IKIGIRWAMANA C’IKIMASA C’INZAHABU N’INKURIKIZI ZACO (2)

 ABO BANTU NDABABONYE ICO BARIMWO (Kuvayo 32: 9)

IKIGIRWAMANA C'IKIMASA C'INZAHABU N'INKURIKIZI ZACO (2) GoldenCalfUhoraho abarira Mose ati: Manuka ugende kuko ba bantu bawe wakura mu gihugu ca Egiputa bamaze kwononekara. Inzira nabategetse bayitaye ata n’akanya, bironkeye igishushanyo c’ikimasa, bakivugutiye mu nkero, bagisenze, bagihaye n’ibimazi, baravuga bati: Yemwe bana b’Israeli, ngiyo Imana yanyu yabakuye mu gihugu ca Egiputa. Uhoraho arongera abarira Mose ati: Abo bantu ndabababonye ico barimwo: n’abantu batagonda izosi, none rero upfe kundeka gusa, uburake bwanje bubarurumbeko ndabahonye, ariko weho nze nguhindure ihanga rikomeye (Kuvayo 32: 7-10)

Ndaguhaye ikaze muri iki cigisho ca kabiri cerekeye ivy’ikimasa c’inzahbu n’inkurikizi zaco. Mur’aya majambo Uhoraho yabwiye Mose ngo: Manuka ugende, ba bantu bawe wakura mu gihugu ca Egiputa bamaze kwononekara (Kuvayo 32: 7), arerekana ko Mose ariwe yar’asigaye aramutswa ubwoko bwose bw’Abisirayeli, moses-and-redemption-of-israelkuko yari yemeye ibanga rikomeye imbere y’Imana, ryo gukura abantu bayo muri Egiputa no kubashitsa mu gihugu c’isezerano. Mose rero yar’amaze imisi myinshi avugana n’Imana, ku buryo Abisirayeli bahavuye bibaza ko atakigaruka. Nico catumye bahendahenda Aroni ngo abakorere iyindi Mana, mbere n’intwaro ngo ihinduke. Ni waba warakurikiranye icigisho c’ejo, warabonye ko Aroni yari yemeye gusubira mu kirenge ca Mose, ariko war’umutego atezwe n’abahanuzi b’ibinyoma bari mu Bisirayeli nyene.

Ibanga Mose yari yaremeye ryamusaba kuganira n’Imana cane, kugira ngo aronke ubwenge bwo kuyobora abo bantu, kuko zari intagondwa. Haraho Mose yavuze ati: mosesNari naduganywe kur’uwo musozi no guhabwa vya bisate bibiri vy’amabuye, arivyo vyariko isezerano Uhoraho yasezeranye na mwe, nca mara kur,uwo musozi imisi mirongwine n,amajoro mirongwine ataco ntamira ata n’amazi nywa. Uhoraho araheza ampa ivyo bisate vy’amabuye, vyanditswe ko n’urutoke rw’Imana amjambo yose Uhoraho yababaririye kuri wa musozi, ayavugiye mu muriro. iyo misi mirongwine n’amajoro mirongwine ishize, niho Uhoraho yampaye ivyo bisate vy’amabuye arivyo vyariko iryo sezerano.  maze Uhoraho arambarira ati; Va hasi., uve hano, umanuke vuba, kuko ba bantu bawe wakuye muri Egiputa bamaze kwononekara, inzira nabategetse bayitaye ata n’akanya, bironkeye igishushanyo, bakivugutiye mu nkero. Uhoraho arongera arambarira ati: Aba bantu ndababonye ico barimwo, n,abantu batagonda izosi, pfa kundeka gusa nzimirize izina ryabo musi y’ijuru, nawe ndaguhindure ihanga rizobarusha inkomezi n’ubwinshi. Nuk nca ndahindukira manuka uwo musozi; kand’uwo musozi wariko uraka umuriro, mfise vya bisate vyompi mu minwe biriko isezerano. Ngize ngo ndaraba mbona mwamaze gucumura k,Uhoraho Imana yanyu, mwironkeye igishishanyo c’ikimasa mukivugutiye mu nkero. Inzira Uhoraho yabategetse mwari mwayitaye ata kanya. ncamfata vya bisate vyose nari mfise mu ntoke mbimenera imbere yanyu. (Gusubira mu Vyagezwe 9: 9-16).

Ivyabaye kuri Mose birasa n’ivyabaye kandi arivyo biriko baraba kuri Yesu-Kristu, umucunguzi wacu. priest-and-holy-of-holiesYadukuye muri Egipita mu buja bw’icaha. Yadushize mw’isezerano rishasha kubw’amaraso yiwe yaviriye kuri wa musozi, ahantu hitwa Nyagihanga mu giheburayo hitwa Golgota (Yohani 19: 17). Asubiye mw’ijuru kutuvuganira kwa Data, duca turema ayandi madini, twishiriraho abandi bategetsi bigisha ibihuje n’irari ryacu. Ariko har’abigira abavugishwa n’Imana kandi, mu bgoko bw’Israyeli, nkuko muri mwebwe hazoba abigisha ibinyoma, bazozana inyigisho muSieniawakosciol mpisho zirema ibice, zitera guhona, bazokwihakana Shebuja yabaguze, bihamagarire guhona gutebutse. kand,ingeso zabo z,isoni nke benshi bazozikurikira, kubw,ivyo bazotukisha inzira y’ukuri. Kand,ukwipfuza inyungu kwabo kuzobatera kwunguka kuri mwebwe, bababwiye amajambo barementanije, uhereye kera urubaza rwabo rurateguye, ivyo guhona kwabo biranditswe (2Petero 2: 1-3).

Mu gihe abana b’Israyeli bari bamaze kuremesha uruvyino batambira ca kigirwamana, niho Mose nawe yaseruka arungitswe n’Imana.Moses%2010%20commandments No mu gihe abakristu bijukiye ivyo kwimika abandi bami n’abamikazi, bagashaka kuroonka abandi bakandizi babavugira mu ngoro ku Mana, baba bariko barihamagarira guhona. Kuko burya abakristu bibagira vuba ivyo basoma mu gitabo c’Imana canke ivyo Mutima Mweranda ari we Mpwemu Yera abereka mw’Ijambo ryayo. Handitswe ngo: Kuko har’Iman’imwe, kandi har’umuhuza umwe w’Imana n’abantu, nawe nyene n’umuntu ni Kristu-Yesu (1Timoteyo 2:5). 100_0858_1_t.800Ko iri jambo rimaze gusomwa n’abatari bake, none bigenda gute ngo basubire kwemera ko hariho umwamikazi wundi mw’ijuru ashobora kabaserukira ku Mana? Bigenda bite ngo abakristu basubire kwemera ko hariho abandi bantu babavuganira mu ngoro kwa Data, bakababwira ngo: Dusabire? Bigenda gute ngo tugararize ijambo ry,Imana nzima, tukemera ko igishanyo cakozwe mw’ibumba canke mu giti kironka cubahiro gusumba izina ry’Umucunguzi wacu Yesu-Kristu? Mw’izina ry’uwu Yesu-Kristu nyene, nifatanije n’Intumwa Paulo, mu kubatangariza iyi nkuru nziza y’agakiza ivuga ko har’Iman’imwe, kandi har’umuhuza umwe w,Imana n’abantu, ni Kristu-Yesu (1Timoteyo 2: 5).Ethiopia-Follow-Bible Kuba ar’umuntu ntibimwambura ubumana bwiwe niyo mahirwe dufise. Ntiyigezeyiguban’iteka ry’ukungana n’Imana. Yararizimamnganije mu kwigir’umushumba yemera gusa n,abantu (Abafilipi 2: 6-7). Burya kwemera ibintu  bidahuje n’Ivyanditswe Vyera, n’ukwigerezako. N’aho wobona bivamwo ibitangaza bidasanzwe,kubonekerwa, gukiza ingwara n’ibindi, uramenya muvandimwe!!! Satani ntakina nkawe!!! Har’Umuntu w’umugarariji yavuzwe, azoza akazana inyigisho zisivya blog.h465inzira y’Imana, kandi benshi bakamukundurira inyuma, bibaza ngo n’ukuri, kubera uguca ibibatsi kwiwe n’ibitangaza bimukurikira. Hariho ibanga rizwi na bake riri muri Bibiliya, ariryo ngirango ndakumenere: Ukuza k’uwo mugarariji kuri mu buryo bw’inkomezi za Satani, kuri n,ubushobozi bwose n’ibimenyetso n’ibitangaza vy’ibinyoma, n’ubugunge bwose bwo kugabantanya ku bahona, kuko batemeye gukunda ivy’ukuri ngo bakizwe. nico gituma Imana ibarungikira ubuzimire bubakoreramwo ngo bizere ibinyoma,kugirango abatizeye ukuri bose, bernadettesoubirous1bagahimbarirwa kugabantanya, bacirwe kw’iteka (Abatesalonika 2: 9-12).

Wewe ushobora kuba warabeshwe, upfukamira ikimasa c’Inzahabu, uragisenga, kandi barakwemeza rwose ko ar’Imana yawe yagukuye mu vyaha. Ariko  Imana yawe iriko iratuma Yesu umwana wayo iti: Va hasi ugende, ba bantu bawe wakura mu vyaha bariko barasenga izindi mana. Bironkeye abandi bahuza babahuza n’Imana, kand’atar’ukuri, none barabasenga, bakabambaza. Abo bantu ndababonye ico barimwo (Kuvayo 32: 9).IMG_0187 Nkumbure mu birori vyo gusenga no gukora iyo mihango niwewe uba uri mu ba mbere canke ni wewe ubiyobora.  N’uko none ehe raba Uhoraho ashize impwemu y’ibinyoma mu kanwa k’aba ba kamenyi bawe bose; kandi akugeneye ivyago (2Ngoma 18: 22). None se sibo wishimira ngo bakubwira ivyo bigiye? Uku niko Uhoraho agize ati: Aravumwe, umuntu yishimira abantu, akizigira inkomezi z’abari n’umubiri, umutima wiwe ukava ku Mana (Yeremiya 17: 5). Reka guhindukiza amaso werekeza ku bantu nkawe no kubigigwamana vyacuzwe n’amaboko yabo. statue%20boscoAriko Imana yacu iri mw’ijuru yakoze ibiyihimbaye vyose. Ibigigwamana vyabo n’ifeza n’izahabu, n’ibikorwa n’amaboko y’abana b’abantu. Bifise akanwa ntibivuga, bifise amatwi ntivyumva. Bifise amazuru ntibimoterwa, bifise intoke ntaci bikorakora. Bifise ibirenge ntibigenda, kandi ntibivugisha imiuhogo yavyo. Ababikora bazomera nkavyo, mbere n’uwuvyizigira wese (Zaburi 115: 3-8). Ntawe ntunze urutoke, ariko mu bantu basoma iki cigisho, harimwo uwukeneye gukizwa, akava mu bigirwamana. Erega, Segaba Mana yacu, aravuga ati: Ni muntumbere mukizwe mwa mpera zose z’isi, kuko ari jewe Mana ata yindi (Yesaya 45: 22). Wumva mur’aka kanya udakwoye gutumbera Yesu ngo ukizwe?

Publié dans : ||le 23 janvier, 2011 |Pas de Commentaires »

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire