IVYOKURYA VYO MUGITONDO (18)

UMUGISHA WA GATANU UBONEKA MU GITABO C’IVYAHISHUWE

Uwuri mu mugabane wo kuzuka kwa mbere arahiriwe kandi n’uwera. Urupfu rwa kabiri ntirugir’ububasha ku bameze bartyo, ariko bazoba abaherezi b’Imana na Kristo, kandi bazofatanya nawe kuganza imyaka igihumbi (Ivyahishuwe 20: 6).

IVYOKURYA VYO MUGITONDO (18) ye-men-of-galilee

Ni yaba uwuri mu mugabane wo kuzuka kwa mbere ahiriwe kandi akaba uwera, birumvikana ko  »hahumiwe uwutari mu mugabane wo kuzuka kwa mbere kuko s’uwera ».

Intumwa Paulo iravuga iti: Abapfiriye muri Kristu, nibo bazobanza kuzuka (1Abatesalonika 4: 16). Yohani rero niko kuvuga ati: Baba bazima, bafatanya na Kristu kuganza iimyaka igihumbi. Abafuye bandi ntibaba bazima, iyo myaka igihumbi itarashira. ukwo niko kuzuka kwa mbere (Ivyahishuwe 20: 4-5).

Usome neza iri jambo kandi uritahure: Ntihanditswe ngo, abapfiriye mw’Ekleziya canke mubaporo, canke mw’idini iryari ryo ryose. Oya « Abapfiriye muri Kristu, nibo bazobanza kuzuka » (1Abatesalonika 4: 16). Nibo Yesu avuze harya hejuru ngo: « Uwuri mu mugabane wo kuzuka kwa mbere arahiriwe kandi n’uwera. Urupfu rwa kabiri ntirugir’ububasha ku bameze bartyo, ariko bazoba abaherezi b’Imana na Kristo, kandi bazofatanya nawe kuganza imyaka igihumbi (Ivyahishuwe 20: 6).

Muri iyi mirongo biraboneka ko abadafise ya migisha indwi, aribo Bibliya yita  »abapfuye bandi » (Ivyahishuwe 20: 5), bo ntibazozuka mu muzuko wa mbere (mw’izuka rya mbere), bazozuka mu kuzuka kwa kabiri. Hagati y’iyo mizuko ibiri, Ijambo ry’Imana ryatubwiye ko hazoca igihe c’imyaka igihumbi. Ikibazo gusa twokwibaza kandi tukaba tutokiboner’inyishu, n’ukumenya nimba iyo myaka igihumbi izoharurwa nkuko duharura imyaka yo muri iki gihe igizwe n’amezi cumi n’abiri. Ivyo na wokwirusha ngo avuge ko yobimenya. Kuko ibizoba nyuma y’ukuzuka kwa mbere,  n’ivy’ijisho ritigeze kubona, n’ivy’ugutwi kutigeze kwumva, ibitigeze kwinjira mu mutima w’umuntu (1Abakorinto 2: 9).

Har’abafise igitabo ngo candikwamwo abitwa aberanda, ndetse bakagira n’igihe babagirira imisi mikuru. Niwaba uja mur’ivyo bintu, nokubwira ko ukwiye guhagarara ukibaza, kuko  » Nta wo mw’ijuru, canke uwo kw’isi, canke uw’ikuzimu ashobora ku kiraba… Intambwe yo mu muryango wa Yuda, Umunago wo ku  gishitsi ca Dawidi, niwe yanesheje ngo ashobore kuzingurura ico gitabo (Ivyahishuwe 5: 3, 5). Niwe nta wundi, niwe mugabo adasumbwa, yivuga atihisha, kandi « uyo we, kuko yamaho ibihe bidashira, afise ubuherezi (ubusaserdoti) budakurwaho. Nico gituma ashobora gukiza rwose, abashikira Imana kubwiwe, kuko na ntaryo yamaho ngw’abasabire (Abaheburayo 7: 24-24). Niwe yivuga ati: « Jewe Yesu, ntumye umumarayika wanje kushingira intahe mwebwe ivyo, kubw’amashengero. Ni jewe munago wo ku gishitsi ca Dawidi, nd’umwuzukuruza wiwe, kandi nd’ikinyenyeri gic’ibibatsi co mu gaturuturu (Ivyahishuwe 22: 16). Hano kw’isi, ni hagira uwukubesha ngo arashobora kwandika umuntu mu gitabo c’Aberanda (kandi abo bantu babaho), uravyumva ariko ntuvyiteho, kuko Bibliya ivuga ko uwo aba ariko ararogotwa.

Sindiko ndacira urubanza umuntu n’umwe, ariko mvuga Ivyanditswe Vyera. Erega naho notinya kubivuga, abandi bazobivuga. Ubwo ni bwa butware bwa ca Gikoko buvuga ibintu nk’ivyo vyo kwandika aberanda mu gitabo, kuko handitswe ngo « Giteranura akanwa kaco ngo kirogotwa ku Mana, kirogotwa no kw’izina ryayo no ku baba mw’ijuru (Ivyahishuwe 12: 6). None kuvuga yuko bafise igitabo c’Aberanda, bakiyemeza ko bashobora kwandika umuntu mu rutonde rw’Aberanda, uko s’ukurogotwa ku Mana koko? Kwigerekako igikorwa c’Imana, ukiyemeza ko ushobora kwandika ivyo  Imana yokwanditse, sikwo kurogotwa kw’izina ryayo?. Yesu yita Imana Data  » Muvyeyi Mweranda » (Yohani 17: 11), nawe ukaba uri kw’isi, ugashaka ko abantu bakwita  » Muvyeyi Mweranda, Nyen’ubweranda, Nyir’ubutungane ».  Kandi umuntu nk’uwo ntiyobura abamusenga, kuko si jewe navyanditse, ariko n’ubuhanuzi buboneka ku mpapuro zera (zeranda) ngo: Umuntu afise icubahiro ntagire ubwenge, ameze nk’ibikoko bipfa gusa (Zaburi 49: 20) » KAND’ABABA KW’ISI BOSE BAZOGISENGA, UMUNTU WESE ATANDITSWE MU GITABO C’UBUGINGO C’UMWAGAZI W’INTAMA YATANZWE KW’IKIMAZI UHEREYE KU KUREMWA KW’ISI (Ivyahishuwe 13: 8).  Mu murwa wa wa Mwagazi w’Intama,  » kuri wo ntihazogera ikintu gihumanya, canke uwukor’ibizira akabesha, atar’abanditswe mu gitabo c’ubugingo ca wa Mwagazi (Ivyahishuwe 21: 27). Abo nibo bazitwa  » ABERANDA BOSE ». Kuko bazoba babihawe na Nyenevyo.

Ico ngusabira nanje nisabira, n’uko izina ryawe ryohanagurwa mu gitabo c’urupfu, rikandikwa mu gitabo c’ubugingo. N’uko izina ryawe ryova mu bitabo vy’i Babuloni, rikandikwa mu gitabo c’i Siyoni, arico c’Umwagazi w’Intama. Maze ukazoba mu kuzuka kwa mbere. Ndavyanditse gurtyo, ariko si jewe mbitanga: Niwaba unyemereye, hindukiza amaso  y’ukwizera ubisabe Umwagazi w’Imana; niwe ndakweretse mur’aka kanya, kuko ni we abishoboye gusa : « Nguyu Umwagazi w’Intama w’Imana ukuraho icaha c’abari mw’isi (Yohani 1: 29). Muhe n’ivyaha vyawe navyo abikureho, nawe wandikwe mu gitabo ciwe uwu musi.

Iman’igufashe kandi ikuyobore, kugira ngo ntuze ubure mur’uko kuzuka kwa mbere! Iki cigisho kivuye ku mutima w’urukundo, kuko turabakunda, kuzobana namwe mu bwami bw’Imana bizoba bihimbaye! Mw’izina ryera rya Yesu. Amen

Publié dans : ||le 1 novembre, 2016 |Pas de Commentaires »

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire