IGIHE CO GUSENGERANIRA, ITARIKI 19/08/2016

MUGIRE IBIHE VYIZA VY’AMASENGESHO

Image result for vigne

Nd’umuzabibu nyawo namwe mur’amashami (Yohani 15: 5)

URUNANI RW’ABANYAMASENGESHO

Ku wa gatatu ariwo wa kane w’isabato, no ku wa gatanu ariwo wa gatandatu w’isabato, ukaba n’umusi wo kwitegura. Ni kuva isaha 12 z’umugoroba zuzuye neza, ku masaha y’i Bujumbura/Kigali

Kandi ndababwiza ukuri yuko ababiri muri mwebwe nibahuriza inama mw’isi gusaba ikintu cose, Data wo mw’ijuru azokibakorera. Kukw’ho babiri canke batatu bazoba bakoraniye mw’izina ryanje, nanje nzoba ndi hagati muri mwebewe (Matayo 18: 19-20).

IGIHE CO GUSENGERANIRA, ITARIKI 19/08/2016 dp1870408

Mu misi iheze, twavuze cane ivyo gusengera mu kiherero, kuko benshi bavuga ko badafise abagenzi basengana. Kandi Yesu aremera cane isengesho rivugiwe mu kiherero n’umuntu umwe, nico yabwiye abigishwa biwe ngo: « Ariko weho iyo usenga uje haruguru mu nzu yawe, wugare urugi usenge So aba mu mpisho, kandi So akuboneye mu mpisho azoguhera (Matayo 6: 6). Ariko ngo hariho n’abavyibagira, iyo saha yo gusenga ikaza gushika bibereye mu bindi bintu. Uko kwibagira, s’ikimenyetso ciza mu buzima bwo muri Mpwemu. Kuko niba wibagira igihe nk’ico gikomeye co guhuza umutima na bene Data imbere y’intebe y’imbabazi, vyerekana ko utari kumwe nabo, ufise ibindi bikuryohera. Ntaco nobivugako kinini, kuko umwe wese agira ibimunezereza mu bugingo bwiwe. Uwu musi ndiko ndakwinginga ngo ushake umuntu muzohora mufadikanya gusenga. Ubisengere ubikuye kumutima kugirango mube babiri canke batatu. Ninaho vyoborohera kuvyibukiranya no kwigira hamwe ibi vyigisho. Yesu niwe avyivugira ati: « Kandi ndababwiza ukuri yuko ababiri muri mwebwe nibahuriza inama mw’isi gusaba ikintu cose, Data wo mw’ijuru azokibakorera. Kukw’ho babiri canke batatu bazoba bakoraniye mw’izina ryanje, nanje nzoba ndi hagati muri mwebewe (Matayo 18: 19-20).

Kur’uwu mugoroba rero, ici kize kuba ica mbere mw’isengesho ryawe, Niba ufise uwo wotumira mukigana Bibliya, umuhamagare mutangure musengane. Burya abantu babiri bashize hamwe, bakagendera mu kuri,  Yesu ababona nk’ishengero ryiwe ryuzuye. Reka ndangize nkwibutsa iri sezerano ryera ngo : »maze abantu banjye bitiriwe izina ryanjye nibicisha bugufi bagasenga, bagashaka mu maso hanjye bagahindukira bakareka ingeso zabo mbi, nanjye nzumva ndi mu ijuru mbababarire igicumuro cyabo, kandi nzokiza igihugu cabo. Uhereye ubu, amaso yanjye azoja araba, n’amatwi yanjye azoja yumva amasengesho avugirwa aha hantu (2Ngoma 7: 14-15). Muhitemwo ahantu heza, mushobora kuja mwihererana n’Imana, kandi andi Uhoraho azokwama yumva amasengesho avugiwe aho hantu. Nuko mugire ibihe vyiza vy’amasengesho rero, mw’izina ryera rya Yesu.

ABO DUSENGERA

Twisengere twebwe nyene, cane cane abagiye gusubira mw’ishule vuba kugirango mu bandi banyeshule baboneke nk’abahagariye Imana, nkuko Daniyeli na Shaduraka na Meshaki na Abed. Nego bahagarariye Imana neza mu bapagani b’i Babuloni. Urazi abo mu bana mu rugo bose uko bamerewe, ubasengere bose kuva ku bavyeyi bawe, kugirango Umwami Yesu agire ikibanza gikwiye mu bugingo bwabo. Usengere abagenzi bawe kugirango abaganzwa na kamere y’icaha bakizwe babone umuco uva I Gologota. Ntiwibagire gusenga kugira nawe nyene ugire amagara akwiye n’ubutwari bwo kuvugira Imana udatinya kuko ibi bihe ni bibi. Satani atega imitego myinshi kandi ikaze, kandi kubera ubwoba benshi barayigwamwo bagafatwa. Niba umaze gufata ingingo yo kuruhuka isabato, uwu mugoroba ukubere igihe ciza co gusaba ngo ivyaguteye ubwoba, ivyaguciye inkokora, vyose behave, ariko ni vyashoboka uze utangure kwubaha Imana mu kuruhuka isabato yayo. Kuki utotangura ejo. Hafi y’aho uba hariho urusengero. N’uko ugire ibihe vyiza vy’amasengesho.

 

Publié dans : ||le 18 août, 2016 |Pas de Commentaires »

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire