TWIGE IVYAHISHUWE 18: 1-3


TWIGE IVYAHISHUWE 18: 1-3.

Ndabibutsa ko Bibiliya dukoresha iri mu kinyarwanda.

1 Hanyuma y’ibyo mbona marayika wundi amanuka ava mw’ijuru, afite ubutware bukomeye isi imurikirwa n’ ubwiza bwe.

2 Arangurura n’ijwi rirenga ati: Babuloni ikomeye! Ihinduts’icumbi ry’abadayimoni, aharindirwa imyukamibi yose n’ibisiga vyose bihumanye kandi vyangwa.

3 Kuko amahanga yose yanyoye inzoga ari zo ruba ry’ubusambanyi bw’uwo mudugudu, kand’abami bo mw’isi basambana ga na wo, abatunzi bo mw’isi bagatungishwa n’ubwinshi bw’ ubutunzi bwawo no kudamarara.

Kugirango dutahure neza amajambo yo mu Vyahishuwe, twari dukwiye kumenya ko ari ibintu Yohani yeretswe bitwerekeye. Abenshi muri twebwe iyo bumvise igitabo c’Ivyahishuwe bivuga ivyerekeye Marayika,baca bibaza ngo ni marayika ameze nka vya bishushanyo bama batwereka vy’abagore ba meze amababa. Si ko biri. Ijambo ngo  »marayika » risobanutse neza mu kigiriki aho bavuga  »angelo » ari naco bita  »ange » mu gifransa. Bivuga ngo:  »Intumwa », canke  »Integuza ». Ubutumwa bw’abamarayika batatu, butangura burtya: N,uko mbona marayika wundi aguruka aringanije ijuru, afite ubutumwa bwiza bw’iteka ryose ngo abubwire abari mu isi, bo mu mahanga yose n’imiryango yose n’indimi zose, n’amoko yose (Ivyahishuwe 14:6).  Raba neza usanga ubwo butumwa bufitaniye isano. Ni bwo butumwa bwiza bufise ubushobozi bwo gusenya Babuloni mu mitima y’abantu, kugirango Roma n’amasengero yayo canke se Ishengero gatolika ry’i Roma n’amashengero yose acuditse na ryo bicike amatongo, maze abana b’Imana babone gutambuka bagenda, gushika aho n’abansi babo babapfukamira bakarigat’umukungungugu(Yesaya 49: 23, Mika 7: 17, Zaburi 72: 9). Uwo mumarayika ategerezwa kuvuga ubwo butumwa, n’ishengero ryose ry’abasigaye, aho riri hose, Dutegerezwa gushira hamwe inguvu zacu zose tukavuga ubu butumwa tutazuyaza. Ubutumwa bwiza bw’uwu mumalayika iyo buza kuvugwa neza kuva igihe abana b’Imana baboneye uwu muco, tuba tumaze kugera muri Siyoni ho mw’ijuru. N,uko rero Uhor’ aho arabaza ati: Mbe ndatuma nde? Ni nde azontumikira. Ivyakubera vyiza n’uko wovuga nka Yesaya uti: Ndi hano mwami ntuma (Yesaya 6: 8).

Umusi abantu b’Imana bazohuza inama, bakareka insaku n’ibihuha mu muryango w’Imana, imbaraga zacu zose tukazishira hamwe, Babuloni izotembagara (Yoweli 2: 7-11; Yeremiya 51: 28), n’abanyoye ku nzoga z’ubusambanyi bwayo bazozidahwa, n’abatungishijwe n,ubutunzi bw,i Babuloni bazobujugunya kubera igitsure giteye ubwoba c’Uhoraho (Yesaya 2: 21). Barahiriwe abasoma n’abumva aya majambo y’Imana miri iyi misi, bakayakurikiza kuko igihe ari gito (Ivyahishuwe 1:3), kuko nta mahoro y’abanyavyaha, niko Imana yanje ivuga (Yesaya 57: 21.

Uwuzanka kudahwa ubwo burozi, akanka kujana na twebwe gushengerera Umwami azoba avumwe(Zakariya 14:17). Bibliya ivuga ngo nta mvura izongera kumugwa ko, bisobanura ngo nta wundi mugisha azongera kubona, kuko Mpwemu Yera azoba yaramaze gutandukana n’iyi si. Azoba avumwe, azoba ari uwo gusha nk’ibishakashaka vyumye (Nahumu 1: 10). Ivyo ngusabira kandi nanje arivyo nisabira, n’uko twokwihana vy’ukuri, maze tugafata iya mbere tuja kuvuga ubutumwa bwiza, bwo gusenya no gusangangura Babuloni, mw’izina ryera rya Yesu. Amen.

Miburo Balthasar

Publié dans : ||le 28 avril, 2010 |Pas de Commentaires »

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire