Archive pour décembre, 2017

YESU WEWE RUKUNDO RUTIGERERA, RWITANGIRA UMUNTU RITIZIGANYA, TUBABARIRE IBICUMURO VYACU!

Ni ukuri ndakubwire koko: twebwe tuvuga ico tuzi, kandi dushingira intahe ico twabonye; ariko ntimwemera igishingantahe cacu. Ko nababwiye ivyo isi ntimwemere, none muzokwemera mute ni nababwira ivyo ijuru? Nta waduze mw’ijuru, atari uwamanutse ava mw’ijuru, ni we Mwana w’umuntu wo mw’ijuru. Kandi uko Mose yamanitse inzoka mu bugaragwa, ni ko Umwana w’umuntu akwiye kumanikwa, ngo uwumwizera wese ahabwe ubugingo budashira. »Kuko Imana yakunze urukundo abari mw’isi ari rwo rwatumye itanga umwana wayo w’ikinege, ngo uwumwizera wese ntazopfe rubi, ariko ahabwe ubugingo budashira. Kuko Imana itatumye Umwana wayo gucira urubanza abari mw’isi, ariko yamutumye ngo abari mw’isi bakizwe na we (Yohani 3: 11-17). Image result for crucifixion of jesus

Abantu b’iki gihe biraborohera kuvuga ko Yesu yapfuye kubera ibicumuro vyacu, ndetse bemera ko gucumura ar’ukurenga itegeko ry’Imana. Ariko iyo ubabajije uti none amategeko y’Imana n’ayahe, baca batangura gutanga ibisubizo vyo kwikurayo canke gushwana. Kenshi biterwa n’uko arya mategeko y’Imana cumi yo muri Bibliya, atugarura kw’isabato yo ku musi w’indwi, twebwe tukaryoherwa n’ukwemera ibinyoma bivuga ngo n’umusi wa gatandatu. Hari n’ibindi arya mategeko atubuza ngo gupfukamira ibintu n’abantu, kwiba, kurya ruswa, n’ibindi…(Kuvayo 20: 3-17) Ivyo bituma abamenyereye gukamisha ibinyoma bumva ko ibisaka vyabo bigiye kubahirako, abandi bakabona ko batanze ubutunzi bwinshi n’inguvu zabo kugirango idini ryabo canke ishengero ryabo riter’imbere, bakwumva ko batoba bagisubira inyuma ngo bemere ukuri kwa Bibliya, bati « Oya, tuzogwa ngaha ».  Kuko burya ikibazo co kwubaha amategeko ni nka kamarampaka mu bugingo bw’umukristu. N’ukuvuga ngo  » Ayo mategeko uravyemera canke ntuyemera? Burya rero « Umuntu wese akora icaha akora ivyo ubugarariji; kandi icaha ni co mugararizo »(1Yohani 3: 4). Kandi iyo umuntu yagararije, aba yagumutse nyene, amategeko avuye i bwami ntayemera, yemera gusa ibitegetswe n’abagumutsi nka we…

Ariko Yesu we ngo « yavutse aganzwa n’ivyagezwe, ngo acungure abaganzwa n’ivyagezwe ».Kandi abonetse afise ishusho nk’iyo umuntu, yicisha bugufi, aragamburuka no gushitsa ku rupfu, kandi urupfu rwo ku musaraba (Abagalatiya 4: 4-5; Abafilipi 2: 8).  Biragora gutahura ukuntu umuntu ashobora kwumvisha abayoboke biwe ko bataganzwa n’ivyagezwe, kandi ko badategerezwa kubigamburukira nkuko Yesu yagamburutse. Kandi barabesha, itegeko nta numwe aba hejuru yaryo, kuko ni wafatwa wiba, canke ugakubita nyoko, canke bakagufatira ku mugore w’abandi, ntuzovuga ngo ntuganzwa n’ivyagezwe! Ako n’agace nguciriye s’itegeko nguhaye, kuko uwuritanga arahari! Kandi Mpwemu we ashinga intahe ngo : « Ivyo ni vyo mwahamagariwe, kuko na Kristo yabababarijwe, akabasigarana akarorero, kugira ngo mugere ikirenge mu ciwe » (1Petero 2: 21).

None uwo Yesu w’iki gihe yazanywe n’abayobozi b’aya mashengero, ngo atagira ivyagezwe, ariko ngo akagira ubuntu n’ibitangaza gusa, ubwo ni Yesu dusoma muri Bibliya? « Abameze batyo n’intumwa z’ibinyoma, n’abakozi bagunga, bigira intumwa za Kristo. Kandi ivyo ntibitangaza, kuko na Satani yigira umumarayika w’umuco. Nuko si ikigoye ko abakozi biwe na bo bigira nk’abakozi b’ukugororoka; iherezo ryabo rizohwana n’ibikorwa vyabo(2Abikorinto 11: 13-15).

Ndakwinginze ngo wiherere urabe i Gologota ukoresheje amaso yo kwizera, kugira ngo wige kugamburuka nkuko Yesu yagamburutse «  no gushitsa ku rupfu, kandi urupfu rwo ku musaraba  (Abafilipi 2: 8).  Kandi uko Mose yamanitse inzoka mu bugaragwa, ni ko Umwana w’umuntu akwiye kumanikwa mu bugingo bwawe, ngo ni wamwizera  uhabwe ubugingo budashira. »Kuko Imana yakunze urukundo abari mw’isi ari rwo rwatumye itanga umwana wayo w’ikinege, ngo uwumwizera wese ntazopfe rubi, ariko ahabwe ubugingo budashira. Kuko Imana itatumye Umwana wayo kugucira urubanza, ariko yamutumye kugukiza; mw’izina ryera rya Yesu. Amen.

Publié dans:Non classé |on 26 décembre, 2017 |Pas de commentaires »

BAVUGA BAT’EWE BAYALI N’UTWUMVIRE…NUKO BARASHIMIKA BASHIRA AMAJWI HEJURU (1Abami 18: 26, 28)

Mu gihe Eliya yasavye ko umwami Ahabu ahamagaza abakozi ba Bayali na Ashera bagakorana ari amajana umunani na mirongw’itanu, kugirango basabe imvura imana zabo, babahwe n’ikimazi bagoma co kuhereza izo mana z’inyamahanga. « N’uko babira ikimasa bahawe barakibaga maze batakambira izina rya Bayali, uhereye mu gitondo ugashitsa mu mashoka, bavuga bat’Ewe Bayali n’utwumvire! Ariko ntihagira ijwi ryumvikana cank’ikibishura namba. Basimbagurika bicumbagiza hirya no hino y’uruhimbi bubatse. Bagejeje mu mashoka, Eliya arabashinyagurira ati Ni mushire ijwi hejuru; erega n’imana! Kumbure yahugiye mu bindi canke se har’ivyayifatiriye, canke yamaz’urubanza, canke nkumbure irasinzoriye mukwiye kuyikangura! Nuko barashimika bashira amajwi hejuru, bikebagurisha imbugita n’amacumu, nk’uko umugenzo wabo war’uri, amaraso aravirirana. Maze igihe c’amashoka kirenze, batangura kuvovota, gushitsa igihe kigeze co gutanga ikimazi ca nikera, ariko ntihagira ijwi ribitaba canke ikibishura, canke ikibababara! (1Abami 18: 26-29).Noel en Namibie

Burya izi mana z’amadini  basenga  bavuza imihamirizo, mu kuvuga amasengesho bagashira amajwi hejuru nkuko umenga bazibwiye bukebuke ntizumva, bagahayanwa mu kuzivyinira, burya zirateye amakenga. Wibaza ko Imana ya Eliya ko irinda imihamirizo n’amakorasi n’amasengesho yo gusemerera. Nta na micro Eliya yigeze akoresha, ariko n’uwu musi aracatwigisha; izina ryImana ya Eliya ni rihabwe icubahiro. Eliya we ngo yakoze ivyo yagomba gukora vyose, « maz’igihe co gutang’ikimazi ca nikera kigeze, uwo muvugishwa n’Imana Eliya yigira hafi, aravuga at’Ewe Mana ya Aburahamu na Isaka na Israyeli, uwu musi bimenyekane kw’ari wewe Mana mu Bisirayeli, nanje ko nd’umusavyi wawe, kandi ko nkoze ibi vyose kubw’ijambo ryawe (1Abami 18: 36). Ico gihe Eliya yar’asigaye ar’umwe ashigikiye amategeko y’Imana, ahanganye n’abavugishwa b’ibinyoma 850 n’umukuru w’igihugu cabo n’abanyagihugu bose. Ariko arahagarara yizera Imana yiwe, nayo ntiyamuhemukiye. Yayisavye imvura,imvura iragwa (1Abami 18: 41-46); kuko imvura niyo yari yabaye ikibazo muri Israyeli, ariko Bayali na Ashera ntizashoboye kuyivuba, kuko s’imana nya mana. Imana ya Eliya ariyo Mana ya Yesu n’ihabwe icubahiro, imyaka n’imyaka, mw’izina ryera rya Yesu. Amen.

Publié dans:Non classé |on 26 décembre, 2017 |Pas de commentaires »

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire