ISENGESHO RYO MURI IKI GITONDO CO KU WA 26 Mukakaro/Nyakanga 2010

 

Zaburi 86: 6

Uhoraho we, tegera ugutwi ugusenga kwanje, umviriza ijwi ryo kwinginga kwanje

Dusenge:

 ISENGESHO RYO MURI IKI GITONDO CO KU WA 26 Mukakaro/Nyakanga 2010 Pri%C3%A8re%20de%20b%C3%A9n%C3%A9diction%20-%20dot%5B9%5D

Data ushobora vyose Mana y’igitangaza, ndagusavye ngo uterwe imbabazi n’umusavyi wawe ndi imbere yawe, unkize ivyo vyose vyohava bingusha mucaha uyu musi. Ndabisavye mw’izina rya Yesu-Kristu umucunguzi wacu. Amen

Ijambo ry’Imana

Erega kwumvira gusumba ibimazi, no kuyoboka gusumba ibinure vy’impfizi z’intama (1Samueli 15: 22.

 

Ico womenya:

Kwumvira ijambo ry’Imana bihesha agaciro umuntu imbere y’Imana, imbere y’abamarayika n’imbere y’abantu. Gutanga amaturo no gufashisha abantu ibintu vyinshi, yamara ugahera mu vyaha, ntaco bishobora kukushikanako. Uwica ugutwi ngo ntiyumve ivyagezwe (amategeko), n’ugusenga kwiwe nakwo kuba igisesema (Imigani 28: 9). Mbese ushaka ka amasengesho yawe aza agera ku ntebe y’imbabazi? Ni wige kwumvira amategeko y’Imana, uyiyoboke vy’ukuri, no mu buzima bwawe bwa misi yose, uri we nyene canke uri kumwe n’abandi.

Imana iguhe umugisha.

Publié dans : ||le 26 juillet, 2010 |Pas de Commentaires »

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire