ISENGESHO RYO KU WA 19 NDAMUKIZA/ MATA 2010

ZABURI YO MURI IKI GITONDO:

Nzokwama ndyama nsinzire ataco nicura, kuko ari wewe wenyene, Uhoraho, umpa kuba amahoro (Zaburi 4: 8).

DUSOME IJAMBO RY’IMANA:

N’uko mwicishe bugufi muri musi y’ukuboko kw’Imana kw’ubushobozi; kugirango iz’ibashire hejuru mu gihe gikwiye. Muyikorere amaganya yanyu yose, kuko ibababara (1Petero 5: 6-7)

ISENGESHO RYO KU WA 19 NDAMUKIZA/ MATA 2010

INAMA NZIZA:

Dufate akamenyero keza ko kubwira Imana yacu ibituryohera, ibitubabaza, no kuyigira umugenzi soma mbike (w’inkoramutima muri vyose), kuko burya nayo iratubabaye. Erega handitswe ngo: Uhumbarwe n’Uhoraho, nawe azoguha ivyo umutima wawe ugomba. Ukorere Uhoraho urugendo rwawe rwose, abe ariwe wishimira, nawe azobishitsa (Zaburi 37: 4-5)

DUSENGE:

Uhoraho mwami wanje, wewe wagendanye na basokuruza bacu mu kwizera: Henoki, Nowa, Aburahamu, Yakobo na Isaka, n’abadi babakurikiye; warabanye n’abahanuzi, ubana n’intumwa, n’abagiye bagukorera bose gushitsa n’uyu musi. Es’icompa uyu musi ukagendana nanje, maze nkahabonera umugisha wo kugumana na wewe gushitsa no kuri wa musi, aho nzokubona amaso mu yandi ibihe vyose. Ivyo ndabigusavye mw’izina rya Yesu-Kristo umucunguzi wacu. Amen

Publié dans : ||le 19 avril, 2010 |Pas de Commentaires »

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire