EJO UZOBA UMUSI WO KURUHUKA W’ISABATO (Kuvayo 16: 23)

EJO UZOBA UMUSI WO KURUHUKA W’ISABATO (Kuvayo 16: 23)

Ijambo ry’Imana rivugira mu ntumwa Paulo ngo:

Gukebwa ntaco kumaze, no kudaEJO UZOBA UMUSI WO KURUHUKA W'ISABATO (Kuvayo 16: 23)kebwa ntaco kumaze, ariko igikira ico kimaze, n’ukwitondera amategeko y’Imana. Ku musi w’isabato turenga irembo ry’igisagara (umujyi), tuja ku ruzi, dukeka ko hoba aho basengera (1Abakorinto 7: 19; Ivyakozwe n’Intumwa 16: 13)

Twirinde gukoresha izina rya Yesu hamwe n’irya Paulo mu kwigisha ivyo kugarariza (kugomera) amategeko y’Imana. Yesu na Paulo ni bamwe rwose. Ivyo guhindura isabato gushika aho umusi wa mbere w’imisi indwi  witwa umusi w’ikiruhuko ntivyavuye muri Mpwemu Yera (Mutima Mweranda) wa Yesu na Paulo. Vyavuye mu mutware w’umwijima, umwami  w’abaganza ikirere niwe Mpwemu ikorera mu bantu b’intabarirwa (Abefeso 2: 2).

Umuhanuzi Daniyeli yareretswe neza ukuntu iyo mpwemu mbi izokwigisha ikinyoma iciye mu muntu w’umunyacubahiro akoreshwa nayo ngo: Iman’isumba vyose azoyivugako amajambo yo kuyisuzuguza. Azoj’imigabo yo guhindura ibihe n’amategeko (Daniyeli 7: 25)

 

Nta kuyisuzuguza kuruta kwigisha kureka itegeko ry’Imana, tukigishwa kwemera itegeko rya gipagani ryazanywe n’abantu! Ariko umuntu afise icubahiro ntagire ubwenge, ameze nk’inyamaswa zipfa gusa (Zaburi 49: 20). Erega kwubaha Uhoraho niryo tanguriro ryo kumenya, ariko ibipfu bikengera ubwenge n’inyigisho (Imigani 1: 7). Kandi rero biragoye n’ukugirango umuntu abitahure atabihawe n’Uhoraho, kuko umubeshi nawe akoresha akarimi keza ngo yikumakumireko amahanga. Abakor’ibibi vyo kugwanya isezerano, azobazimirisha (azobayobya akoresheje) akarimi keza, ariko abantu bazi Imana yabo bazoshikama bakore 0ibikomeye, kand’abanyabwenge bo mu bantu bazigisha benshi (Daniyeli 11: 32-33). Kristu yabambwe ku musaraba azize ibicumuro vyacu. Igicumuro n’ukurenga itegeko (1Yohani 3: 4). Amategeko cumi yanditswe n’urutoke rw’Imana ku bisate bibiri vy’amabuye, niyo arimwo isabato igaruka buri ndwi (buri cumweru) (Kuvayo 31: 18 na 34: 28). Yama ahishijwe mw’isandugu ry’isezerano imbere (Kuvayo 25: 16). Umusaraba wa Kristu niwo ushimangira ayo mategeko arimwo isabato hagati na hagati. Kuko iyo abantu bayakomeza, Kristu ntiyari gupfa urupfu rw’ibivume ku musaraba.  Ntagereranywa n’amategeko ya Mose kuko ayo yandikishijwe ikaramu rya  Mose. Kandi amategeko ya Mose yaguma hanze ntiyigera yinjira mw’isandugu ry’isezerano (Gusubira mu Vyagezwe 31: 26).lesson06-04

 

 Guteg’amatwi abantu bigisha ko amategeko yahindutse, bakavuga ko isabato yasubiriwe na dimanche n’ukuzimira rwose (n’ukuyoba). Mbese none Kristu ntiyatwihanikirije ati: Ntimugire ngo naje gusenyura amategeko canke amajambo y’abavugishwa n’Imana. Sinaje kuyasenyura naje kuyashitsa. Ndababwira ukuri, gushika aho ijuru n’isi bizoviraho nta kanyuguti na kamwe canke n’akazatsa bizova ku mategeko, gushitsa aho vyose bizoheraherezwa. N’uko uwuzorenga ibwirizwa na rimwe ryo mu yoroshe hanyuma y’ayandi, akigisha abandi ngo bagire bartyo, mu bwami bwo mw’ijuru azokwitwa muto hanyuma y’abandi. Ariko uwuyitondera akayigisha iyo azokwitwa mukuru (Matayo 5: 17-19). artimage_428707_2911907_20100902162768 None ko tugira ngo Kristu yaje gusenyura amategeko,kandi ari vyo nyene atwihaniza? Mbese ko yaje kubishitsa, kuki tweho dutinya kubishitsa, tukabikwepa tukaja kwihisha muri za doctrines zadutse vuba? Ko yavuze ko bizomara imyaka nk’iyo ijuru n’isi bizomara, har’aho murabona ko ijuru n’isi vyavuyeho? Abakwigisha kurenga itegeko ry’Imana ngo n’uko ryoroshe, burya bazokubera abaavocat imbere y’intebe y’imanza? No kuba uwa nyuma mu bwami bw’ijuru ntugire ngo n’umunyenga. Kuko abazitwa abanyuma, nibo bazobwirwa ngo: Ni mumve i ruhande mwa bivume mwe muje mu muriro utazima wateguriwe Satani n’abamarayika biwe (Matayo 25: 41). Imbere yo gukurikira ivy’abantu bigisha urabanza wibaze, ntuze ubone ibiguruka ngo uguruke nka vyo!

Umusi w’Imana twahawe na Data, ari nawo Kristu yubashe akawuhimbaza n’isabato yo ku musi w’indwi (samedi) (soma Luka 4: 16).  lesson07-08Isabato nico kimenyetso cerekana abantu b’Imana n’abatari bo, kuko Uhoraho yivugiye ati: Mweze amasabato yanje abe ikimenyetso hagati yanje namwe, kugirango mumenye yuko jewe nd’Uhoraho Imana yanyu (Ezekiyeli 20: 20) Magomeni+SDA+ChoirNico kimenyetso umumarayika yipfuza kudoma ku ruhanga rw’abasavyi (abagaragu) b’Imana bose imbere y’uko ivyago vya nyuma vyisuka ku bantu baba muri iyi si, kuko avuga ngo: Ntimugire ico mugira isi canke ikiyaga cank’ibiti, tutaradoma ikimenyetso mu ruhanga rw’abagurano b’Imana yacu. Uwa mbere aragenda, asuka urwavya rwiwe mu kiyaga, abantu bafise ikimenyetso ca cagikoko, bagasenga igishushanyo caco, bafatwa n’ibisebe bikomeye bibi ( Ivyahishuwe 7: 2-3, 16: 2).  Ko twamaze ubona ko isabato ari ikimenyetso hagati y’Imana n’abantu bayo, ntivyodutangaza rero dusanze dimanche nayo ibaye ikimenyetso hagati y’Umurwanizi n’abantu biwe.

N’uko rero  »Ivyo nivyo Uhoraho yavuze ati: Ejo uzoba umusi wo kuruhuka, w’isabato irobanuriwe Uhoraho, ni mugende murondere ivyo mugomba, muteke ivyo mushaka, ibisagutse mubibike, mubiraze. Mu misi itandatu abe ariho ibikorwa bikorerwa,ariko ugira indwi n’isabsato yo kuruhuka bihebuje, n’ikoraniro ryera; ntimuze mugire igikorwa na kimwe muwukorako; n’isabato yanje Uhoraho, yo kwitonderwa mu ngo zanyu zose (Kuvayo 16: 23; Abalewi 23: 3). Ivyo nivyo Kristu yari yamenyerejwe na Yosefu na nyina Mariya kuva akiri umwana, ngo bitwereke ko natwe mu ngo zacu dutegerezwa kuvyitondera tukabimenyereza abana bacu:  »Aja i Nazareti aho yakuriye, ku musi w’isabato yinjire mw,isinagogi, nk’uko yamenyereye… » (Luka 4: 16).  Intumwa Paulo, kugira ngo atwereke ko ar’intumwa idahemukira uwayitumye, nawe ako kamenyero yar’agafise.  »N’uko Paulo nkuko yamenyereye, yinjira muri bo, amara amasabato atatu avugana nabo ivyo mu Vyanditswe (Ivyakozwe n’Intunwa 17: 2).

Ntibigutangaze, n’aho nyene bibaye bishasha kuri wewe, kundira ijambo ry’Imana, wumve ko ejo uzoba umusi wo kuruhuka, w’isabato yarobanuriwe Uhoraho (Kuvayo 16: 23). Kandi rero hari n’imigisha wemerewe, mu gihe wohitamwo iki kimenyetso c’Imana arico sabato:  Ni wakura ikirenge cawe, ngo ntukandagire isabato, ukareka gukora ivyo wishakiye ku musi wanje wera, ariko ukita isabato umusi w’umunezero, mber’umusi wanje wera ukawita uw’icubahiro, ukawubaha ntukore ivyo ugomba, ntiwironderere gukora ivyawe, ntiwirirwe mu bijandijandi vy’ubusa, n’uko uzonezererwa jewe Uhoraho, nanje nzoguha kugenda ujandagira mu mpingaz’imisozi yo mu gihugu, kandi nzogutungisha ishamvu ya sogokuruza Yakobo: kuko akanwa kanje jewe Uhoraho ariko kabivuze (Yesaya 58: 13-14). Reka ngende nkwibukije ko ishamvu ya sogokuruza Yakobo car’igihugu c’i Kanani ho mw’isi, kigereranywa mu buhanuzi na Kanani ho mw’ijuru. Ibi bivugako kwitondera isabato bivanze no kunezererwa ko tur’ubwoko bw’Imana, bituma tuhabonera n’ingwati yo kuba ba samuragwa b’ijuru muri Kristu, umwami w’isabato.

Hariho umurongo umwe abantu bagiye bitwaza mu gushaka gutembagaza urufatiro rw’intumwa n’abahanuzi, ngo Paulo yavuze ngo: Kandi ntimukababaze Mpwemu Yera w’Imana yabashiriweko kuba ikimenyetso, gushika ku musi wo gucungurwa (Abaefeso 4: 30). Uwu Mpwemu Yera yabwiwe abo muri Efeso ni Mpwemu wa Yesu, kandi ishengero ry’i Efeso ryahimbaza isabato, ntiryahimbaza dimanche. Kira noneho, Mpwemu Yera ntavuga kubiri na Yesu, kandi ntakora ibinyuranye n’ivya Yesu. Ntakora ibinyuranye na Paulo kandi. Niwe Mpwemu w’ukuri akomoka kuri Data, uwo ni we azonshingira intahe (Yohani 15: 26). Uwo ni yaza azohinyuza ab’isi abemeze ivy’icaha, n’ivy’ukugororoka, n’ivy’urubanza (Yohani 15: 26; 16: 8). Iki caha Mpwenu Yera yemeza ab’isi aribo banyamadini n’abapagani bose s’ikindi: Umuntu wese akor’icaha aba kora ivy’ubugarariji (aba arenze itegeko), kandi icaha nico mugararizo (kurenga itegeko) (1Yohani 3: 4). Nashize aya majambo mu tuzitiro kubera abantu batumva ikirundi neza: Kugarariza n’ukuvuga: Kurenga amategeko canke kugumuka. Tuvuge ko idini ryica itegeko ry’Imana naho ryoba rimwe, imbere y’Imana ryitwa idini ry’abagumutsi!!! Uwuvuga ngo ndamuzi ntiyitondere amategeko yiwe n’umubeshi ntakuri kuri muri we. Kuko ugukunda Imana kubonekera mu witondera amabwirizwa yayo (1Yohani 2:4; 5: 3). Mpwemu Yera rero abera ikimenyetso abumvira ivyo Imana itegeka, ntabera ikimenyetso abagumutsi. Yesu  nawe ntashobora guha agakiza abatamwumvira, kuko  » naho yar’Umwana yigishwa kumvira n’ivyo yababajwe, ka nd’amaze guhingurwa rwose, abera abamwumvira bose inyanduruko y’agakiza kadashira (Abaheburayo 5: 9). Har’ivyo tugomba kwitondera. louanges-6Satani arashobora kutwemeza neza ko turi mu nzira y’ukuri, akatwigisha indirimbo nziza n’amasengesho meza, ariko akatwankisha urunuka amategeko ya Data. Afise n’imirongo ya Bibiliya yo kudutegesha,ngo atwifatire: Kandi ivyo ntibitangaza kuko na Satani yigira umumarayika w’umuco (2Abakorinto 11: 14)

Kuko iryo shengero ry’I Efeso rero, ryari ryigishirijwe mu masinagogi y’Abayuda, yateranya amasinzi y’abantu kw’isabato (Ivyakozwe n’Intumwa 19: 8-10). Mu gihe Paulo yariko ararisezera asubiye i Yerusaremu, yararibwiye ati:  »mbaragije Imana n’Ijambo ry’ubuntu bwayo » (Ivyakozwe n’intumwa 20: 32). Birumvikana ko  mw’Ijambo ry’ubuntu bw’Imana ata dimanche yari 16_EL_GRECO_ST_PAULmwo, kuko i Efeso bari bafise ishengero rya rurangiranwa mu bugororotsi imbere y’Imana. Ariko Paulo yari yareretswe ko Satani yitegura kuryinjizamwo ibinyoma. Yavuze ati: Ndazi ko ni namara kuhava, amabingira y’inkazi azobonjiramwo atababaye ubusho. Kandi no muri mwebwe ubwanyu hazikwadukamwo abantu bavuga ibigoramye kugirango bakwegere abigishwa inyuma zabo (Ivyakozwe n’intumwa 20: 29-30). N’ayo mabingira rero yinjiye, akazana inyigisho Yesu n’intumwa n’abahanuzi batigeze bigisha ngo isabato yarasubiriwe n’umusi wa mbere w’imisi indwi ari wo dimanche. pape_avignon_benoit13Impamvu zose batanga sizo, ntimukazemere. Na birya bavuga ngo n’uko ariwo musi Yesu yazutseko, ntimukwiye kuvyemera, kuko uwo Yesu yazutse, ni we kandi yatugabishije ati:  Ntimugire ngo naje gusenyura amategeko (Matayo 5: 19). None abo abandi urwo ruhusha rwo gusigura ibintu uko bishakiye, ku buryo bunyuranye n’amategeko Yesu yubashe, intumwa zikayubaha, abahanuzi bakayubaha, ishengero rya mbere rikayubaha, n’abamarayika bakayubahiriza,  urwo ruhusha barukuye hehe? Paulo yagabishije ishengero ryo muri Efeso ati: N’uko mwame mugavye, mwibuke ko namaze imyaka itatu ntasiba guhanura umuntu wese ndira (Ivyakozwe n’Intumwa 20: 31). Nanje ndabagabishije: Mwame mugavye, mwibuke ko maze iyi myaka itatu ndabigisha ntabahisha ivy’ubwami bw’Imana. hww_1

Ariko ntibibujijwe gukora ivyiza kw’isabato, mugabo ntitwobigira urwitwazo,kuko Imana irazi ivyiyumviro vyacu vyose. Malades-dans-un-hopital-en-RDC1Gutwara umurwayi kwa muganga, kugaburira uwushonje, kugemurira umunyororo n’umunyabitaro, gufasha umuvyeyi ari ku nda, kuzimya inzu uriko irasha n’ibindi bisa n’ivyo, nta tegeko ribibuza! Ni vyo Yesu avuga ngo: Isabato yabayeho kubw’umuntu ariko umuntu ntiyabayeho kubw’isabato. Nico gituma umwana w’umuntu ar’umwami w’isabato (Mariko 2: 27-28). Mur’aya majambo Yesu ntahanagura isabato, mugabo yanka ko tuyitwaza tukibagira ko turi abantu kandi ko dutegerezwa kwitaho abantu nka twe naho hoba kw’isabato. Hariho ibintu tutokwirengangiza nka birya navuze ngaho hejuru. Ivyo tutokora ni nko kwirirwa twiyubakira amazu, kwirirwa mu nganda, ku vyarahani, kurima, n’ibindi… Oya n’umusi w’ikiruhuko wejejwe n’Imana. Yesu avuze ko ar’umwami w’isabato, n’ukuvuga ko ntayihanaguye ah’ubwo n’umwami wayo. Abanyuzwe n’umugararizo bo baca bashaka ngo bayihanagure canke ngo bayihindure. Yesu ntiyigeze avuga ivyo bintu baramubeshera. N’abavuga ngo bari musi y’ubuntu bwa Yesu gusa, baramenya ko ubuntu bwahawe abacumuzi, n’ukuvuga abarenga amategeko. Mu gihe isi n’ijuru bikiriho, ibi bintu bitatu navyo ntibizokurwaho: ITEGEKO, ICAHA, UBUNTU, kimwe ntigisiga ikindi; muvyige neza, mubisubiremwo.

Mugire isabato nziza mu Mwami Yesu rero. Amen!

Miburo Balthasar

labiblepriere @yahoo.fr

USHOBORA GUTERA INKUGA UWU MURIMO KUGIRA NGO UBUTUMWA BWIZA BUSHIKE KURI BENSHI

« kuko iyo umuntu yemeye gutanga akurikije ibyo afite, ibyo

birahagije nta wukwiriye gutanga ibyo adafite » (2Abakorinto 8: 12)

Dusigire ubutumwa bwawe hariya hepfo habigenewe, tuzakwereka uko wabigenza.  Ushobora no guhamagara kuri 587-937-1353

Les 10 commandements

 

I - • 3 Tu n’auras pas d’autres dieux devant ma face.

II - • 4 Tu ne te feras point d’image taillée, ni de représentation quelconque des choses qui sont en haut dans les cieux, qui sont en bas sur la terre, et qui sont dans les eaux plus bas que la terre. 5 Tu ne te prosterneras (1point devant elles, et tu ne les serviras point ; car moi, l’Eternel, ton Dieu, je suis un Dieu jaloux, qui punis l’iniquité des pères sur les enfants jusqu’à la troisième et la quatrième génération de ceux qui me haïssent, 6 et qui fais miséricorde jusqu’en mille générations à ceux qui m’aiment et qui gardent mes commandements.

III - • 7 Tu ne prendras point le nom de l’Eternel, ton Dieu, en vain ; car l’Eternel ne laissera point impuni celui qui prendra son nom en vain.

IV - • 8 Souviens-toi du jour du repos, pour le sanctifier. 9 Tu travailleras six jours, et tu feras tout ton ouvrage. 10 Mais le septième jour est le jour du repos de l’Eternel, ton Dieu : tu ne feras aucun ouvrage, ni toi, ni ton fils, ni ta fille, ni ton serviteur, ni ta servante, ni ton bétail, ni l’étranger qui est dans tes portes. 11 Car en six jours l’Eternel a fait les cieux, la terre et la mer, et tout ce qui y est contenu, et il s’est reposé le septième jour : c’est pourquoi l’Eternel a béni le jour du repos et l’a sanctifié.

V - • 12 Honore ton père et ta mère, afin que tes jours se prolongent dans le pays que l’Eternel, ton Dieu, te donne.

VI - • 13 Tu ne tueras point.

VII - • 14 Tu ne commettras point d’adultère.

VIII - • 15 Tu ne déroberas point.

IX - • Tu ne porteras point de faux témoignage contre ton prochain.

X - • Tu ne convoiteras point la maison de ton prochain ; tu ne convoiteras point la femme de ton prochain, ni son serviteur, ni sa servante, ni son bœuf, ni son âne, ni aucune chose qui appartienne à ton prochain. (Exode 20/3-17) //

artimage_428707_2911907_20100902162768

Ufise ikibazo? Twandikire kuri e. mail: labiblepriere@yahoo.fr

Publié dans : ||le 9 janvier, 2011 |Pas de Commentaires »

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire