IKIGIRWAMANA C’IKIMASA C’INZAHABU N’INKURIKIZI ZACO (1)

 Ikicigisho kizomara imisi indwi

INKURU Y’IKIGIRWAMANA C’IKIMASA C’INZAHABU N’INKURIKIZI ZACO (1)

Abantu babonye  Mose atevye kur’uwo musozi, atamanutse, bakoranira kuri Aroni bamubarira bati Enda n’uturonkere imana zo kutuja imbere, kuko umwe Mose yadukura mu gihugu ca Egiputa tutazi uko yabaye. Aroni arabishura ati: Ni mukwature impeta z’izahabu ziri ku matwi y’abagore banyu no ku y’abahungu n’abakobwa banyu, muzinzanire. Nuko abantu bose bakwatura impeta z’izahabu zo ku matwi yabo, bazishira Aroni. Arazakira, azivugutira mu nkero, azikuramwo igishushanyo c’ikimasa, agitunganishije isinzo; baravuga bati: Yemwe Bisirayeli, ngiyo imana yanyu yabakuye mu gihugu ca Egiputa. Aroni abibonye yubaka igicaniro imbere yaco, arabitangaza aravuga ati: Ejo hazoba umusi mukuru w’Uhoraho. Bukeye bakoroka kare batanga ibimazi, baravyosa, bazana n’ibimazi vy’ishimwe, bicarikwa no kurya no kunywa, bava hasi baravyina (Kuvayo 32: 1-6)

Aya majambo dukwiye kuyiga tuyitondeye. Ngw’abantu babonye ko Mose atevye kur’uwo musozi atamanutse, bakoranira kuri Aroni bati Enda n’uturonkere imana zo kutuja imbere, kuko umwe Mose yadukura mu gihugu ca Egiputa tutazi uko yabaye (Kuvayo 32: 1). IKIGIRWAMANA C'IKIMASA C'INZAHABU N'INKURIKIZI ZACO (1) GoldenCalfIbintu biba mw’ishengero ry’Imana muri ibi bihe birasa neza n’ibivuzwe mur’uwu murongo. Mose yari yaduze kuvugana n’Imana ku musozi mweranda wa Sinayi. Imana yar’imaze kubaha amategeko cumi (Kuvayo 20: 1-17).

Ijambo ry’Imana ryerekana neza ko Mose na Yesu ko bafitaniye isano mu buyobozi bw’igihugu c’Imana: N’uko rero bene Data bera, abasangiye ihamagrwa riva mw’ijuru, ni mwitegereze Yesu, intumwa n’umuherezi mukuru w’ivyo twizeye tukavyatura, ayobokere iyamutoranije, nkuko Mose yayoboka mu rugo rwayo rwose. Kandi Mose yayoboka mu rugo rwayo hose nk’umushumba, kugirango abe icabona co gushingira intahe ibizovugwa hanyuma. Ariko Kristu ayoboka nk’umwana, atwara urugo rwayo. Kand’urugo rwayo ni twebwe, namba tubangirije ubushizi bw’amanga n’ukwirata ivyizigiro vyacu rwose, gushitsa kw’iherezo (Abaheburayo 3: 1-2, 5-6). Abakristu benshi babonye Yesu Kristu yatevye mw’ijuru kwa Data, bakoranira ku bayobozi b’amashengero ngo babashakire izindi nyigisho zoborohereza, prayer_jesuskuko badashobora kwihanganira ivyo Yesu yasize abasezeraniye nkuko yari ybihawe na Data. Ikigeretseko, aratevye kugaruka. Mur’uko kurambirwa, niho benshi batoranije abategetsi babita abavyeyi babo na ba shebuja babo (Pape, Père, Mère, Monseigneur, Révérend, n’utundi tuzina tw’icubahiro tutajanye n’ivyo Yesu yigishije. Yesu aravuga ngo: Bakunda ivyicaro vyo haruguru aho batumiwe, n’intebe z,icubahiro mu masinagogi, no kugigwako bwakeye mu tuguriro no kwitwa n’abantu ngo: Rabi (Matayo 23: 6-7). Iri jambo ngo rabi, n’ijambo ry’igihebreyi risobanurwango Nyakwubahwa Mwigisha; rirahura neza n’iri ngo: Révérend, mu gifransa. None ntimukitwe Rabi, kuko umwigisha wanyu ar’umwe, namwe mwese muri abavukana. Kandi ntimukite umuntu wo mw’isi Data kuko So ar’umwe, ar’uwo mw’ijuru (Matayo 23: 8-9). Iri jambo ngo Data, rirahuye n’iri jambo ngo Papa canke Pape mu mvugo y’idini, rikaba rihura n’ijambo Père (mu gifransa), Padre (mu gitaliano no mu kiespagol) Patri (mu kilatini). Dukurikije ivyo Yesu asaba ishengero, usanga bimubabaza kwita umuntu atakuvyaye ngo Père Michel, Père François, Révérende Mère… Révérend Pasteur, Révérend Frère…, Monseigneur, n’ibindi). Kuko iyo umuntu wo mw’isi abonye ko wamwubashe, nawe ariyubahiriza, kandi akagerageza kuguha ivyo umusaba vyose kugirango ukunde agutegeke. Nico caha ca Aroni. 2642412816_9f2852f42a

Aroni yanse gutakaza agaciro imbere y’igihugu, yemera guhengamira iyo bahengamiye, nivyo twita muri ibi bihe  »démocratie ». Ntimuze muherere ku ruhande rwa benshi bari mu nama y’ibibi, kandi umushingantahe ac’urubanza, ntaze aje iyo benshi bari, bigatuma bagoreka urubanza, kandi ntimukarenganye umuntu mubitewe n’uko ar’umworo (Kuvayo 23: 2). Sindi umupoliticien, mugabo iyo ikintu cemewe na benshi, ntabwo biba bivuze ko ari ciza igihe cose. Kenshi bacemera kuko kiba gihuje n’irari ryabo. Nivyo abaroma bahora bavuga kera ngo: Vox populi, vox Dei, n’ukuvugango: Ijwi ry’abanyagihugu ni ryo ritangaza ivyo Imana ishaka. Muritonda bagenzi banje!Mumenye ivyo mukora, kuko mu guca imanza atar’abantu mukorera, ariko n’Uhoraho; kandi niwe ari kumwe namwe mu manza. Ariko mugende mwubaha Uhoraho,  mwiyubare mu vyo mukora; kuko Uhoraho Imana yacu ata mafuti ari muri we, canke gutinya ijunja ry’umuntu, canke kurya ruswa (2Ngoma 19: 6-7). Sindiko ndavuga ko ibintu bigenda nabi mu bihugu vyacu, mugabo ndiko ndavuga nko mu gihe vyodushikira, kuko bishobora gushika!

Wewe mwene Data nkunda cane, nkumbure woba waragize amahirwe yo kuyobora urugo, ukayobora abantu mu kazi, mu ntwaro, mw’ishule, mw’ishengero ry’Imana, n’ahandi. Ukwiye kwirinda mu kwemerera  abantu ivyo bagusaba vyose, kuko kenshi barakugerageza ngo ubacurire ikimasa c’izahabu. Iri jambo rirakuraba: Ntimuragire nk’abatwaza amanyama ubusho mwahawe, ariko mubere akarorero keza ubusho (1Petero 5: 3).  Ni bangahe kw’isi barya ruswa, bagaha akazi abatagakwiye, kandi abagashoboye bahari? Ni bangahe bashobora kurengana kandi bazira ivyo batakoze, ivyo bikaba kugira ngo abo tuyoboye canke abo twubitse umutwe hamwe banezerwe? Ewe mugenzi nkunda, iri jambo ni wewe ribwirwa ngo: Nawe ubwawe wiyerekane muri vyose nk’icitegererezo c’ibikorwa vyiza, wigishe inyigisho zisukuye, ube inyankamugayo (Tito 2: 7). Umwana mw’ishule akwiye guhabwa amanota yakoreye, tutaravye ivyo baduhendesha badukoresha amakosa ngo n’uko tur’abategetsi.

No mu nzu y’Imana hakwiye kuba abayobozi b’Ishengero babishoboye kandi babihamagariwe, atari bimwe vyo kugira ngo tuzomurambikako ibiganza canke ngo azoyobora ibi kubera ko tuva hamwe, dusangiye ubwoko, twariganye n’ibindi, kandi ata co azi gukora kijanye n’ikibanza ari mwo. Kuko ni yaba Aroni yaraguye kandi yari yatoranijwe n’Imana none mwumva abatowe n’abantu buntu bose bazogarukira hehe? N’uko ni mukovye, kandi Uhoraho aze abane n’uwudaca urwa ngondegonde (2Ngoma 19: 11). Hari n’ibindi vyadutse, ikibanza ijambo ry’Imana rigenera madame-le-pasteur-318umugabo ugasanga bagihaye umugore, canke ugasanga umugabo ariko arakora ivyokozwe n’umugore, ngo n’ukubera amajambere. Sinkundira ko umugore yigisha canke ko  aganza umugabo, ariko atekereze. Kuko Adamu ariwe yabanje kuremwa, hanyuma Eva. Kandi Adamu siwe yahenzwe, ariko umugore niwe yahenzwe, agwa mu bicumuro. Yamara azokizwa kubw’ukuvyara, ni bashishikara kwizera,no kugira urukundo no kwezwa, bifatamije no kudahugumba (1Timoteyo 2: 12-15). Umugabo afise ukuntu ategerezwa kubaho nkuko Imana yamugize, umugore nawe afise umwanya wiwe w’icubahiro c’umuvyeyi, ni ko vyategerezwa kumera, cane cane mw’ishengero ry’Imana. N’ibintu dukwiye kwumvisha abahungu n’abakobwa bacu bakiri bato. Abakobwa n’abagore ni baba bafise ubutumwa bashobora gutanga, ni vyiza ko bagenda ari babiri, bikunze hakabamwo umuvyeyi w’inararibonye. Umugore afise umugabo, hamwe vyoba ngombwa ko aja kuvuga ubutumwa, akwiye gukorana n’umugabo wiwe nka Akwila na Priskila (Ivyakozwe n’Intumwa 18: 1-2 na Abaroma 16: 19). famille-africaine-heureuse-thumb13155210Imana s’ikijuju, ku buryo yoha umugore ubutumwa bumubuza kuja kwonsa umwana no gukora amabanga yo mu rugo ajejwe. Kandi hari imyuga myiza umuvyeyi akora, agashobora no kwitaho umugabo n’abana biwe, akaboneraho no kugumana agatima k’urupfasoni n’ikigongwe nkuko nyene Imana yamuremye. Birazwi neza ko abagore bafise vyinshi bakora kugira ngo ingo zabo zimere neza, nico gituma dukwiye kwirinda ubwo butumwa canke uko kwerekwa gutuma umukenyezi yirirwa ariruka inyuma y’abantu ngo n’uko ari umupasitorikazi, umukuru w’ishengero, umukuru w’abaririmvyi n’ibindi. Nta muvyeyi ashobora kuronka umuhamagaro umubuza kwitaho urugo rwiwe n’ibibondo vyiwe.crb751044 Iyo bibaye birtyo, naho wobona uwo mukenyezi asa n’uwubifisemwo umuhamagaro, ivyo ntibitangaza kuko na Satani yigira umumarayika w’umuco( 2Abakorinto 11: 14). Benshi bitwaza ivya Debora umucamanza, kuko yabaye umucamanza mu Bisirayeli, agafata umwanya w’umukuru w’igihugu. Bibiliya ivuga ko mur’ico gihe Abisirayeli bose bari babaye abanyavyaha. Uwo mugore yeretswe n’ukuntu umugabo yitwa Baraki uzoyobora urugamba rwo kubohoza igihugu, wa mugabo aratinya kugenda adaherekejwe n’uwo mugore Debora. Debora aramwishura ati: N’uko tuzojana, yamara rero urwo rugendo nta uzogenda ruzogutesha agaciro, kuko Uhoraho deborah-dtrs-fireagiye kuzogabura Sisera mu maboko y’umugore, n’uko Debora aragenda ajana na Baraki i Kadeshi (Abacamanza 4: 9). Nta mugambi Debora yar’afise wo kuyobora urugamba, kuko uwo war’umurimo w’abagabo. No mu kuvugishwa kwiwe no mu bucamanza bwiwe, Bibiliya ivuga ko yitwa muka Lapidoti (Abacamanza 4:4), yazicira iwe. Yakunda kwicara musi y’igiti citwa ica Debora nyene, cari hagati y’i Rama n’i Beteli (Abacamanza 4: 5). Ni naho har’i we i muhira. Debora yaragiye, kandi uwo mugabisha w’igisirikare yaratsinze urugamba, ariko intsinzi yitiriwe umugore yitwa Yayeri, muka Heberi, niwe yishe umwansi Sisera, amwicira mu nzu i we, amwizaniye i muhira… (Abacamanza 4: 21). Ni co gituma ishimwe ry’iyo ntsinzi ryitiriwe uwo mukenyezi Yayeri ngo: jael-siseraYayeri aragahezagirwa muka Heberi Umunyakeni, aragahezagirwa kurusha abandi bagore baba mu mahema! (Abacamanza 5: 24). Vyasuzuguje cane uwo mukuru w’igisirikare, kuko siko Imana yari yabishatse. No mu ndirimbo y’ishimwe ya Debora, izina ry’uwo mukuru w’abasirikare rivugwa rimwe gusa, havugwamwo cane amazina y’abagore gusa. Mu bimenyetso vyerekana ko Yesu ari hafi kugaruka, haravugwa ngo: Yamara abantu banje, abana nibo babacuranguza, abagore nibo babaganza. Yemwe bantu banje, ababarongora, barabazimiza, kandi bazimanganya inzira mwociyemwo. Uhoraho ahagurukijwe no kuburana, kand’ahagurukijwe no gucira amahanga imanaza (Yesaya 3: 12-13). Mu vyo Imana yagiriza abantu b’iki gihe, cane cane amashengero, hari mwo rwose ico caha co gushira abantu mu mwanya batagenewe n’Imana. Imana ntiyibesha, ni tureke guta umurongo yaduhaye. Kuko ijambo ry’Uhoraho ritunganye,kandi igikorwa ciwe cose agikorana ukuri (Zaburi 33: 4).

N’uko rero, uko umwami yagabiye umuntu wese,kandi uko Imana yamuhamagaye abe ariko amera. Niko ntegeka mu mashengero yose (1Abakorinto 7: 17).  Ahandi ho bikomeje nkuko biri, mu gihe kizoza wosanga abagabo bambaye ingutiya (iguturiya canke ama jupes n’ibitenge, nayo abagore bambaye amapantaro n’amakoti nk’abagabo, kandi murabona ko vyatanguye.   Ntihaze hagire umukobwa yambarana impuzu n’umuhungu, canke ngo hagire umuhungu yambarana n’umukobwa, kuko uwukoze ivyo wese aba abaye ikizira k’Uhoraho Imana yacu (Gusubira mu Vyagezwe 22: 6).2ladiessmallerone Umupasitori yemerera ko ishengero ryiwe rigwa mur’uwo mutego ngo abone ukuntu yikiza induru z’abagore canke z’abagabo, ntaho atandukaniye na Aroni yemeye gucura ikimasa c’izahabu kubera ko aremerewe n’urwamo rw’igihugu. Ewe muyobozi w’ishengero mwene Data, uko ishengero ryawe ryoba riri kose, abakor’ivyaha ubahanire mu maso ya bose, kugirango abandi nabo batinye. Briand+et+Hel%C3%A8ne+TATFORT+de+France+avec+des+Responsables+du+Temple+B%C3%A9thel+en+1997Ndakwihanikirije mu nyonga z’Imana n’imbere y’abamarayika batoranijwe, witondere ivyo, ntuce urw’umw’umwe, ntukore ivyo guca urwa nkunzi. Ntihakagire umuntu wihutira kurambikako ibiganza kandi ntugafatanye n’abandi mu vyaha vyabo. Uze wame wirinda ubuhumane (1Timoteyo 5: 20-22).

Umugabofamille-africaine-heureuse-thumb13155210 mu nzu akwiye kuyobora urugo rwiwe mu butungane, atitwaza ngo n’uko ari Nyen’urugo ngo agende acura umugore n’umwana bufuni na buhoro kugira ngo abandi babone ko ar’umugabo w’igitinyiro mu rugo. Abagabo nabo bakwiye gukunda abagore babo nk’imibiri yabo bwite. Uwukunda umugore wiwe aba yikunda, kuko ata muntu yigeze kwanka umubiri wiwe, ariko arawugaburira, akawubungabunga, nkuko Kristu nawe agirira ishengero. dc758273Bavyeyi, ntimugaturubike abana banyu, ariko mubarere, mubahana mubahanura, uko umwami wacu asahaka (Abanyefeso 5: 28-29; 6: 4.

Umubiri wacu nawo kenshi har’igihe udusaba kuwucurira ikimasa c’izahabu, mu kudusaba ibiwuhesha amaraha, canke kwimara agashavu muri ibi na biriya. N’uko bene Data, ndabahanura kubw’imbabazi z’Imana, ngo mutangeimibiri yanyu ibe ibimazi bizima vyera, bihimbara Imana, ni kwo kuyikorera kwanyu kwogira ikimazi. Ntimukishushanye n’ivy’iki gihe, yamara muhinduke rwose, mugize imitima misha, kugirango mumenye neza ivy’Iman’igomba, With+SA+Students+Xxni vyo vyiza bishimwa, bitunganye rwose (Abaroma 12: 1-2).

Aroni we yar’azi ko ni yanka gukorera abantu ico bamusavye, ko bahava bamugurukirako bakamwica. Yabaye urutukisha mu bakozi b’Imana bo mw’isezerano ryakera kubera ico kintu yakoze, n’uko nyene Uhoraho yuzuye imbabazi, n’umunyabuntu, ateba kuraka, agira ikigongwe cinshi (Zaburi 103: 8).

Wirinde kwemerera abantu gutegura no gukora imisi mikuru itemewe n’ijambo ryayo. Ivyabaye mu Bisirayeli bishobora kudushikira kuko natwe dukunda kurarika amateraniro yo gusenga, tugatanga ibigiracumi n’amashikanwa, tukarya tukanywa, abantu bakava hasi bakavyina. Mfise ubwoba ko bamwe bazohava babeshwa ngo bariko baravyinira Imana, naho bariko baravyinira ikimasa c’inzahabu nk’Abanyisirayeli imbere ya Aroni. Iyo amategeko y’Uhoraho yishwe, abantu ntibabura ukuntu bihesha amahoro, ngo berekane ko bari mu kuri. Aroni yar’azi ko akora ibintu bidatunganye. Ariko aravuga ngo: Ejo hazoba umusi mukuru w’Uhoraho (Kuvayo 32: 5).

Ubwo weho, zirya Noheli, zirya karema, n’arya materaniro ac’ibibatsi nk’izuba, naza dimanches zitagira uko zisa, ubwo ntaho vyoba ar’ikimasa c’izahabu bakweretse, ukagitambira ngo n’Imana? Woba ko waratohoje mw’ijambo ry’Imana usanga bihuje n’ivyavuzwe n’Imana yagukuye muri Egiputa, mu vyaha? Canke wubatse kuri bimwe vyo kuvuga ngo i wacu twemer’ibi, namwe mwemer’ibi. None iyo Bibiliya ufise mu ntoke ivuga iki? Wemera Aroni n’ishengero canke wemera Mose n’Imana?3138055904_1d7238510f Wemera padiri canke pasitori n’abanyedini banyu canke wemera Yesu umwana w’Imana naho yatevye kugaruka?  Ariko Umwana w’umuntu ni yaza, mbega azosanga ukwizera mw’isi? (Luka 18: 8). Mbega azosanga ukwizera muri wewe no mw’ishengero ryanyu?

Ikibazo ca nyuma: None ubona hokorwa iki?

Publié dans : ||le 21 janvier, 2011 |Pas de Commentaires »

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire