TWIGE IVYAHISHUWE 20: 1-3

TWIGE IVYSHISHUWE 20: 1-3

Image result for le serpent ancien

Mbona marayika amanuka ava mw’ijuru afite urufunguzo rufungura i kuzimu afite n’umunyururu munini mu ntoke ze. Afata ca kiyoka, arico ya nzoka ya kera, ari yo Mwanzi na Satani, akibohera kugira ngo kimare imyaka igihumbi, akijugunyira i kuzimu arahakinga, ashira ho ikimenyetso gifatanya, kugirango kitongera kuyobya amahanga kugeza aho iyo myaka igihumbi izashirira, icyakora, nishira gikwiye kubohorerwa kugira ngo kimare igihe gito.

Uwu mumarayika afise urufunguzo. Urufunguzo rusobanura ngo ubutware. Kuko burya uwufise urufunguzo rw’inzu ni we aba ayitegeka. None se inzu ibaye iyo wubatse, noneho umwana wawe canke umubanyi wawe akaba ariwe afise urupfunguzo rwayo, vyokubuza ko unyagirirwa hanze ngo n’uko uri nyen’inzu. Ngo NYEN’IMBUGITA N’UWAYIFASHE IKIRINDI. Uwu mumarayika rero afise ubutware kw’isi, kandi biragaragara ko ari intwari, kuko ashoboye gufungira Satani mu rwobo. Ubwo rero imfunguzo z’i kuzimu ntabwo ari Satani azifise, ahubwo zifiswe n’uwo mumarayika. Marayika avugwa hano ni Yesu: Ati: Mfise imfunguzo z’urupfu n’izo mu kuzimu kw’abapfuye (Ivyahishuwe 1:18) Uwufise urupfunguzo rwa Daudi, yugara ntihagire uwukinga, yakinga ntihagire uwukingura (Ivyahishuwe 3:7; Yesaya 22:22). Buriya ntibaze bakubeshe, Satani nta bubasha afise kuri iyi si. Satani akora ivyo yishakiye mw’isi, ariko iyo tuba twamurwanya mu masengesho no mu kwubaha Imana n’Umwana wayo Yesu-Kristo, nta bushobozi uwo mwansi mubi yogize kuri twebwe. Dusome muri 1Petero 5:9: Umwansi wanyu, abazunguruka hirya no hino yivuga nk’intambwe ishaka uwo yorotsa. Mumunanire mukoresheje ukwizera gukomeye. Murwanye satani rwose, na we azobahungira kure (Yakobo 4:7).

Yesu ni yagaruka, azofata abiwe, isi izosigara ari umusaka, kuko muzosohoka mwikina amatavu nk’inyana zivuye mu ruhongore, muzokandagira abanyavyaha, bazomera nk’umunyota musi y’ibirenge vyanyu (Malaki 4: 2-3).

Urwobo ruvugwa ruzobohera mwo Satani, n’isi (Imigani 8: 27-27, Zaburi 107: 25) izoba igaragara. Ubwo rero hazoca hatangura igihe c’ubwami bw’Imyaka 1000. Mu cigisho gikurikira, tuziga ivyerekeye ubwo bwami bw’imyaka 1000.

Imana ibafashe.

Miburo Balthasar

Publié dans : ||le 4 avril, 2010 |Pas de Commentaires »

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire