GUPFA NO KUZUKA KWA KRISTU, VYAMARIY’IKI UBURUNDI N’ABARUNDI?

Muri iyi misi hirya no hino abenshi bahimbaza umusi mukuru wa Pasika, aho bibuka ukuzuka k’Umwami n’Umukiza wacu Yezu-Kristu, nipfujije gusangira iri jambo ry’Imana na mwebwe abarundi bene wacu, kuko ng’uwutarukuyagiye aba ar’ugusiganye.

Pasika nziza rero!

  « Nuko rer’asangwa mwarazuranywe na Kristo, murondere ibiri hejuru, iyo Kristo ari, yicaye i buryo bw’Imana. Mushire imitima ku biri hejuru, ntimuyishire ku biri mw’ isi:  kuko mwapfuye, kandi ubugingo bwanyu bukaba buhishijwe hamwe na Kristu mu Mana. » (Abakolosayi ⁄ Abanyakolosi 3: 1-3)

Iri jambo ry’Imana ritanguye rivuga ngo:  »asangwa mwarazuranywe na Kristu »; n’ukuvuga ko mugomba kuba mwarahambanywe nawe rero imbere yo kuzukana nawe.  Guhambanwa na we, n’ukuvavanura na kahise muri wewe, ku giti cawe, nkuko vyavugwa mu kirundi ca kera ngo : umuntu yikuyemwo akamuhitiyemwo! Iyo ibiharage bimaze kuba  »bihitira » biba bitaye agaciro, n’iyo ubitetse ntibisha, n,iyo ubiteye mu murima ntibimera. Mbese nawe kwoba ar’uko? Imibereho yawe wumva ishobora gutuma uja mucobo nka Kristu, ukamera bundi busha nk’igiharage, ni bura bagashobora kugusoroma ko utuboga? Canke wabaye ibamba ritumva umunyu! Ubumara iyi Pasika igusanganye nibwo izohava igusigira? Sivyo nkwipfuriza, kandi nawe ndazi ko utavyipfuza!

Kristo rero, adufitiye uburyo bwiza bwo kudukuramwo akaduhitiyemwo, mu kuduha impano nziza atangira ubuntu yo kwihana kugirango tube ibiremwa bishasha.  Erega, umuntu wese iyo ari muri Kristu aba ari icaremwe gisha: ivya kera biba bihise, vyose biba bicitse bisha (2Abakorinto ⁄2Abanyakorenti 5: 17).  Iyo ijambo ry’Imana rivuze ngo umuntu wese, n’ukuvuga ko ririko  riratunga urutoke wewe uriko urarisoma kuri iyo ordinateur yawe. Kugirango umutwe wari wuzuyemwo insaku n’ibihuha, Kristu awucishemwo imikubuzo, hasigare hari ivyiyumviro vyo kuremesha abagowe, abagwaye, vyo kwunga abatandukanijwe na za nsaku , vyose bikaba amahoro mu mutima w’umuntu. Umubiri wari warakongatajwe n’ubwayi bw’inzoga, usigara ushaka icowuha imbaraga zikwiye zo kurwana ku bo Imana yadushinze, mu miryango yacu no mu ncuti n’abagenzi. N’ivyo umuntu atunze ntaba akivyita ivyiwe, asigara yibaza ukuntu azishura Imana mu gihe yaje kumutirura ivyo yamutijije. Iyo umuntu atarahambanwa na Kristu, aravugango: Uwuriye utwiwe ntaba acumuye, ng’umugabo yiganje yica so agacura nyoko, n’ibindi… Buriya ibi ndavyanditse kuko nzi ko bibaho cane mu barundi no mu yandi mahanga. Hariho ijwi benshi badashaka kwumva ariko amaherezo rizobagera mu matwi n’ubwo bokwigira ibihangange gute. Riravuga ngo: Ivyo nkumvako n’ibiki? Harura igitigiri c’ivyo wabikijwe, kuko utagikwiye kuba umubwiriza wanje (Luka 16: 2)

Reka tubivuge gurtya: Uburundi buzoba igihugu c’ukuri c’akarorero mu bindi bihugu, mu gihe hazoboneka abarundi benshi bemerera Imana igahamba kamere yacu mu cobo hamwe na Kristu, kugirango tuzukane nawe turi ivyaremwe bishasha. Ivyaremwe bishasha, atari bamwe bo kwishimira ubuzima n’ubutunzi, ariko bakamenya ko iyi si tuyirimwo nk’ingenzi z’inyambukira.

Kristu arabitwereka mu kuzuka kwiwe: yaciye yisubirira kwa Data, kugirango atwereke ko azokiza abamwiyegereza bose , kandi bipfuza kumusanga kwa Data. Iman’ishimwe kuko dufise abavyeyi benshi b’abarundi n’abarundikazi bariko barakingura imitima yabo  kugirango Kristo yinjire abahindure, ngo bacike ibiremwa bishasha. Dushimire Imana nanone kubera urwaruka ruriko rurashaka Imana, bitewe n’ukuntu rwamaze gutahura ko ishavu n’agahinda benshi bapfanye vyatewe no kwumvira Shitani aho kwumvira ijwi ry’Imana. Ari mu gihugu hagati, ari hanze, biraboneka ko Imana iriko irakora umurimo wayo n’ubwo nyene, urwamfu rutabura mu ngano!

Kera twakuze batubwira ngo Uburundi n’icibare c’Imana, ariko bagahindukira bakavuga ngo Uwutazi Uburundi aburunda mu nzu. Aha birumvikana ko mu gihugu c’Uburundi hamye har’ abarota ineza y’igihugu hakaba n’abandi bama barazwa ishinga no kuvuruga ico cibare c’Imana.  Icompa tugakomeza iri ragi ryo kwitwa icibare c’Imana, tukareka kwikekana. Kuko niba jewe mbaye icibare c’Imana, nawe ukaba icibare c’Imana, uyu mugani uvuga ngo Uwutazi Uburundi aburunda mu nzu, nta kibanza woba ugifise hagati ya jewe na wewe. Ibi nivyo Kristu yipfuza ntibiboneke mu mitima ya benshi. Icompa wewe usoma iri jambo, ukaba icibare c’Imana mu bugingo bwawe, maze abo bigize inshirwarimenetse mukwigira ingaruzwamuheto z’icaha, ni babura aho bahera mu kukuwanya bamaramare. Erega,  rya  jambo turiko turiga, riravugango: Mushire imitima ku biri hejuru, atari ku biri mw isi:  kuko mwapfuye, kandi ubugingo bwanyu bukaba bwarahishijwe hamwe na Kristu mu Mana. » Ntukemere ko umwansi aguca mu ryahumye ngo aje kugobotora ico Kristu akubikiye mu ngoma yiwe.

Ariko kenshi ingero y’umwana ngo ipfa mu magodoka. Mu gihe uriko uragenda ugana kwa Kristu niho umwansi agutega imitego ya  »karahabutaka » (mugani w’abanyarwanda). Usabwe guhanga amaso iyo uja, kuko handitswe ngo: Hazoshikayo abitwaje imiheto n’imyampi, kuko igihugu cose kizoba ari imikere n’amahwa (Yesaya 7: 23). Na Yesu ntivyamworoheye. Yakomeje imiheto n’imyampi yiwe mu ntoke, n’ukuvuga gusenga no kwihangana. Kristu, mu misi yabaye mu mubiri, amaze kwinginga no gusenga cane Iyashoboye kumukiza urupfu, atakamba cane arira, kandi amaze kwumvirwa kubwo kugamburuka kwiwe, naho yari Umwana (wayo) yakuye icigwa gikomeye mu vyo yababajwe, kandi amaze guhingurwa rwose, abera abamugamburukira bose isoko y’agakiza kadashira (Abaheburayo⁄Abahebreyi 5: 7-9).

N’uko rero tugwane rugabo umwe wese ku giti ciwe, kuko agakiza ntikaza mu mirwi, mu madini, mu moko, mu migambwe, mu misozi, canke mu ma s0ciétés twibumbiyemwo, ah’ubwo umuntu wese akizwa ku giti ciwe, kuko ahisemwo kwitura Imana. Kenshi, umugabo arashobora guhitamwo agakiza, umugore bikamunanira, canke umugore agahitamwo gukizwa, umugabo bikamunanira, umwana agahitamwo agakiza, kandi  abavyeyi biwe vyarabananiye.

Ingo dukore ibishoboka vyose kugirango urupfu rwa Kristu, n’izuka ryiwe tubicuruze kurya abacuruzi bacuruza ibicuruzwa, kugirango  tuhakure inyungu yo kubona ubugingo buhoraho. Kandi Kristu ni we atwereka isoko yo gucuruzamwo urwo rupfu: Aravuga ati: Ni mwagiriranira urukundo ni ho bose bazomenya ko muri abigishwa banje. Ibikuranga muri iki gihe, ubona ari urukundo rwa Kristu, canke n’ugukunda bamwe abandi ukabacirakw’iteka? Kwihora abakugiriye nabi, ubona arivyo bikunze kwumvikana mu rurimi rwawe? Canke imbabazi n’ukugira neza, ubona arivyo bikuranga muri iyi misi? Iduka ryuzuyemwo ibicuruzwa  vy’amahoro canke vy’umudurumbanyo, n’uwo mutima wawe nyene.  Imirimo yawe n’amajambo yawe, bizotuma n’abandi baza gushaka urukundo rwa Kristu, canke urwanko rwa  Shitani muri  iyo mangazini yawe.

None gupfa no kuzuka kwa Kristu, wumva hari ico vyakumariye?

Abashakira abandi amahoro ava ku Mana, ni mubarungikire uru rwandiko, kuko nta wuzi inzira z’Imana uko zimeze. N’uwu musi Yez’arakiza!

Mugire Pasika nziza mwese.

Miburo Balthasar, umuvugabutumwa.

USHOBORA GUTERA INKUGA UWU MURIMO KUGIRA NGO UBUTUMWA BWIZA BUSHIKE KURI BENSHI

« kuko iyo umuntu yemeye gutanga akurikije ibyo afite, ibyo

birahagije nta wukwiriye gutanga ibyo adafite » (2Abakorinto 8: 12)

Dusigire ubutumwa bwawe hariya hepfo habigenewe, tuzakwereka uko wabigenza.  Ushobora no guhamagara kuri 587-937-1353

Publié dans : ||le 4 avril, 2010 |1 Commentaire »

1 Commentaire Commenter.

  1. le 6 avril, 2010 à 14:32 Nestor écrit:

    Bonjour Pasteur, une petite erreur s’est glissée dans votre bon message. Voir dans le texte entre ()barawa vs barazwa?????Merci

    Kera twakuze batubwira ngo Uburundi n’icibare c’Imana, ariko bagahindukira bakavuga ngo Uwutazi Uburundi aburunda mu nzu. Aha birumvikana ko mu gihugu c’Uburundi hamye har’ abarota ineza y’igihugu hakaba n’abandi bama (barawa) ishinga no kuvuruga ico cibare c’Imana. Icompa tugakomeza iri ragi ryo kwitwa icibare c’Imana, tukareka kwikekana.

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire