IKIGIRWAMANA C’IKIMASA C’INZAHABU N’INKURIKIZI ZACO (4)

 

INYANDIKO Z’IMANA (Kuvayo 32: 16)IKIGIRWAMANA C'IKIMASA C'INZAHABU N'INKURIKIZI ZACO (4) dix_commandements-3

Maze Mose aramanuka uwo musozi, afise vya bisate vyompi mu minwe biriko Ibishingantahe (Ibihamya), vyanditsweko impande zompi, imbere n’inyuma. Ivyo bisate vyari bikozwe n’Imana, kandi inyandiko zikoragoshowe kuri vyo zari inyandiko z’Imana. (Kuva 32: 15-16).

Muri iki gihe isi yose yuzuyemwo imico y’ubuhumane ituruka mu Burengerazuba,  kenshi twemera ibintu dukurikije uko babitweretse mu masinema no masanamu. Ni kangahe bagerageje kutwereka Mose afise ibisate bibiri vy’amabuye, biriko amabwirizwa cumi, ugasanga bamwe bashira ku gisate kimwe amabwirizwa ane (4), ikindi bakagishirako atandatu? Abandi nabo bagashira kuri kimwe atatu (3), ikindi bakagishirako indwi? Tureke kubeshera Bibiliya.

Uwu musi inkuru nziza y’agakiza iriko iratwigisha ko vyari vyanditsweko ku mpande zompi imbere n’inyuma (Kuvayo 32: 15).  Ibi yari vyanditswe kur’ivyo bisate bibiri vy’amabuye, nivyo vyatumye Yesu-Kristu adupfira kumusaraba, kuko twebwe twese twari twabikandagiye. Mubari mw’isi ntawugororoka, akora ivyiza ntacumure (Umusiguzi 7: 20). Ariko ivyanditswe kuri ivyo bisate bibiri vy’ababuye ukwiye kubimenya kandi ubikomeze naho induru zoba ziriko zirakuvuga inyuma kuko: Aha niho ukwihangana kw’abera guserukira, bitondera ivyagezwe n’Imana no kwizera nka Yesu (Ivyahishuwe 14: 12). Wavyumvise? aho niho intwari zigaragarira, kandi ubwo butwari buva muri Yesu nyene. N’aho wocumura, uraramura amaso umwambaze, n’umunyembabazi arakubabarira.christian-group-activities-silly-skits-1.1-120X120 little_girl_prayer-300x450Si kubw’inkomezi, si kubw’ubushobozi, ariko ni kubwa Mpwemu wanje, niko Uhoraho Nyen’ingabo agize (Zekariya 4: 6). Abakuru b’amadini, impamvu bavyerekana kimwe kimwe canditsweko ku ruhande rumwe gusa, n’ubuhanuzi buriko barabarangukirako (burabasohoreraho), kuko bigira abere imbere y’abantu, ariko imbere mu mitima siko biri. Uko niko idini ritarayoborwa n’ubutware bw’Imana usanga riri, kuko rishira umwete ku bintu bigaragara imbere y’abantu gusa. Impamvu Imana yo yari yaranditse kuri ivyo bisate vy’amabuye imbere n’inyuma, kwar’ukugirango yereke twebwe abantu ko ariyo yaturemye kandi ko ibona ivyo dukora n’ivyo twibaza, jesus-and-phariseesibigaragarira abantu n’ibitagaragara. Ibiri imbere mu mitima yacu, n’ibiri inyuma ku mibiri bibonwa n’abantu, Imana yo iba yabibonye kera. Ni vyo Yesu yavuze ati: Erega mwebwe Abafarisayo mwoza inyuma y’igikombe n’inkoko, ariko imbere muri mwebwe mwuzuye ubwambuzi n’ububi. Mwa bijuju mwe (mwa baswa mwe), iyaremye urukoba siyo yaremye n’imbere? Luka 11: 39-40).

Izi nizo mpamvu nyamukuru zatumye Abafarisayo bo muri iyi misi tugezemwo, bagerageza gukura amategeko y’Imana mu gihugu cayo, bakigisha ngo bari musi y’ubuntu, bakiyiriz’ubusa, bivugisha mu ndimi n’ayandi masengesho maremare. Bagaheraho bavuga ngo barakijjwe, kuko abantu bose bama bababona bagiye ku rusengero canke bagendana mu kagwi iyo bagiye ku mirimo yabo, n’imyambaro myiza yo kwiyubahiriza. Prayer-to-End-the-Fast04Bagiye kure mu buryarya, bemeza abanyabwenge buke ko amategeko yari ku bisate bibiri  vyanditswe n’Imana ngo yar’ay’Abayuda. Bageze n’aho babeshera Ishengero ry’Abakristu ba mbere ngo Yesu yasubiye mw’ijuru baca batangura kwibohora kw’Isabato bafata dimanche. Bazanye amashusho n’amasananamu, bazana ibintu vyacuzwe mu mazahabu n’amafeza, mu biti no mw’ibumba, babicanira amatara bati ni muze dusenge. Imana iti: Sinzohindura ijambo ryavuye mu kanwa kanje (Zaburi 89: 35)

Bantu b’Imana ni mushakashake ubwenge buva mw’ijuru kuko igihe caduheranye! etude%20de%20la%20bible%20guadadvent2Umwami Yesu yadutey’iteka, yandika amategeko yiwe mu mitima yacu ngo yerekane ko tubaye icibare ciwe, Abafarisayo bo mu madini nabo bati ivyo n’ivy’Abayuda, ushobora gukandagira isabato, ukinywera akagwa, n’agatabi, kuko ntitukiri musi y’amategeko. Isabato rero turayivuga, kuko niyo ikunda gutera impari (impaka) mu bitwa abakijijwe (abarokore). Ariko twumvikane: Amaze kuvuga ati: Iri niryo sezerano nzosezerana nabo, hanyuma y’iyo misi, ni jewe Uhoraho mbivuze, nzoshira amategeko yanje mu mitima yabo, no mu bwenge bwabo niho nzoyandika. Arongera ati: Kandi ivyaha vyabo n’ugucumura kwabo sinzovyibuka ukundi (Abaheburayo 10: 16-17). IMG_5925Mur’aya majambo, Yesu ntavuze ko azohindura amategeko avuze ko azoyandika mu mitima yacu. Ni ya yandi yakuye ku mabuye ayimurira mu mitima no mu bwenge bwacu. Kumenya Yesu no kwizera ko yapfuye azira ibicumuro vyacu, bituma twirinda kurenga amategeko kubera urukundo dufitiye uwatubambiwe. Gurtyo ivyaha vyacu bikazimanganira mu kimazi catanzwe na Yesu ku musaraba. Imisa ntiziba zigifise agaciro, P1050691-1_02canke gusaba imbabazi mu kwisonzesha, no mu kwibabaza mu buryo butari bumwe. Ariko aho ivyaha bihariwe, ntihaba hakiriho gutanga ikimazi c’ivyaha (Abaheburayo 10: 18). N’uko rero, iri jambo iyo  twamaze kuritahura neza, duca tubona ubudasa buri hagati y’ijambo rya Yesu ngo: Murakore murtya kugira ngo kibe icibutso canje (Luka 22: 19), PICT0019na rya jambo ry’idini ngo: Tubigize gurtya Yezu aba aje kubana na twe kuri za rutari no muri hostiya. (Raba kuri iyo foto, igabura ryera ry’uwibutso, bariko bararisengera).

 Kur’uwo mugoroba w’aho Yesu yatanguza Ingaburo Yera, Paulo siho yar’ari,  kuko ntiyari bwabe umwigishwa wa Yesu. Ariko amaze kugirirwa ubuntu, Mpwemu Yera yaramuvugishije ati: Uko murya uwo mutsima,kand’uko munywera kuri ico gikombe, muba mumenyekanisha urupfu rw’umwami wacu, gushika aho azozira (1Abakorinto 11: 26). N’ukumenyekanisha urupfu rw’umwami wacu, n’urwibutso, kuko ntabwo dushobora kurema uwaturemye. Kera bahora barangiza gukora ivyo bintu bakaturirimbisha ngo: Ntituzi ingene biba uwubizi n’uwubigira. Dupfe yo kuvyemera nta mpari y’ibihuza. Ariko iyo dusomye ijambo ry’Imana tukaritumbera dusanga bitari mu muco.  Ah’ubwo vyose usanga ar’ikimasa c’izahabu baducuriye ngo tugisenge!

Kuvuga ukuri s’ugutukana! None murafise umurongo muri Bibiliya wemerera ikiremwa ko kirema uwakiremye? Ko Yesu yakoze igabura ryera ari kumwe n’intumwa cumi na zibiri, hari intumwa yigeze ibeshuza Paulo iti urabesha, s’ ukumenyesha urupfu rw’Umwami wacu ah’ubwo n’ukumurema? DSCN1415Ntukungurire ku majambo yayo kugirango ntize iguhane, ugahinyuka ko ur’umubeshi (Imigani 30: 6)

Ni muze dukomeza umuco wo guterana tumanyure umutsima mw’izina ry’umwami Yesu, tunywe no kuri ico gikombe, Twibuke isoko y’agakiza kacu, ariko tureke gushira imbere y’abantu ivyo  twigerekeyeko. Twoba dutandukaniye he na Aroni? Handitswe ngo Aroni abibonye yubaka igicaniro (arutari, uruhimbi), imbere yaco (ca kigirwamana c’ikimasa c’inzahabu), arabitangaza, aravuga ati: Ejo hazoba umusi mukuru w’Uhoraho? Kuvayo 32: 5).GoldenCalf Ariko se war’umusi mukuru w’Uhoraho koko, canke wari umusi mukuru w’ ikimasa c’igicurano?

Ivyanditswe bivuga ngo: kand’iwabo bamanyagura imitsima, bakarya banezerewe n’imitima itagira inenge (Ivyakozwe n’intumwa 2: 46). Paulo yagiye mw’iteraniro ry’abakristu ba mbere ryo kumanyura umutsima, mu gihe yar’araririye kugenda muri Efeso. Ryari iteraniro ryatanguye isabato irangiye (samedi soir) ku mugoroba, ariho umwanditsi Luka yita ku musi wa mbere w’imisi indwi. sunset___donp_111008Kuko mu mvugo y’Imana, umusi utangura ku mugoroba iyo izuba rirenze. Ijoro niryo ritangura umusi. Reka rero dusome: Ku wa mbere w’imisi indwi, dukoranira kumanyagura imitsima, Paul ayaga nabo agira ngo buce agenda, atevya mu majambo shitsa mu gicugu…  »amanyagura umutsima ararya, ayaga nabo igihe kirekire ashika mu macaca (mu mutwenzi, mu rukerera, mu museke), maze aragenda (Ivyakozwe n’Intumwa 20: 7, 11). Iyi ntiyari misa ibateranije, kwar’ukumanyagura imitsima barya bibuka ivyo umwami yabategetse. Nivyo Paulo yagarutse ko hariya muri 1Abakorinto 11: 23-26. Genda uhasome.  ReadingTheBibleKandi uko guterana kwa Paulo n’abakristu ba mbere ntikwabaye ku cumweru mu gitondo nkuko muvyisomeye, kwabaye mw’ijoro isabato ishize rigera nu gitondo c’umusi wa mbere ari wo dimanche. Ushaka kuvyumva neza? Soma uwo murongo:  Buragoroba buraca uwo n’umusi wa mbere (Itangiriro 1: 5). Ibi ndabivugishijwe n’uko twamaze kuzirikwa ku katsi kubera abafarisayo bavyigiye, none dusigaye dusenga ikimasa c’izahabu kuko Yesu yatevye kugaruka, nka Mose yatevye kuri wa musozi. Ariko mwihangane mugaruke mu nzira y’ukuri, ari hafi, araje.p2_1 Mbega abantu iyo ba Ehe arazananye n’ibicu, kandi ijisho ryose rizomewibonera (Ivyahishuwe 1: 7).temvye ntibasubira kuvyuka? Canke umuntu iyo azimiye (ayobye) ntasubira kugaruka? (Yeremiya 8: 4). Garuka garuka, ehe umwami araje!

Publié dans : ||le 26 janvier, 2011 |Pas de Commentaires »

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire