TWIGE IVYAHISHUWE 21: 6-8

TWIGE IVYAHISHUWE 21: 6-8

Kandi ati:  »Birarangiye. Ni je Alufa na Omega, itangiriro n’iherezo. Ufit’inyota nzamuha kunywa ku mazi y’ubugingo. Unesha azaragwa vyose, nanjye nzaba Imana yiwe nawe abe umwana wanje. Ariko abanyabwoba n’abatizera, n’abakor’ibizira n’abicanyi, n’abasambanyi n’abarozi, n’abaseng’ibishushanyo n’abanyabinyoma bose, umgabane wabo uzoba mu kiyaga caka umuriro n’amazuku, nico rupfu rwa kabiri

Mu gihe iri jambo rizoba rumaze kuvugwa ngo  »Birangiye », Amarira ntazogira gihoza ku bazoba bataye umwanya bibaza ko hari urundi rufatiro rushobora kubaho atari Kristo.  » Kuko nta rundi rufatiro umuntu abasha gushiraho kiretse urwashizweho, arirwo Yesu-Kristo (1Abarinto 3: 11). N’intango n’iherezo. Muri iki cigisho, ijambo ry’Imana rimwise Alufa na Omega: Alufa n’inyuguti ya mbere mu kigiriki Omega nayo n’iyanyuma. Ibi vyerekana ko Kristo ari Imana kuko vyose vyaremewe kuri we kandi biremerwa we nyene (Soma Abakolosayi 1: 14-18) Mbese wumva wamana inyota y’amajambo ya Yesu? Aravuga ngo: Ufis’inyota nzomuha kunywa ku mazi y’ubugingo, kandi azamuhindukiramwo isoko y’amazi idudubiza kugeza mu bugingo buhoraho (Ivyahishuwe 21: 6, Yohani 4: 13). Ikibabaje n’uko benshi  muri twebwe baza bafise inyota yo kunywa kuri aya mazi no guhindikira isoko abandi, ariko mu nyuma bakareka Satani akaza gutobanga iri soko, noneho abandi baza kuvoma amazi y’ubugingo i wacu tukabaha ibirohe, kandi Kristo yaduhaye amazi meza!!!!! None mw’isoko rimwe hashobora kuvamwo amazi aryoshe n’ayarura? (Yakobo 3: 11). Uzonesha muri ivyo vyose, akirinda agahagarara mu kuri, akatanga akarorero keza mu bandi, akigisha ukuri atazuyaza, uwo ni we azoba Samuragwa w’ivyiza vy’Imana.

Hari abandi bishizemwo ivyo gutinya ubutegetsi, canke ababanyi, incuti n’abagenzi: Murabe mwumvise ko abanyabwoba, batazogerayo… Ibi vyo gutinya abantu ku kigohe ni vyo bituma ubutumwa bwiza bufudikwa n’abatinya guheba ivy’isi, bagatinya gutwengwa n’ababanyi n’incuti n’abagenzi. Uhoraho arabaza ati: Wagenze urugendo rukunaniza, ntiwigeze wibaza uti: ibi ntakamaro bimfitiye, uriyungunganya wishiramwo akanyarigabo. Ariko uwo watinye ugasha coba, bigatuma ugenda urakwiragiza ibinyoma, ntunyibuke, ni nde? Mbese simaze igihe kirekire ndakwihanganira, ariko ntihagire ico bikubwira? (Yesaya 57: 11-12) 

Muri iki cigisho bavuze abanyabwoba, babafatanya n’abatizera, nkako buriya umugabo atinya kuvuga ukuri imbere y’Imana n’abantu, nta kwizera yoba afise. ari naco gituma amategeko y’Imana asigaye akengeretse, noneho abigirango n’abizera, bagahungira mu miziki, mu masengesho adahengeshanya, bisonzesha, bakora amateraniro y’agacavutu. Ni mwumve inkuru nziza y’Umwami n’Umukiza wacu Yesu-Kristo: Noneho ijambo ry’Imana mwaritituje imigenzo yanyu mwarazwe n’abasogokuru. Mbeg’uburyarya!!! Yesaya yaravuze neza ivyanyu ati: Aba bantu bapfa kunsasa kw’akarimi ariko imitima yabo iri kure yanje! Bigira nk’abariko barasenga, ariko inyigisho zabo usanga ar’amategeko yazanywe n’abantu (Matayo 15: 6-7).

Abantu banka amategeko y’Imana ngo n’uko arimwo ivyo badashaka, nko kweza isabato, kureka ibigigwamana, kureka ubusambanyi n’ububeshi, buriya abo bantu bari mu kaga. Twebwe twemerewe kwicara ku ntebe z’ubwami tukazocira imanza imiryango 12 y’Israeli,(Luka 22: 30) n’ukuvuga abantu b’Imana bose (Israeli ya kera yavuye ku bagabo 12 aribo bahungu ba Israeli; ariko Israeli yo mu Mpwemu ariyo twebwe, twakomotse ku bagabo 12 kandi, arizo ntumwa za Yezu). Abantu banka amajambo y’Imana, bagahitamwo ivyo bishakiye ntiboshobora kuja mu bwami bwa Kristo. Kuko ubutumwa bwiza twahawe buvuga ngo: Kuko wanse Ijambo ry’Uhoraho nawe yanse ko uja ku ngoma y’ubwami (1Samweli 15: 23). Uwukomeza amategeko y’Imana ni we azoyikorera mu bwami bwayo, kandi azorangwa n’izuka rya mbere. Uwufite umugabane wo mw’izuka rya mbere, arahiriwe kandi n’uwera. Urupfu rwa kabiri ntaco rushobora gukora ku bameze bartyo, ah’ubwo bazoba abakozi b’indatwa b’Imana na Kristu kandi bazotegekera hamwe nawe kugeza ku myaka igihumbi (Ivyahishuwe 20: 6)

Ariko se abera n’abaki? Bibiliya irasubiza ngo: Aha niho ukwihangana kw’abera kuri. Bitondera amategeko y’Imana, kandi bakagira kwizera nka Yesu (Ivyahishuwe 14:12). Ntimuje mu madini mubonye ayariyo yose, kuko ishengero ry’abera ni rimwe, rirangwa no kwitondera amategeko y’imana no kwizera nka Yesu, (canke guhagarara nk’abagabo nka Yesu), n’abadasuha rukamvye!!!!!

Abakor’ibizira n’abicanyi, n’abasambanyi, nabo n’uko ngo ntibazogerayo. Har’abantu muri iki gihe bihaye gukora ibizira, bakaryamana n’abana babo, abandi bagahemuka ku bana bato, n’ibindi(Abalewi 20: 10-21) Mwirinde ubwicanyi, gushigikira abicanyi, kwankana no gushavura (Matayo 5: 21-26, Itangiriro 4: 5-9, Kuvayo 20: 13). Abarozi bo ntiboba bibeshe ngo barahagera, nivyokunda. Iyo tuvuze abarozi, twagomba gushiramwo abapfumu n’ abamaji, abanyamangetengete bose (Soma Ivyakozwe n’Intumwa 19: 19-20).

Abaseng’ibishushanyo mubirinde, kuko ni nabo banyabinyoma. Bavuga ngo ntibabisenga ngo n’icibitso gusa. Ariko uraveye ukuntu baha icubahiro imizimu bakayita ngo n’abatagatifu woca ubona ko ar’abanyabinyoma koko. Bane banje mwirinde ibigigwamana (1Yohani 5: 21).

N’uko bene Data bakundwa, mukomere kumuheto mukorere Umwami muj’ombere, kandi mwizera ngo umwete wanyu utazopf’ubusa ku Mwami (1Abakorinto 15: 58)

Kuko abandi bo ngo umugabane wabo uzoba mu nyanja yaka umuriro w’amazuku, nirwo rupfu rwa kabiri (Ivyashishuwe 21:8). Twebwe Kristu yarapfuye urwo twopfuye. Amen(Abaroma 5: 6,8).

Iman’ibahezagire

Miburo Balthasar

Publié dans : ||le 4 avril, 2010 |Pas de Commentaires »

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire