivyo bigira ikimazi mu mitima y’abavyumva.

Ivyo Paulo yavuze kuri iyo sabato, bagiye barabihererekanya muri iyo ndwi yose, ku buryo kw’isabato ikurikira iyo, hakoranye nk’abo mu gisagara cose kwumva ijambo ry’Imana. Ariko Abayuda babonye ishengero ryinshi buzura ishari, bahakanya ivyo Paulo avuze, barabicokora. Paulo na Barunaba bavuga bashize amanga bati: Vyari bibereye ko Ijambo ry’Imana ribanza kubwirwa mwebwe; none ko murishibuye, mukerekana ko mutabereye ubugingo budashira, ehe-e, twigiriye mu banyamahanga. Kuko Umwami Imana ariko yatubariye ati Ndagushizeko, kugirango ube umuco w’amahanga, kugirango n’abo ku mpera y’isi ubashikirize agakiza. Abanyamahanga bavyumvise baranezerwa, bashimagiza Ijambo ry’Imana, abari baragenewe ubugingo budashira bose barizera. Ijambo ry’umwami Yesu rikwira muri ico gihugu cose. Ariko Abayuda bosha abagore b’icubahiro bubaha Imana n’abakuru bo muri ico gisagara, bavyurira akadendererezo Paulo na Barunaba, babirukana mu ntara yabo. Nabo babakunkumurirako umukungugu wo mu birenge vyabo, baja muri Ikoniyo. Abigishwa buzuzwa umunezero na Mpwemu Yera. Maze bari muri Ikoniyo bompi binjira mw’isinagogi bavuga amajambo atuma Abayuda n’Abagiriki benshi cane bizera. Ariko Abayuda banse kwumvira ivyo, bavyura urwanko mu mitima y’abanyamahanga ngo bagirire inabi bene Data (Ivyakozwe n’Intumwa 13: 44- 14: 2).

Ni waba wakurikiranye neza, muri iki cigisho, haravugwamwo Abayuda n’Abayuda. Nshatse kuvuga ko hariho Abayuda bizeye amajambo y’agakiza Paulo na Barunaba bavuga, ariko haravugwa n’abandi Bayuda batera akajagari, kubera ko babonye abantu bagiye kubacika bakaja mu nyigisho za Paulo na Barunaba. Ntibitangaje. Kuko Satani nawe akoresha abantu. Ico kiyoka kigirira wa mugore (ishengero) inzigo, kirigira ngo kigwanye abo mu ruvyaro rwiwe basigaye, bitondera amategeko y’Imana, kandi bagahagarara nk’abagabo nka Yesu (Ivyakozwe n’intumwa 12: 17). Célébration voeux soeurs Divine Volonté Maroua

Mu gihe idini ryamaze gushinga imizi mu gihugu, hakaza abavugabutumwa bavuga batary’umunwa, ni ngombwa ngo iryo dini rikore uko rishoboye kwose ngo riteshe agaciro amajambo y’ukuri ava mu Vyanditswe Vyera bivugwa n’abo bakozi b’Imana. Mu bihugu vyinshi mbere, umuntu yigisha ibiteye kubiri n’ivyo idini ry’igihugu ryemera, bamucira urubanza rwo gupfa. Vyarabaye kenshi no mu gihe c’umwijima, mu gihe abantu nka Luteri, Jean Huss, Jérome, aba vaudois n’abandi barapfuye bazira ko batemera guha icubahiro amajambo y’abantu ngo bayarutishe amajambo y’Imana.  Ni waba ukorer’Imana vy’ukuri, udakorer’idini ryazanywe n’abantu, aya majambo azogushikako ngo:  MW’ISI MUZOGIRA AMARUSHWA MENSHI, ARIKO MUGUMY’UMUTIMA, NATSINZE ISI (Yohani 16: 33).

ABO DUSENGERA

Dusengere Cedrick aragwaye. Dusengere abantu baronse ibi vyigisho ubwa mbere, kandi tubahaye ikaze. Dusengere Revocat nawe avuga ko yumvise ko ijwi ry’Imana rimubwira kugaruka ku kwubaha Imana no kuzoririza isabato yayo. Dusengere Meshaki ngo aronke abo baterana kw’isabato. Dusengere murumuna wa Chadrack apfunzwe kugira ngo Uwiteka amugirire ubuntu. Dusengere abantu bane muri twebwe bitegurira kubatizwa. Tubandanye gusengera Lea. Twishimane na Rosine twasengeye akaba yabonye akazi. Twishimane na John twasengeye agwaye akaba yarakize. Nuko dutangure kandi dusabe imvura rero.

Igihe c’amasengesho ni ku wa 3 usanzwe ariwo wa 4 w’isabato, no ku wa 5 usanzwe, ariwo wa 6 w’isabato, umusi wo kwitegura. Amasengesho atangura igihe cose saa kumi na zibiri. Aho woba uri hose usabwe guca uhagarika ivyo warimwo ukifatanya na bene Data hirya no hino kw’isi, mw’isengesho.

Publié dans : ||le 8 février, 2011 |Pas de Commentaires »

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire