IGITI C’IKAWA Y’UBURUNDI KIRATWIGISHA AGAKIZA KAVA MURI YESU

IGITI C'IKAWA Y'UBURUNDI KIRATWIGISHA AGAKIZA KAVA MURI YESU

IGITI C’IKAWA Y’UBURUNDI KIRATWIGISHA AGAKIZA KAVA MURI YESU

Mu gihe abarimyi b’ikawa bariko barazisoroma, har’igihe intete zimwe zibaca mu myanya y’intoke zigakorokera mu bisasizo. Iyo hageze ku mvura y’umutasuro, za ntete ziragondora. Zicika imivyaro y’ikawa, kandi zikibera musi y’igiti c’umwimerera arico nokwita nyina w’iyo mivyaro. Abarimyi iyo baje gutorera umurima w’ikawa (bawita igipimo c’ikawa), bararandura ivyatsi vyose vyameze, ndetse bakarandura n’imivyaro y’ikawa yameze hagati mu gipimo. cafeierAriko har’igihe bishika, imivyaro imwe ntirandurwe. Mugabo niyo batayiranduye, nta musi n’umwe wobona umuvyaro w’ikawa wakuriye musi ya nyina, ukazana amashurwe, ukera nkuko nyina yeze. Kuko uwo muvyaro ugira aho wokuze, noneho hakaza ubukoko n’ingwara zikawuzingamika ukaruhira kuzimangana rwose.Kuko nyene uba ukuri mu gitutu ca nyina. Amategeko y’uburimyi ntiyemera ko imivyaro yavuye musi y’ibiti vy’ikawa iterwa ngo ive mwo ikindi gipimo c’ikawa. Barinda gukoresha uzateguriwe mu masebura (pépinières). Iyo bishitse umurimyi akarenga itegeko, kugira ngo yibonere uwundi murima w’ikawa (ikindi gipimo c’ikawa) ku buryo bworoshe, ategerezwa, kwimba ikinogo gikwiye, akabatura  wa muvyaro w’ikawa akawukura musi ya nyina, akawutera muri ca kinogo. Azovomera, azofumbira ku ruhande, kugirango uwo muvyaro p2241530w’ikawa unage neza. Mi misi ya mbere, wa muvyaro uraraba, ukamera nk’uwugiye gupfa. Ariko uko umurimyi akomeza kuwitaho, awuvomera, awurinda izuba ryinshi (kenshi bashobora kuwubakira kugirango izuba nturiwonone), nuko ukomeza kwinanata ugashinga imizi ya mbere mu kibanza gishasha. Nyuma y’umwaka, haba habonetse amashami ya mbere. Mu mwaka ukurikira usanga ari akagati keza gatey’igomwe, ku buryo umwaka wa gatatu gashobora gushurika. Mu mwaka ukurikira bashobora gusoroma ko intete za mbere zitanu canke zitandatu.

 

 Mu myaka ikurikira, kiba cabaye igiti ciza c’ikawa, gitanga umusaruro mwiza nka nyina wa kera. Iyo ibiti vy’ikawa bitewe ku rugero rwiza ari vyinshi, bigafatwa neza, bigira umurima utey’igomwe, bikagira n’umusaruro uzozanira amahera menshi nyen’umurima.

2005.mal.burundi.cafe.002

Bivug’iki mu bugingo bushasha tubonera muri Yesu-Kristo? Iyo umuntu akiri mu mihango yavukiyemwo, haba mw’idini uko riri kwose, canke iyindi migenzo yo mu ngo no mu miryango, ntashobora kwama ivyamwa bishimwa vyo muri Mutima Mweranda, Mpwemu Mweranda. Biragusaba ngo wemerere nyen’umurima ngo akubature, agutera mw’ivu ryiza, n’ukuvuga ngo aguhe icicaro gikwiye mu muryango w’Imana w’abasigaye bitondera  amategeko y’Imana bakagira ugushing’intahe nka Yezu. N’ukuvuga kugukura mu rwarwa, mu busambanyi, mu mikombati y’itabi, mi bitutsi, indahiro mbi, uguseng’ibigirwamana no kurarikira, kwitaho idini kurut’Imana, gusenga politike abandi baseng’Imana yaremy’ijuru n’isi, kurya nk’umusuhuke, kwemer’ibintazi vy’abapagani no kwishing’amakuru y’abakecuru, gukwiza ibihuha, kubesha, kwiba, guteranya abonse rimwe, kwamana igishavushavu, kugira indabi no kuba ruburakigongwe, n’ibindi. Kuko ni waguma musi ya kamere ya kera, uzoruhira kuribwa n’ubukoko, uzozingama, nyuma uzozimangana. Kera abakobwa bahora bavyina ngo:

 »Angera we, urakumburawihane ha!/Angera we, ntawihanakamere ha! »

 Ubu tumaze kumenya umuco uva ku musaraba w’i Kalvari, turazi ko dushobora kwihana kamere yacu igahambanwa na Yesu i Gologota, noneho tukazukana na Kristo turi abagabo n’abagore bashasha, abahungu n’abakobwa bashasha (Soma Abaroma 6: 4-6). 

 Ndakwingize ngo ukundire Kristo uno musi akubadike mu mutima wiwe, akuvomere. Uzocika umuntu mushasha, were ivyamwa vyinshi, Imana n’abamarayika bazokwishimira kukubona ku murimo w’Imana. Ntiwibaze ngo hazokwama haboneka ibihe nk’ibi vyo kwumva inkuru nziza nk’iyi:

 

 »Raba, iki nico gihe co kwemererwamwo, iki nico gihe co kwakiramwo agakiza » (2Abakorinto 6:2).

Ejo uzoba wakererewe! Ikibarirwa n’icumva, icerekwa n’ikibona!

 

Publié dans : ||le 1 mars, 2009 |2 Commentaires »

2 Commentaires Commenter.

  1. le 29 novembre, 2009 à 4:37 Shimirimana Rue de la Reine écrit:

    Imana iguhe umugisha mukozi w’Imana

  2. le 15 février, 2011 à 9:54 kabuye samuel écrit:

    sha ndabakunda pe gusa nuko ntakuntu nababona naho urukundo mutwereka nirwo mugire amahoro ya christu kdi i will be in heven wis u ma men

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire