TWIGE IVYASHISHUWE 19: 7-10

TWIGE IVYAHISHUWE 19: 7-10

Ku murongo w’indwi n’uw,umunani havugwamwo ubukwe, bw’Umwana w’Intama(umwagazi) ari we Yesu, ariko hari mo amajambo dukwiye kwitondera neza: Yesu yakoye ishengero ryiwe kubw’ amaraso yiwe yasheshe. Yitwa Umwana w’intama, kuko kuva kera, abana b’Israeli bamye batanga umwagazi w’intama utagira agasembga kubw’umpongano y’ivyaha. Yesu yaritanze, kuko amaraso y,imyagazi yose yatanzwe ntiyashobora gukiza ivyahaha vyanje na wewe. Noneho Yesu ari we Kristu yitanga rimwe rizima, kubw’amaraso yiwe y’igiciro ntangere, abari mw’isi yose iyo batuye ivyaha vyabo bakavyihana bashobora kubabarirwa bidasubirwamwo. Ubu butumwa bwiza bw’ubwami buravuga ngo: Umugeni ahawe kwamara impunzu nziza zera derere zitanduye na gato. Ngo kandi ukwera kw’izo mpuzu, ni kwo gutungana kw’ibikorwa vy’abera (aberanda: Ivyahishuwe 19:8). Ikibazo mfise kuri wewe nanje n’iki: Burya iyo uryame, urigaragura ukibaza, ukumva ko ibikorwa vyawe bikwiranye n’imyambaro yera derere y’abera? Kangahe wereka Yesu amafuti yawe kugirango nawe wuhagirwe n’amaraso yiwe?

Image result for Les noces de l'agneau

Uwutarukuyagiye ngo aba arugusiganye! Umwanya dutakaza twishinga gutwenga hamwe n’ab’isi, duhahira inda zacu zituzura, uwo mwanya tuzowuriha kwiruka.

Hahirwa abatorewe gutaha ubukwe bw’Umwana w’Intama w’Imana (Ivyahishuwe 19: 9). Ariko na none: Hagowe abatemerewe kuja muri ubwo bukwe!!!! Umumarayika yavyeretse Yohani, yavuze ko ari umukozi w’Imana nka jewe canke wewe. Yohani yar’agiye kumupfukamira ngo amusenge, marayika ati reka nd’umukozi w’imana nkawe kandi ndi umugenzo wa bene so bandi, bahagaza nk’abagabo nkuko Yesu ameze; seng’Imana yonyene(Ivyahishuwe 19: 10). Hari abantu benshi bagenda baha icubahiro kodasanzwe abavugabutumwa. Izina rya Pasitori wiwe, rikaba ari ryo ryama mu kanwa gusumba izina rya Yesu. Abandi bakaririmba izina ry’idini gusumba uko bavuga izina rya Yesu. N’amakosa mabi: Kuko Pasitori canke umukuru w’ishengero, canke umukozi w’imana uw’ariwe wese, ntiyigeze abambwa ku musaraba kubw’icaha canje!!! Burya hari n’igihe yoba yigisha neza Bibiliya, ariko mu mutima yaraboze!!! Nta rindi zina twahawe musi y’ijuru rihobora kudukiza, uretse irya Yesu(Ivyakozwe 4: 12). Ivyo bintu vyo guswaganya ngo ishengero kanaka ni ryo rivuga ukuri, ngo nakijijwe mw’ishengero iri na ririya, ni ikinyoma nk’ibindi!. Abakijijwe vy’ukuri bakijijwe na Yesu!

Reka ndagucire agace: Igihe c’amashengero kigiye kurangira: Ubutumwa bwiza twahawe, ni bwaba ari bwo pasitori wawe yahawe, simbizi; ariko twebwe, Umwami yaduhaye ubutumwa buvuga ngo: Irukana uwo muja, ajane n’agahungu kiwe, kuko umwana w’umuja adashobora gusangira iragi n’umwana yavutse ku mugore w’ukuri (Abagalati 4: 30, Itangiriro 21: 10). Ivyanditswe Vyera vyerekana neza ko amadini yo muri iki gihe, agereranywa n’umugore w’umuja ashumvye , kandi agashumbana n’abana biwe (Abagalatiya 4: 25). Uravye neza usanga ayo madini yimemyereza kwubaha utuntu tumwe akareka utundi: Ngo sinzorya ibi, sinzambara gurtya, sinzovuga ibi, ariko ico bahuriyeko, n’ukujakarira amategeko y’abantu. Bari musi y’amategeko, mbere amategeko mabi yatanzwe n’abantu.

Abana b’Imana ntubiratiriza kutagira ibi n’ibi. Oya, biratiriza agakiza kava muri Yesu, kandi kwitondera amategeko y’Imana ababera umunezero, mu gihe ba bandi bahera mu vyo guharira, kuko inyigisho zo mu mashengero yabo zabononye mu mitima.

Kera abarundi baravunga ngo: Umwe mu vya nyina, uwundi mu vya nyina!!! Mukomeze muhagarare, umw’umwe wese  ahagararane na nyina, ariko umusi uwo mugore w’umuja yirukanywe azohitana benshi mu bana biwe, amarira ntazogira gihoza! Uwu mwanya wari uwo kwibaza,kugira ngo jewe na wewe tumennye niba mama wacu ari Yerusalemu yo mw’ijuru, canke ko ari Nyakaja araririye kwirukanwa!!!!

Ubwoko bw’Imana bwitondera amategeko y’Imana budasiz’inyuma isabato ariyo tegeko rya kane. Twarabonye ukuntu dimanche yazanywe n’aba pagani.

Ubwoko bw’Imana bugarara budahugumbwa nka Yesu.

Kuko gushinga intahe nka Yesu nukwo Mpwemu w’Ubuhanuzi (Ivyahishuwe 19:10)

Kwiga ubuhanuzi, tukabunoganza, bizotuma tukomerera muri Mpwemu wiwe, maze tuze twinjirane n’umukwe ari we Kristo.

Mpwemu n’umugeni barahamagara bati: Ngw’ino (Ivyahishuwe 22: 17).  Hamagara namwe rero hitabe benshi. Muri mu nzira y’ukuri, semerera muti: Ngw’ino!!!

Imana ibane na mwe mwese!!!!

Iki cigisho kirungikire benshi, kuko baragikeneye.

Publié dans : ||le 28 avril, 2010 |Pas de Commentaires »

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire