GIR’UMWETE WO KUMENYA INTAMA ZAWE

IGIHE  CO GUSENGERANIRA, ITARIKI 05/10/2016

Igihe c’isaha 12 zo ku mugoroba, ku masaha y’i Bujumbura/Kigali

Har’amajambo y’Imana dusoma mu gitabo cayo akatugora gutahura hakaba n’ayandi dusanga yoroshe, ku buryo naho umuntu yoyarengako atobona urwitwazo na gato. Abantu bafise ubusho bajejwe n’Imana, hano nibo babwirwa ngo: Gir’umwete wo kumenya intama zawe, wame ugaburira ubusho bwawe (Imigani 27: 23. Abamenyereye gucira imanza abapasitori bahava bibaza ngo nibo bavugwa mur’uwu murongo. Reka da! Havugwa uwari we wese afise uwo ashinzwe gucunga? Imana yabajije Kayini iti: Murumuna wawe ari hehe? Arishura ati sindahazi. Nabaye se umwungere wa murumuna wanje? (Itanguriro 4: 9). Yamara Kayini yaribeshe, kuko umuntu mubana mu nzu imwe, mu rugo rumwe, umubanyi wawe wa bugufi, uwo mujana ku kazi, uwo mukorana, uwo mutonze GIR'UMWETE WO KUMENYA INTAMA ZAWE 5f7f28e25059c530cc4d504a1ad0-mediumhamwe ku murongo ngaho kwa muganga, uwo mugendana mu nzira, uwo ari kumwe nawe ngaho mw’isoko, uramushinzwe ur’umwungere wiwe. Abanyabwenge mu vy’ijuru, bama bitwararitse kumenya ko abo babana bose bahagaze neza mu nzira y’agakiza. Uje wirinda kuvuga vya bigambogambo abantu bakunda vya politike, vy’abagore, vy’inzoga, n’ibindi bidahereranye. Ndababwize ukuri, ku musi w’urubanza, abantu bazobazwa ijambo ryose bavuze ry’amafuti barogotwa (Matayo 12: 36)studying-in-the-kitchen Reka gutakaza umwanya, gerageza gushaka ukuntu winjiza mu bandi ibiganiro biberekeza ku nkuru nziza y’agakiza kabonerwa muri Yesu-Kristu. Si ngombwa ko muba musangiye idini canke imyaka canke ubwoko canke igitsina, kuko abantu bose Yesu yarabapfiriye, kandi arabashaka bose. Kuko uweza (Yesu) n’abezwa  bose bakomoka  kur’Umwe. Nico gituma bitamuter’isoni kutwita abavandimwe biwe(Abaheburayo 2: 11)  Kora nka Paulo, hanyuma Imana ni yabacengezamwo ivyo uriko uravuga, ntihazobura abakubaza, nkuko babajije Paulo bati: Woshobora kudusobanurira ivyo bintu bishasha wadukanye uriko urigisha?(Ivyakozwe n’Intumwa 17: 19). Ahasigaye Mpwemu azokuzako, igikorwa c’Imana azocikorera, wewe uzoba igikoresho c’Imana gusa.  Ni wabona bavyitabira bafate neza, ubagire incuti zawe, ubagendere, mwige ijambo ry’Imana hamwe, mbere musenge. Erega, abagize ubwenge bazaka nk’inyenyeri mw’itazanure ry’ijuru, kandi abazoba barigishije benshi ivyo kugororoka, bazokayangana nk’inyenyeri, igihe cose (Daniyeli 12: 3). Burya, ubupasitori s’amashure, kandi s’ukugendana Bibiriya mu ntoke, kandi ubugabo s’urucumu! Reka ndakwibire akabanga: Imana iyo yagutoranije nka Yeremiya, irakubwira iti: Imbere yuko ndakuremera mu nda ya nyoko, nari ndakuzi, kandi imbere yuko uva munda yiwe, nari narakurobanuye, preacherboynari naramaze kukugira umuhanuzi w’amahanga (Yeremiya 1: 5). Yeremiya yaranezerejwe n’uwo muhamagaro aravuga ati: Nanje kugira ngo ndakwubahe, sinigeze nanka gukora umurimo wo kuba umwungere (Yemiya 17: 16).

Kandi Yeremiya yagize umwete mwinshi wo kugabura ijambo ry’Imana mu Banyisiraeli no mu banyamahanga, gushika naho avuga ati: Aravumwe umuntu akora bizumangiye mu gikorwa c’Uhoraho (Yeremiya 48: 10). Nuko rero va hasi, ni waba umaze kuba umwana w’umuhungu canke w’umukobwa amaze kumenya ubwenge, ukaba uri umusore canke inkumi, ur’umugabo canke ur’umugore, korer’Imana bigishoboka, intama zawe, n’izo nyene muri kumwe. Ariko wobura vyose, girl%20prayingukananirwa no kubasengera? Ihangane, imbaraga zose ziva muri Yesu, zimusabe!

IKI GIKORWA C’IVUGABUTUMWA KIRAKENEYE UBURYO BUKWIYE  KUGIRA NGO UBUTUMWA BWIZA BUSHIKE KURI BENSHI

« kuko iyo umuntu yemeye gutanga akurikije ibyo afite, ibyo

birahagije nta wukwiriye gutanga ibyo adafite » (2Abakorinto 8: 12)

None wumva wodutera iki?

Dusigire ubutumwa bwawe hariya hepfo habigenewe, tuzakwereka uko wabigenza.  

ABO DUSENGERA
Abagiye ku mavi bagasengera Mukamukiza Lea, ntimucike intege, ni mubandanye kuko nawe afadikanije namwe iyo ntambara y’umusaraba. Uwitwa Laina nawe ngw’akeneye gusengerwa. Dusengere mushiki wacu Annick yipfuza kubona aho yoshobora kwiga hakamuha n’uburyo bwiza bwo kubandanya kuruhuka isabato y’Imana. Dufise n’abandi bari bamaze kwemera ubutumwa bwiza bakaba bagiye gutangura ishule, ariko bakeneye ko twobashikira mu masengesho. Dufise umutwaro ukomeye wo gusengera mwene Data Cedric, kugirango Uhoraho yiheshe icubahiro mu rubanza yagiyemwo uwu musi, maze Mpwemu Yera avugire mu bacamaza, ukuri kumenyekane ku vyerekeye uwo mwene Data (Urubanza rwabaye uwu musi, kuko hirya y’ejo bararusibije). Dusengere n’uwitwa Annie Jacqueline yatanguye umwaka w’ishule yipfuza no guhinduka mu buzima kugirango abe umukobwa w’Imana vy’ukuri. Na Revocato na Richard, nabo umugambi ni nk’uyo, tubasengere, Dusengere Mechak, kugira ubutumwa bugere mu karere arimwo kugirango aronke bene Data baruhukana isabato. Dusengere Nestor  Ganzamukama agifate ingingo yo kuj’imbere. Dufise bene Data na bashiki bacu mu Mwami bari muri Uganda. Bemeye ubutumwa bwiza n’umutima uciye bugufi, ariko ntibarashika ku rusengero. Turabaterereje amasengesho kugira ngo bakomere bihangane.
Publié dans : ||le 23 juin, 2011 |1 Commentaire »

1 Commentaire Commenter.

  1. le 29 juillet, 2011 à 13:14 kahungu cyprian écrit:

    imana iguhumugisha kuriki cigwa

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire