ISAH’IMWE YO MU VYAHISHUWE 8: 1

AGACERERE K’IGIHIMBA C’ISAHA

ISAH'IMWE YO MU VYAHISHUWE 8: 1 h_18h30

Kand’amenye ikigira indwi kimatanije ico gitabo haba agacere mw’ijuru nk’igihimba c’isaha (Ivyahishuwe 8: 1).

Ako gacerere k’igihimba c’isaha kugira ngo tumenye ico kavuga, biradusaba kubanza kumenya ico isaha ivuga. Twaravyize neza mucigisho giheruka, ariko reka tubisubiremwo, kuko ngo :  »Inzira nziza, uyicamwo kabiri ». Ijambo ry’Imana riravuga ngo: Umusi uzohwana n’umwaka (Guharura 14: 34). Rirongera rikavuga no mu gitabo c’umuhanuzi Ezekiyeli ngo: umusi uhwana n’umwaka (Ezekiyeli 4: 6). Umwaka wo muri Bibliya ungana n’imisi 360, kuko ukwezi kwose Bibliya iguha imisi 30. Reka tubisome: intangaro y’urusengero uyireke ntuyipime, kuko yahawe abanyamahanga, kandi n’igisagara cera, bazogisiribanga amezi 42. Kandi abashinga intahe babiri nzobavugisha, bazovugishwa imisi 1260 (Ivyahishuwe 11: 2-3). Muri iyi mirongo ibiri tumaze gusoma, biraboneka ko, mu gihe abanyamahanga bazoba bariko barasiribanga igisagara cera, mu yandi majambo, n’ukuvuga mu gihe abapagani bazoba bariko baracuranguza ishengero ry’Imana, persecutionchretiens1niho Bibliya nayo izokwigishwa n’intwari z’Imana. Vyose bizokorwa muri ayo mezi 42, ariyo misi 1260. Harura neza urabe: amezi 42x n’imisi 30=n’imisi 1260. . N’ubwo abize ivyo bita théologie bavuga ko ivyo vyabayeho, n’ubu bigiye kugaruka mur’iyi misi ya vuba nkuko vyanditswe ngo «  Ni bamara guca ubwoko bw’abera ubunywenywe vyose bizoba birangiye (Daniyeli 12: 7)Icahozeho nico kizobaho, kand’icakozwe nico kizokorwa, kandi nta kintu gisha kiriho musi y’izuba (Umusiguzi 1: 9).

Umusi rero ni waba uhura n’umwaka mu mvugo yo mu buhanuzi, dushobora kuvuga ko umusi w’amasaha 24, ugana n’imisi 360 mu mvugo y’ubuhanuzi. Isaha imwe gusa, ica ingana na ya misi 360, kugabura n’amasaha 24, duca dutora imisi 15. (360: 24=15). Murumva rero ko isaha imwe ingana n’imisi 15. Ka gacere kazumvikana mw’ijuru kangana nk’igihimba c’isaha, kazoba kangana  n’imisi 15: 2= imisi 7 n’igice.

Bibliya yerekana ko imbere y’ako gacere niho ba bamarayika twize bazohabwa za nzamba indwi. Hazoba n’umuhango wo kwakira amasengesho  yose y’abera no kurangiza igihe cabo co gusenga no gusengerwa (Ivyahishuwe 8: 2-4). Bizorangizwa n’ imituragaro, n’amajwi n’imiravyo na vya nyamugigima (Ivyahishuwe 8: 5). Mu gutangura kwa vyose,  ba bamarayika indwi bafise inzamba indwi ba(zo)gabiriza kuzivuza (Ivyahishuwe 8: 5-6).

Muri ka gacerere kanga nk’igihimba c’isaha canke ya misi cumi n’itanu, n’ukuvuga igihe ca nyuma ya vyose, aho Kristu n’abamarayika biwe bazova mu ngoro y’Imana mw’ijuru, bakaza bose gutora ishengero. Kristu tuzomubona mu Butatu bwera tuzobitahura kandi tuzishima. Kuko umwami wacu ubwiwe azoza, amanutse avuye mw’ijuru, arangurure ijwi rirenga, hamwe n’akamo k’umumarayika mukuru, n’inzamba y’Imana. Maze abapfiriye muri Kristu nibo bazobanza kuzuka. Maze natwe abazoba bakiriho, dusigaye, tuzoca duteruranwa nabo mu bicu, dusanganire umwami mu kirere. Niho tuzokwama tubana n’umwami. N’uko mumarana umubabaro mukoresheje ayo majambo (1Abatesalonika 4: 16-18).

Mbese wumva aya majambo akumara umubabaro nawe? Wumva aguha ivyizigiro? Muri uwo mwanya wa nyuma ungana nk’igihimba c’isaha, ubaye ukiri muzima, wumva wipfuza kuzoba ugihabaze mu ruhande rw’intore z’Imana? Icompa wewe na jewe tukazobana n’Umwami Yesu aho hantu heza. Amen.

ANDIKA ICO WIBAZA KURI IKI CIGISHO HARIYA HEPHO HABIGENEWE

Publié dans : ||le 18 novembre, 2010 |Pas de Commentaires »

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire