YESU WEWE RUKUNDO RUTIGERERA, RWITANGIRA UMUNTU RITIZIGANYA, TUBABARIRE IBICUMURO VYACU!

Ni ukuri ndakubwire koko: twebwe tuvuga ico tuzi, kandi dushingira intahe ico twabonye; ariko ntimwemera igishingantahe cacu. Ko nababwiye ivyo isi ntimwemere, none muzokwemera mute ni nababwira ivyo ijuru? Nta waduze mw’ijuru, atari uwamanutse ava mw’ijuru, ni we Mwana w’umuntu wo mw’ijuru. Kandi uko Mose yamanitse inzoka mu bugaragwa, ni ko Umwana w’umuntu akwiye kumanikwa, ngo uwumwizera wese ahabwe ubugingo budashira. »Kuko Imana yakunze urukundo abari mw’isi ari rwo rwatumye itanga umwana wayo w’ikinege, ngo uwumwizera wese ntazopfe rubi, ariko ahabwe ubugingo budashira. Kuko Imana itatumye Umwana wayo gucira urubanza abari mw’isi, ariko yamutumye ngo abari mw’isi bakizwe na we (Yohani 3: 11-17). Image result for crucifixion of jesus

Abantu b’iki gihe biraborohera kuvuga ko Yesu yapfuye kubera ibicumuro vyacu, ndetse bemera ko gucumura ar’ukurenga itegeko ry’Imana. Ariko iyo ubabajije uti none amategeko y’Imana n’ayahe, baca batangura gutanga ibisubizo vyo kwikurayo canke gushwana. Kenshi biterwa n’uko arya mategeko y’Imana cumi yo muri Bibliya, atugarura kw’isabato yo ku musi w’indwi, twebwe tukaryoherwa n’ukwemera ibinyoma bivuga ngo n’umusi wa gatandatu. Hari n’ibindi arya mategeko atubuza ngo gupfukamira ibintu n’abantu, kwiba, kurya ruswa, n’ibindi…(Kuvayo 20: 3-17) Ivyo bituma abamenyereye gukamisha ibinyoma bumva ko ibisaka vyabo bigiye kubahirako, abandi bakabona ko batanze ubutunzi bwinshi n’inguvu zabo kugirango idini ryabo canke ishengero ryabo riter’imbere, bakwumva ko batoba bagisubira inyuma ngo bemere ukuri kwa Bibliya, bati « Oya, tuzogwa ngaha ».  Kuko burya ikibazo co kwubaha amategeko ni nka kamarampaka mu bugingo bw’umukristu. N’ukuvuga ngo  » Ayo mategeko uravyemera canke ntuyemera? Burya rero « Umuntu wese akora icaha akora ivyo ubugarariji; kandi icaha ni co mugararizo »(1Yohani 3: 4). Kandi iyo umuntu yagararije, aba yagumutse nyene, amategeko avuye i bwami ntayemera, yemera gusa ibitegetswe n’abagumutsi nka we…

Ariko Yesu we ngo « yavutse aganzwa n’ivyagezwe, ngo acungure abaganzwa n’ivyagezwe ».Kandi abonetse afise ishusho nk’iyo umuntu, yicisha bugufi, aragamburuka no gushitsa ku rupfu, kandi urupfu rwo ku musaraba (Abagalatiya 4: 4-5; Abafilipi 2: 8).  Biragora gutahura ukuntu umuntu ashobora kwumvisha abayoboke biwe ko bataganzwa n’ivyagezwe, kandi ko badategerezwa kubigamburukira nkuko Yesu yagamburutse. Kandi barabesha, itegeko nta numwe aba hejuru yaryo, kuko ni wafatwa wiba, canke ugakubita nyoko, canke bakagufatira ku mugore w’abandi, ntuzovuga ngo ntuganzwa n’ivyagezwe! Ako n’agace nguciriye s’itegeko nguhaye, kuko uwuritanga arahari! Kandi Mpwemu we ashinga intahe ngo : « Ivyo ni vyo mwahamagariwe, kuko na Kristo yabababarijwe, akabasigarana akarorero, kugira ngo mugere ikirenge mu ciwe » (1Petero 2: 21).

None uwo Yesu w’iki gihe yazanywe n’abayobozi b’aya mashengero, ngo atagira ivyagezwe, ariko ngo akagira ubuntu n’ibitangaza gusa, ubwo ni Yesu dusoma muri Bibliya? « Abameze batyo n’intumwa z’ibinyoma, n’abakozi bagunga, bigira intumwa za Kristo. Kandi ivyo ntibitangaza, kuko na Satani yigira umumarayika w’umuco. Nuko si ikigoye ko abakozi biwe na bo bigira nk’abakozi b’ukugororoka; iherezo ryabo rizohwana n’ibikorwa vyabo(2Abikorinto 11: 13-15).

Ndakwinginze ngo wiherere urabe i Gologota ukoresheje amaso yo kwizera, kugira ngo wige kugamburuka nkuko Yesu yagamburutse «  no gushitsa ku rupfu, kandi urupfu rwo ku musaraba  (Abafilipi 2: 8).  Kandi uko Mose yamanitse inzoka mu bugaragwa, ni ko Umwana w’umuntu akwiye kumanikwa mu bugingo bwawe, ngo ni wamwizera  uhabwe ubugingo budashira. »Kuko Imana yakunze urukundo abari mw’isi ari rwo rwatumye itanga umwana wayo w’ikinege, ngo uwumwizera wese ntazopfe rubi, ariko ahabwe ubugingo budashira. Kuko Imana itatumye Umwana wayo kugucira urubanza, ariko yamutumye kugukiza; mw’izina ryera rya Yesu. Amen.

Publié dans : Non classé |le 26 décembre, 2017 |Pas de Commentaires »

Vous pouvez laisser une réponse.

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire