IVYOKURYA VYO MU GITONDO

MU GATURUTURU (YESU) ASUBIRA MU RUSENGERO ABANTU BOSE BAZA AHARI ARABIGISHA (Yohani 8: 1-2).

Image result for Jesus teaching in the temple

Mbese muri iki gitondo, abandi ko bazindutse basenga, imbere yo gutangura ibikorwa, weho wazindukiye mu biki? Birashoboka ko ishengero ryawe ryatunganije amasengesho yo mu gitondo, ariko wahisemwo kuzinduka wirukira akazi. N’aho wobona bidashoboka ko ujayo, iyo nzu yawe canke ico cumba cawe cokubera urusengero rwo mu gitondo, ubishatse. Vyose biva kuri wewe.

N’ibara ribi, kubona ko wikanguye n’amahoro, kandi hirya no hino kw’isi hariho abagiye kuryama nkawe ejo ku mugoroba ariko ntibaramutse. Abandi batewe n’abagizi ba nabi, barabica, ntibashoboye kubona izuba ry’uwu musi. Yakobo ngo yiryamiye ahantu habi yiseguz’ibuye, ariko ngo yagize amahirwe, arot’Imana. Yakobo arikangura, aravuga ati: « N’ukuri Uhoraho ar’aha hantu, nanje sinari ndabizi. Aratinya,aravuga at’Erega aha hantu hateye ubwoba! At’aha n’inzuy’Imana na gukeka, aha niho har’irembo ry’ijuru (Itanguriri 28: 16-17). Ariko wewe, wirariye ku gitanda ciza, wisegura umusego umeze neza, wipfuka ikireta ciza gishushe, none raba inzu uraramwo ntushaka ko iba inzu y’Imana, ntushaka ko haba nk’irembo ry’ijuru! Mbe iyo ugiye mu gitanda urot’iki? Uzindukira gushima Uhoraho canke uzindukira mu biki? Uwu musi rero, « Kuko dukorana nayo, turabinginga ngo ntimuhererwe ubuntu bw’Imana gupfa ubusa, kuko yavuze iti: « Mu gihe co kwemererwamwo ndakwumvise, no kumusi wo gukirizwako ndagutabaye, Ehe uwu musi nyene niwo musi wokwemererwamwo, ehe uwu musi niwo musi wo  gukirizwamwo (2Abakorinto 6: 1-2)

Ndakwipfurije imigisha Yesu aza guha abamusenga bose mur’iki gitondo, nawe ntigucike mw’izina ryera rya Yesu. Amen.

 

Publié dans : ||le 5 octobre, 2016 |Pas de Commentaires »

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire