IKIGIRWAMANA C’IKIMASA C’INZAHABU N’INKURIKIZI ZACO (5)

S’URWAMO RW’ ABADEDESHA AKARURU KO KUNESHA, KANDI S’URW’ABATAKAMBISHWA NO KUNESHWA, ARIKO N’URW’ABAVYINA (Kuvayo 32: 18)

Maze Yosuwa yumvise urwamo rw’abantu bayogora, abarira Mose ati: Har’urwamo rw’intambara mu nsago! Aramwishura ati: Ivyo numva s’urwamo rw’abadedesha akaruru ko kunesha, kandi s’urw’abatakambishwa no kuneshwa, ariko n’ur’abavyina. IKIGIRWAMANA C'IKIMASA C'INZAHABU N'INKURIKIZI ZACO (5) 10commandementsN’uko ashitse hafi y,aho bashagaje abona ca kimasa n’abariko baratamba, uburake bwa Mose buraziriringa, ata hasi ivyo bisate yar’afise mu ntoke, abimenera mu mucamo w’uwo musozi. Maze yabira iyo masa bakoze, arayiturira, arayisya, ayigira ifu, ayimemera ku mazi, ayanywesha Abisiraeli (Kuvayo 32: 17-20).

Ni gake bavuga ko Mose yaduganye ku Mana n’uwundi muntu, ariko mu misi mirongw’ine n’amajoro mirongw’ine, yari kumwe na Yosuwa. Birashoboka ko Yosuwa atashoboye gukurikirana ibiganiro vyose Mose yagiriraniye n’Imana, ariko barashengeranye ku Mana. Kuko dusoma ngo: moses_blessing_zoomUhoraho abarira Mose ati: Duga, uze aho ndi kur’uyu musozi, ugumeho; nanje nzoguha ibisate bibiri vy’amabuye biriko amategeko n’amabwirizwa, ivyo nanditse ngo uvyigishe. Mose avana hasi na Yosuwa umufasha wiwe baduga uwo musozi w’Imana. Abarira ba bakuru, ati: Muturorerere hano, mushitse aho tuzogarukira (Kuvayo 24: 12-14). Tukiri ku nkuru ya Yosuwa, mwibuke ko aha hantu ariho Yosuwa yakuye inyigisho za mbere, zamukomeje mu bikorwa vyiwe, kuko niwe yajabukije (yambukije) Abisirayeli mu gihugu c’Iseimg.Joshuazerano Mose amaze gupfa. Iyi nkuru tuzoyigarukako mu vyigisho bizokurikira.

Yosuwa rero yagarukanye na Mose bavuye ku Mana, abarira Mose ati: Har’urwamo rw’intambara mw’ikambi! (Kuvayo 32: 17). Ndabibutsa ko Yosuwa yar’umusirikare w’intwazangabo mu Bisirayeli, kandi ko yagwanye intambara zose z’Uhoraho, Uhoraho nawe abana nawe amuha intsinzi. Soma cana cane Kuvayo 17: 8-13, n’inkuru zo mu gitabo ca Yosuwa. Iyo Yosuwa asanga bene wabo b’Abisirayeli batewe n’abansi mw’ikambi, yari yiteguye kurwana urugamba mw’izina ry’Uhoraho, kuko yar’agifise inguvu zose ahawe n’ijambo ry’Imana bari bamazemwo imisi na Mose. Uwo Yosuwa, Mose ntiyamuraze ubutunzi canke urugo rwiwe, ariko yamuraze Imana nyene.  Ijambo Mose yaraze Yosuwa, nanje niryo ngira nkubwire muri aka kanya. Naho noba narapfuye, uze uryibuke nku2985523422_eab7d8e187ko Yosuwa atibagiye iryo yasezeranye na mukuruwe mu kwizera, ariwe Mose. Iri jambo n’iri ngo: Uhoraho niwe azokuja imbere, azobana nawe, ntazoguheba, ntazoguta, ntutinye, nturanduka umutima (Gusubira mu Vyagezwe 31: 8). N’umusi Imana yatira Yosuwa mw’ibanga ryo kuyobora igihugu, mur’uko  kumwatira ntiyamufatishije intahe y’Abashingantahe nkuko bisanzwe bigenda mu Burundi (kandi n’ibiba i wacu n’ivyiza n’umuco mwiza, mugabo abashingantahe bisunga Bibiliya muro vyose, vyoba vyiza cane), ahubwo yamufatishije Bibliya itilire-la-bible: Ibiri muri ico gitabo c’amategeko ntuze ubikure mu kanwa kawe, ariko uze wame uvyiga ku murango no mw’ijoro, kugirango ubone kwitondera ivyanditswemwo vyose, niho ivyawe bizogenda neza, ukagira amahirwe (Yosuwa 1: 8). N’uko Uhoraho amaze kumwatira amusubiriramwo ijambo Mose yari yaramubwiye, kugira ngo yumve ko akwiye kugera ikirenge mu ca Mose, ati:  None si jewe nkwibaririye, nti shikama, ushire amanga? Nuko ntutinye, nturanduke umutima, kuko jewe Uhoraho Imana yawe ndi kumwe nawe ah’uja hose (Yosuwa 1: 9).

Icompa uwu musi ukumva ko aya majambo ari wewe uyabwirwa, gusoma Bibiliya kukaba akamenyero kawe ka misi yose, kuko Uhoraho ariko aragutuma ku rugamba nkuko yatumye Yosuwa, ati:p1060904 Va hasi ujabukane aba bantu bose urwo ruzi Yorodani, muje mu gihugu mbahaye, mwebge Abisraeli (Yosuwa 1:2). Nawe Imana irashaka ko uva hasi ukaba umuyobozi wabo muva mu rugo rumwe, abo babanyi bawe, abo mujana ku kazi, abo mukorana, abo mujana mu ngendo, abo mujana kuvoma, abo mujana kwa muganga, abo mujana mw’isoko n’ahandi. Bayobore ku Mana ubageze mu guhugu Picture+1Uhoraho yabasezeraniye, ukoresheje amajambo ari muri ca gitabo. Ntutinye nturanduk’umutima, kuko Imana yawe iri kumwe nawe.

Ntiwiteho urwamo rw’abavyina muri iyi si, kuko bariko baravyinira ibgirwamana bicuriye. Ivyo bigirwamana s’ibindi, n’amahera, n’amatongo, n’inzoga, n’ivyokurya,  n’abagore n’abakobwa beza, n’abasore beza beza babatwaye imitima, n’ibindi. Muri iyi misi y’Umwana w’umuntu, aho ukugaruka kwiwe kuriko kuregereza, Kanellia_-_Beaute_des_femmesbiraboneka ko abantu bo muri iyi si nabo bakomeje gusamazwa (kurangazwa) n’ivy’isi, niko kubivyinira. Kuko ariko abari bameze mu misi umwuzure utari bwatere, bararya, baranywa, bararongora, barashingira, bageza kuri wa musi Nowa yinjiye mu bwato, ntihagira ico bamenya , kugeza aho umwuzure waziye ubatwara bose: niko n’ukuza k’Umwana w’Umuntu kuzomera (Matayo 24: 38-39). No musi ya Loti vyabaye birtyo: bararya, baranywa, baradandaza, baragura, bagatera, bakubaka, maze umusi Loti yaviriye i Sodomu, umuriro n’amazuku bitibuka bivuye mw’ijuru, birabahonya bose, niko bizoba umusi Umwana w’umuntu azoseruka (Luka 17: 29-30). arton2589

Iyo uravye ukuntu abakristu b’iki gihe babaye ba  »ntambir’akaje, bakaba ba  »njana n’abaja », biragaragara ko benshi muribo bazohava banywa kw’ifu y’ivyo bigirwamana birirwa bariruk’inyuma, umusi Yesu yaje. Ni waba ushaka gushika mu gihugu c’isezerano, tuze ubone ibiguruka ngo uhave uguruka nkavyo. Urabibona bica ibibatsi, ariko burya siko bihoraho. Shashaka Umwami Yesu yaguhamagaye, israela_1kuko ikiri mw’isi cose, ar’ivyipfuzo vy’umubiri, n’ivyipfuzo vy’amaso, n’ubwibone bw’ubu bugingo, ntibiva ku Mana Data wa twese, ariko biva kw’isi.  Kandi iyi si iriko irashira n’ ivyipfuzo vyayo, ariko uwukora ivyo Iman’ishaka yamaho ibihe vyose (1Yohani 2: 16-17).  Nivyo Mose yashatse kutwereka ngo: ata hasi vya bisate yar’afise mu ntoke, abimenera mu mucamo w’uwo musozi. Maze yabira ico kimasa bakoze, aragisya, akigira ifu, ayimemera ku mazi ayanywesha Abisiraeli (Kuvayo 32: 19-20). Arakabona abimenye, kuko ntaco vyari bikimaze, mu gihe badashobora kuvyitondera! Ibi vyerekana ko igihe c’imbabazi z’abica amategeko y’Imana kitazohoraho, kuko Ivyanditswe ku bisate bibiri vy’amabuye vyavuga ngo:5121975 ngira ikigongwe abankunda bakitondera amategeko yanje (Kuvayo 20:6). Nta mahoro y’abanyavyaha, niko Imana yanje igize (Yesaya 57: 21).

Ibi turabivuga turira, twinginga umuntu wese ngo agaruke mu nzira y’ukuri. Kandi ivyago vyagenewe inkozi z’ibibi bizoshika nta kabuza: Benshi bazotungaywa bezwe, babe abera derere, ariko abanyakibi bazoshishikara gukora ikibi, kandi ntan’umwe mu banyakibi azobitahura, ariko abagize ubwenge bazobitahura (Daniyeli 12: 10).

Ni murondere mu gitabo c’Uhoraho, musome, nta nakimwe  co muri ivyo kizobura (Yesaya 34: 16).  Mwihangane, mugwane mutsinda, mw’izina ryera rya Yesu. Amen.

Publié dans : ||le 26 janvier, 2011 |Pas de Commentaires »

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire