IMIGISHA INDWI IBONEKA MU GITABO C’IVYAHISHUWE

IMIGISHA INDWI IBONEKA MU GITABO C’IVYAHISHUWE

IMIGISHA INDWI IBONEKA MU GITABO C'IVYAHISHUWE

Mu misi ishize nari nababwiye ko nsozereye ivyigisho vyo gusobanura igitabo c’Ivyahishuwe. Yamara har’ibintu vyambayeko muri iyi misi, ku buryo nahavuye ngira n’ubwoba, nibaza vyinshi. Iyi mirongo ibiri yo muri Bibiliya, umwe uri mu Vyahishuwe 3: 2, uwundi uri muri Yobu 4: 12, yagarutse kenshi mu bitekerezo vyanje. Naba ndyamye, canke mvyutse, nicaye canke mpagaze, ndiko ndagendagenda, canke ndiko ndakora ikintu icarico cose, nagiye numva umenga ni nk’ijwi ry’umuntu ririko rirantota ngo: Gir’ube maso ukomeze ibisigaye bigirango bipfe, kuko ata bikorwa vyawe nabonye bisozereye imbere y’IMana yanje (Ivyahishuwe 3: 2). Vyanteye kwibaza cane, kandi numva koko mu bantu benshi nabwiye ubutumwa bwo kugaruka kwa Yesu, hariho benshi babwumvise burabaryohera ubwambere, ariko baza gucibwa intege n’inyigisho zindi zitajanye n’Ivyanditswe Vyera. N’uko har’ijambo ryanshitse ko mu mpisho, maz’ugutwi kwanje kwumva utwongoshwa twaryo (Yobu 4: 12). Uhoraho yanyeretse ko ari ngombwa ko twigira hamwe iyi migisha indwi iboneka mu gitabo c’Ivyahishuwe, tukayigira imigisha yacu, kuko ni twebwe Kristu arindiriye, ni twe  »mugeni » Kristu nawe n’umukwe. N’ukuvuga imirongo iboneka mu gitabo c’Ivyahishuwe, ibonekamwo amajambo avuga ubuhirwe.

Iyo mirongo n’indwi,  iboneka muri ikigitabo gusa. Nayo n’iyi:

1/HAHIRWA UWUSOMA, HAHIRWA N’ABUMVA AMAJAMBO Y’UKU KUVUGISHWA N’IMANA, BAKITONDERA IVYANDITSWE MURI YO; KUKW’IGIHE KIRI HAFI (Ivyahishuwe 1: 3)

2/UHEREYE NONE HAHIRWA ABAPFA BAPFIRA MU MWAMI. KANDI MPWEMU ARAVUGA ATI: EGOME, NGO BARUHUKE UBUTAME (UBURUHE) BWABO, KUKO IBIKORWA VYABO BIJANA NABO BIBAKURIKIYE (Ivyahishuwe 14: 13)

3/HAHIRWA UWUBA MASO AKAZIGAMA IMPUZU ZIWE, NGO NTAGENDE AMENYA, BAKABONA ISONI Z’UBWAMBURE BWIWE (Ivyahishuwe 16: 15)

4/ HAHIRWA ABATOREWE GUTAHA UBUKWE BWA WA MWAGAZI (Ivyahishuwe 19: 9)

5/URI MU MUGABANE WO KUZUKA KWA MBERE ARAHIRIWE KANDI N’UWERA. URUPFU RWA KABIRI NTIRUGIRA UBUBASHA KU BAMEZE BARTYO, ARIKO BAZOBA ABAHEREZI (ABATAMBYI) B’IMANA NA KRISTO, KANDI BAZOFATANYA NAWE KUGANZA IYO MYAKA IGIHUMBI

6/KAND’EHE NDAZA VUBA: HAHIRWA UWITONDERA AMAJAMBO YAVUGISHIJWE YO MURI IKI GITABO (Ivyahishuwe 22: 7)

7/HAHIRWA ABAMESURA IMVUNE ZABO (AMAKANZO YABO), KUGIRA NGO BABONE KWEGERA CA GITI C’UBUGINGO, KANDI BACE MU BIRIMBA (MU RUREMBO) BASHIKE MURI WA MURWA (WA MUGI)  (Ivyahishuwe 22: 14).

Tuzogerageza kwigira hamwe ico umugisha wose uvuga muri iyo migisha indwi. Mu kurindira mukwiye gusoma ivyo bice iyo migisha ibonekamwo, kugirango muhonje (musogongere) kuri iyo mihango y’akataraboneka. Izi n’inyigisho zagenewe incuti z’Imana zikumbuye gutaha mu rugo rwa Data. Abaryoherwa n’amangetengete y’idini canke inyigisho z’ab’isi, bumva ko ndiko ndabagora. Ariko Ivyanditswe Vyera bigomba kuvugwa uko biri kwose. Ndatangaye yuko muriko murareka vuba murtyo Imana yabahamagaye kubw’ubuntu bwa Kristu, mukemera ubutumwa bunyuranye n’ubwo; kandi ata bundi buri ho. Ariko hariho abantu babahagarika imitima, bakagomba guhindura ukundi ubutumwa bwa Kristu. Ariko naho yoba twebwe, canke umumarayika avuye mw’ijuru, akababrira ubutumwa bunyuranye n’ubwo twababwiye, arakavumwa. Nkuko twavuze ubwa mbere, na none  nongeye kubivuga, nti ni hagira umuntu ababarira ubutumwa bunyuranye n’ubwo mwemeye, arakavumwa (Abagalatiya 1: 6-9).

Benshi barashaka kugondoza Imana, ngo ibahe ibimenyetso vy’uko ibaho, canke ko ar’inyabuntu. Abandi bagashaka ko yama ibaha amahirwe gusa,  bakayita Umukiza, ariko waraba ukuntu bakora, ugasanga Umukiza wabo atari we Mwami wabo. N’uko rero abateramiye ku kirimba c’Imana ntibaterama gusa ngo n’uko bakijijwe, ah’ubwo n’uko bemera ko ar’Umwami agaba akaganza, ko ar’Umutegetsi. Iyi migisha uko ari indwi yose atan’umwe uvuyemwo, itegerezwa kuboneka mu bugingo bwawe, uko woba uri kwose, aho uri hose. Bitabaye gurtyo, ntiwoba uri mu batoranijwe. Tuzobiraba mu vyigisho vyacu.

N’uko rero mwirinde ntihakagire umuntu abagira inyagano (ingaruzwamuheto) abanyagishije (abigaruriye akoresheje) ubwenge bw’abantu, kuko ar’ibihendo vy’ubusa, bikurikiza akaronda n’imigenzo y’abantu, bikurikira ivyambere vyo mw’isi bidakurikira Kristu (Abakolosayi 2: 8). Amahirwe yandi atavuye ku mutima wubaha amategeko y’i bwami ku Mana Se w’Umwami wacu Yesu-Kristu, ntaba ar’amahirwe, ruba ar’uruhendo ruvuye kuri wa Murwanizi, Satani. Umwami wacu Yesu-Kristu arater’igitsure abashaka kumukorera bafatanije no gukorer’ivy’isi ati: Mwebwe mur’aba So wa Murwanizi, kand’ivyo so yipfuza ni vyo mugomba gukora. Uwo yahereye ubwa mbere na mbere hose ar’umwicanyi, kandi ntiyahagaze mu kuri, kuko ata kuri kuri muri we. Iyo avuga ibinyoma, avuga ivyiwe, kuko ari umunyabinyoma, kandi ariwe se wavyo (Yohani 8: 44). Amahirwe y’ukuri rero azoranga abana b’Imana n’ayo tugiye kwiga. Ayo mahirwe ntaje kurwanya bwa buhirwe umunani buri muri Matayo 5: 2-12. Ah’ubwo niho muzosobanukirwa neza n’ivyo Yesu yashatse kuvuga, mu gihe tuziga iyi migisha indwi, ku buryo bunonosoye.

Ntimutangazwe n’ukubona abantu baracitse nk’ibikoko, ah’ubwo hagutangara,  mugire inkumbu (urukumbuzi) zo gutaha i wacu, tukava muri iyi si y’icaha, yuzuyemwo ishavu n’amarira n’urupfu. Nta kibabaje nk’iyo mu mashengero naho bimeze nabi, usanga ata mwizigirwa ahari wo kuyagira ibikugoye. Umuntu mugashobora gusenga mupfukamye hamwe, ejo ugasanga niwe aguhemukiye, canke akuvugira ivyo utavuze. N’ukubera ko babura kuri iyi migisha. Muze tubasengere natwe twisengera, kandi tubamenyeshe iyi migisha, kugirango umuco wa Kristu urasire mu bugingo bwacu n’ubwabo. Kuko Imana yacu yo ntihemuka, idufiye ikibaza kitazokwicaramwo indyarya. Nkako iravuga ngo: Uwubesha ntazotsimbatara imbere yanje (Zaburi 101: 7).

Ubwo rero har’abazokwinjira mu birimba vy’Imana, n’abazosigarana n’abanyedini, canke mu gipagani cabo, muri za politike, n’intambara zose z’ibitagira umutwe n’amaguru Satani yababeshe. Umwe wese azorangwa n’ico yatoranye. Barayihemukiye, ntibakiri abana bayo (Gusubira mu Vyagezwe 32: 5). Uko bizoba kwose, tuzoguma musi y’umusaraba wa Kristu, n’ukuvuga mu kwihanganira ibigeragezo, niho na ya migisha yo mu Vyahishuwe izotugera ko. Kukw’ayandi mahanga yose azogenda, ihanga ryose rigendere mw’izina ry’imana yaryo, ariko tweho tuzogendera mw’izina ry’Uhoraho Imana yacu gushitsa ibihe bitazoshira (Mika 4: 5).

Uhoraho abandanye kubagirira neza, abihishurire, muri Kristu Yesu. Amen

Publié dans : ||le 17 septembre, 2010 |Pas de Commentaires »

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire