HAJ’UBUGESERA (Ezekiyeli 7: 25)

HAJ’UBUGESERA!

Ubugesera buraje!Bazorondera amahoro bayabure. Ivyago bizogerekerana n’ibindi, n’impuha zigerekerane n’izindi; bazoja kurondera ku wuvugishwa n’Imana ko hoba har’ico yeretswe; kukw’ivyagezwe bizobura ku muherezi,n’inama zibure ku bo hambere. Umwami azocura akanihiro, n’umuganwa ubujonjogore bumufate; amaboko y’abantu bo mu gihugu ahinde agashitsi: naje nzobagirira nkuko ingeso zabo zimeze,mbacire urubanza rukwiranye nabo; maze bazomenya yuko jewe nd’Uhoraho (Ezekiyeli 7: 25-27).

Afficher l'image d'origine

Raba Uhoraho agirango ahindure isi umusaka ayigire amatongo, ayubike, asanzaze abayibamwo. Maze ibizoba ku bantu buntu bizoba no ku muherezi; ibizoba ku mushumba bizoba no kuri shebuja; ibizoba ku mukobwa w’umuja bizoba no kuri nabuja; ibizoba ku muguzi bizoba no ku wushora, ibizoba ku wutiza bizoba no ku wutira, ibizoba ku waka inyungu bizoba no ku wakwa inyungu. Isi izohinduka umusaka inyagwe rwose; kuk’Uhoraho ariwe avuze iryo jambo. Igihugu kiriganyira, kirakabiranye, isi irahondobereye, irakabiranye, abakuru bo mw’isi barahondobereye. Kand’isi ihumanijwe n’abayibamwo kuko barenze ivyagezwe, bagaca mw’ibwirizwa, bakica isezerano ry’intahava (Yesaya 24; 1-5).

Afficher l'image d'origine

Abahereji baho bishe ivyagezwe vyanje ku manyama, baziruye ivyera vyanje, ntibashize itandukaniro hagati y’ivyera n’ibitar’ivyera, canke ngo bamenyeshe abantu uko bakwiye gutandukanya ibihumanye n’ibidahumanye, kandi n’amasabato yanje barayaziruye, nuko nsigaye nkengeretse muri bo. Abantu b’abanyagihugu barahahaza bakambura, mbere bakagirira nabi umugorwa n’umukene, bakadendereza umuntu w’akavantara. Kandi narondeye umuntu muri bo yosana uruzitiro, agahagarara imbere yanje mu kirengero ahagarariye igihugu, ngo noye kugihonya, ariko nta numwe nabonye (Ezekiyeli 22: 26, 29)

Mwoshobora kwizera mute, ari mwebwe mwubahana, ariko icubahiro kiva ku Mana imwe nsa mutakirondera? (Yohani 5: 44). Ni mwihane kuko ubwami bw’ijuru buri hafi (Matayo 4: 17).

Iman’iguhe gutahura no gughinduka, mw’izina ryera rya Yesu. Amen.

Publié dans : ||le 12 février, 2016 |Pas de Commentaires »

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire