KUR’UWU MUSI WO KWITEGURIR’ISABATO, SOGOKURU AGIRA ABACIRE UMUGANI! MUBE MASO DUTERAME!

UMUGANI WA BITAMO VYO MW’ITABA MUKA NTARE

Image result for inanga burundi

Umwami w’Uburundi wa kera yitwa Ntare ngo yabanye n’umwamikazi wiwe Bitamo-vyo-mw’Itaba. Umwami yakunda Umwamikazi Bitamo -vyo- mw’Itaba nk’akajamunda. Ariko ngo uwo mwamikazi we yikundira « umwungere yaragira inka z’umwami ». Uwo mwungere ntiyigeze yitaho ivy’uko Inabuja amukunda, ariko we yikundira impfizi y’inka mu zo yaragira.

Igihe kimwe rero yar’aragiye inka, imvura irakuba, inkuba iraravya, ikubita ya mpfizi. Umwungere abibonye, ati iyi nka ya Databuja ntiyopfa ngo nsigare n’ukuntu nayikunda. Ashinga icumu, aryirohako, arapfa ajana n’inka yakunze. Abantu baje kuraba, basaga ya mpfizi yakubiswe n’inkuba, na wa mwungere akuba uruyoka mu mugende w’amaraso. Bagenda kubivuga i bwami. Umwamikazi avyumvise, ararira yanka guhozwa, kubera uwo musore yapfuye kandi yaramukunda cane. Yiha umugozi, arimanika kubera umwungere w’inka yakunda cane. Batabaza umwami bati: Nyabura nyen’ingoma dutabare Umwamikazi aratanze! Umwami abibonye, biramutangaza abura ic’avuga, kuko yakunze ikitamukunda. Umwami we ntiyiyahuye, yahisemwo kurindira ikigandaro kirahera, yishakira uwundi mwamikazi. Sije nohahera.

Umugani ugana akariho: Yesaya yavugishijwe n’Imana ati:  » Ni mwumve mwa majuru, teg’amatwi wa si we kuk’Uhoraho abivuze, ati » Narakujije abana ndabarera, maze barampinduka. Inka irazi nyeneyo, n’indogoba irazi ubwato bwa shebuja … ariko abantu banje ntaco batahura (Yesaya 1: 2, 3). Birababaje gukund’umuntu ukamugirira neza, ariko akikundira ibindi. Uwo ni wo muco w’ishengero ry’iki gihe. Rirakunda cane inyigisho ryizaniye, rigashira hejuru abayobozi baryo kuruta uko rishira hejuru Kristo yaduhebeye ubugingo bwiwe. Yatugize ba samuragwa b’ubwami bw’ijuru. Ariko kuba ba samuragwa ntibivuze ko tuzobishikira twese, kuko bisaba ko tuvyitwaramwo neza, tukubaha amategeko y’Umwami wacu Yesu-Kristo, yatwiguze yadukoye amaraso yiwe.

« Abaherezi baho bishe ivyagezwe vyanje ku manyama, baziruye ivyera vyanje, ntibashize itandukaniro hagati y’ivyera n’ibitar’ivyera, canke ngo bamenyeshe abantu uko bakwiye gutandukanya ibihumanye n’ibidahumanye, kandi n’amasabato yanje barayirengagije, nuko nsigaye nkengeretse muri bo. Nico gituma mbabwira ko ubwami bw’Imana muzobwakwa, bugahabwa ihanga ryama imbuto (Ezekiyeli 22: 26; Matayo 21: 43).

Imana yarerekanye ko Bitamo-vyo-mw’Itaba adakunda Ntare. Ibi bisa n’ivyawe najewe:  Na wewe warasomye, kandi warumvise kenshi ko Isabato y’Uhoraho izoba ejo ku musi w’indwi. Ariko wahisemwo gukund’idini ryawe, uti nzogwa aho riguye. Nkuko Bitamo yiguze umushumba atamukoye, niko n’abakristu benshi bariko barigura idini ritabambwe i Gologota. Nkuko umwami Ntare yishakiye uwundi mwamikazi, « Nico gituma mbabwira ko ubwami bw’Imana muzobwakwa, bugahabwa ihanga ryama imbuto » (Matayo 21: 43). Burya Bibliya ntiyibesha, ishengero ry’iki gihe rigereranywa n’Umwamikazi Vashiti yasubiriwe na Esiteri ngo « N’uko umwami agomwa Esiteri… amugira umwamikazi mu gishingo ca Vashiti » (Esiteri 2: 9)

Ehe, uwu musi ni wa musi Yesu yadupfira ku musaraba. Bibliya iwita « ku wa gatandatu, aho Imana yatanga ingero zibiri z’umutsima wo mw’ijuru ku bwoko bwayo, kuko bukeye haca haba isabato yo kuruhuka (Kuvayo 16: 22-23). Satani ati: reka, hari ku wa gatanu! Yamara, niwo musi wa gatandatu, aho Yesu yadupfiriye i Gologota: War’umusi wo kwutegura isabato igira ishike(Luka 23: 54), kandi  » umusi w’indwi niwo sabato » (Kuvayo 20: 10).

Satani ati: ukwizera kwacu ntigushingiye ku musi: Ariko ko mu mategeko cumi ya Data ijambo umusi riboneka incuro zitandatu: Gushika aho ijuru n’isi bizovviraho,nta kanyuguti na kamwe canke akazatsa bizova ku vyagezwe, gushika aho vyose bizoheraherezwa (Matayo 5: 19). Ariko kuko twabaye ba mudakurwa kw’ijambo, « Nico gituma mbabwira ko ubwami bw’Imana muzobwakwa, bugahabwa ihanga ryama imbuto » (Matayo 21: 43).

Umurariko ni wa wundi ngo: EJO UZOBA UMUSI WO KURUHUKWA, ISABATO IROBANURIWE UHORAHO, NGO NONE RERO MWEHO NTIMUGAMIKE AMAZOSI NKA BASOGOKURUZA BANYU, ARIKO MUYOBOKE UHORAHO, MUZE MUZE MURUSENGERO RWIWE…(Kuvayo 16: 23; 2Ngoma 30: 8)

Umwami Yesu atubabarire cane ku buntu bwiwe. Amen.

 

 

 

Uwo ni

Publié dans : ||le 4 novembre, 2016 |Pas de Commentaires »

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire