TWIGE IVYAHISHUWE 19: 11-21


TWIGE IVYAHISHUWE 19: 11-21(bifatanye n’Ivyahishuwe 6:1-11).

Mu vyahishuwe 19: 11, hari umurongo utangurwa n’aya majambo ngo: Hanyuma mbona… Ibi ntibivuga ko ivyo Yohani yar’agiye kwerekwa arivyo bizokurikira igihe c’ubukwe bw’Umwana w’intama n’umugeni wiwe, mu yandi majambo: ubukwe bwa Kristo n’ishengero. Ah’ubwo Marayika yereka Yohani ibindi bintu bizoba ku musi wo kugaruka kwa Kristu. Kuko hazoba ihinduka rikomeye mu vyaremwe ku buryo n’isi itazongera kuzunguruka nkuko bisanzwe, n’ijoro n’umurango ntibizobera mu masaha yavyo: Soma Ivyahishuwe 16, igice cose, na Zakariya 14: 5-15. Ico gice co mu Vyahishuwe hamwe n’ico mu gitabo c’umuhanuzi Zakariya bivuga mu migani ibizoba, ariko biraboneka ko bizoba mu bihe bidasanzwe. Tuzofata igihe twige neza ivyahishuwe 16, kandi Imana ni yabidushoboza, tuzigira hamwe n’igitabo c’umuhanuzi Zakariya.

Ibivugwa mu Vyahishuwe 19: 11-15, birasa cane n’ibivugwa mu Vyahishuwe 6:2. Haravugwamwo umugabo w’intwari agendera kw’ifarasi yera derere. Ku murongo wa 11: yitwa: Umwizigirwa, Imvugakuri, kandi ngo araca imanza akagwana mu buryo butunganye. Uyu mugabo w’intwari ni we Salomo yeretswe mu ndirimbo y’urukundo yiwe, igihe yacuraranga ati: Uri Bwiza bwahebuje mu bana b’abantu, igikundiro gitonyanga ku minwa yawe, nico gituma Imana yaguhaye umugisha w’ibihe vyose. Mugabo w’intwari, hagatir’inkota yawe, ambara uberwe baguh’impundu. Uzorwan’urugamba kand’uzorutsinda, urira igare ryawe ry’intambara, rwanir’ukuri, ubwugwaneza n’ubutungane. Ukuryo kwawe ni gukore ibitangaza! Imyampi yaw’irakarishe, amahang, azocika imihindigiti  musi yawe, imyampi yawe izo koror’inkoratima y’abansi bawe! Ewe Mana, ingoma yawe izohora ihangamye, kandi intahe yawe izama ar’ukri kudasubirwamwo (Zaburi 45: 3-7)

Iyi farasi yera derere yerekana ukwihuta kudasanzwe mw’iranguka ry’ubuhanuzi mu misi ya nyuma nyuma. N’ubwo berekana uwu mwana w’Imana nk’ Uwicaye kw’ifarasi n’imigara  myinshi, n’izina ryiwe ngo ni Jambo ry’Imana, ni nako n’ishengero rya Kristo rizoba rikora ibikomeye kw’isi, kubera ubushobozi bukomeye bw’Imana buzoba burikikije. Ishengero rizoba rimaze kuyoborwa na Mpwemu Yera, ryaravuze ubutumwa bw’umwuzurira burangiza ivyavuzwe vyose, abagenewe gupfa baje mu murongo w’abaza gupfa, abagenewe ubuzima budahera bakoranire hamwe ubudasubirwamwo, amadini atsindwe ubutakigaruka, noneho inyamaza yoge igitakwe, uwarivuz’aryumeko, umugore atahe ku mugabo!!!(Soma neza Ivyahishuwe 13: 10) Nkako Uhoraho agiye kurema ikintu gisha: Umugore azipfuza umugabo(Yeremiya 31: 12). Muri ico gihe, gushinga intahe kw’abera kuzoba kwajanjaguye imitima ya benshi, ku buryo bizoba bigaragara ko Ijambo ry’Imana ari rizima kandi rifise ubushozi, rikarishe gusumba inkota iy’ari yo yose y’ubugi bubiri, rikanyengetera gushika aho ritanya umutima n’umushaha, inyama n’imisokoro, rikagera n’aho rishobora gucir’imanza ibiri mu mutwe wawe vyose, n’akari kinyegeje mu nsengo y’umutima! Nta caremwe kizosigara cihishije imbere yaryo vyose bizogaragara imbere y’inyonga z’Umucamanza wa twese. (Abaheburayo 4: 12-13). Nk,uko ibihe vya mbere vy’ishengero vyaranzwe n’ubunyarutsi bw’ijambo ry’Imana no kwemez’ivyaha amahanga, niko no mubihe vy’imperuka bizoba, ariko birasaba ngo wewe nanje duhaguruke dukore. Raba neza mu Vyahishuwe 6:2-8, iriya farasi yera, ikurikiwe n’izindi farasi. Ifarasi ya nyuma ngo yagenderwako n’urupfu. Ivyo biragaragara ko ibihe vy’ishengero bizogenda bikomera gushika mu bihe vya nyuma. Ariko  urupfu s’iyo mperuka y’ishengero: Iyo usomye Ivyahishuwe 6: 9-11, usanga hariho ivyizigiro nyavyo ku bera b’Imana (Banza uhugarare usome iyo mirongo). Ukwizera gukomeye kw’abantu b’Imana imbere y’Ivyago ab’isi bazoturohamwo, nikwo kuzotuma Kristu abaduka akaza kuturwanira!!! Kuko imiheto n’imyampi yacu bizoba bimeze nk’ivyarangiye. Niho rero Kristu azovuga ati: Uwurenganya abandi akomere ku karenganyo kiwe, uwanduye akomeze yandure, intungan’ikomere ku butungane bwayo, uwera akomeze yezwe. Dore ndaje vuba, kandi mfise ingororano mu minwe, umw’umwe nzomuhembera ico yakoze! (Ivyahishuwe 22: 11-12). Ico gihe amahanga y’abanyavyaha azofyonyangwa ata kagongwe (Ivyahishuwe 19: 15-16), nkako imbazi z’Imana ntizizohoraho ku bantu banse kwumvira amategeko yayo bakishimira kuyirwanya (Kuvayo 20:6, Abaheburayo 10: 26-27; Zaburi 125: 3)

Abamenja bazokomeza kumenja ku Mana, nta n’umwe wo muri bo azotahura izi nyigisho, ariko abanyabwenge bazobitahura (Daniyeli 12: 10, Matayo 13: 11-12).

Ni wumve aya majambo aheruka y’akamo ka Marayika ahagaze mu zuba: Yasemereye n’ijwi rirenga, ararika ibinyoni biguruka mu kirere, ati: Muze ku musi mukuru mukorewe n’Imana, murye inyama z’imivyimba y’abami, abasirikare b’amapeta, ibikomangoma n’abashikiranganji, mury’inyama z’amafarasi n’abayagenderako, abajakariye abandi n’abatabajakariye, ba nyarucari n’abakomeye! (Ivyahishuwe 19: 18-19.  Abo bose bagomesha abandi bakababuza gukorera Imana y ‘ukuri, baba abanyamadini canke abategetsi ba Leta, bazotererwa mu nyanja yaka umuriro w’amazuku(Soma neza Ivyahishuwe 19: 20).

Reka mbisubiremwo: N’abakuru b’amadini y’abiyita abakristo, bararya bagaba, kuko barya ivyo bazoruka! Kuko bahendesha abantu ibitangaza n’ibimenyetso bidasanzwe, ariko ivyo bitangaza n’ivyo bimenyetso ngo Kristu ntibiva kwa Kristo, kandi ntiyigeze abamenya (Soma Matayo 7: 21-23). Bazotererwa muri urwo rwobo rwaka umuriro n’amazuku nabo nyene, kuko ivyo bitangaza ntibirimwo ukugamburukira amategeko y’Imana, na cane cane Isabato y’Uhoraho. Mu Vyahishuwe 19: 20, handitswe mwo ngo ibitangaza vyabo ni vyo bahendesheje abantu bigera n’aho abantu bafat’ikimenyetso c’inyamaswa bibagira ikimenyetso c’Imana, ari yo sabato (Ezekiyeli 20:20, Kuvayo 31: 16-17). Kuko abasenga ku musi wa mbere dimanche bazoba bibasiye abasenga ku musi w’indwi(isabato), niho bizoboneka neza ko ukuruhuka ku cumweru ari ugufata ikimenyetso c’igikoko: Iterabwoba rizoba muri ico gihe rizerekana neza ko ar’abana b’Igikoko. Buriya n’iyo muvuganye, uzobona ko bahakana isabato, bavanga n’umujinya, ariko nta muntu yubah’isabato y’Imana yigera yanka umukristo wa dimanche, ah’ubwo dukorana ubugwaneza kugirango nabo bamenye IKIMENYETSO C’IMANA

Ubwo abakurikiye abahanuzi b’ibinyoma bose bazotikizanywa nabo (Ivyahishuwe 19:21). Biragaragara ko abategetsi ba Leta n’amadini bazobanza guhonja ku muriro imbere y’abandi(Ongera usome Ivyahishuwe 19: 20.

Ico mbasabira kandi nanje arico nisabira, nuko mwokomeza ico mufise, kugirango ntihagira uwuzoza nyuma ngo abe ariwe afata ibihembo vyanyu (Ivyahishuwe 3:11). Mwibuke ko INGERO Y’UMWANA IPFA MU MAGODOKA. Ngaho ijwi ritanguye gusamira ngo: Hamagara abakoze tubahembe, kandi mutangurire ku baje ni mugoroba (Matayo 20:8). Umenye ko abakozi ba  ni  mugoroba ari twe dukorera Imana mur’iyi misi yanyuma! Ntimwirangareko! Uhoraho abahe umugisha!

Miburo Balthasar

Publié dans : ||le 4 avril, 2010 |Pas de Commentaires »

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire