IVYO TWIZERA

Aya majambo ugiye gusoma niyo arimwo ibintu bikuru bikuru twigisha abantu bashaka kwigana na twebwe Bibiliya. Mu gihe umaze kwinjira mw’Ishengero ry’abasigaye ushobora kwumva inyigisho nziza z’uburyo bwinshi, ariko ibi nivyo remezo. Ku bwacu ishengero ryose ryigisha ivyo Imana ibwiriza rikigisha n’isabato y’Imana riba ar’iry’abasigaye. Kuko abarangwa n’ikimenyetso kimwe si vyiza ngo bicemwo ibice. Uwutabagwanya aba ar’uwanyu (Luka 9: 50).

ISHIRAHAMWE RY’ABASOMA BIBLIYA MU BURUNDI

Association des Lecteurs de la Bible au BURUNDI  

(A. L. B.-BURUNDI)

Vyahinduwe mu kirundi na Miburo Balthasar

the original text is from STEPS TO LIFE (We Believe).

IVYO TWIZERA 

Ishengero ryacu ryose ritegerezwa kuba rifise uru rwandiko kandi bakavyigisha cane cane abitegurira kubatizwa

1. Twizera ko hariho Iman’imwe rudende, Imana y’ukuri, Imana nzima kandi ihoraho. Niyo Rugiravyose,  izi vyose, n’umushoboravyose, ikwiye hose, iri muri batatu bahuje muri vyose, mu bikorwa no mu vyiyumviro.  A: Data wo mw’ijuru: (Matayo 28: 18-20; 1Abakorinto 8: 5-6; Abanyefeso 3, 9, 14 na 15; Ivyakozwe n’Intumwa 17: 24, 29) 

B: Yesu-Kristu, umwana ahoraho w’Imana, Imana yuzuye, yaremeye kwambara kameremere y’abantu nkatwe  abanyavyaha b’abanyantege nke, ariko we nta caha yakoze, ariko yabaye Umucunguzi wacu twebwe abantru, adukiza urubanza rwo kurimbuka ibihe vyose (Yohani 1: 1-8; 3: 16-19; Matayo 1: 21) 

C.  Mpwemu yera twamuhaweko Umufasha n’Umuyobozi, atuyobora mu kuri kwose, niwe atwemeza icaha agatuma umunyavyaha yihana akwumvira amategeko y’Imana harimwo n’Isabato (Yohani 14: 26; 15: 26; 16: 7-8; Ivyakozwe n’Intumwa 5: 3-4) 

2. Twizera ko Bibliya n’Ivyanditswe Vyera, n’Ijambo ryahumetswe n’Imana, vyanditswe n’abantu bayobowe na Mpwemu Yera, abayobora nk’umutware nyawe, ku buryo ivyanditswe vyuzuye ukuri kutagiramwo ikinyoma na gitoyi. Ivyo Vyanditswe Vyera birereka umuntu wese ico Imana imushakako (2Timoteyo 3: 15-17;2Petero 1: 19-21) 3. Twizera kw’Imana yaremye ijuru n’isi mu misi itandatu igizwe n’ijoro n’umurango nkuko bisanzwe. Yararemye ikiyaga n’ibiri muri co, n’inyoni ziguruka mu kirere, n’ibikoko vyose bibaho vyo kw’isi. Iman’imaze kurema vyose, yaremye umuntu mw’ishusho yayo (Itanguriro 1, igice cose) 4. Twizera kw’Imana yaruhutse ibikorwa vyayo vyose yakoze ku musi ugira indwi, iraweza,  iwugira umusi wo kuruhukwako ku bantu bose,  ngo bibe icibutso c’uko ari we Rurema yaturemye. (Itanguriro 2: 1-3; Kuvayo 20: 8-11; Yesaya 58: 13-14). Ni yo Sabato rero, ikaba n’ikimenyetso kidahinyuka c’ububasha bwa Kristu nk’Umuremyi, ni we sôko ry’ukwera kwose, niwe Mucunguzi, Umwami w’Isabato y’ukuri yahawe abakristu biwe, ngo ibe ikimenyetso c’abanywanyi b’Imana nzima. Isabato yubahirizwa mu kuyiruhuka kuva ku musi wa gatandatu (vendredi) izuba rirenze gushika ku musi w’indwi (samedi) irindi zuba rirenze. (Itanguriro 1: 5, 8, 13, 19, 31, 2: 1-3; Abalewi: 23: 32;  Yesaya 66: 22-23) nkuko Yesu n’intumwa bayiruhutse (Luka 4: 16; Ivyakozwe n’Intumwa 17: 2, Luka 23: 54-56; Abaheburayo 4: 8-11; Mariko 2: 27-28). 

5. Twizera kw’Isabato iri mu mategeko cumi y’Imana yanditswe mu gitabo co Kuvayo 20: 3-17, n’amategeko ahoraho yisungwa n’abera bose mu bihe bidashira (Yakobo 2: 10-12;  1Yohani 2: 3-6; Yohani 14: 15; 15: 14; 1Yohani 5: 2-3; Abaroma 3: 31) 

6. Twizera ko iyo tuvuze icaha tuba tuvuze ukurenga itegeko. Kristu yaje mur’iyi si yambaye umubiri nka twebwe,  yabayeho nkatwe ariko ntiyigeze acumura nka twebwe, arabambwa kugirango aducungure twebwe tuganzwa na kameremere y’icaha, atwigarurira gurtyo (1Yohani 3: 4-5; Abaheburayo 2: 14-18; Abaroma 6: 23)  7.Twizera ko kwizera ko Yesu ar’Umwana w’Imana biduhesha ubugororotsi,  iyo twemera ko ar’umuntu nkatwe kandi ko muri we harimwo ubushobozi bwo gutsinda icaha cose, mbere bikaduhesha n’ubugingo buhoraho. Abihanye ivyaha nibo bemerewe kwinjira mu bwami bw’Imana gusa, kuko nibo bera, kandi bacitse icibare c’Imana. Umwami Yesu abana n’abafise umutima wejejwe na we, akabigisha kugendera mu mategeko y’Imana no kuyitondera, niko kugendera mu muco wayo. Tubishobozwa na Yesu nyene (Matayo 18: 3; 2Abakorinto 5: 17; Ezekiyeli 36: 26-27; Zaburi 40: 8; Abaheburayo 8: 10; Abagalati 2: 10). 

8.Twizera ko Umubatizo wo kwibizwa usobanura ugupfa, uguhambwa n’ukuzuka kwa Yesu. Kuri twebwe vyerekana ko dupfuye muri kamere yacu twari dusanganywe y’icaha, tukayihambana na  Yesu maze tukazukana we, ngo tubeho turi ibiremwa bishasha, n’uko ubushobozi bwo kunesha icaha nabwo tukabukesha Yesu nyene. Uwo mubatizo wo kw’ibizwa ni wo utuma ducika ingingo z’umubiri wa Kristu.  (Abaroma 6;  Matayo 3: 13-17; 28: 19-20;  Yohani 3: 3-5) 

9. Twizera ko Umuntu muzima agizwe n’umubiri n’impwemu y’Imana ituma ahema. Iyo umuntu apfuye, umushaha wiwe ariwo mpwemu ituma agenda, usubira ku Mana iba yarawumuhaye, umubiri ugasubira mu mukungugu. Ubwo umuntu aba apfuye ntaco aba agipfana n’abazima. Uwupfuye ntaco aba agishobora kumenya, nta n’ibihembo ashobora kuronka gushika igihe hazobera umuzuko wa mbere. (Itanguriro 2: 7: Umusiguzi 12: 7; 9: 5-6; Yobu 14: 1-14; Daniyeli 12: 2; Yohani 11: 11-14, Ivyakozwe n’Intumwa 13: 36)  10.Twizera ko ubugingo buhoraho bubonwa n’abitondera ivyo Imana yategetse. Abo bazoronka urugori rw’ubuzima kuri wa musi wokuzuka kwa mbere, ni baba barapfuye bazozuka, ni baba ari bazima bazoterana n’abazoba bazutse, ngo babone ingororano, igihe Yesu azoba agarutse  ubugira kabiri aje gutora abakurikiza amategeko ya Data (Ivyahishuwe 22: 12; 1Abatesalonika 4: 12-17; Matayo 19: 16-17; Ivyahishuwe 22: 14). 

11.Twizera ko ibihembo vy’abanyavyaha (1Yohani 5: 17) aribo barenga amatego y’Imana (1Yohani 3: 4);  ruzoba urupfu rw’ibihe vyose (Ivyahishuwe 20: 11-15;  Matayo 10: 28)  12. Twizera ko Yesu azogaruka gutora abamwizera abajane mw’ijuru.  Ntibazogenda mw’ibanga, ariko bizoba bose barorera, ijisho ryose rizovyibonera. Abanyavyaha bose bazohundagazwa n’ubwiza bw’Umwami Yesu buca ibibatsi ni yagaruka (Yohani 14: 1-3; Ivyahishuwe 1: 7; 1Abatesalonike 4: 16-17; Matayo 24: 26-27, 30-31; Tito 2: 13; 2Abatesalonika 1: 7-8) 

13.Twizera ko mu muriro ntihazoba aho kubabarizwa ibihe vyose. Nico gihembo c’abanyavyaha batihana ubu, ni vyo twita urupfu ruhoraho (Abaroma 6: 23). Uwo muriro ni wo uzotongora isi n’abanyavyaha na Satani n’abadayimoni, abo ntibazongera kubaho na gato mubihe vyose, nico twita urupfu rw’imyaka yose (Matayo 13: 40-42;  Ivyahishuwe 21: 8; 2Petero 3: 10; Yesaya 47: 14; Malaki 4: 1, 3; Ivyahishuwe 20: 10; Ezekiyeli 28: 18-19)  14. Twizera ko mw’isi nshasha ariho ubwoko bw’Imana buzibera. Bazobana n’Imana bayibonere amaso ku yandi mu bihe vyose (Matayo 5: 5; Yohani 14: 2-3; 2Petero 3: 13;  Ivyahishuwe 21 na 22: 1-5) 

15. Twizera ko Yesu Kristu yakira kandi agakiza umunyavyaha wese amuhungiyeko (Mika 7: 19; Matayo 11: 28-29; Abaheburayo 7: 25; Yohani 6: 37)  16. Twizera ko imibiri yacu ar’ingoro za Mpwemu Yera. Dutegerezwa gufata umubiri wacu neza;  tukawurinda ibiyovyabwenge n’ibindi vyose bishobora kuwugirira nabi.Nico gituma dutegerezwa kwirinda itabi n’inzoga zose ziboreza, imiti yonona ubugingo n’ibindi nk’urumogi, kandi no muvyo twemerewe kurya no kunywa ntiturenze urugero.  Kurya ivyokurya bidasukuye neza navyo birabujijwe mu Vyanditswe Vyera, ku muntu uwariwe wese ashaka kuzigama amagara yiwe. (3Yohani: 2; 1Abakorinto 6: 19-20; 1Abakorinto 3: 16-17; Abalewi 11; Imigani 20: 1, 1Abakorinto 9: 25) 

17.Twizera ko impano ya Mpwemu w’Ubuhanuzi niyo yerekana ko turi ishengero ry’ry’Imana ry’ukuri ry’ abasigaye; tukizerakandi ko iyo mpano yiyerekanye neza mu buzima bw’umuja w’Imana Ellen White, gurtyo tukemera ko ivyo yavuze vyari bivuye ku Mana, kandi ko bigarura abana b’Imana ku Vyanditswe Vyera ari vyo Bibiliya Yera, ni ko kuri kuzima (Ivyahishuwe 12: 17;  19: 10; 1Abakorinto 1: 6-7;  Abaefeso 4: 8, 11-13;  Hoseya 12: 10, 13;  Yoweli 2: 28; Malaki 4: 5)  18. Twizera ko igikorwa Imana yaduhamagariye ko ar’ugutangaza imbere y’abari mw’isi ivyo Imana idushakako ngo tubone imbabazi zayo muri ibi bihe biheruka,  ngo tumenyeshe ababa muri iyi ko igihe co guc’imanza c’Imana cashitse nkuko bivugwa mu butumwa bw’abamarayika batatu buri mu Vyahishuwe 14: 6-12. Ibihe vyo mw’isezerano rya kera vyerekeranye n’ivyaba mw’ihema ry’ibonaniro ariryo rusago rw’Imana mu Bisirayeli ,  birageranywa neza n’ibi bihe vyacu, kuko guca imanza kwatanguye mu mwaka w’ 1844 kukazogera mu gihe c’uko imbabazi z’Imana zizoba zirangiye ku banyavyaha, Yesu agira ngo agaruke. Ico gihe tuzoba tugiye gutangura igihe c’imyaka 1000.Urubanza rw’imperuka rero n’uru ruriko rurabera mw’ijuru ubu, arirwo rwerekeye twebwe twitwa abo mu nzu y’Imana (1Petero 4: 17), rukazoherahezwa n’uruzocirwa abanyavyaha inyuma y’iyo myaka igihumbi (Ivyahishuwe 20;4), rukazorangirana n’uguhona kw’abanyavyaha mu muriro (Ivyahishuwe 20: 11-15), ivyo bikazoba imbere y’uko Umwami Imana arema ya si nshasha n’ikirere gishasha  (Ivyahishuwe 21: 1-4).  Har’igihe mu gusoma izi nyigisho woba wasanze zidahuye n’ivyo war’usanzwe  warigishijwe, canke ivyo wibwira. Turakwinginze ngo imbere yo kwidoga canke gufata ingingo iyariyo yose, ubanze usome ijambo ry’Imana kuko niryo kamaramagambo, rivugisha ukuri ridahengamiye ku ruhande na rumwe (2Timoteyo 2: 15; Yesaya 28:  9-10; Ivyakozwe n’Intumwa 17: 11) 

 

Publié dans : ||le 14 janvier, 2011 |Pas de Commentaires »

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire